Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches (Page 38)

Archives de Catégorie: Dimanches

Igihe c’Ikarema: Idominika ya 2 (Umwâka C)

IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko (15, 5-12. 17-18)

Umukama yunga ubumwe na Aburahamu

04.htm4.jpgUmusi umwe, Umukama yabonekeye Aburahamu, amujana hanze. Amubwira ati : « Tereza amaso kw’ijuru, uheze uharure zirya nyenyeri niwabona ubishobora. Yongera ati : « Abana uzovyara bazongana na zirya nyenyeri. » Aburahamu aca yizigira ijambo ry’Umukama, na we arabimushimira. Umukama yongera amubwira ati : « Ni jewe Umukama nagukuye muri Uri, mu ntara y’Abakasidimu, ngo ndakugabire iki gihugu. » Aburahamu yishura ati : « Mukama Mana yanje, none nomenyeshwa n’iki ko nzokironka ? » Umukama ati : « Genda unzanire ishashi y’imyaka itatu, impene y’imyaka itatu, n’impfizi y’intama y’imyaka itatu, intunguru imwe n’umuswi w’inuma. » Aburahamu amuzanira ivyo bikoko vyose, abihimburamwo kubiri kubiri, igihimba kimwe kimwe agitumberanya n’ikindi ariko za nyoni ntiyazihimbagura. Ibisiga bigira ngo vyahuke izo nyama, Aburahamu aravyamira. Izuba rigiye kurenga, itiro riramuhwikira, aca yumva ubwoba buramutekeye. Izuba ryarenze, bumaze gukorana, aca abona itanure rifumba umwotsi n’igishirira, bica muri ya mihindigiti ya vya bikoko. Uwo musi, Umukama asezerana na Aburahamu avuga ati : « Abuzukuru n’abuzukuruza bawe ndabagabiye iki gihugu, kuva kw’isumo rya Misiri gushika kuri rwa ruzi runini rwa Ewufrati. »

IZABURI 26 (27) 1, 7-8, 9abc, 13-14

Icit. : Umukama ni we rumuri rwanje,
         ni we bukiriro bwanje.

Umukama ni we rumuri rwanje, ni we bukiriro bwanje,
notinya nde wundi ?
Umukama ni we nkingi y’ubuzima bwanje,
ni nde yompindisha agashitsi ?

Mukama, ndagutabaza, unyumvire !
Ngirira ikigongwe, unyishure !
Sinibagiye ko wavuze uti : Rondera inyonga zanje.
Inyonga zawe, Mukama, ni zo ndondera.

Inyonga zawe ntizinje kure.
Ntushavure ngo unyirukane,
ni Wewe mirukiro yanje.

Ndavyemeye, nzobona Umukama agira neza
kuri iyi si y’abazima.
Izigire Umukama, mugumye umutima, ntimuhugumbwe,
nimwitege Umukama.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyafilipi (3, 17-4, 1)

Igisomwa kigufi : 3, 20-4, 1

Kristu aratwubura tukaba bashasha

Ncuti zanje,
Nimunyigane mwese kandi muhange amaso abigenza nk’uko mubona twigenza. Erega, nk’uko nabibabwiye kenshi, ngasubira kubibabarirana amarira uyu musi : benshi bigenza nk’abansi b’umusaraba wa Kristu. Amaherezo yabo ni ugutakara, Imana yabo ni inda yabo, ikibaninahaza ni ukwikurako ubupfasoni, nta kindi bitwararika atari ivy’isi.

(Igisomwa kigufi gitangurira aha)

Tweho, iwacu ni mw’ijuru : ni ho turoreranye igishika Umukama Yezu Kristu azoza nk’Umukiza, akanagura imibiri yacu, kugira ngo ayishushanye n’umubiri wiwe w’ubuninahazwa, nk’uko afise ububasha burangutse bw’ukwigandurira vyose.
None rero, benewacu nkunda cane kandi nipfuza gusubira kubona, mwebwe gahimbare kanje n’impera yanje, nimugumye umutima gutyo nyene mu Mukama, bakunzi banje.

INKURU NZIZA

Kristu, urakaninahazwa,
Wewe Jambo ryamaho ry’Imana nzima.

