Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches (Page 14)
Archives de Catégorie: Dimanches
IDOMINIKA YA 26 YO MU MWAKA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihárūra (11, 25-29)
Mutima Mweranda aja aho yishakiye
Muri irya misi, Umukama yamanutse mu gicu, aganira na Musa. Araheza afata Mutima yari umuvyagiyemwo, amukwiragiza kuri ba bakurambere mirongo indwi. Ngo babe bakimuronse, baca batangura kuvugira Imana, ariko ntivyaragama. Muri ico gihe, hari abagabo babiri bari basigaye mw’icumbi, umwe yitwa Elidadi, uwundi na we Medadi ; Mutima abinjiramwo na bo. N’aho batari bagiye iyo Ihema ryari riri, bari mu gitigiri c’abatowe; ni uko batangura kuvugira Imana aho nyene bari bacumbitse. Umuhungu umwe w’urnusore agenda ariruka abarira Musa ati: « Elidadi na Medadi bariko baravugira Imana mw’icumbi ryacu! » Yozuwe mwene Nuni, yabaye umufasha wa Musa kuva akiri umusore, amubarira ati : « N’ubabuze, muhanyi ! » Musa aramubaza ati: « Mbe iryo shari uryerekanye ngo undwanire? Ese Umukama yobavyagizamwo Mutima wiwe, igihugu ciwe cose kikaba igihugu c’abamuvugira ! »
IZABURI 18 (19) 8, 10, 12-13, 14
Icit. : Amabwirizwa y’Umukama ni akezamutima.
Amategeko y’Umukama aratunganye, (suite…)
IDOMINIKA YA 23 YO MU MWAKA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (35, 4-7a)
Ibitangaza vy’urukiza ruva ku Mana
Humuriza abo imitima yatuntuye, uti : « Rye umutima amenyo, mureke kugira ubwoba. Ng’uyo Umukama Imana yanyu : igihe co guhorwa kirashitse, Imana yabibutse, ni yo ije kubakiza. »
Amaso y’impumyi azoca akanura, amatwi y’intumva azibûke. Ibimuga bizosimba bugeregere, ururimi rw’ibiragi rutere imvyino z’agahimbare. Mu bihugu bitazi amazi, azokwisuka, imvura izoba nyamwondo mu ntara zagadutse. Umusenyi uturira uzohinduka igitanga, ahagataye hazocika amasôko.
IZABURI 145 (146), 7, 8-9a, 9bc-10
Icit. : Ninahaza Umukama, se mushaha wanje.
Canke : Aleluya.
Umukama acira urubanza impahazwa,
akagaburira abashonje,
nayo ababoshwe akabakura mu ngoyi. (suite…)
IDOMINIKA YA 22 YO MU MWAKA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ukwibutsa Amategeko (4, 1-2. 6-8)
Nimuzigame amahwirizwa y’Umukama
Muri irya minsi,
Musa yabariye ishengero ry’Abanyisrayeli ati : « None rero, yemwe Banyisrayeli, nimwumvirize amabwirizwa n’amateka ngira mbashikirize, muheze muyazigame ; niho muzobaho mukinjira mu gihugu Umukama Imana ya ba sogokuruza yabahaye, kikabegukira. Ntihagire ico mwongera canke musobanura mu vyo mbategetse ; amabwirizwa y’Umukama Imana yanyu araba ari yo masa mukurikiza nk’uko ndabibategetse. Ni uko rero, muze muyazigame, muyarangure, azobaronkera ubwitonzi n’ubwenge imbere y’ayandi makungu. Umusi bumvise ayo mabwirizwa yose, bazotangara bati : ‘Ni ukuri nta kindi gihugu gitunze abitonzi n’incabwenge nk’iki !’ Mbega, hari igihugu gifise imana iri hafi yaco nk’uko Umukama Imana yacu aba hafi yacu, iyo tumwambaje ? Canke, hari igibugu gifise amabwirizwa n’amateka atunganye nk’aya mbashikirije uyu musi ?»
IZABURI 14 (15) 2-3a, 3cd-4ab, 5
Icit. : Ni nde, Mukama, azokwinjira mu ngoro yawe ?
Hazoshika umweranda yigenza neza,
akora ibituuganye, (suite…)






