Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches (Page 24)
Archives de Catégorie: Dimanches
IDOMINIKA YA 3 YO MU KAREMA (Umwaka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka : 17, 3-7
(N’uduhe amazi yo kunywa)
Muri irya misi,
Abanyisraeli bari bavuye mu Misiri iyo bari bagorewe, bagenda mu ntara Imana yari yabemereye, barongowe na Musa. Bashitse mu nzira, basanga nta mazi yo kunywa ariho, baja mu vyo kwidodombera Musa bamubwira bati : « Mbe wadukuriye iki mu gihugu ca Misiri ? Watuzanye aha ngo utwicishe inyota, twebwe, abana n’ibitungwa vyacu ? »
Musa na we atakambira Umukama ati : « Aba bantu bashaka kunyicisha amabuye, ndabagire nte ? » Umukama yishura Moshe ati : « Genda imbere y’ishengero, uri kumwe n’abashingantahe bakeyi b’Abanyisraeli, witwaze ya nkoni wakubitisha ikiyaga. Nanje nzoba ndi kumwe nawe, kuri kirya gitandara c’ibuye, ku murambi wa Horebi. Urakubita ico gitandara, amazi azoca acuncubuka, abantu baronke ico banywa. » (suite…)
IDOMINIKA YA 2 YO MU KAREMA (Umwaka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko : 12, 1-4a
Ihamagarwa rya Ibrahimu, se w’Igihugu c’Imana
Umukama yabwiye Abrami ati : « Va mu gihugu c’amavukiro yawe, uhebe umuryango n’itongo rya so, uheze ugende mu ntara nzokwereka. Nzokugira sekuru w’abantu benshi cane, nzoguhezagira nongere nubahirize izina ryawe kuko rizobera bose isôko ry’umugisha. Nzohezagira abo bose bazoguhezagira, nzocinyiza abazokuvuma. Imiryango yose yo kw’isi izohezagirwa kubwawe. »
Abrami rero araheza agira nk’uko Umukama yari yabimutegetse, yimukana na Loti. (suite…)
IDOMINIKA YA 1 YO MU KAREMA (Umwaka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko 2, 7-9 ; 3, 1-7
Irema n’igicumuro c’abantu ba mbere
Umukama amaze kurema ibiri kw’isi vyose, araheza ahingura umuntu mw’ibumba, hanyuma ahuhira mu mazuru yiwe impemu z’ubuzima, nya muntu aca aba muzima. Umukama Imana atera umurima ahantu hitwa Edeni, mu buseruko bw’izuba, araheza ahashira umuntu yari yahinguye. Umukama Imana arameza kw’isi ubwoko bwose bw’ibiti biryoheye ijisho kandi bifise ivyamwa biryoshe, hagati na hagati hari igiti c’ubuzima n’igiti kimenyesha iciza n’ikibi.
Inzoka ni yo yarusha ubwenge ibikoko vyose vyo mw’ishamba Umukama Imana yari yaremye. Iraheza ibwira umukenyezi iti : « Nankana Imana yagize ngo ntimuze murye ivyamwa vyamuwe ku biti vyose biri mu murima ? » Nya mukenyezi yishura ati : « Turashobora kurya ivyamwa vy’ibiti biri mu murima, mugabo ivyamwa bizova ku giti kiri hagati na hagati y’umurima, (suite…)






