Ukuri gushirira mu kuyāga!
Ntukivange muri affaires z' »aba frères… »
Umugabo w’umwirabure yuriye indege afise imihwi asanga ategerezwa kwicarana n’umuzungu afise inkende. Ngo hahere akanya wa mwirabure aza mu bwiherero asize ya mihwi aho yicara. Agarutse asanga ya mihwi ntayikihari, nikwo rero kubaza wa muzungu aho imihwi yiwe yagiye.Uno nawe amwishura ati: »Mwenewanyu yayiriye!(kuko ari yankende yari yayiriye!). Wa mwirabure aca arinumira.
Haheze akanya wamuzungu nawe aja kwiherera (niho abarundi bavuze ko ari kwa « si urwumwe! n’abzungu bariherera…) asiga yankende aho yari yicaye. Wa mwirabure aca afata ya nkende arayiniga irapfa. Wa muzungu agarutse asanga yankende yapfuye; niko rero kubaza wa mwirabure n’ishavu ryinshi ati: »inkende yanje yishwe n’iki muri aka kanya? » Uri uwundi ati » Ni jewe nayinize. » Wa muzungu imishatsi ica irashinga, aca abaza wamwirabure ati: »Kubera iki wanigiye inkende? » .Wa mwirabure aca amwishura ati: » Ntukivange muri affaires z’abavukana… »
» KIMWE KU KINDI!!!!! »
Dutwenge! ! ! !
Umugabo yaranyotewe hanyuma aja ku muhana wari hafi gusaba amazi. Ashitse ahasanga akana gotoyi araheza aragasaba ko komuha amazi yo kunywa. Kano kana kaca kikubita munzu kamuzanira igikombe c’amata. Wa mugabo aranywa ahejeje abaza kano kana ko katomuha amazi nayo. N’ubundi ka kana kikubita munzu kamuzanira igikombe c’amata.Wa mugabo aryohewe aragasaba ko komwongera nako kikubita munzu kamuzanira ikindi gikombe c’amata. Hanyuma rero wa mugabo yumvise akwije ni kwo kubaza ka kana ati: » Ubwo abavyeyi ntibahava bagukubita ko wampaye ku mata yabo ataruhusha wabasavye? »
Ka kana nako gati: » Oya ntaco bashobora kungira kuko ayo mata twari twarabuze ico tuyakoza kuko yaguyemwo imbeba n’umuserebanyi. »
Wa mugabo n’ishavu ryinshi ( bien sûr hamwe n’iseseme rirenze igipimo ! ! ! ! ) aca afata ca gikombe bamuha mw’amata atangura kugihonda kw,ibuye ngo kimeneke. Ka kana gaca karamubuza kamubwira kati: » reka reka ntumene ico gikombe kuko nico nyokuru aza araciramwo (ararukamwo) kuko arwaye cane. ».
Bujumbura harababa!
Bigiye kutugora KUKO NTIVYOROSHE BASI ! ! ! ! ! !
Iri soko rya Bujumbura rizosiga bike mbambure!!!
Umwana kwa nyina!!!!
Nkuko bimeze ubu imiryango myinshi yarabuze ayo icira nayo imira kubera uruhombo yatewe n’ugusha kw’isoko. Raba ivyabaye mumuryango umwe wo ngaha iwacu …
Ejo mw’ijoro umugabo yariko avugana n’umugore wiwe kubijanye n’uruhombo batewe nuko ivyo bahora bakuramwo utwo bifuza vyahiriye mwisoko.
Mugihe umugabo yari akeneye ko baja inama n’umugore wiwe ku co bokora, umugore yabwiye umugabo ko aza kumuha inyishu mu gitondo. None uno munsi umugore yazindutse afata ivyiwe vyose aratekera maze umugabo aramubaza ati:
Umugabo: None ko utekeye ugiye hehe?
Umugore: Ngiye kwa mama kuko ubu bukenene sinobwihanganira.
Umugabo: Ndindira gato nanje ntekere.
Umugore: utekere ujahe?
Umugabo: nanje ngiye kwa mama
Umugore: hama aba bana bawe?
Umugabo: nibaje nabo kwa nyina nkuko natwe tugiye kwaba mama.






