Accueil » Actu-Analyse (Page 27)
Archives de Catégorie: Actu-Analyse
IDOMINIKA YA 27 YO MU MWAKA (Umwâka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu Gitabu c’Umuhanuzi Izaya (5, 1-7)
(Umurima w’Umukama Nyeningabo ni wa muryango w’Israeli)
Hinge ndongorore agahogo ndirimbire umukunzi wanje
Akaririmbo k’urukundo afitiye umuzabibu wiwe.
Umukunzi wanje yari afise umurima w’imizabibu
Mu kabande kamera cane.
Nya murima arawurima, awukuramwo amabuye,
awuteramwo umivyaro y’ibiti vyizavyiza vy’imizabibu.
Hagati yawo, ahubaka umunara,
iruhande ahimba urugarama.
Yari yiteze gusoroma imiabibu nyayo,
ariko uwo muzabibu wamye ibiturumbwe.
None bantu b’i Yeruzalemu n’abo muri Yuda,
ducire urubanza twe n’uwo murima wanje !
hari ico nari kugirira umurima wanje,
ntawugiriye ?
Nari niteze ivyamwa vyiza,
none raba haje ibiturumbwe !
Umve rero, murazi
Uko nzogira uwo murima wanje :
nzosambura uruzitiro,
intungwa zize kuharisha,
nsambure uruhome,
abantu bihonyangire.
Nzowugira umusaka,
ntihagire uwuwubagarira canke ngo awurimire,
habe ishamba ry’amatovu n’amahwa ;
ibicu na vyo nzobibuza,
ntibibe bikiharekurira imvura.
Uwo murima w’Umukama, Imana y’ingabo,
ni umuryango wa Israeli ;
ico giterwa yari yitoreye,
ni abantu ba Yuda.
Yari yiteze ubutungane,
None amaraso abarizwa iwabo ;
yari yiteze ukuri,
none birirwa mu marira no mu nduru.
IZABURI 79 (80), 9. 12. 13-14. 15-16. 19-20
Icit : Umuryango wa Israeli ni wo wa murima w’Umukama.
Wa muzabibu wabátura mu Misiri,
ukawubadika mu kwirukana ibihugu ;
amashami yawo agakurira ku kiyaga,
imivyaro yawo ikagarukira ku Rûzi.
Ni kuki warânduye uruzitiro rwawo ?
None abahita bose barawisoromera ;
ingurube zo mw’ishamba zikawutikiza,
na zo inyamaswa zo mu mwonga zikawuvumbura.
Mukama, Mana y’ingabo, n’ugaruke ;
n’urabire mw’ijuru, wihweze ;
n’ugarukire uwo muzabibu
wabaditswe n’ukuboko kwawe kw’ukuryo.
Ntaho tuzosubira kukuvirira,
uzodusubiza amagara, natwe twambaze izina ryawe.
Mukama, Mana y’ingabo, tugarure ;
twerekezeko inyonga zawe,
tuzoca turokoka.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abanyafilipi (4, 6-9)
(Ivyo bibe ari vyo mukora.
Ni ho Imana Nyenamahoro izohorana namwe.)
Ncuti zanje,
Ntihagire ico mwinona, ariko muri vyose, nimusabe Umukama, mumutakambire mu gukenguruka, kugira ngo ivyo mumuzamba bimenyekane mu nyonga z’Imana. Ni ho amahoro y’Imana, yo asiga ubwenge bwose, azobazigamira imishaha n’ivyiyumviro muri Kristu Yezu.
Ahasigaye, benewacu, ikintu mukwiye kwitwararika, ni ico cose kirimwo ukuri, ubutungane, ingingo, ubweranda, urukundo n’iteka, ingeso yose imota ubuntu, eka n’ineza yose abantu bashima bagashimagiza. Ivyo nabigishije n’ivyo nabahaye, ivyo mwanyumviseko n’ivyo mwambonyeko, murabe ari vyo mukora. Ni ho Imana Nyenamahoro izohorana namwe.
INKURU NZIZA
Alleluia, alleluia.
