Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Articles publiés par Patiri Lambert (Page 46)

Archives d’Auteur: Patiri Lambert

Ubushikiro: « Ng’uyo Yezu araje. Musanganire. »

Ico ari co igihe c’Ubushikiro

Joannes Claudius MANARIYO

Muri Ekleziya Gatolika ikurikiza imigirwa y’Abanyaroma (Église Catholique Romaine), ni ikiringo kimara indwi zine, cugurura, uko umwaka utashe, urukurikirane rw’ukuntu bahimbaza ikinyegezwa ca Kristu. Muri Ekleziya Gatolika ikurikiza imigirwa yarazwe n’umweranda Ambruwaze (Église Catholique de rite ambroisien), ico kiringo kimara indwi zitandatu. Nk’uko n’ibindi biringo bisanzwe bifise umusi mukuru bigenda bitwerekezako, n’ikiringo c’Ubushikiro kirafise uwo kitwerekezako : kitwerekeza ku musi mukuru wa Noheli, ari wo musi mukuru w’ivuka rya Yezu Kristu. Uwo musi mukuru (Noheli), twovuga ko watanguye guhimbazwa mu gice ca mbere c’ikinjana ca kane inyuma y’ivuka rya Yezu Kristu. Ariko mu kinjana ca gatandatu, ni ho hashirwaho ikiringo c’ukuwitegurira, ubwa mbere ntacari kihari. Muri ico kiringo rero bǎrisonzesha bakongera bakibabaza. Ico kiringo kimaze kujaho, mu nyuma cafashe intumbero ya Liturujiya.

Ukuntu ico kiringo catanguye gushirwaho

Ico kiringo nticamye kiringanijwe muri Ekleziya. Catanguye guhimbazwa mu kinjana ca gatanu. Umwepiskopi Perpet w’i Tours twovuga ko ari we yatanguje ihimbazwa ry’ico kiringo. Mw’ikete yanditse yasavye abakristu ko kuva ku musi mukuru w’umweranda Maritino w’i Tours (uhimbazwa itariki 11 Munyonyo) gushika ku musi mukuru wa Noheli, boza barisonzesha gatatu mu ndwi. Hari abaciye batangura kwita ico kiringo « Ikarema y’Umweranda Maritino ». ivyo rero vyagirwa muri Diyoseze ya Tours gusa. Mu nyuma, mu mwaka w’ 581 harabaye Inama nkuru y’Ekleziya (yabereye i Mâcon). Muri iyo nama baciye basaba ko ivyo vyagirwa muri diyoseze ya Tours vyogirwa mu Bufaransa bwose. Mu myaka ya kurikiye, Ekleziya yose yanduruka irafata iyo ntumbero. Ekleziya Gatolika rero imaze gufata iyo ntumbero, yashimye ko ico kiringo coza kiramara indwi zine imbere y’umusi mukuru wa Noheli. Yarahejeje iratanga n’izindi ntumbero z’ukuntu abakristu bokwifata. Ntikivuga ngo bisonzeshe gatatu mu ndwi canke kangahe, ariko umwe wese yoshobora (suite…)

« Murabe maso, ntihagire uwuzobahuvya. Murinze rugabo, niho muzokiza imitima yanyu »

HomélieIbīza, intambara, ugukubagurwa kw’abantu n’ubundi bugome ni ivyo tubona, hamwe n’ingaruka zavyo. Twumvirije ibisomwa vy’uyu musi, duca dusanga umengo bivuga ibihe vyacu. Duhanzwe na vyinshi. N’aho biri uko, Umuhanuzi Malakiya hamwe na Luka, Umwanditsi w’Inkuru Nziza, badushikiriza ivyo vyoduhagarika umutima ariko ntibahereza aho: baraduha umwizero, bakakira bati ivyo vyose ni bidufashe gukomeza ukwemera kuko duhamagariwe kukugaragaza aho nyene.

Twavyumvise mu gisomwa ca mbere. Umuhanuzi Malakiya ntibimworoheye kuko ahamagariwe gutera intege abantu bajonjogoye, bagira bati : ntakivamwo, ntagashoboka. Babona ko ivy’Imana yabemereye biriko biratebabkuja mu ngiro, bagata umwizero: bemerewe kuva mu buja muri Babiloni, none vyatevye; igisengero c’i Yeruzalemu carasambuwe n’abanyakabi, none ntikirubakwa. Nta mwami bagifise. None bokwishimira iki? Umuhanuzi Malakiya ati: « nta mvura idahita », iry’Umukama yavumereye rizotaha. Umusi w’Umukama uzoza nk’akazuba gasusurutsa abipfumbereje kuko babona bazigirijwe n’abansi, bazigirijwe n’inabi, abo bose babona ko umengo ntaco bakimaze. Mbega twe nawe, iyo bitugoye, tugasenga umengo ntitwumvirwa, duca dutana n’akabando? Ng’iri ijambo ry’umwizero Umukama ashize mu kanwa kacu: « Umukama azoza gucira urubanza isi, urubanza ruciye ku butungane » (Zabuli 97).

Bavukanyi, iry’Imana yari yaremereye igihugu cayo ko bazosubira mu zabo, bagasubira kugira iteka n’itekane, bafise aho baba kandi bubahwa, (suite…)

Tuzozukira ubundi buzima, buninahaye kubw’ukudahemuka kw’uwo twamye twizeye.

IMG_20170723_114654Bavukanyi,
Uyu musi turasubiriye gukorana kuko twemera Kristu yapfuye akazuka. Ntawobikeka, abaje ng’aha, turemera kandi turemeza izuka. Nka ko nyene, abantu bose ntibemera izuka. Hari abazindutse biryamiye, ngo baruhuke, abandi bazinduka muri sport mu kurindira ko haca ngo baje aho abandi bagabo bari. Twebwe turi aha uyu musi tuje gusaba ngo Umukama adukize ibiduhanamiye vyose, tubone gutekana ku mutima no ku mubiri, ngo dushobore gushira mu ngiro ivyo Imana idushakako. Twebwe turi aha, nizeye ko twemera izuka. Hasigaye ko dusaba Umukama ngo adukomereze ukwo kwemera kuko gushobora kugira ibikubangamira, nk’uko twayumvise mu gisomwa ca mbere. Nk’abo twumvise bavyifashemwo neza, dutumiriwe kwumira kw’ibanga kuko hari ico twizigiye: ubuzima buzokurikira. Ngo « uheza kugoka ibigori bikera ». Ngo « hakuramba worangwa ».

Bavukanyi, iri jambo twumvise ntiryamye ryemerwa gutya muri Israeli. Abatwandikiye iki gitabu twakuyemwo igisomwa ca mbere, mu kinjana ca kabiri imbere y’uko Yezu Kristu avuka bari bamaze gutegera ko umuntu adapfa ngo ahere. Ko Imana ishobora kumusubiza ubuzima, umutima n’umubiri, igihe yoba yamye ayizigiye.

Nkako nyene, iryo jambo baritegereye rivuye kure kuko si irya vuba kuko n’Umuhanuzi Ezekiyeki yari yarabihanuye mu kigabane ca 37 aho yerekwa amagufa yuzuye akabande, atagira inyama, ata buzima afise, ariko ububasha bw’Imana bukayasubiza ubuzima. Noneho n’umwanditsi w’izabuli ya 16,10 arabivumera ati: « na none ntiworeka umusuku wawe ngo apfe rubi, ahereze mu cobo ».

None iryo zuka twebwe turitegera dute? Ubwo ntitwiyumvira nk’aba Basadusayo begereye Yezu, ubutigu bugeze kuko (suite…)