Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches (Page 41)
Archives de Catégorie: Dimanches
IDOMINIKA YA 13 YO MU MWAKA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi (1, 13-15 ; 2, 23-24)
Ishari rya shetani ni ryo ryakweze urupfu kw’isi
Imana si yo yaremye urupfu,
vyongeye ntishima kubona abapfa.
Ibiremwa vyose Imana yabiremeye kubaho,
kandi ivyaremwe hano kw’isi ni vyiza,
nta bumara bwica buri muri vyo.
Urupfu na rwo ntirwiganje kw’isi,
kuko ubutungane buzokwamaho.
Ego cane, Imana yarémeye umuntu kwamaho,
yaramwishushanije ngo ase na yo.
Ishari rya shetani ni ryo ryakweze urupfu kw’isi,
na bo abayiyeguriye rurabahitana.
IZABURI 29 (30) 2.4, 5-6, 11.12a.13b
Icit. : Ndaguhaya, Mukama,
kuko wambogoye.
Ndaguhaya, Mukama, kuko wambogoye, (suite…)
Idominika ya 12 yo mu mwaka. (Umwaka B).
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca Yobi (38, 1. 8-11)
Imana ni segaba wa vyose
Umukama yavugiye mu gihuhusi, abarira Yobi, ati :
« Ni nde yagomeje inzugi ikiyaga
aho cisevya cisuka kiva mu nda y’ukuzimu ;
aho nagitwikira umutamana w’igipfungu,
nkacorosa ibicu ;
aho nagishingira akarimbi,
nkazitiza imyango amagufuri ?
Navuze nti : « Uzoshika aha, ntuzoharengana ;
aho ni ho amanyama y’imikuba yawe azogarukira ! »
IZABURI 106 (107), 23-24, 25-26, 28-29, 30-31
Icit. : Nimushemeze Umukama,
kuko urukundo rwiwe rwamaho imyaka yose.
Canke : Aleluya.
Abamanuka baja mu kiyaga bagendera mu mato
Baja kudandariza hagati mu mazi menshi,
barabonye (suite…)
Idominika ya 11 yo mu mwaka B.
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeli (17, 22-24)
Agati kateretswe n’Imana
Ng’iri iriyazwe n’Umukama Imana : Jewe nzohanyura agashami mu bushorishori bw’isederi, hanyuma ndakiterere jewe nyene ku musozi muremure cane. Ego cane, ku musozi muremure wa Israyeli ni ho nzogatera ; na ko kazoshamika, kame imbuto. Kabe igiti c’isederi ry’akaroruhore, Inyoni n’ibisiga vyose vy’amoko yose bizocarikamwo, mu gitutu c’amashami yaco ni ho bizoruhukira. Maze, ibiti vyose vyo mw’ishamba bizomenya yuko ari jewe Umukama : ndasenyura igiti kirekire, nkavyura icatembagaye : ni je nūmîsha igiti gitotahaye, ngatotahaza icagadutse. Jewe Umukama nararivuze kandi nzorirangura.
IZABURI 91 (92) 2-3, 13-14, 15-16
Icit. : Birabereye, Mukama,
ko twokuririmbira.
Birabereye gukengurukira Umukama, (suite…)






