Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches (Page 39)
Archives de Catégorie: Dimanches
IDOMINIKA YA 25 YO MU MWAKA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi (2, 12. 17-20)
Ababisha ntibubaha ubuzima bw’intungane
Abiyumvira inabi mu mitima yabo bahora bibwira bâti : « Nimuze dutege umutego umuntu w’intungane, kuko adutesha ibikorwa vyacu, yama adutonganya ngo turenga amabwirizwa y’Imana, ngo dutukisha indero y’abasokuru twaronse. Reka turabe ko ivyo yivugisha ari ivy’ukuri, maze turabe amaherezo yiwe. Uwo muntu wintungane niyaba ari umwana w’Imana, Imana izomuhagarikira imukure mu minwe y’abansi. Nimuze tumutuke tumuturubike, turabe ingene yitonda n’aho ukwiyumanganya kwiwe kugarukira. Ngo tumwice nk’umubisha, ko avuga yuko hari uwumuhagarikira. »
IZABURI 53 (54), 3-4, 5, 6-8
Icit. : Umukama ni we nshimikiyeko.
Mana, n’unkize kubera izina ryawe, (suite…)
IDOMINIKA YA 24 YO MU MWAKA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (50, 5-9a)
Narateze ibitugu abankubita
Umukama yarazibuye amatwi yanje, nanje sinamwankiye, sinamuzibukiriye. Narateze ibitugu abankubita, abanshikura ubwanwa ndabatega imisaya, abankubita be n’abancira amate, sinabahishije amaso. Umukama Imana yanje arantabara, ni co gituma ivyo bitutsi ataco bingira ; ni co gituma mu maso nahakomeje hakadadarara nk’ibuye, ndazi ko ntazoteterwa. Uwuzondekurira ari hafi. Ni nde yokwubahuka kuja kumburanya ? N’aze tuburane ! Uwuzi ko afise ico andega, n’anyegere ! Umukama Imana ni we amfasha, none ni nde azoncira rubi ?
IZABURI 114 (116A), 1-2, 3-4, 5-6, 8-9
Icit. : Nzokwama ngendera imbere y’Umukama,
kuri iyi si y’abazima.
Canke : Aleluya.
Urukundo mfitiye Umukama rwarampimbaye,
umusi yakira igisabisho canje ;
yarashimye (suite…)






