Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Actu-Analyse (Page 20)

Archives de Catégorie: Actu-Analyse

Igihe c’Ikarema: Umusi wa 3 w’Iminyota.

IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yoweli (2, 12-18)

Nimutabure imitima yanyu aho gutabura ivyambarwa

CarêmeNg’iri iryavumerewe n’Umukama :
Nimungarukeko n’umutima wanyu wose, mu kwisonzesha, mu marira no mu maganya. Nimutabure imitima yanyu aho gutabura ivyambarwa vyanyu ; nimugaruke ku Mukama, Imana yanyu, kuko ikundana, ifise imbabazi, izira gushavura, ikanka akabi. Hari uwobimenya ? Kumbure yohindukira, yigaruye, igasiga umugisha aho iciye : mubone ituro n’inturire y’ugushikanira Umukama Imana yanyu.

Nimuvugirize inzamba muri Siyoni, mutangaze ukwisonzesha, muhamagare ikoraniro, mukoranye igihugu, muhamagaze inama, mutororokanye abatama, mukoranye abana batobato, n’abo nyene bakiri kw’ibere ! Umugabo akiri mu nkinga n’asohoke, umugore na we ave mu nkinga !
Abaherezankuka, ari bo basuku b’Umukama, nibaririre hagati y’uruhimbi n’intangaro bavuga bati :

« Girira ikigongwe igihugu cawe, Mukama !
Iragi ryawe nturihe abarimaramaza,
ibihugu ngo vyitwengere !
mu bihugu, ni kuki bavuga ngo :
Mbe Imana yabo iri he ? »
Noneho, Umukama yarikabuye, agarukira intara yiwe,
agirira ikigongwe igihugu ciwe.

IZABURI 50 (51), 3-4. 5-6a. 12-13. 14-17

Icit : Dushiremwo, Mukama, umushaha mushasha ;
         duhe, Mukama, umutima mushasha.

Ngirira ikigongwe, se Mana yanje, kubera ubuntu bwawe,
kubw’ikigongwe cawe kidakama, nzimanganiriza akabi nakoze.
Nyuhagira umwanda wose mfise,
uheze uhanagure ibicumuro vyanje vyose.

Ego cane, ikibi nakoze ndakizi,
icaha nakoze kindaza ishinga.
Ni Wewe musa nacumuyeko,
akabi wanka ni ko nakoze.

Mukama, nshiramwo umushaha w’indanga,
ugushaka kwanje na kwo ukuremeshe,
kwame kukwihambiriyeko.
Ntunshibure ngo nkuve mu maso,
ntera iteka riho ungumizemwo ubwiza bwawe.

Ndaba ryiza nka kera, mpimbarwe,
kandi ndokoza ugushaka gutegera, sinzokwiyonkoreko.
Mukama, mfatanura umunwa,
mbashe gushemeza ubuninahazwa bwawe.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya kabiri Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (5, 20-6, 2)

Emere babuzurize n’Imana. Ng’iki ca igihe kiroranye rwose.

Ncuti zanje,
Ubu duserukira Kristu, vyongeye Imana Yo nyene, ni Yo ibashikiriza impanuro iciye kuri twebwe. Nico gituma tubasavye kw’izina rya Kristu : emere babuzurize n’Imana. Uwutigeze amenya igicumuro, Imana yamwitiranije n’igicumuro c’abantu kubera twebwe, kugira ngo kubera We, dusangire ubutungane n’Imana.

Kandi, ko dukorana na Yo, turabihanikirije ntimupfishe ubusa inema mwahawe n’Imana. Kuko yavuze iti : « Mu gihe kiroranye narakwumviye, ku musi w’ubukiriro naragufashije. » Ng’iki rero ca gihe kiroranye rwose, ng’uyu wa musi w’ubukiriro.

INKURU NZIZA

Ijambo ryawe ni ukuri, Mukama,
itegeko ryawe na ryo ni ubukiriro.

Umukama yavuze ati : « Nimwihanure kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi. »

Ijambo ryawe ni ukuri, Mukama,
itegeko ryawe na ryo ni ubukiriro.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (6, 1-6. 16-18)

So wawe abona ibiri mu mpisho azobiguhera impera

Muri irya misi,
Yezu yabariye abigishwa biwe ati : « Nimureke kwerekana ubwiza bwanyu mu maso y’abantu, kugira ngo babashime : ahandi ho, So wanyu wo mw’ijuru nta mpera azobaha.

