Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches (Page 35)

Archives de Catégorie: Dimanches

IDOMINIKA YA 12 YO MU MWAKA (Umwâka C)

IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Zakariya (12, 10-11. 13, 1)

 Bazokwihweza uwo basogose

Ng’iri ijambo Umukama aM'aimes-tuvumereye :
Abo mu muryango wa Dawudi n’abo muri Yeruzalemu nzobaronsa umutima mwiza. Bazoheza bihweze uwo basogose ; bazomuririra nk’abaririra umwana w’ikinege, babogoza nk’abaririra umwana w’imfura. Muri ico gihe, i Yeruzalemu hazokwaduka induru n’iminiho, nka kumwe yari i Hadadi-Rimoni, mu kiyaya ca Megido. Kuri urya munsi, isoko ry’mazi rizodudubiriza abo mu muryango wa Dawudi n’abo muri Yeruzalemu, ngo ribakize igicumuro cose n’iceyi cose.

IZABURI 62(63), 2abcd, 2e-4, 5-6, 8-9

Icit : Umutima wanje urakunyotewe,
         Mukama, Mana mfise.

Mana, ni Wewe Mana yanje,
Mpora ndondera kuva mu gitondo ca kare ;
umutima wanje urakunyotewe.
Nanje ndakwipfuza, (suite…)

IDOMINIKA YA 11 YO MU MWAKA (Umwâka C)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri ca Samuweli (12, 7-10.13)

Dawidi agaya igicumuro ciwe Imana ikamugirira ikigongwe

David and NathanDawidi amaze gucumura, Umukama yamutumyeko umuhanuzi Natani. Ashitseyo, aramubarira ati : «Ng’iri iriyazwe n’Umukama Imana y’Israeli : naragusize amavuta, nkugira umwami w’Israeli, naragukijije Sauli, ingabo z’umwansi wawe narazigutsindiye, (abagore ba shobuja narabaguhaye), naraguhaye ingoma ya Israeli n’iya Yuda. Ni vyaba bidakwiye nzokwongera ibindi. None ni kuki wakengereye Umukama ugakora ibimushavuza? Warakubise Uriya wo mu bahititi, araryama, umugandaguza inkota y’Abamoniti, umugore wiwe na we uramwitwarira. None rero, inkota ntizova mu muryango wawe, kuko wankengereye ugatwara muka Uriya, Umuhititi, ukamugira umugore wawe.»Dawidi araheza abwira Natani ati : « Nacumuye ku Mukama ! »Natani aramwishura ati : « Noneho Umukama arakurekuriye igicumuro cawe, ntuzopfa. »

IZABURI 31 (32) 1-2, 5, 7, 11

Icit : Undekurire, Mukama, ikibi nakoze.

Hahiriwe uwarekuriwe igicumuro,
uwakize akabi kiwe;
hahiriwe urya Umukama ataco yagiriza.

Navuze nti : “Ngiye gutumbera Umukama,
nirege ibicumuro nakoze.”
Nawe, Mukama, warandekuriye ikibi nakoze. (suite…)

IDOMINIKA YA 10 YO MU MWAKA (Umwâka C)

Iri jambo ry’Imana risomwa mu ma Ekleziya basanzwe bahimbaza Umusi Mukuru w’Umushasha Mweranda wa Yezu, ku musi wa 5 ukurikira Umusi Mukuru w’Isakaramentu Ryeranda.

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere c’Abami (17, 17-24)

Umwana wawe yasubiye kuba muzima

Veuve de Sarepta et ElieMuri irya misi, hari umwana w’umupfakazi yafashwe n’indwara iraheza iramurabika, aca aracikana. Wa mugore abwira Eliya ati : « Dupfa iki ga muntu w’Imana, waje ngaha kwibukiriza ivyaha vyanje n’ukunyicira umwana ? Eliya na we ati : « Mpereza uwo mwana. » Aramumukura ku bibero, amutwara mu buraro bwiwe, aramuryamika ku buriri bwiwe. Hanyuma aratakambira Umukama ati : « Mukama Mana yanje, mbe uyu mupfakazi yanyihereye indaro, nawe umuhora iki ? Umwana wiwe umumwakiye iki ? » Hanyuma yubarara gatatu kuri nya mwana, atakambira Umukama ati : « Mukama Mana yanje ndagusavye, uyu mwana asubire kuba muzima. » Umukama araheza yumvira Eliya, wa mwana asubira guhema, araba muzima. Eliya aramufata amukura muri bwa buraro, amushira nyina, amubwira ati : « Ng’uyu umwana wawe yasubiye kuba muzima. Wa mugore ati : « Ubu rero, ndemeye ko uri umuntu w’Imana, kandi ijambo ry’Imana uvuga ni iry’ukuri. »