Muri ca gicu gica ibikeke, ijwi rya Data rirumvikana riti :
« Uyu ni Umwananje nkunda cane ; nimumutege amatwi ! »

Kristu, urakaninahazwa,
Wewe Jambo ryamaho ry’Imana nzima.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (9, 28b-36)

Akiriko arasenga, arakayangana mu maso

TransfigurationUmusi umwe, Yezu yihereranije Petero, Yohani na Yakobo, aduga ku musozi, aja gusenga. Hano akiriko arasenga, mu maso harahinduka, ivyambarwa vyiwe vyera de, bica ibibatsi. Ng’abo abantu babiri bariko baramuganiriza ni Musa na Eliya. Baboneka mu buninahazwa, bavugana na we rwa rugendo agira arangure i Yeruzalemu. Petero na bagenzibe bari baremerewe n’itiro ; ngo bikangure, barabona ubuninahazwa bwiwe n’abantu babiri bahagararanye na we. Aho bari mu kumwikebanura, Petero abwira Yezu ati : « Muhanyi, birahimbaye ko tuba aha : tugire insago zitatu : rumwe rw’iwawe, urundi rwa Musa n’urundi rwa Eliya. » Ntiyari akimenya ico avuga. Hano akibivuga, haza igicu kirabatwikira, na bo ubwoba burabatekera hano kibatwikiriye. Muri nya gicu kandi hava ijwi rivuga riti : « Uyo ni Umwana wanje natonesheje, nimumwumve ! » Iryo jwi rimaze kuvuga, Yezu asigara wenyene. Abigishwa biwe barabihora, muri ico gihe ntihagira n’umwe biganira ivyo bari babonye.

Igihe c’Ikarema: Idominika ya 1 (Umwâka C)

IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ukwibutsa Amategeko (26, 4-10)

Ukwemera kw’igihugu c’Imana Israyeli

Musa yabwiye ishengero ry’Abanyisrayeli ati « Niwahereza ivyimburwa vya mbere, umuherezankuka azokwakira igisimbo birimwo, agitereke ku ruhimbi rw’Umukama Imana yawe. Hanyuma uvuge imbere y’Umukama Imana yawe, uti: « Sokuru yari Umwaramu w’umwangazi, yamanutse mu gihugu ca Misiri, ihahungira ari kumwe n’abantu imparurwa ; ntiyari bwarondoke gushika aho abiwe bǎsagarara, bakaba igihugu gikomeye. Hanyuma Abanyamisiri baraheza baducura bufuni na buhoro, baratugirira nabi, batugira abaja. Niho twatakambira Umukama Imana ya basokuru, Umukama araheza adutega yompi, aribonera ayo tugowe, amaganya yacu n’agahahazo batwicisha. Umukama aca aramvura ukuboko kwiwe rubashavyose, adukura mu Misiri, akora ibitangaza vyinshi n’ibimenyetso biteye ubwoba. Yaratuzanye gushika aha, atugabira iki gihugu gitembamwo amata n’ubuki. None rero, Mukama, ndagushikaniye umwaka w’ivyo nimbuye mw’itongo wampaye.’
Hanyuma uheze ubitereke imbere y’Imana yawe, ukubite ibipfukamiro imbere y’Umukama Imana yawe. »

IZABURI 90 (91) 1-2, 10-11, 12-13, 14-15

Icit. : Mukama, guma iwanje,
         ndi mu marushwa.

Iyo nkingiwe n’inkinzo y’Uwahangamye mw’Ijuru,
nkibera mw’irebe ry’Umushoboravyose,
ndibuka Umukama ari we mahungiro n’amirukiro yanje,
Imana yanje nizeye.

Nta kabi kazokugobako,
nta muvumo uzogera mu nzu yawe ;
na none yabwirije abamarayika biwe,
ngo baguhagarikire mu rugendo rwawe rwose.

Bazokurerura mu maboko yabo,
ngo ntutsitare kw’ibuye.
Uzokandagira imamba n’akamina,
uhonyore umukurira w’intare be n’isato.

