Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Opinions (Page 5)

Archives de Catégorie: Opinions

Komeza abantu witoreye/ Patiri Michel HABIMANA

Amahirwe y’ukuba uwa-Kristu n’umunyamuryango muri Ekleziya (Ikiyāgo cā 2)

Patiri Murengerantwari

Patiri Murengerantwari YOHANI

Intumbero y’iki kiyago ni ukugira tugerageze kuzirikana amahirwe dufise y’ukuba turi aba Kristu uko angana, amahirwe dufise y’ukuba tugize hamwe na we umubiri umwe muzima, uwo Pawulo Mweranda yita Umubiri wa Kristu (raba 1 Abanyakorenti 12,27) ni ukuvuga Ekleziya yadusigiye ngo ibandanye iba kw’isi ikimenyetso c’ivyiza vy’Imana.

Ubudasa hagati y’uwemera ico azi na Ntambirakaje

Abashamikiye kuri Kristu, we Muco uva ku Muco, ni ukuvuga Jambo yamaho wa Data, ntibashobora guta umwanya mu kuba ba Ntambirakaje, batwarwa n’ibitagira mvura. Erega n’ayo ni amahirwe adasanzwe. Biragaragara rwose ko abantu biyita ngo ntibemera atari abatagira ico bemera. Ahubwo usanga ari bo bemera kuruta kuko bemera ibisigaye vyose kiretse Imana y’ukuri, mbere kugira berekane ko ukwemera kwabo kudasanzwe, mu vyo bemera baraheba bagashiramwo n’ibintazi. Usanga bemera ivyo bahambije Imana bakayita amazina atari yo, canke bakayitiranya n’ivyo yaremye bakagarukira ngaho. Ni co gituma umuntu aravye neza yosanga abantu bose bafise ico bemera. Igitandukanya abantu rero si ukwemera n’ukutemera kuko abantu bose baremera, ahubwo itandukaniro riri hagati y’ukwemera Imana y’ukuri n’ukwemera ibintazi.

 Ukumenya Imana ikwiye kwemerwa iyo ari yo

Uwa Kristu nyawe araronka n’ingabirano y’ukwemanga Imana y’ukuri kandi akagira n’ukwemera kw’intashinguka. Ariko Imana y’uwa Kristu si Imana abantu bashikira kubera ubushakashatsi bwabo, ariko ni Imana Imana nzima kandi y’ukuri, ikunda abantu, igiriranira imigenderanire na bo kandi ikiyerekana nk’umuntu, gushika n’aho ivugwa bwa muntu, nk’aho Bibliya ivuga ivyerekeye ishavu ryayo, amaso yayo, ibirenge vyayo, iminwe yayo, ukuboko kwayo kw’ukuryo gukiza, n’ibindi. Si Imana rero turabira mu vyo yaremye canke mu vyo itumariye gusa ngo duhave tuyishira ku ruhande mu gihe tutakiyikeneye, ariko ni Imana yatwihishuye mw’Ijambo ryayo kugira tuyimenye, tuyambaze tuyizi, ni Imana itaza mu buzima bwacu kutugora, ahubwo iza kubutumbereza neza ibwerekeza kuri yo nyene, yo soko n’iherezo rya vyose.

Uwufata Imana ko iturema igaca irekera ngaho tukimenya, nta ho atandukaniye n’umuhakanyi. Imana yacu si Imana turonderera kure vyanka tukirekera, ni “Imana se w’Umukama wacu Yezu Kristu” (Raba Abanyaroma 15,6; 2 Abanyakorenti 1,3; Abanyefezi 1,3; Abanyakolosi 1,3; 1 Petero 1,3). Ni co gituma inzira irashe dufise yo kuyishikira ari Yezu w’i Nazareti, na we tukaba tumumenyera mu Nkuru nziza yiwe. We nyene yivugiya ati: “Jewe ndi inzira, ukuri n’ubuzima. Nta wuja kwa Data atanciyeko. Ko mwamenye, muzomenya na Data.” (Yohani 14,6-7a), ahandi na ho ati : “Dawe yarampaye ibintu vyose kandi nta n’umwe amenya Mwana atari Se, kandi nta wumenya Se atari Mwana, be n’uwo Mwana ashatse kumuhishurira.” (Matayo 11,27).

