Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches (Page 28)

Archives de Catégorie: Dimanches

IDOMINIKA YA 3 Y’UBUSHIKIRO (A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 35, 1-6a. 10
(Imana ni Yo ije kubakiza)

10390531_702547936524971_2000334100158244955_nIntara yagadutse n’inezerwe,
ibisaka nibihimbarwe, bitotahare,
bishurike nk’amashurwe,
nibitambe bitarike !
Yagabanye ubuninahazwa bwa Libani
N’ubutore bwa Karmeli na Sharoni ;
bazobona ubuninahazwa bw’Umukama,
n’ubutore bw’Imana yacu.
Komeza amaboko yarushe,
mugorore intege zacitse,
humuriza abo imitima yatuntuye muti :
« Rye umutima amenyo, mureke kugira ubwoba !
Ng’uyo Umukama Imana yanyu : igihe co guhorwa kirashitse,
Imana yabibutse,
ni Yo ije kubakiza. »
Amaso y’impumyi azoca akanura, (suite…)

IDOMINIKA YA 2 Y’UBUSHIKIRO. Umwaka A

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 11, 1-10

(Umurushwa azomucira urw’ukuri akurikije ubutungane)

Ng’iri iriyazwe n’Umukama Imana :
Ng’iyo ingundu yamutse ku gishitsi ca Yese,
ng’iryo iremba rije riva mu mizi yiwe.
Ng’uwo yuzuwe n’umutima w’Umukama :
agize ugutekereza n’ubwenge bwinshi,
afise ubwitonzi n’ubukomezi,
maze umwuzurira ukaba ubumenyi n’ukwubaha Umukama, (suite…)

IDOMINIKA YA 1 Y’UBUSHIKIRO (Umwaka A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 2, 1-5

(Umukama akoraniriza intara zose mu mahoro yamaho y’Ubwami bw’Imana)

Ng’iri ijambo ryahishuriwe Izaya mwene Amosi, ryerekeye intara ya Yuda na Yeruzalemu :
Mu minsi izoza, agatumba kubatsweko ingoro y’Imana
Kazoba kw’isonga ry’imisozi,
gasumbe iyindi mitumba yose.
Intara zose zizokwirukirayo,
abantu isinzi bazohahurira, bavuge bati :
« Nimuze tugende ku murambi w’Umukama,
ingo tugende mu ngoro y’Imana ya Yakobo.
Imana izotwigisha amayira yayo, natwe dukurikire inzira yaduciriye. »
Nkako, Ibwirizwa rizova muri Siyoni,
ijambo ry’Umukama na ryo rituruke i Yeruzalemu.
Izoshinga intahe mu makungu,
ibe umucamanza w’isinzi ry’abantu.
Inkota bazozicuramwo amasuka,
amacumu na yo bayacuremwo imihoro.
Nta gihugu kizoba kikigera inkota ikindi,
kandi ntawuzosubira kwimenyereza kurwana.
Muryango wa Yakobo, nimuze, tugendere mu muco w’Umukama !

Izaburi 121 (122), 1-2. 4-5. 6-7. 8-9

Icit : Ingo, tudugane akanyamuneza mu ngoro y’Imana.

Ese akanyamuneza narimwo aho bambwira, (suite…)