« Nzomukimbagiza ko yanyishimikije,
nzomukuza kw’atiyobagije izina ryanje.
Aranyakura nkamwitaba,
mu marushwa sindamuvirira :
ndamuruhura nkamuninahaza. »

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyaroma (10, 8-13)

Ukwemera muri Yezu Kristu

Ncuti zanje,
Mu Bitabu Vyeranda handitswe ngo: « Ijambo riri hafi yawe rwose, riri mu kanwa kawe no mu mushaha wawe. » Iryo Jambo, ni ya Nkuru nziza y’ukwemera duhora tubigisha. Nka ko, niwaba wemeza n’umunwa wawe ko Yezu ari Umukama, ukemera mu mushaha wawe yuko Imana yamuzuye mu bapfuye, uzokira. Kuko uwemera n’umushaha wiwe wose aca aba intungane, na we uwubiserura mu mvugo aba ashikiriye ubukiriro.

Kukaba nka ko, Ibitabu bivuga ngo: « Ku musi w’urubanza, nta n’umwe mu bamwemera azoteterwa.» Nta gitandukanya Umuyuda n’Umugereki kiriho : bose basangiye Umukama umwe, we agabira abamwambaza bose. Handitswe kandi ngo : « Umuntu wese yambaza izina ry’Umukama, azokira. »

INKURU NZIZA

Ijambo ryawe ni ukuri, Mukama,
itegeko ryawe na ryo ni ubukiriro.

Umuntu ntatungwa n’indya gusa,
ariko aratungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana.

Ijambo ryawe ni ukuri, Mukama,
itegeko ryawe na ryo ni ubukiriro.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (4, 1-13)

Mutima amujana mu gahinga, araheza arageragezwa na shetani

TentationsYezu yuzuye Mutima Mweranda ava kuri Yorodani, Mutima amujana mu gahinga, ahamara imisi mirongo ine ageragezwa na Shetani. Muri iyo misi, nta co yageza ku munwa ; ngo ize guhera, arasonza. Shetani imubwira iti : « Niwaba uri Umwana w’Imana, bwiriza iri buye ricike umukate. » Yezu ayishura ati : « Handitswe ngo : Umuntu ntatungwa n’indya gusa.» Shetani yongera yongera kumujana ku gasozi karekare, imwereka intara zose z’abami b’isi, imubwira iti : « Ndaguhereza ubwo bubasha bwose n’ubuninahazwa bwaho bwose, kuko nabuhawe ndabuhereza uwo nshatse ; niwapfukama imbere yanje, buzoba rwawe bwose. » Yezu mu kuyishura ayibwira ati: « Handitswe ngo : Uzosenga Umukama Imana yawe, uyikorere yo nsa. » Shetani yongera kumujana i Yeruzalemu, imutereka kw’isunzu ry’igisengero, imubwira iti: « Niwaba uri Umwana w’Imana, niwikororere hasi, kuko handitswe ngo : ‘Azotegeka abamarayika biwe ngo bakurinde.’ Kandi ngo : Bazoguterura mu minwe yabo, woye gutsitaza ikirenge kw’ibuye. » Yezu mu kuyishura ayibwira ati : « Handitswe ngo: Ntuze ugerageze Umukama Imana yawe.»

Irangije kumugerageza mu buryo bwose, shetani imuva iruhande gushika igihe cagenwe.

IDOMINIKA YA 2 YO MU MWAKA (Umwâka C)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (62, 1-5)

Urukundo rw’Imana ku gihugu ciwe

Sinzoreka guhayagiza Siyoni,
sinzohengeshanya gushimagiza Yeruzalemu,
gushika ubutungane bwabo butamanzure nk’umutwenzi,
urukiza rwaho ruce ibibatsi nk’urumuri.
Intara zizoheza zibone ubutungane bwawe,
abami bose babone ubuninahazwa bwawe.
Bazogutazira izina rishasha
rivuye mu kanwa k’Umukama.

Mu minwe y’Umukama uzoba urugori rukayangana,
mu kiganza c’lmana uzoca ibibatsi nk’urugori rw’abami.
Ntibazoba bakikwita « Intabwa »,
intara yawe ntizoba icitwa « Akarere »,
bazoguhamagara riho « Kinezero canje »,
intara yawe bayite « Inkundwakazi »
kuko uhimbara Umukama,
intara yawe kandi izoronka umunega.
Nk’uko umusore yabîra umwigeme,
ni ko umuremyi wawe azokwǎbīra ;
nka kurya umukenyezi anezera umugabo wiwe,
ni ko nawe uzonezera Imana.