Mu kutwihishura mu kinyegezwa c’ukubabara n’ukuzuka vyiwe, Yezu Kristu araha agaciro ibitubabaza mu buzima bwacu, n’urupfu nyene rudasigaye inyuma, akatwereka ko ibidushikira vyose mu buzima vyinjira mu mugambi w’Imana wo kudukiza, tukaboneraho no kumenya ko amaherezo yacu ari ubuhirwe, ko ubuzima bwacu uko bumera kwose budaherera mu gaheza. Uwemera Yezu Kristu, akemera ko yaje kugira tumenye Imana y’ukuri, ntakwiye kumera nka ba bandi bashika aho bibaza ko ibibi bibashikira biterwa n’Imana, mbere ahubwo ko ari yo soko ry’ibibi vyose.

Hari umwanditsi w’umutaliyano wa kera yitwa Verdi, abonye ingene abantu baguma bicana, yageze aho yibaza ati none ko twaremanywe agashusho k’Imana, nkaba mbona abantu baguma bicana, ubwo Imana yo si umwicanyi ? Araheza agaragaza ukwemera kwiwe avuga ati : “Ndemera Imana y’umwicanyi yandemanye agashusho kayo”. Turumva ko ari ukwemera kw’umuhakanyi nyene, kuko agashusho k’Imana ni umuntu akitesha kubera umwidegemvyo yaremanywe awukoresheje nabi. Imana twahishuriwe muri Yezu Kristu, Umucunguzi wacu yapfuye akazuka, ni Imana idushakira ineza, nk’uko Pawulo Mweranda abitomora ati : “Nakare, turazi yuko vyose bibera neza abakunda Imana, abatowe nk’uko ibishaka.” (Abanyaroma 8,28). Na twebwe nyene nitwaba dukunda Imana, vyose bitubera neza n’aho kumbure bitoba bitworohera gushoka tubibona, ivyo tutabona canke tudahamvya na vyo ntibisigura ko bitaba ari vyo nk’uko abigira abahakanyi babiririmba kenshi.

Hari ijambo rigufi Yezu yabwiye abigishwa biwe ariko arabasezera, ariko rikonganiyemwo umwizero wose aba Kristu bafise, na ryo ni iri: “Data arabakunda” (Yohani 16,27).

Uwa Kristu yishimikije iryo jambo, akaribika ahadata mu mutima wiwe, umubabaro wose ashobora kugira, amaganya yose ashobora kumutera agahinda, eka n’urupfu nyene, vyose bica bicika ubusa imbere y’urukundo rw’Imana. Ico ciyumviro Pawulo Mweranda aragishingira intahe muri aya majambo ati : «Ni nde azokwagiriza abatowe n’Imana? Mbega, Imana si yo ibagira intungane? Ni nde azobacira urwo gutsindwa? Mbega, ni Yezu Kristu, kandi ari we yapfuye agaheza akazuka, akaba kandi ari we yicaye iburyo bw’Imana, akongera akatwambariza? Ni nde azodukura ku rukundo rwa Kristu? Mbega, ni amarushwa, canke ni amaganya, canke ni uruhamo, canke ni inzara, canke ni ukubura ico twambara, canke ni amakuba, canke ni inkota? Nk’uko vyanditse ngo: “Twirirwa turicwa batuziza wewe, tugafatwa nk’intama z’imbagwa”. Ariko muri ivyo vyose, turatsinda kubera uwadukunze. Nkako, ndemera ntakekereza ko ata rupfu canke ubuzima, ata bamarayika canke inganji, ata n’ibiriho canke ibizoza, ata bifise ububasha, ata biri mu kirere canke ibwina, ata n’ikiremwa na kimwe kizoshobora kudukura ku rukundo rw’Imana rwamenyeshejwe muri Kristu Yezu Umukama wacu.» (Abanyaroma 8,33-38).

(Bizobandanya)

Amahirwe y’ukuba uwa kristu n’umunyamuryango muri Ekleziya

Patiri Murengerantwari

Patiri Murengerantwari

Intumbero y’iki kiyago ni ukugira tugerageze kuzirikana amahirwe dufise y’ukuba turi aba Kristu uko angana, amahirwe dufise y’ukuba tugize hamwe na we umubiri umwe muzima, uwo Pawulo Mweranda yita Umubiri wa Kristu (raba 1 Abanyakorenti 12,27) ni ukuvuga Ekleziya yadusigiye ngo ibandanye iba kw’isi ikimenyetso c’ivyiza vy’Imana.