Niwagira ico uhaye umurushwa, ntukigire ururirimbo, kumwe abibara uko batari baigira mu masinagoga be no mu mayira, ngo abantu babaninahaze Jeune-prière-Aumône; ni ukuri ndabibabwiye, impera yabo baramaze kuyironka. Weho rero, niwagira ico ufumbatishije umworo, ukubamfu kwawe ntikuze kumenye ico ukuryo kugize, kugira ngo ico utanze kigume mu mabanga ; So wawe abon
a ikimizwe n’ingoma azokigusubiza.

Nimwasenga, ntimugire nk’abanyabwishime bakunda gusengera ahabona, mu masinagoga no mu mayirabiri, ngo abantu bababone : ni ukuri ndabibabwiye, impera yabo baramaze kuyironka. Weho rero, niwashaka gusenga, injira haruguru hiherereye, wugare urugi, uheze usenge So wawe ari ahiherereye : So wawe abona ikitaboneka azobikwishura.

Nimwisonzesha ntimwijirwe nk’uko abanyabwishime babigira, bakinyankabiranya mu maso, kugira ngo abantu babone ko bisonzesheje ; ni ukuri ndabibabwiye, impera yabo baramaze kuyironka. Weho rero, niwisonzesha, inogereze mu mutwe, ariko bimenywe gusa na So wawe ata kimusoba : So wawe abona ibiri mu mpisho azobiguhera impera. »

IDOMINIKA YA 5 YO MU MWAKA (Umwâka C)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (6, 1-2a.3-8)

Ndi hano, ntuma

IsaiahMu mwaka umwami Oziyasi yatanga, jewe nariboneye Umukama Imana avyagiye ku ntebe ihagurutse, umutamana wiwe wari ukwiye mu gisengero. Abaserafini bari bahagaze hejuru yiwe. Barahanirana bavuga bati : « Umukama Imana y’ingabo, ni nyeranda, nyeranda, nyeranda. Ubuninahazwa bwiwe bukwiye kw’isi yose. »

Urwamo rwabo rwaranyiganyiza ibishimaryango, hanyuma igisengero kikuzura umwotsi. Nja rero mu vyo kwiganyira nti : « Karabaye, ndapfuye, ko amaso yanje abonye Umwami, Umukama Imana y’ingabo, kandi ndi umuntu w’akanwa kabi nkaba mu gihugu c’abanyakabi. » Umuserafini umwe arahaguruka aza iyo ndi afise ikara mu minwe, yokoje umunengo kw’ibuye ry’uruhimbi rw’Imana. Arinkoza mu kanwa avuga ati : « Iri kara ko ryakoze ku munwa wawe, icaha case kirahanaguwe, akabi kawe karishuwe. » Ndaheza numva ijwi ry’Umukama rivuga riti : « Ni nde nzorungika ? Ni Inde azotubera intumwa ? » Nanje nti : « Ndi hano, ntuma. »

IZABURI 137 (138) 1-2a, 2bc-3, 4-5, 7c-8

Icit. : Ngira nkuririmbire imbere y’Abamarayika, Mukama.

Ngira ngukengurukire n’umutima wanje wose,
amajambo yanje yashitse mu nyumviro zawe ;
ngira nkuririmbire imbere y’abamarayika,
nunamire ingoro yawe nyeranda.

Ndagukengurukiye kubera urukundo rwawe,
ivyo waturaganiye birarengeye ivyavuzwe kuri Wewe ;
aho nagutabaza, waranyumviye,
ngo ngire ubwoba, uraunkiza, ungira umutinyutsi.

Abami bo kw’isi yose baraguhaya,
kuko nazi umuhango waduhaye ;
barashimagiza inzira z’Umukama :
ubukuru bw’Umukama ni akayazwe.

Umukama araramvura ukuboko kwiwe ngo ankize :
erega ububasha bwiwe bwama bungirira akamaro.
Urukundo rwawe, Mukama, ni urw’imyaka yose,
ntuhebe rero ivyiza wama utugirira.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (15, 1-11)

Igisomwa kigufi : 15, 3-8. 11

Kristu yarapfuye, Kristu yarazutse

Ncuti zanje,
Ndasubiye kubibutsa benewacu ya Nkuru nziza nabamenyesheje, ari yo mwakiriye mugahagararako, ari yo idahengeshanya kubakiza nimwayigumya nk’uko nayibamenyesheje ahandi ho, mwoba mwemereye ubusa.

(Igisomwa kigufi gitangurira aha)

Ni uko rero, nabashikirije ubwa mbere ivyo nashikirijwe nanje : ko Kristu yapfuye kubera ibicumuro vyacu nk’uko vyari vyanditswe, ko yabambwe, hanyuma akazuka ku musi ugira gatatu, nk’uko vyari vyanditswe, kandi ko yabonekeye Kefasi, hanyuma bamwe Icumi na babiri, akongera akabonekera bamwe benewacu barenga amajana atanu, — muri bo abenshi baracariho n’ubu, ariko bamwe barapfuye, — hanyuma yabonekeye Yakobo, asubira abatumwa bose. Maze, hanyuma ya bose, yarambonekeye nanje, nari meze nk’uwavutse atageze.

