Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches (Page 25)

Archives de Catégorie: Dimanches

Idominika y’8 yo mu mwaka A

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 49, 14-15

Jewe sinzokwigera ndaguheba

Siyoni yahora igira iti : « Umukama yarampevye, Umukama yaranyibagiye. » Mbe, hari umuvyeyi yokwibagira umwana ari ku bibero, hari uwokwanka uwo yibarutse ? N’aho hoboneka uwovyubahuka, jewe siinzokwigera ndaguheba.

IZABURI 61 (62), 2-3. 6-7. 8-9ab

Icit : Niwirukire ku Mana, mushaha wanje !

Umushaha wanje uruhuka ushikiriye Imana Yo nsa,
Ni Yo nyene izonkiza ; (suite…)

Idominika y’7 yo mu mwaka A.

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca Bene Levi : 19, 1-2. 17-18

Urakunda mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene

Umukama yabwiye Moshe ati : « Bwira Abanyisraeli bose uti : Nimube beranda, kuko jewe, Umukama Imana yanyu, ndi mweranda. Ntuzokwanke mwenewanyu. Utegerezwa gukebura kavukire, niho utazokwikwegerako igicumuro ciwe. Ntuzokwihore kandi ntuze ugirire inzigo abo musangiye igihugu. Urakunda mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene. Ni Je Mukama ! »

IZABURI 102 (103), 1-2. 3-4. 8. 10. 12-13

Icit : Umukama ni We Nyen’imbabazi n’ikigongwe.

Himbaza Umukama se mushaha wanje,
Maze n’amagara yanje yose aninahaze Izina ryiwe ryeranda ;
Himbaza Umukama se mushaha wanje,
Maze ntihagire ico wibagira mu vyiza vyiwe.

Ni We akurekurira ibicumuro vyawe vyose, (suite…)

Idominika ya 6 yo mu mwaka A.

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca Mwene Siraki ( 15, 15-20)

Nta n’umwe Umukama yarekuriye kuba umuyobe

Ubishatse urazigama amabwirizwa,
kugira ukwemera biva ku gushaka.
Yagushize imbere umuriro n’amazi,
niwagira ico ushimye uraramvura ukuboko kwawe.
Imbere y’abantu hari ubuzima n’urupfu,
uwuzogira ico ashimye ni co azohabwa.
Nkako, ubwitonzi bw’Umukama ni bwinshi,
arakomeye kandi ari n’ububasha, akabona vyose.
Yerekeza amaso yiwe ku bamwubaha,
kandi arazi igikorwa cose c’umuntu.
Nta n’umwe yategetse kuba umubisha
kandi  nta n’umwe yahaye uburenganzira bwo (suite…)