Niyaba ari amahirwe kuba umuntu afise ico yemera, ni amahirwe asumbirije kuba umuntu ari umukristu, ari uwa Kristu, ni ukuvuga uwuzi ko ari uwiwe bwite canke akipfuza kurushirizaho kuba uwiwe. Ako ni akabanga kadakwiye kubwirwa imbwa zose. Imbwa zose ni ukuvuga abibeshera ngo ni abahakanyi kandi bazi ko bidashoboka. Uko ni ko Abayahudi bita abapagani batemera Imana imwe nka bo (Raba Matayo 7,6; 15,26). Ni na ko kandi Pawulo Mweranda yita Abayahudi batemeye Yezu, akebura Abanyafilipi kubirinda (Raba Abanyafilipi 3,2). Umurundi we aca avyumva ningoga.

Muti ni kuki tutoterera ibanga ryacu ry’ukuba aba Kristu aho imbwa zibona? Ica mbere ni uko zitoritegera, ahandi na ho ni uko zohava zitiranya n’ukwihenda, akanyamuneza uwa Kristu yamana kava ku kuba azi kandi yishimiye ico ari. Hari n’aho zohava zifata uwa Kristu nk’umunyabwishime mu gihe ariko aremanga ivyiza ntangere Imana yamugiriye.

Hari n’aho mbere uwa Kristu yohava afatwa nk’uwutagira ifatiro kuko bidakunda kumworohera gukurikira umuyaga wose ngo ni ibigezweko nk’uko bikunda guhitana benshi uko imyaka igenda irahita. Uwa Kristu ntibimworohera kuzimirira mu kajagari k’ivyiyumviro vyama ari bishasha ariko bigashira biyonga kuko ubuzima bwiwe bufise umuzi mw’ijuru. Ukuri duhishurirwa n’Umwana w’Imana ntigusaza, kwama ari kunovu, ariko ivyiyumviro vy’abantu biraba agaharawe uyu musi, bwaca ugasanga ni akaboze. Uwa Kristu rero ni uwamaze guhitamwo ikiruta ikindi (raba Luka 10,42), atishinga kuba ntambirakaje.

Ukumenya intumbero irashe y’ubuzima bwacu

Amahirwe ya mbere adasanzwe ku wa Kristu, ni ayo dukura mu ngingo z’ukwemera twarazwe n’Abatumwa b’Umukama. Ukumenya intumbero duha ibintu bisanzwe mu buzima bwacu. Nk’akarorero, iyo aho iwacu mu Burundi hageze ico twita Ubunani, twebwe abemera ni twebwe twenyene tuzi insiguro irashe y’uwo musi mukuru. Si uko umusi mukuru tugira uba uteye igomwe kurusha uw’abatemera, ubudasa ni uko kuri twebwe uba ufise insiguro nyayo kandi isumbirije. Ku bandi ni ugupfa kwimara ipfa ngo umwaka uraheze kandi noneho iyo bukeye umwaka mushasha ugatangura, nta kintu gishasha c’agatangaza umuntu abona, ariko akanyamuneza k’abakristu ko karafise ishingiro rikomeye. Twebwe abemera ntiturazwa ishinga n’uko igiharuro c’imyaka cuzuye, ikituraza ishinga kikadutera n’akanyamuneza ni ukwibuka bimwe bishemeye ikintu nyamukuru mu buzima bwacu: ukwibuka ko, kuva Umwana w’Imana yinjiye muri kamere yacu akigira umuntu nkatwe, imyaka yose dusigaye tuyiharura dufatiye kuri iryo sango. Abantu bose barahimbaza intango y’umwaka, ariko abakristu ni bo nyene ni bo bafise insiguro yumvikana kandi barakwiye kwama bavyibuka.

Eka si ivyo gusa. Umusi w’Imana, benshi bawufata nk’umusi usanzwe w’ukuruhuka, tutiriwe turavuga rero abawuhumanya bakawitiranya n’iyindi misi canke bawurutisha umusi wa gatandatu ngo ni yo Sabato y’ukuri, ariko si bo barundi ntibaba barashikira iteka ry’ukuba aba Kristu, kuko kumbure ntibazi ko ukuzuka kwa Kristu Yezu ku musi ukurikira Isabato ari intambwe mw’icungurwa ryacu kandi ko ata gusubira inyuma nk’ibirenge. Uwa Kristu nyawe we, uwo musi awukesha izuka ry’Umukama wacu, kandi iryo zuka ni ryo rituma tugenda tugororotse kandi dushingura, tugana uwaducunguye kuko aba Kristu ntibameze nk’inzoka iguma yikubiranya, yikomora umurizo nk’uko abafaransa babivuga (le serpent qui se mord la queue). Ubuzima bw’umukristu burafise intumbero bugenda bugana, si ubwo kuguma bwicuza ivya kera, kuko bwamana akanovera kadashobora kwuzura wa musi wo kwibanira n’Imana akaramata udashitse.