Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches (Page 22)

Archives de Catégorie: Dimanches

Indwi ya 3 ya Pasika, Umwaka A

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa : 2, 14. 22-33

(Ntivyari gushoboka yuko urupfu rumutsinda)

Ku musi wa Pentekoti, Petero arahaguruka ahagatiwe na bamwe Cumi n’umwe, atereza ijwi ati : « Yemwe Bayahudi namwe mwese muba ngaha i Yeruzalemu, tege amatwi aya majambo kandi muyategere. Yezu w’i Nazareti yaratewe iteka n’Imana imbere yanyu, mu kumuha ububasha bw’ugukora ibitangaro izuba ryaka, nk’uko namwe nyene mwavyiboneye. Mwaramufashe muramwicisha, mumubamba ku musaraba, mumuta mu minwe y’abansi, nk’uko Imana yari yabitegekanije. Noneho Imana (suite…)

Idominika ya 2 ya Pasika. Umwaka A

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (2, 42-47)

Abari basangiye ukwemera bari basangiye n’itunga

Abigishwa barashishikara cane mu vyo kwigishwa n’Abatumwa n’ukugira ubumwe, mu vyo kumanyura umukate no gusenga. Kandi, ibitangaro n’ibimenyetso vyinshi bikagirwa n’Abatumwa. Bitayeko, abari basangiye ukwemera bari basangiye n’itunga: baramuka baguze ivyo batunze canke ivyimburwa, bagasabikanya ikiguzi, umwe umwe akaronka ivyo akeneye.
Bama mw’isengero imisi n’iyindi, kandi (suite…)

Umusi Mukuru wa Pasika.

Umusi mukuru cane

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (10, 34a. 37-43)

Twebwe twarafunguye turanywa hamwe na We amaze kuzuka mu bapfuye

Petero ngo ashike i Sezareya kwa Koroneliyo, asama ijambo ati: «Murazi neza ivyabaye mu Buyuda bwose, uhereye mu Bugalile kuva muri ca gihe Yohani yigisha ibatisimu. Murazi ingene Yezu w’i Nazareti yaronse Mutima Mweranda be n’inganji y’Imana, hanyuma akagendura igihugu cose agira neza aho aciye hose, abohora abari mu ngoyi za Shetani; kanatsinda yari yuzuye Imana. Twebwe rero, turi ivyabona vy’ivyo yakoze vyose mu ntara y’Abayuda be n’i Yeruzalemu.
Ni We bahavuye bica, bamumanika ku giti c’umusaraba. Ariko Imana yaramuzuye ku musi ugira gatatu, (suite…)