Accueil » Articles publiés par Patiri Lambert (Page 42)
Archives d’Auteur: Patiri Lambert
Yezu ni we Nzira, Ukuri n’Ubuzima. Iyi « Betaniya » turimwo iki gihe, twebwe ba « Lazaro », tumwambaze aturasaneko.
Bavukanyi,
Turabandanya rwa rugendo rw’Ikarema rudushikana kuri Pasika y’Umukama, kuri kwa kujabuka imanga y’umwijima n’igicumuro, tukajabuka tuva mu rupfu twerekeza mu buzima, ubwo nabwo tukabugana dufashijwe n’intambe dutera. Ni navyo ibisomwa vyeranda vy’uyu musi bitubwira, aho Abayahudi bamenyeshwa n’umuhanuzi Ezekieli ko bazosubira mu ngo zabo, bava iyo bari bangarijwe, mbere n’umwizero wabo ugahera. Kuri bo rero iryo ni nk’izuka. Kandi n’Inkuru Nziza yagarutse kuri iryo jambo : umuntu amaze mu cane mu cobo, ivyiwe vyaba vyarangiye.
Nk’uko tuvyibuka, ku w’Imana wa mbere twarabonye ko urwo rugendo rugoye kuko rurimwo amageragezwa aduhamagarira kugaragaza ukwemera, twisunze iryo twapfunditse n’Imana. Ku musi w’Imana ukurikira turibuka ko Yezu yaduhonjeje ku buninahazwa buturindiriye ngo ntiducike ivutu kuko iyo tuja ari heza kandi ari inzira ishika. Ku w’Imana ugira gatatu naho, turibuka ko yaduhaye amazi y’ukunywa, kuko nawe nyene azi ko urugendo ari rurerure, bigatuma tubura utuguvu two kurubandanya. Ku w’Imana ugira kane w’i Karema, yaraduhumuye amaso ngo tubone ikibereye, gutyo dushobore kumukurikira n’ukumushingira intahe n’imbere y’abamaze gutimbira mu kabi, badashaka kubona ineza, maze bakiyugaranira mu kwiyemera, ntibashaka ko hari n’umwe yobakura mu vyo bamenyereye. Gutyo turashobora rero n’ugutegera ikimenyetso co kuri uyu musi aho azura Lazaro, ngo atwereke ko n’urupfu ari urupfu rutamufiseko ijambo rya nyuma. Tuzoba rero twiteguriye kwinjirana nawe mu mabanga y’icungurwa ryacu dutangurana n’Idominika y’ukubabara kw’Umukama, ku musi w’Ibisandasanda.
Bavukanyi, turi ku rugendo rero, urugendo rw’ukwemera. Iyi Nkuru Nziza twasomewe igaruka kuri ico ciyumviro incuro 23 zose: hogi dusubire mu Buyudeha…. none ugira usubireyo?…uwugendagenda ku mutaga…. uwugenda mw’ijoro…. ngira ngende kumukangura…. hogi tuje kumuraba… ngo ashike…. hogi rero tuje kumuraba… Abayahudi bari baje kugandara…. Marita yacice aza kumusanganira. Murumva ko bose baticaye. Mbere na Lazaro, bavuze ko bamuhamburura, bagaca bamureka akagendagenda. Abagendagenda babwirizwa rero gushika iyo bariko baja. Aho naho tahumvise: « benshi rero mu Bayahudi bari baje kwa Mariya, babonye ico Yezu agize, baca baramwemera. Bari baje kugandara, ariko ntibahereje ku marira, (suite…)
Mukama, dukize uruhumyi rw’umutima ngo tubashe kubona ibibereye vyodukiza.
Bavukanyi,
Turabandanya rwa rugendo rw’Ikarema rudushikana kuri Pasika y’Umukama, kuri kwa kujabuka imanga y’umwijima n’igicumuro. Nkako, Pasika bisigura kujabuka. Nk’uko tuvyibuka, ku w’Imana wa mbere twarabonye ko urwo rugendo rugoye kuko rurimwo amageragezwa aduhamagarira kugaragaza ukwemera, twisunze iryo twapfunditse n’Imana. Ni ko Kristu yatsinze Shetani. Ku musi w’Imana ukurikira turibuka ko Yezu yaduhonjeje ku buninahazwa butu
rindiriye ngo ntiducike ivutu kuko iyo tuja ari heza kandi ari inzira ishika. Ku w’Imana w’Ikarema ugira gatatu naho, turibuka ko yaduhaye amazi y’ukunywa, kuko nawe nyene azi ko urugendo ari rurerure, bigatuma tubura utuguvu two kurubandanya. Uyu musi rero araduhumura amaso ngo tubone ikibereye, gutyo dushobore kumukurikira n’ukumushingira intahe n’imbere y’abamaze gutimbira mu kabi, badashaka kubona ineza, maze bakiyugaranira mu kwiyemera, ntibashake ko hari n’umwe yobakura mu vyo bamenyereye. Gutyo tuzoshobora rero n’ugutegera ikimenyetso co ku musi w’Imana uza, aho azozura Lazaro, ngo atwereke ko n’urupfu ari urupfu rutamufiseko ijambo rya nyuma. Tuzoba rero twiteguriye kwinjirana nawe mu mabanga y’icungurwa ryacu dutangurana n’Idominika y’ukubabara kw’Umukama, ku musi w’Ibisandasanda.
Bavukanyi, Yezu amaze kuduhumura amaso, duca tubona ikibereye: ni vyo twumvise (suite…)
Relevez-vous. N’ayez pas peur: nous dit Jésus. Descendons de nos « Thabor », sortons de nos « Ur de Chaldée » à la suite du Seigneur.
Nous sommes arrivés au 2ème dimanche dans notre cheminement vers Pâques. Le dimanche passé, nous avons médité sur les tentations de la vie du disciple, tentations qui se présentent comme épreuve de la foi, de l’espérance et de l’amour. Nous n’avons pas à perdre cœur. Pour cela, Jésus veut confirmer ses disciples, en leur partageant comme un avant-goût de ce qui se trouve à la fin du parcours. Ils sont confirmés, c’est vrai, mais la fatigue du chemin, la soif, le doute pourrait encore alourdir leur conscience. Le troisième dimanche servira à répondre à cela : Dieu nous désaltère et assouvit notre « soif » comme le cas de la Samaritaine. Il faut marcher, fixer notre regard sur Jésus, évidemment si nous y voyons clair. Il est, par chance, celui qui nous libère de notre aveuglement du cœur pour que nous puissions le suivre (4ème dimanche) pour comprendre le miracle de la résurrection de Lazare (5ème dimanche), signe et gage de notre résurrection. On pourra alors célébrer la semaine sainte avec fruit, et entrer avec Jésus à Jérusalem en chantant « Hosanna ». On ne va pas donc vers le vide. La première lecture de ce dimanche nous met déjà devant un cheminement, quand bien même nous n’en connaissons pas bien l’issu. Il faut se lever, sinon se réveiller, et partir, confiants en Dieu qui ne déçoit jamais.
C’est l’expérience d’Abraham, qui est notre père dans la foi puisqu’il a confiance en Dieu. Il se lève, part vers une destination inconnue, sans trop de détails. La garantie, c’est son Dieu qui l’appelle. Oui, il est fidèle, ce Dieu qui nous appelle. Vouloir tout comprendre avant même d’essayer trahit un manque de confiance, un manque de foi. Notre repère, c’est la Parole de Dieu lui-même. Aux premiers disciples de Jésus, (suite…)






