Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches (Page 21)

Archives de Catégorie: Dimanches

UMUSI MUKURU WA PENTEKOTI

Ku musi mukuru wa Pentekoti

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (2, 1-11)

Bose buzura Mutima Mweranda

Esprit-SaintUmusi wa Pentekoti wasanze abatumwa bose bakoraniye hamwe. Niho hwavyuka intureka iva mw’ijuru imeze nk’umuyaga w’igihuhusi, wuzura inzu barimwo hadaciye n’akanya. Babona haserutse imbeya zimeze nk’indimi z’umuriro, ziricagagura zija guhagarara ku mutwe w’umwe wese mu bari aho. Bose rero buzura Mutima Mweranda, batangura kuvuga izindi ndimi ku rugero Mutima Mweranda abahaye kuzivuga.

I Yeruzalemn na ho, hari hagerereyemwo abantu bubaha Imana, bari bavuye mu ntara zose ziri munsi y’ijuru. Aho bumviye intureka, abantu bose barashwabaduka bumiwe bwumirwe, kuko umwe wese yumva abatumwa bavuga ururimi rw’iwabo. Bagwa mu gahundwe, baraheza bagira bati : « Aba bantu bavuga, si ab’i Bugalile ? Bigenze bite (suite…)

UMUSI MUKURU WA PENTEKOTI: Ku mugórōba urōngôra Pentekoti.

Umwaka A, B na C (ibisomwa ntibihinduka)

IGISOMWA CA MBERE

Igisomwa ca mbere, bagitora mu bisomwa bine bikurikira :

Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko : 11, 1-9

BabbelAho hantu bahita Babeli, kuko ariho Umukama yayoberanirije ururimi rwabo

Muri ico gihe, abantu bose bavuga ururimi rumwe, bagakoresha amajambo amwe. Ni uko : bariko barimuka bagana i Burasirazuba, babona ikiyaga mu gihugu c’i Shinari : bagereraho. Baraheza barvugana bati : « Ngo tubumbe amatafari, tuyaturire neza. » Bakoresha amatafari ha gukoresha amabuye, na kaburimbi mu kibanza c’ubudongo. Bavugana bati : « Ngo twiyubakire igisagara (suite…)

IDOMINIKA YA 4 YA PASIKA- Umwâka A (Yezu, Umwungere mwiza)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa  (2, 14a. 36-41)

(Imana yamugize Umukama, imugira Kristu)

Ku musi wa Pentekoti, Petero arahaguruka ahagatiwe na bamwe Cumi n’umwe, atareza ijwi ati : « Banyisraeli mwese uko mungana, bimenye kandi si ivy’imbeshere, uyo Yezu mwabamvye, Imana yamugize Umukama, imugira Kristu. »

Abantu bari aho bumvise ayo majambo, umutima urabatonganya. Niko kwegera Petero n’abandi batumwa, bati : « Mbega, benewacu, none tugire dute ? » Petero na we arishura ati : « Nimwisubireko, vyongeye umwe wese muri mwebwe n’abatizwe kw’izina rya Yezu Kristu, ngo abashe kuronka ikigongwe c’ibbicumuro vyiwe ; niho rero muzoronka ingabirano za Mutima Mweranda. Bisubiye, abahawe wa muhango, (suite…)