Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches (Page 13)
Archives de Catégorie: Dimanches
IDOMINIKA YA 29 YO MU MWAKA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (53, 10-11)
Ishaka ry’Umukama rizoranguka
Umusuku wiwe, Umukama yashatse kumuvunaguza amagorwa. Ariko, niyitanga akabera abantu incungu, azoramutswa n’abuzukuruza, azoramba ; kubera we, ishaka ry’Umukama rizoranguka. Ayo magorwa yose yabonye azohinduka akanyamuneza, azohimbarwa, aronke ivyo yipfuza vyose. Kubera ko yemeye akababara, iyo ntungane, uwo musavyi wanje azokiza abantu isinzi, azokwiremeka ibicumuro vyabo.
IZABURI 32 (33), 4-5, 18-19, 20.22
Icit. : Tworose urukundo rwawe, Mukama,
kuko ari Wewe twama twizigiye.
Ijambo ry’Umukama riratunganye,
ibikorwa vyiwe vyose birimwo ukuri. (suite…)
IDOMINIKA YA 28 YO MU MWAKA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi (7, 7-11)
Itunga nya tunga ni umutima w’Ubwitonzi
Narasavye, ngabana ubwenge ;
naratakamvye, umutima w’Ubwitonzi unyinjiramwo.
Nanje ndawukunda kuruta intahe n’ingoma
imbere y’Ubwitonzi, itunga ryose ndariraba nk’ubusa.
Sinigeze ndabugereranya n’intabonwa,
inzahabu zo kw’isi zose zimeze nk’umusenyi iruhande yabwo,
ifaranga na ryo rikaba nk’ivyondo.
Narabukunze kuruta amagara n’ubutore ;
narabushimye kuruta umuco w’izuba,
kuko busayangana ubudahengeshanya.
Mbere, ivyiza vyose naronse, vyazananye na bwo,
iminwe yabwo yangabiye itunga ridaharurwa.
IZABURI 89 (90), 12-13, 14-15, 16-17
Icit. : N’udukwize urukundo rwawe, Mukama,
niho tuzoba mu kanyamuneza !
N’utwigishe guharura imisi yacu dusigaje,
kugira ngo tuhakure umutima w’ubuntu.
Ewe Mukama, garuka : uzoreka kutwikumira ryari ?
Babarira abasavyi bawe.
N’udukwize urukundo rwawe mu gitondo ca kare, (suite…)
IDOMINIKA YA 27 YO MU MWAKA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko (2, 18-24)
Bazocika umubiri umwe
Mu ntango y’irema, Umukama yavuze ati : « Si vyiza ko umuntu aguma wenyene, nzomuronderera umugenzi bakwiranye. » Umukama arongera kubumbabumba ibikoko vyose vyo mw’ishamba n’inyoni zo mu kirere, hanyuma abizanira umuntu ngo arabe uko avyita : kimwekimwe cose categerezwa kugumya izina cahawe n’umuntu. Umuntu rero arakwiragiza amazina ibikoko vyose, inyoni zo mu kirere n’ibitungwa vyo mu murima, mugabo nta mugenzi bakwiranye yasanzemwo. Umukama rero arungikira umuntu itiro ryinshi, arasinzira. Amukuramwo igufa rimwe ry’urubavu, mu nyuma arateranya aho ryavuye. Umukama afata rero rya gufa yakuye mu rubavu rw’umuntu, arikoramwo umugore, hanyuma amuzanira nya muntu. Uno rero aca ashira ijwi hejuru ati : « Ubu ho rero, uyu ni igufa ry’amagufa yanje, kandi ni umubiri w’umubiri wanje. Azokwitwa umugore kuko (suite…)






