Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches (Page 11)
Archives de Catégorie: Dimanches
IGIHE C’UBUSHIKIRO: IDOMINIKA YA 1 Y’UBUSHIKIRO (Umwâka C)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya (33, 14-16)
Imburizi y’Umucunguzi
Ng’iri iriyazwe n’Umukama :
Igihe kiregereje c’aho nzorangura ijambo naraganiye umuryango wa Israyeli n’uwa Yuda. Muri iyo misi, nzotera mu nda ya Dawudi akabuto k’ubutungane kazovyagiza ingingo n’ubutungane mu ntara. Muri iyo misi, igisata ca Yuda kizorokoka, Yeruzalemu na yo igume mu mutekano ; ng’iri izina bazoyitazira : «Imana-Butungane-bwacu ».
IZABURI 24 (25) 4b-5b, 8-9, 10.14
Icit. : Ni Wewe, Mukama,
nerekezako umushaha.
Ntabara, Mukama, undangire inzira y’iwawe,
uranyigisha inzira zawe.
Urantumbereza ukuri, uranyigisha,
ni Wewe Mana izonkiza. (suite…)
IDOMINIKA YA 34 YO MU MWAKA = UMUSI MUKURU WA KRISTU UMWAMI
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Daniyeli (7, 13-14)
Ingoma yiwe ni ingoma izokwamaho
Mu vyo neretswe mw’ijoro, nagize ntya mbona haje uwusa n’Umwana w’umuntu, azananye n’ibicu vyo mw’ijuru ; araheza aregera wa Mutama, baramumushikiriza. Aca ahabwa inganji, icubahiro n’ubwami kugira ngo amoko yose, intara zose n’indimi zose zimusenge. Ingoma yiwe ni ingoma izokwamaho, ubwami bwiwe ni ubwami butazotituka.
IZABURI 92 (93), 1ab, 1c-2, 5
Icit. : Umukama arahangamye ku ngoma,
yikwije uuninahazwa.
Umukama ahangamye ku ngoma ;
yikwije ubuninahazwa,
Umukama yikwije ububasha bwiwe.
Isi na yo irashimangiye, (suite…)
IDOMINIKA YA 33 YO MU MWAKA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Daniyeli (12, 1-3)
Izuka ry’abapfuye
Jewe Daniyeli numvise iri jambo ry’Umukama : « Umusi umwe, Mikayeli, umukuru w’abamarayika, azohaguruka, ni we ahagarikiye igihugu canyu. Hazoba urwimo rutari bwaboneke, kuva aho intara zibereyeho. Ariko ico gihe, igihugu canyu kizorokoka, ni ukuvuga abanditswe bose mu gitabu c’Imana. Benshi mu bazoba basinziriye mu kuzimu bazokwikangura, bamwe bikangurire ubuzima bwamaho, abandi bikangurire kumaramara no guteterwa imyaka n’imyaka. Abitonzi bazosayangana nk’izuba ryo ku mutaga ; abazoba babaye intungane mu makungu bazoca ibibatsi nk’inyenyeri imyaka n’imyaka.»
IZABULI 15 (16) 5-8, 9-10, 11
Icit. : N’unzigame, Mukama,
kuko ari Wewe mahungiro yanje.
Mukama, ni Wewe ntoranwa yanje, ni Wewe ruhara rwanje,
ni Wewe natoranyeko iragi ryanje.
Mpoza Umukama imbere yanje, kuri ico simpengeshanya,
kandi ko asanzwe ari iburyo bwanje sintirimuka.
Umutima wanje urahimbarwa,
kandi umushaha wanje ukanezerwa,
umubiri wanje na wo ukaruhuka, ataco winona ;
na none, ntiwondeka ngo mpfe rubi,
umugenzi wawe ngo aherere mu cobo.
Uzondangira inzira y’ubuzima,
imbere yawe agahimbare ni kose ;
iburyo bwawe akanyamuneza kazokwamaho imyaka yose.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete ryandikiwe Abahebereyi (10, 11-14-18)
Yezu Kristu yarahereje inkuka imwe rudende
Mw’isezerano rya kera, umuherezankuka wese yahora aja gusenga mu gisengero ; inkuka atasiba guhereza zama ari za zindi, kandi ntizishobore gukura ibicumuro namba. Ariko Yezu Kristu we, aho amariye guhereza inkuka imwe rudende y’ibicumuro, yaciye avyagira iburyo bw’Imana ubutakihava, arorereye igihe abansi biwe bazoshirwa munsi y’ibirenge vyiwe bamubere intebe.
Erega, iyo nkuka imwe rudende ni yo yatumye abemeye kugabirwa na We ubweranda, bagashikira ubutungane ubutacisubirako. Iyo ikigongwe kibonetse, nta nkuka y’ibicumuro iba igikenewe.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Nimwame mugavye, musabe imisi yose,
kugira ngo mushobore guseruka imbere y’Umwana w’umuntu.
Aleluya
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (13, 24-32)
Muzobona Umwana w’Umuntu aje mu bicu
Umusi umwe, Yezu yabariye abigishwa biwe, ati: « Muri nya misi, ayo marushwa mvuze ahavuye, izuba rizodegera, ukwezi ntikuzoba kukibonesha, inyenyeri zizokoragurika, ziva kw’ijuru, ububasha bw’ijuru buzonyiganyiga. Niho rero muzobona Umwana w’umuntu aje mu bicu afise inganji n’ubuninahazwa bwinshi. Azoheza arungike abamarayika biwe gukoranya abatowe mu nkiko zose z’isi, iyo isi n’ijuru biva bikagera hose. Igiti c’umutenahi cobibagereraniriza. Iyo amashami yaco atoshe, amababi akanaga, muca mumenya ko iremba riri hafi. Ni ko kw’uko, ni mwabona ivyo vyose bishitse, muramenya ko Umwana w’umuntu yashitse, ari kw’irembo. . N’ukuri ndabibabariye : uru rwaruka ntiruzohera, ivyo vyose bitaraba. Ijuru n’isi bizoteba bihere, yamara amajambo yanje ntazohera. Ariko umusi wa rwo be n’isaha, nta n’umwe awuzi, nta n’abamarayika bari mw’ijuru, nta na Mwana nyene, Data musa ni we abizi.»