Umukama yavuze ati : « Jewe nabatoye mbakura mu bandi,
kugira ngo mugende mwongere mwame icamwa, kandi icamwa gihoraho. »
Alleluia.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (21, 33-43)
(Imizabibu azoyishinga abandi barimyi)
Muri irya misi,
Yezu yabariye abakuru b’abasaserdoti n’abashingantahe b’igihugu ati : « Nimwumve uyu mugani. Habaye umugabo yari afise itongo rinini, atera imizabibu, arayizitiran shiramwo ubwato bw’ukugana, yubakamwo inzu y’abarinzi ; araheza ayisigarana abarimyi, aca yigra mu mahanga. Hageze gusoroma, atuma abasuku biwe kuri ba barimyi, ngo bamwakire ivyavuye muri ya mizabibu yiwe. Ariko ba barimyi bafata ba basuku, umwe baramukubita, uwundi barica, uwa gatatu bamutera amabuye. Yongera gutuma abandi barusha aba mbere ubwinshi, babagira kwa kundi. Ubwa nyuma, abarungikira umwana wiwe, yibwira ati : ‘Baza gusonera umwana wanje.’ Babonye umwana wiwe, abarimyi babwirana bati : ‘Ng’uyu samuragwa : ingo tumwice, tumutware iragi.’ Baramufata, bamujana inyuma y’umurima, baramwica. None nyenimizabibu niyaza, azogira ate abo barimyi ? »
Bamwishura bati : « Azokwica nabi abo bagome, imizabibu na yo, azoyishinga abandi barimyi, bazohengera yeze, bamuzanire ivyamuwe. »
Yezu rero ababwira ati : « Ntimurasoma mu Bitabu Vyeranda ngo : ‘Ibuye abubatsi bari bataye, ni ryo ryabaye iremezo ry’inzu ; ng’ico igikorwa c’Umukama kandi ni agatangaza mu maso yacu !’ Ni co gituma ndababariye ko bazobaka Ubwami bw’Imana bakabwihera igihugu kizokwamisha uwo murima. »
Les femmes prêtres c’est pour quand ?
La récente décision du synode de l’Eglise anglicane de faire accéder des femmes à « l’épiscopat » relance le sujet : à quand des femmes prêtres dans l’Eglise catholique ? Et les clichés habituels réapparaissent : l’Eglise est misogyne … Vrai ou faux ?
De l’Abbé Pierre AMAR.
L’Eglise est misogyne
Faux. Elle a même l’audace de proclamer que ce que Dieu a fait de plus beau sur cette terre, son chef d’œuvre, est une femme : une vierge immaculée, modèle d’humilité et de prière, Marie, mère du Sauveur. Marie, que nous fêterons ce 15 août dans le dernier des privilèges que le Seign
eur lui aura accordé : celui de monter au ciel avec son corps et son âme. Marie que des millions de catholiques prient dans de multiples sanctuaires comme Lourdes, Rocamadour, Fatima, Aparecida ou Guadalupe.
D’ailleurs, aucune institution n’a jamais autant fait pour les femmes que l’Eglise. Elle n’a eu de cesse que de proclamer la dignité et la vocation spécifique de la femme.Tout au long des siècles, elle n’a pas cessé non plus de se préoccuper du sort des femmes sans famille ou particulièrement vulnérables, à travers des institutions destinées aux enfants abandonnés, aux filles-mères, aux prostituées, aux femmes indigentes, âgées ou malades, aux femmes en instance de séparation, aux femmes détenues, …
Une femme-prêtre ferait le « job » aussi bien qu’un homme
Vrai. Mais tout dépend de la conception que l’on a du sacerdoce. Car si être prêtre c’est …
Lis la suite de l’article sur Aleteia
Diyoseze ya Ngozi : « Impundu y’Ibanga ry’Ubusaseredoti na Yubire »
Kw’igenekerezo rya 12 Mukakaro 2014, muri Paruwasi ya Jene, Diyoseze ya Ngozi Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi BANSHIMIYUBUSA yaratiye abasaseredoti ba Diyoseze 8: Patiri Mikaheri Habimana, Patiri Dawudi Kwizera, Patiri Pasitori Minani, Patiri Lino Ndayiragije, Patiri Gerarudo Niyonzima, Patiri Petero Karaveri Niyonzima, Patiri Emanuweri Nzeyimana, Patiri Tade Nzigamasabo. Haratiwe kandi n’uwundi umwe wo muryango w’abamisiyonari ba Afrika (bita kandi abapadiri bera): Patiri Benyamini Itungabose
Abandi baseminari 8 batewe iteka ryo kwatirwa mw’ibanga ry’Ubudiyakoni: Diyakoni Rehonidasi It
ungabose, Diyakoni Pasitori Manirakiza, Diyakoni Egide Minani, Diyakoni Kereto Ndayizeye, Diyakoni Selesitino Ndereyimana, Diyakoni Dezire Ntirampeba, Diyakoni Eduwarudo Nzambimana na Diyakoni Silivesiteri Nzokira.
Hariho 6 batewe iteka ry’Ubukorezi nabandi 10 baronse ibanga ryo gusoma Ijambo ry’Imana mw’ishengero ry’abakristu. Patiri Libori, Patiri Mukuru wa Paruwasi Jene, Patiri Apolinari Bangayimbaga arongoye Kaminuza y’i Ngozi na Patiri Yozefu Ndikumasabo na bo barahimbaza Yubire y’imyaka 25 mw’ibanga ry’ubusaseredoti.