IZABURI 29 (30) 2.4, 5-6. 11.12a. 13b

Icit. : Ndaguhaya, Mukama,
         iko wambogoye.

Ndaguhaya, Mukama, kuko wambogoye,
ntiwampaye amenyo y’abansi.
Mukama, wankuye ku cobo,
unsubiza amagara.

Curarangire Umukama abamukunda mwese,
mumushimagize mu kwibuka izina ryiwe ryeranda.
Ishavu ryiwe rimara umwanya urume rumara,
urukundo rwiwe rugahoraho ;
ku mugoroba baraboroga,
mu gitondo bagatarika.

Mukama, nyumviriza, ungirire ikigongwe,
Mukama, n’uze kundokora !
Wankuye kugandara, unjana kuvyina :
Mukama Mana yanje, nzoguhaya imisi yose !

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyagalati (1, 11-19)

Inkuru nziza Pawulo yigishije ni Inkuru nziza y’Umukama

Ncuti zanje,
Ku vyerekeye Inkuru nziza nabigishije, ndabamenyesha ko iyo Nkuru nziza irengeye abantu, kuko nanje ntayihaye canke ntayigishijwe n’umuntu, ariko ari Yezu Kristu yayimpishuriye. Mwarumvise imigenzo nari mfise kera nkiri mw’idini y’Abayuda, ingene nahîga Ekleziya y’Imana nkayitikiza bimwe birenze urugero, mwarumvise kandi ko mu bwoko bwacu narushije benshi mu bo twarukanye gutera imbere mw’idini y’Abayuda, kuko nabarusha ubwira bw’ukurwanira iragi ry’abasokuru. Ariko, Uwanyisobanuriye nkiri mu nda ya mama akanyihamagarira ku buntu bwiwe, aho ashimiye kumenyesha Umwana wiwe ngo ndamurange mu banyamahanga, buno nyene sinagishije inama umubiri n’amaraso, kandi sinaduze i Yeruzalemu kuraba abantanze kuba abatumwa, ariko nagiye muri Arabiya, hanyuma nsubira i Damasi. Maze, imyaka itatu ishize, nduga i Yeruzalemu kwibonanira na Kefasi, tumarana imisi cumi n’itanu ; mu bandi batumwa, nta wundi nabonye, atari Yakobo, mwenewabo n’Umukama.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.
Umuhanuzi mukuru yaserutse iwacu,
Imana yaramukije igihugu cayo.
Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (7, 11-17)

Kristu, ni we nyen’ubuzima

NaimUmusi umwe, Yezu yari aroye mu gisagara citwa Nayini, agendaniwe n’abigishwa biwe be n’ishengero ryinshi. Ngo atere kw’irembo rya nya gisagara, ahwana n’abajanye umupfu ; na we agasangwa yari umwana w’ikinege, kandi nyina yari yarapfakaye. Nya mupfakazi yari aherekejwe n’abantu benshi bo muri kino gisagara. Umukama ngo amubone, amutera imbabazi, amubwira ati : « Ihorere ! ». Araheza yegera inderuzo arayikorako, abari bamuteruye barahagarara. Avuga rero ati : « Wa musore we, ndabigutegetse, vyuka ! » Uno yari yapfuye aca aravyuka aricara, aca atangura kuvuga. Yezu rero amushikiriza nyina wiwe. Bose bagwa mu gahundwe bashemeza Imana, bati : Umuhanuzi mukuru yaserutse iwacu, Imana yaramukije igihugu cayo. » Iyo nkuru ikwira Ubuyuda bwose n’ibihugu bibangikanye.