Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches (Page 36)
Archives de Catégorie: Dimanches
UMUSI MUKURU W’UBUTATU BWERANDA (Umwaka C)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Imigani (8, 22-31)
Ubwitonzi bwamye mu Mukama na kera na rindi
Umve ingene Ubwitonzi bwivuga amazina:
Umukama yandemye kuva mu matangura,
ata kintu na kimwe kirabaho.
Naremwe kuva kera hose,
ibintu bigitangura, isi itarabaho.
Aho navuka, nta nyenga zari bwabeho,
nta masoko y’amazi yariho.
Navutse imisozi itarashingwa,
udutumba tutaratutuza.
Navutse isi n’imirambi atarabirema,
ata n’udutete tw’ivu turabaho.
Aho yaringaniza ijuru, (suite…)
KU MUSI MUKURU WA PENTIKOTI
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa : 2, 1-11
(Bose buzura Mutima Mweranda)
Umusi wa Pentekoti wasanze abatumwa bose bakoraniye hamwe. Niho hwavyuka intureka iva mw’ijuru imeze nk’umuyaga w’igihuhusi, wuzura inzu barimwo hadaciye n’akanya. Babona haserutse imbeya zimeze nk’indimi z’umuriro, ziricagagura zija guhagarara ku mutwe w’umwe wese mu bari aho. Bose rero buzura Mutima Mweranda, batangura kuvuga izindi ndimi ku rugero Mutima Mweranda abahaye kuzivuga.
I Yeruzalemu na ho, hari hagerereyemwo abantu bubaha Imana, bari bavuye mu ntara zose ziri munsi y’ijuru. Aho bumviye intureka, abantu bose barashwabaduka bumiwe bwumirwe, kuko umwe wese yumva abatumwa bavuga ururimi (suite…)
IDOMINIKA YA 6 YA PASIKA (Umwaka C)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (15, 1-2. 22-29)
Bamwe bo muri bo bamanutse i Antiyokiya bava mu Buyudeha bahora babwira benewabo bati: “Nimutagenyerwa nk’uko Musa yabitegetse, ntimuzokira.” Niko gushira kubiri bagahaririza Paulo na Barnaba. Bashinga rero ingingo ko Paulo na Barnaba na bamwe muri bo boduga i Yeruzalemu ku batumwa n’abakurambere ngo babatature.
Bahejeje kuvyihweza neza, abatumwa, abakurambere hamwe n’Ekleziya yose baja ingingo ngo batore bamwe muri bo, babarungike i Antiyokiya, bajane na Paulo na Barnaba. Abatowe ni Yuda bahora bita Barsaba be na Silasi, abantu b’icubahiro. Babarungikana ibaruwa rivuga riti: “Abatumwa n’abakurambere ari bo benewanyu, turatasha benewacu bo mu mahanga bari i Antiyokiya, muri Siriya no muri Sirisiya. Twarumvise ko hari bamwe baje bava ino, baza tutabarungitse, bakaza kubatera ubwoba babavyimvya umutima. Twaragiye inama imwe, (suite…)






