Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches (Page 29)

Archives de Catégorie: Dimanches

Idominika ya 33 yo mu mwaka C. Ijambo ry’Imana.

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Malakiya (3, 19-20a)

Umunsi w’Umukama

Ng’uyu umunsi w’Umukama uraje, waka nk’itanure. Abishima n’inkozi z’ikibi bazoba nk’ibishingwe. Uwo munsi wimirije kuza uzobatongora, -uko ni ko Umukama Nyen’ingabo avumereye- nta n’agashitsi canke agashami uzobasigarana. Ariko, mweho abubaha izina ryanje, izuba ry’ubutungane rizobarasirako, rifise urukiza mu mababa yaryo.

IZABURI 97 (98) 5-6, 7-8, 9

Icit : Umukama azoza gucira isi
         urubanza ruciye ku butungane.

Ririmbira Umukama mu nanga,
maze ijwi rihwanirane n’iry’inzamba ;
vugiriza impundu Umwami ari We Mukama,
urumbete rusekere, imyironge yitabire.

Ikiyaga n’ibirimwo vyose,
isi n’abayibako bose, nibisamirane !
Inzuzi nizikome amashi,
imisozi na yo n’itere impundu ! (suite…)

Idominika ya 32 yo mu mwaka C. Ijambo ry’Imana.

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri c’Abamakabe (7, 1-2. 9-14)

Abavukana indwi bapfira ibanga

martyrsUmunsi umwe, abavukana indwi bafatwa kumwe na nyina wabo ; umwami Antiyokiya yashaka kubahatira ku nyama z’ingurube itegeko ribuza, abagomorerako ababakubita inkoni n’ibiboko. Umwe muri bo arabaserukira ati : « Mbe ushaka kutubaza iki ? Ha kurenga ku mabwirizwa ya ba data, twopfuma dupfa. » Uwa kabiri na we, mu gihe yariko aracikana, avuga ati : « Wa mugesera we, udukuye muri ubu buzima bw’ubu, yamara Umwami w’isi azotuzurira ubuzima budahera, kuko dupfiriye amategeko yiwe. »

Hanyuma y’uwo bafata uwa gatatu, bamwica nabi. Buno nyene asokorora ururimi nk’uko babimutegetse, atarika amaboko adatinya, aca avugana ubutwari ati : « Ijuru ni ryo ryampaye izi ngingo z’umubiri, mugabo kubera amategeko yaryo ndazirenza amaso, kandi (suite…)

Idominika ya 31 yo mu mwaka C.

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi (11, 22-12, 2)

(Imana irakunda ibiremwa vyayo vyose)

Mukama, isi yose imbere yawe imeze nk’agatete k’umusenyi gahengeka umunzane, nk’ima ry’urume rizindukira gutonyangira hasi. Mukama, ufitiye imbabazi abantu, kuko ushobora vyose ; nturaba ibicumuro vyabo, kugira ngo bigarure. Nkako nyene, ufitiye urukundo rw’igishika ibiremwa vyose, nta na kimwe mu vyo wagize kigutera ishishi ; ico wanka ntiwari kukirema.
Ikidashatswe nawe coshobora kuramba gute ? Ikidahamagawe nawe coshobora kurama gute ? Igituma ugirira imbabazi ibiremwa vyose, ni uko ari rwawe, ni uko uri Rugabá ukunda ubuzima, impwemu zawe zikabeshaho vyose.
Abaguye, uritonda mu kubahanura, urabakebura, ukabereka igicumuro cabo, kugira ngo bikure mu kabi, babonereho kukwemera, Mukama.

IZABURI 144 (145) 1-2, 8-9, 10-11, 13c-14

Icit : Nzohezagira izina ryawe iminsi yose,
Mwami wanje, Mana mfise.

Hinge nkuninahaze, Mwami wanje, Mana mfise,
Mpezagire izina ryawe iminsi yose ntahengeshanya !
Eka nshaka kukuninahaza iminsi yose,
Izina ryawe ntirizomva mu kanwa.

Umukama ni Nyen’impuhwe n’ikigongwe,
Ntakaza ishavu, yuzuye urukundo ;
Umukama agirira ineza bose,
agirira imbabazi ivyo yaremye vyose.

Ivyo waremye, Mukama, nibigushemeze,
Abakunzi bawe nibaguhezagire !
Nibayage ubuninahazwa bw’ubwami bwawe,
Nibigane hose ubutwari bwawe !

Umukama ni imvugakuri mu majambo yiwe,
Ni urukundo mu bikorwa vyiwe vyose ;
Araramira abashaka kugwa bose,
akagorora abagoramye bose.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya kabiri Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyatesalonika (1, 11-2, 2)

(Twitege Umukama mu mahoro atagira imvange)

Ncuti zanje,
Twama tubasabira ngo Imana yacu isange mukwiranye n’ibanga yabahamagariye ; kubera ububasha bwayo, n’ibafashe kurangura bimwe bishemeye ivyiza vyose mushaka gukora, n’iremeshe ukemera kwanyu, kugira ngo izina ry’Umukama wacu Yezu rininahazwe muri mwebwe, namwe mushimagizwe muri We : ico ni co Imana yacu n’Umukama wacu Yezu Kristu babateguriye.
Benewacu, dushaka kubahanura ku vyerekeye umuzo w’Umukama wacu Yezu Kristu n’ikoraniro ryacu hamwe na We : ntimushoke muhagarikwa umutima canke ngo muterwe ubwoba n’ijambo bitirira Mutima canke n’ijambo canke n’ikete batwitirira ryemeza ko umunsi w’Umukama uri mu gushika.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.
Imana yakunze isi gushika itange Umwana wayo w’ikinege ;
uwumwemeye wese arafise ubuzima budahera.
Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (19, 1-10)

(Uguhinduka kwa Zake, umukuru w’Abatozakori)

zacheeUmusi umwe, Yezu yinjiye i Yeriko, aca mu gisagara hagati. Hakaba hari umuntu yitwa Zake ; yari umukuru w’Abatozakori kandi yari atunze. Yama yipfuza kubona Yezu uwo ari we, ariko ntiyabishobora kubera ishengero ryari ryinshi cane, na we akaba mugufi. Arirukanga, aja imbere, yurira igiti, kugira ngo ashobore kumubona, kuko ari yo nzira yajana.
Yezu, ahashitse ararangamira, aramubarira ati : « Zake, ururuka ningoga, kuko uyu munsi ndamutse ndara iwawe. » Na we aca arururuka, amwakirana akanyamuneza.

Abari aho ngo babibone, baja mu vyo kwidodomba bose, bati : « Ehe, agiye kurarira umuntu w’umunyabicumuro ! » Zake rero arahagarara, abwira Umukama ati : « Mukama, ng’ivyo ivyanje : ngiye kubicamwo kubiri, igice kimwe ngihe abarushwa ; nihaba hari uwo nanyanganije, ndamusubize ibiruta kane ivyo namutwaye. » Niho rero Yezu yavuga ati : « Uyu munsi, urukiza rwashitse muri iyi nzu, kuko n’uyu abaye umwana wa Ibrahimu. Na kare, Umwana w’umuntu yaje kurondera n’ugukiza ivyari vyazimiye. »