Urwo rubanza rwari rwitabwe n’abasaseredoti benshi bo muri Diyoseze ya Ngozi n’abo ahandi harimwo na Musenyeri Porotazi Nkurikiye, icegera c’Umwepiskopi muri Diyoseze ya Muyinga hamwe n’abapatiri bo mu muryango b’abamisiyonari ba Afrika bari baje gushigikira patiri Benyamini Itungabose. Hari kandi n’abandi ba- nyacubahiro benshi: uwahoze arongoye igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Domisiyano Ndayizeye, Umushikirangaji w’intwaro yo hagati mu guhugu Nyakubahwa Eduwurudo Nduwimana, Umushikirangaji w’Ugufanya kw’Uburundi n’ayandi makungu Nyakubahwa Raburenti Kavakure n’abandi batumire bakora mu bisata binyuranye.
Imbere y’uko Umwepiskopi yatira abari baramukanye urubanza yaribukije abari aho ko umurima w’Umukama ugikeneye abawukoramwo, araheza abwira abagira ngo batirwe ko bari inyishu y’Imana.
Patiri Tade NZIGAMASABO, kw’izina ryiwe n’iry’abari bahejeje guterwa iteka ry’Ubusaseredoti, yarakengurukiye Umwepiskopi, abavyeyi n’abo bose babafashije guskika kuri iyo ntambwe. Umuvyeyi wa Patiri Dawudi, kw’izina ry’abavyetyi bose yarakeje Umwepiskopi n’abapadiri bashasha agirako abasaba kugumya ibanga no kwama bagamburuka. Umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu na we yarakeje Umwepiskopi ku basaserdoti yari aheje kugabana, arakeza n’abo basaseredoti bashasha n’abo bose bari bahejeje kugabana amabanga meranda, aranababwira ko baje mu gihe ciza aho Uburundi buri mu mahoro kandi ko buriko burashiraho wa murwi ujejejwe ivyo kuvugana ukuri n’ukurekuriranira. Patiri Aporinari Bangayimbaga na we kw’Izina ry’abagira Yubire y’Imyaka 25 y’ibanga ry’Ubusaserdoti, yarashimiye abagiye barabafasha muri iryo banga, aranabwira Umwepiskopi ko bagifise inguvu zo gukora kandi ko yobandanya abatuma.
Umwepiskopi na we yaragaragaje akanyamuneza, arakeza abo bapatiri bashasha n’abari baronse ayandi mabanga, arakeza abagize Yubire arashimira abanye-Jene ku kuntu bari bateguye neza urubanza rw’uwo musi. Abasaseredoti bashasha baciye batangira hamwe umuhezagiro hanyuma Umwepiskopi aca arawuhirira. Imisa irangiye urubanza rwaciye rubandaniriza mu gatutu kari kateguriwe uyo musi.
Kw’igenekerezo rya 14 mukakaro 2014 na ho, abasaseredoti bose barangurira ubutumwa muri Diyoseze ya Ngozi bahwaniye ku kirimba c’Umwepiskopi i Ngozi kugira ngo bakire kandi basanganire icese abasaseredoti bashasha. Kw’izina ry’abapatiri bari mw’ibanga no kw’izina ryiwe nk’Umwungere wa Diyoseze, Umwepiskopi yarafashe ijambo arakira abo basaseredoti bashasha, ababwira ko bari barindiriwe cane, ko babasanganije ubuvukanyi nk’akaganuke kazobafasha mw’ihamagarwa ryabo no mu butumwa bw’abasaseredoti. Yarasubiriye kubibutsa ko iyo Imana ihaye abantu umusaseredoti ari inyishu y’urukundo iba ibahaye. Yabasavye ko batotangurira kuvyonona, ahubwo ko botangura mu kwicisha bugufi, mu mwumvikano hamwe n’abandi bose. Yabasavye ko batokora barondera kubonwa ahubwo ko bokora kugira ngo amazina yabo yandikwe mu Bwami bw’ijuru. Yabandanije ababarira ingene umusaseredoti abaho n’ibimutunga, arababwira ivyo abasaseredoti babwirizwa kugira. Yabandanije asezera yongera yipfuriza ubutumwa bwiza abo yari arungitse kwiga, aca aravuga aho umwe wese azorangurira ubutmwa n’ico azokora, aca ahereza ku tuntu n’utundi. Inama iheze abasaseredoti bose baciye baza kwivuna umusase maze Umwepiskopi aboneraho no gukeza Musenyeri Antoni Petero Madaraga, icegera c’Umwepiskopi muri Diyoseze ya Ngozi, yari arumije imyaka 35 y’Ubusaserdoti.
Abo batumwa bashasha b’Umukama barungitswe aha hakurikira: Patiri Mikaheli (Paruwase nshasha ya Mparamirundi), Patiri Lino (Kiremba), Patiri Dawudi (Rwegura), Patiri Emmanueli (Mubuga), Patiri Karaveri (Murehe), Patiri Pasitori (Ruganza), Patiri Gerarudo (Rubungu), Patiri Tade (Paruwase Ngozi).
SOURCE: Compte FACEBOOK du JOURNAL NDONGOZI Y’UBURUNDI