(Igisomwa kiba kirahagarariye aha)

Mbere, jewe ndi uwa nyuma mu batumwa, sinkwiye no kwitwa umutumwa kuko nahamye Ekleziya y’Imana. Ingabirano y’Imana ni yo yangize uko ndi, kandi ingabirano yayo nagiriwe ntiyampfuyeko ubusa ariko naratamye kubarusha bose : mbere, si jewe, mugabo ni ingabirano y’lmana iri muri jewe.

(Igisomwa kigufi kibandaniriza aha)

Koko, ari bo, ari jewe, uko ni ko twama twigisha, uko ni ko mwemeye namwe.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati : « Nimunkurikire,
nzobagira abarovyi b’abantu. »
Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (5, 1-11)

Baca basigaho vyose, baramukurikira

peche-miraculeuse-2Umusi umwe, Yezu yari akikijwe n’ishengero ribandana ago ryumvirize Ijambo ry’Imana. Na we rero akaba ahagaze ku nkombe y’ikiyagaca Genezareti. Abona rero ubwato bubiri buri ku nkombe y’ikiyaga, abarovyi na bo bari babuvuyemwo ngo boze insenga zabo. Yurira rero muri bumwe, bukaba na bwo ni ubwa Simoni. Yezu aramwinginga ngo asoze gatoyi bave ku nkombe. Yezu yicara muri nya bwato, atangura kwigisha rya shengero.

Ngo aheze abwira Simoni ati : « Igiza rero ahari amazi menshi, uheze urekurireyo urusenga urobe.» Simoni amusubiza ati : « Muhanyi, twaraye turaroba ijoro ryose, turaheza nta co twafata ; mugabo ko ubivuze, ndaterera urusenga. »
Ngo abigire, bafata ifi isinzi, n’urusenga wabo rutangura gusambuka. Bākura rero bagenzi babo bari mu bundi bwato ngo baze kubafasha. Na bo baraza, buzuza ya mato yompi, mbere ashaka n’ukwibira.

Simoni ngo abibone, akubita ibipfukamiro hasi imbere ya Yezu, ati : « Mukama, n’unje kure kuko ndi umunyakabi ! » Erega ubwoba bwari bwamutekeye, n’abo bari kumwe nyene, kubera izo fi bari barovye. Eka na bene Zebede, bagenzi ba Simoni, Yakobo na Yohani, bari babufise. Ariko Yezu yabwiye Simoni ati : « Gumya umutima ; kuva ubu uzohora uroba abantu. »
Ngo bagarukane ubwato ku nkombe, baca basigaho vyose, baramukurikira.

Le Synode et les médias. Et si la passion du Christ était racontée par les médias !

En ces jours des assises du Synode des Evêques sur la famille qui a pour thème « La Vocation et la mission de la famille dans l’Eglise et dans le monde contemporain », il se dit beaucoup de choses qui risquent même de déstabiliser ou décourager les fidèles. En effet, les médias, ou mieux, certains d’entre eux, et principalement la blogosphère, ne cessent d’apporter des digressions, c’est-à-dire des thèmes périphériques qui pourraient détourner l’attention des pères synodaux et des fidèles, sur leur mission principale. On les entend parler de camps adverses parmi les pères synodaux, mettant en évidence leurs propres préoccupations en les faisant passer comme questions principales du synodes. Mais le climat n’est pas aussi tendu, comme nous le témoigne Mgr Gervais Banshimiyubusa, qui y représente l’Eglise du Burundi. RapportantMgr Gervais des propos d’un des pères synodaux, il parle plutôt d’un atmosphère détendu qui ne manque même pas d’humour: « A entendre certains de mes confrères proposer leurs solutions, j’ai l’impression que Satan est en train de tenter d’envoyer son odeur dans cette salle, pourtant remplie de l’Esprit Saint »!

Puisqu’il n’est pas si évident que tous connaissent au moins les grandes lignes sur lesquelles s’appuient les discussion este les réflexions du synode, rappelons au passage, que l’instrumentum laboris qui sert de guide de travail et de réflexions s’articule sur trois parties principales : l’écoute des de la famille ; le discernement de la vocation de la famille ; la mission de la famille aujourd’hui. (Voir le plan détaillé ici). Les pères synodaux, au cours de cette deuxième semaine finissant, en sont à l’examen de la seconde partie.

