« Mumutwenzi wo kuri uyu musi abasuma 2 bivye imyembe harya kumuryango winjira Roi Khaled hasanzwe hadandarizwa ivyamwa maze bariruka binjira mucumba c’uburuhukiro, mugabo mu kwinjira muri morgue hari imyembe 2 yabakorokanye. Bagezeyo batanguye kugabura bavuga bati « uyu ni rwanje, uyu ni rwawe ». Umuzamu yakanguwe no kwumva ngo « uyu ni rwawe uyu ni rwanje », maze aca ariruka kubwira Docteur ati: « doctor ingo wumve ingene Imana na Shetani bariko baragabura imitima y’abari muburuhukiro » Docteur aza yiruka maze ageze ku muryango yumva abatipe baracagabura bavuga bati uyu ni rwawe uyu ni rwanje, maze umwe muribo aca aravuga ati: « niriya ibiri iri ku muryango tuje kuyizana wewe uratwara umwe nanje uwundi » eeeh! Docteur n’umuzamu bumvise uko baca bagira n’imitima yabo baje kugabura. Maze bariruka kandi kuva mu mutwenzi ntibaragaruka. Uwobabona yotubwira……
Mbega ubu Umutima wanje hogera iyo « séance » y’ukugabura wotahukanwa na nde muri abo babiri?
Si je nohahera!

