Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches (Page 23)
Archives de Catégorie: Dimanches
Idominika ya 5 yo mu Karema. Umwaka A
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeli (37, 12-14)
Nzobaha umutima wanje ngo mube bazima
Ng’iri ijambo ry’Umukama Imana : Ngiye gufurura imva zanyu, ndabakureyo, ndabasubize mu gihugu canyu c’Israyeli. Muzoheza mumenye ko ari je Mukama. Nzobaha umutima wanje ngo mube bazima, nongere ndabasubize mu gihugu canyu. Niho muzomenya ko ari je Mukama : narabivuze kandi nzobirangura. Ng’iryo iryo Umukama avumereye.
IZABURI 129 (130), 1-2, 3-4b, 4c-6, 7-8
Icit : Urukiza ruva ku Mukama
Benshi bakaba ariho bakirira rwose.
Ndagutakambiye, Mukama, ndi mu nyenga,
Mukama, ndagutabaza, nyumvira :
n’untege amatwi,
igisabisho canje kibashe kugushikira. (suite…)
IDOMINIKA YA 4 YO MU KAREMA (Umwaka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu Gitabu ca mbere ca Samuweli (16, 1b. 6-7. 10-13a)
Dawidi asigwa amavuta ngo abe umwami w’Abanyisraeli
Muri irya misi, Umukama yabwiye Samuweli ati : « Niwuzuze agakerenke kawe amavuta, uheze uve hasi ugende, ndakurungitse kwa Yese w’i Betelehemu : mu bahungu biwe ni ho natoye umwami. »
Babaye bagishika, Samuweli akubita ijisho Eliyabi, umwe mu bahungu ba Yese, aca yibwira ati : « Nta gukeka, uyo ni we Umukama yatoye ! » Ariko Umukama aca abwira Samuweli ati : « Ntumushime igihagararo canke uburebure, uwo si we natoye. Ivyiyumviro vy’Imana ntibisa n’ivy’abantu : abantu baraba ibiboneka, na Yo Imana ikaraba umutima. »
Hanyuma Yese acisha imbere ya Samuweli abahungu biwe indwi, (suite…)