Difficile de parler médiatiquement du synode, et surtout, de ce synode en cours.

Il faut d’abord dire que ce ne sont pas tous les médias qui ont accès à la salle dans laquelle se tiennent les assemblées plénières (dites Congrégations générales), encore moins dans les discussions en groupes linguistiques (dits Circuli minores et on en a 13 pour ce synodes, trois sont pour les francophones). Ceux qui sont accrédités près la Salle de Presse du Saint-Siège reçoivent un briefing journalier sur le déroulement des travaux. Est-ce suffisant pour saisir la portée tant naturelle que spirituelle du synode ? A ceci j’ajouterais, « est-ce facile, si on n’est pas d’abord animé d’une bonne volonté d’informer » ? Ce qui est vrai, les médias ont des lignes éditoriales diversifiées, ce qui est une bonne chose en soi. Mais l’intention de chercher la conflictualité est une restriction de la réalité qui est en soi multidimensionnelle.

Au synodeAu synode, ce ne sont pas des partis politiques qui s’opposent comme au parlement, comme le disait le Pape à l’ouverture des assises, mais des personnes qui veulent cheminer ensemble (synode vient de sun=ensemble, avec et ódo chemin), illuminé par le même Esprit. « Le synode, en revanche, est une expression ecclésiale, c’est-à-dire l’Église qui marche ensemble pour lire la réalité avec les yeux de la foi et avec le cœur de Dieu ; c’est l’Église qui s’interroge sur sa fidélité au dépôt de la foi qui, pour elle, ne représente pas un musée à regarder et encore moins à sauvegarder, mais qui est une source vivante à laquelle l’Église se désaltère pour désaltérer et éclairer le dépôt de la vie », précisait le Pape.

Une autre difficulté viendrait, peut-être, pour ceux qui sont animés de bonne foi, du changement de procédures au niveau de la communication. C’est vrai que les synodes se déroulaient et se déroulent à huis clos. Mais, chaque jour, la liste de tous les pères qui étaient intervenus était fournie aux journalistes, ainsi qu’une synthèse de leurs interventions respectives, rédigée par les auteurs eux-mêmes, qui était également publiée quotidiennement par « L’Osservatore Romano ». Ceci facilitait la tâche. De plus, pour les journalistes accrédités, répartis en groupes linguistiques, il y avait chaque jour des briefings effectués par des porte-parole autorisés, qui fournissaient d’autres détails relatifs au déroulement de la discussion.
Mais aujourd’hui ne sont communiqués aux journalistes que les noms des pères qui sont intervenus, ainsi qu’une liste sommaire des questions qui ont été abordées, mais sans indiquer qui a dit quoi.

Raconter l’insaisissable. Et si la passion du Christ était racontée par les médias !

Synode-mediasJe pense que ce serait un bel exercice de se transporter à l’époque de la passion du Christ, avec bien entendu notre culturelle devenue trop médiatique, médiatisée. On aurait sûrement des informations dramatiques, minutes après minutes : encore des défections dans la bande de Jésus ! (pour ne pas dire de « frondeur » (comprenne qui peut !) en parlant de la trahison de Judas. Maintenant, le Chef de file (Pierre) commence à se contredire devant des servantes ! On ne sait plus où sont Philippe, Thaddée,… Marc manque à l’appel, on n’a pu trouver que son vêtement !!! Pire encore, la mère du condamné ne dit rien ! Elle suit, toute silencieuse !! En peu de mots, on vivrait une incompréhension devant les moments les plus surnaturels et les moins apparents et surtout, avec une telle attention pour les détails, on finirait par oublier de lever le regard sur Celui que nous avons transpercé.

Y a-t-il alors une attitude à prendre? Prier, discerner, prier.

Juste en ces derniers jours, quelqu’un me confiait son attitude et me disait : «  Sur le synode: j’ai décidé d’essayer de prier en premier lieu et de ne pas beaucoup suivre les débats, ou plutôt ce qu’en disent certains, notamment sur les blogues ». Je pense que notre première mission n’est pas de verser dans les discussions stériles. Nous ne sommes pas, nous autres, à l’intérieur de la salle du synode, nous risquons de faire ce que nous reprochons aux autres. Cependant, il convient de choisir ses sources si nous voulons suivre ce qui se dit au synode. Vous me demanderez : comment ? Simple. Celles qui ont l’intention d’édifier, comme je le soulignais il y a presqu’une année puisque celles-là sont aussi disposées à cueillir ce qui va au-delà du factuel. Ils ne sont pas orientés à créer et nourrir des attentes qu’il faut devoir combler, mais nous relatent ce qui se passe en essayant d’entrer dans l’esprit même qui guide les échanges.