IZABURI 95 (96) 1-2a, 2b-3, 7-8a, 9a.10ac

Icit. : Nimugende mumenyeshe isi yose
         ivyiza vy’agatangaza Imana yakoze !

Vyinira Umukama akavyino gashasha,
nawe si iyo uva ukagera, vyinira Umukama,
vyinira Umukama, izina ryiwe rihezagirwe.

Uko bukeye uko bwije, nimumenyeshe urukiza rwiwe,
mwiganire abapagani ko ari we aninahaye,
mumenyeshe ibihugu vyose ivyiza vy’agatangaza yakoze.

Hereze Umukama, mwa miryango y’intara,
hereze Umukama ikaze n’iteka,
hereze Umukama ikaze rikwiye izina ryiwe.

Senga Umukama arangwa n’ubweranda :
nawe, wa si, hinda agashitsi mu nyonga ziwe,
cire agace abapagani muti : « Umukama ari ku ngoma ! »
ni we aca urubanza akurikije ubutungane.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (12, 4-11)

Mutima ni we agaba ingabirano ziwe

saint-esprit_et_egliseNcuti zanje,
Hariho ubwoko bwinshi bw’ingabirano, mugabo Mutima akaba umwe ; hariho ubwoko bwinshi bw’imyuga, mugabo Umukama akaba umwe ; hariho ubwoko bwinshi bw’ibikorwa, mugabo Imana Yo itunganya vyose muri bose ni imwe nsa. Umwe wese ahabwa na Mutima ingabirano, kugira ngo igirire akamaro bose. Umwe ahabwa na Mutima ingabirano y’ukwigisha ubwitonzi bw’Imana, uwundi iy’ukwigisha ubumenyi bw’Imana ku bw’uyo Mutima nyene, uwundi ingabirano y’ukwemera muri uyo Mutima nyene, uwundi iy’ugukiza muri uyo Mutima nyene, uwundi iy’ugukora ibitangaro, uwundi iy’uguhanura kw’izina ry’Imana uwundi iy’ugutahuza ibivuye kuri Mutima, uwundi iy’ukuvuga indimi, uwundi iy’ukuzisobanura. Ariko, ivyo vyose bigirwa na Mutima umwe rudende agabira umwe wese nk’uko abishaka.

INKURU NZIZA

Aleluya, alleluya.
Imana yaduhamagaye kubera inkuru nziza, kugira ngo tubashe gushikira
ubuninahazwa bw’Umukama wacu Yezu Kristu.
Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (2, 1-11)

Ikimenyetso ca mbere ca Yezu i Kana

CanaUmusi umwe, habaye ubugeni i Kana mu Bugalile na we nyina wa Yezu ni ho yari ari. Yezu na we nyene yari yatumiwe muri ubwo bugeni, hamwe n’abigishwa biwe. Umuvinyu ngo uze guhera, nyina wa Yezu aramubarira ati : « Erega, nta muvinyu bagifise. » Yezu na we amwishura ati : « Mbega Mupfasoni, twe nawe tubisinzikayeko iki ? Igihe canje ntikiragera. » Araheza nyina wiwe abwira abasuku ati : « Ico aza kubabwira cose, muragikora. »

Hakaba hari haterekanze intango zitandatu zabajwe mu mabuye Abayuda biyuhagiriramwo : imw’imwe yuzuzwa n’impange zibiri canke zitatu. Yezu abarira ba basuku ati : « Nimwuzuze amazi izo ntango. » Barazuzuza no hejuru. Araheza Yezu ababarira ati « Nimudahe rero mushire umuteretsi. » Baramushira. Nya muteretsi ngo yumvirize nya mazi yahindutse umuvinyu, ahamagara nyenukurongora kuko atari azi iyo nya muvinyu uvuye, — vyari bizwi na nya basuku bene kuvoma, — aramubarira ati : « Abandi bahora babanza gutereka umuvinyu uryoshe, bamara guhimba bakawuhiriza uwutanganya n’uwa mbere kuryoha, yamara weho wabanje kwirengagiza uwuryoshe, none uwuzanye ubu. »

Ico ni co kimenyetso Yezu yatanguriyeko, agikorera i Kana mu Bugalile. Ukwo ni ko Yezu yerekanye ubuninahazwa bwiwe, abigishwa biwe baca baramwemera.