Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches (Page 42)

Archives de Catégorie: Dimanches

UMUSI MUKURU W’ISAKARAMENTU RYERANDA (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka (24, 3-8)

Aya ni amaraso y’isezerano Umukama yagiriraniye namwe

Muri irya misi, Corpus DominiMusa avuye ku musozi wa Sinayi, araza amenyesha Abanyisrayeli amajambo yose y’Umukama be n’imigenzo yose bazokurikiza. Ngo bavyumve, bishurira rimwe bati : « Amajambo yose Umukama yavuze, tuzoyakurikiza. » Musa araheza yandika amajambo yose y’Umukama : ngo buce mu gatondo ka kare, yubaka uruhimbi mu mucamo wa nya musozi, ashinga n’inkingi cumi na zibiri za vya bisata cumi na bibiri vya Israyeli. Hanyuma, Musa atora imisore mu Banyisrayeli, ayigisha guhereza Umukama imperezwa n’ugutangako inkuka imbagwa z’udushuri. Araheza Musa afata igice c’amaraso agishira mu mibehe, ikindi gice akimijira uruhimbi. Aca afata igitabu c’Isezerano agisomera Abanyisrayeli, na bo bashira ijwi hejuru bati : « Ivyo vyose Umukama yavuze tuzobikora, kandi tuzogamburuka. » Araheza Musa afata ya maraso ayamijira Abanyisrayeli ati : « Aya ni amaraso y’Isezerano Umukama yagiriraniye namwe, nk’uko ayo majambo abivuga. »

IZABURI 115 (116B), 12-13. 15-16bc. 17-18

Icit. : Nzomuhereza ikalisi y’ubukiriro,
         kandi ntabaze izina ryiwe.

(suite…)

UMUSI MUKURU W’UBUTATU BWERANDA.

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ukwibutsa Amategeko (4, 32-34. 39-40)

Umukama ni We Mana y’ijuru n’isi, kandi nta wundi Atari We

Muri irya misi, Musa yabariye ishengero ry’Abanyisrayeli ati : « N’ubaze rero ivyabaye mu misi yaheze, yabaye imbere yawe kuva umusi Imana yarema umuntu kw’isi, kuva ku mpera y’isi gushika ku yindi. Hari ikintu nk’ico gihambaye cigeze kuba ? Hari uwoba yarumvise ibisa n’ivyo ? Hari igihugu coba carumvise ijwi ry’Imana rivugira hagati mu muriro, nk’uko waryumvise, kigaheza kikaragama ? Canke, hari imana yoba yaragerageje gukura igihugu hagati mu kindi ikoresheje amananiza, ibimenyetso, ibitangaza, intambara, ikoresheje kandi ikiganza cayo gikomeye n’ukuboko kwayo kuramvuye, mu buryo buteye ubwoba nk’ivyo Umukama Imana yanyu yabakoreye vyose mu Misiri muvyibonera ?
Bimenye rero uyu musi, wongere ubishire mu mutima wawe, ko Umukama ari We Mana, hejuru mw’ijuru no hasi kw’isi ; nta yindi iriho. Urazigama amategeko n’amabwirizwa yiwe ndagutegetse uyu musi, kugira ngo uroranirwe wewe n’abahungu bawe mu nyuma zawe, kugira ngo kandi uzorambire mu gihugu Umukama Imana yawe aguhaye, mu myaka yose. »

IZABURI 32 (33), 4-5. 6. 9. 18-19. 20. 22

Icit. : Hahiriwe intara Umukama yigiriye iragi

 Ijambo ry’Umukama riratunganye,

ibikorwa vyiwe vyose birimwo ukuri.
Umukama akunda ingingo n’ukuri,
isi isagiriwe n’urukundo rwiwe.

Umukama yavuze rimwe, ijuru rirahagarara,
impwemu ziwe zirarema inteko z’ijuru ;
apfa kuvuga ikintu, kikaba gihagaze,
yategeka, ukabona ikintu kiraremwe.

Ijisho ry’Umukama rihora ku bamwubaha,
ku bizeye urukundo abafitiye ;
kugira abasimbishe icoba,
abakize amapfa.

Umutima wacu witeze Umukama,
ni We mahungiro yacu, ni We nkinzo yacu.
Mukama, tworose urukundo rwawe,
nk’uko ari Wewe twama twizigiye.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyaroma (8, 14-17)

Mwaronse umutima w’abana barezwe mu nzu udutuma tuvuga tuti : Abba, Dawe !

Ncuti zanje,
Abarongowe na Mutima w’Imana bose, ni bo bana b’Imana. Na kare, ntimwaronse umutima w’abashumba ngo musubire kugira ubwoba, yamara mwaronse umutima w’abana barezwe mu nzu utuma tuvuga tuti : « Abba, Dawe !» Mutima we nyene ubwiwe ni we afasha umutima wacu kwemeza ko turi abana b’Imana. Ko turi abana, turi ba samuragwa, ba samuragwa b’Imana n’abaragwa kimwe na Kristu, dusanzwe dusangiye na we ububabare kugira ngo tuzoninahazwe hamwe na we.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
– Haninahazwe Data na Mwana na Mutima Mweranda !
– Haninahazwe Uwuriho, Uwamyeho n’Uwugira ngo aze !
Alleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (28, 16-20)

Mubabatize kw’izina rya Data n’irya Mwana n’iSteTrinitérya Mutima Mweranda

Muri irya misi, ba bigishwa Icumi n’umwe baja mu Bugalile, ku musozi, aho Yezu yari yabategetse kuja. Bamubonye baramupfukamira, ariko bamwe bagakekereza. Yezu abegereye ababwira ati : « Nahawe ubukuru bwose mw’ijuru no kw’isi. Gende rero mwigishe abantu bose, mubabatize kw’izina rya Data n’irya Mwana n’irya Mutima Mweranda, mubigishe gukora ivyo nabategetse vyose. Nanje ndi kumwe namwe ubutakibavirira gushika ku muhero w’isi. »

IDOMINIKA Y’7 YA PASIKA (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (1, 15-17. 20a. 20c-26)

Matiyasi atorerwa kuba icabona c’izuka ry’Umukama

Muri iyo misi, Petero ava hasi hagati ya benewabo bari nk’ijana na mirongo ibiri, ababwira ati : « Benewacu, Ivyanditse vyabuwe na Mutima Mweranda aciye kuri Dawudi, vyerekeye Yuda yarongoye abaje gufata Yezu, vyategerezwa kuranguka, Yuda yari uwo muri twebwe kandi yari yara gize uruhara muri ubu butumwa. Kandi handitswe mu gitabu c’Amazaburi ngo: “Uwundi n’asubire mu gikorwa ciwe”. Birakwiye rero ko muri abo bantu bakurikiye Umukama Yezu igihe cose hamwe natwe, kuva kw’Ibatisimu ya Yohani gushika ku musi yavanwa muri twebwe, umuntu umwe yoba icabona hamwe natwe mu vyerekeye izuka rya Yezu. » Abari bakoraniye aho batora babiri ari bo Yozefu bita Barasaba bari bataziriye Munyakuri, na Matiyasi. Hanyuma rero barasenga bavuga bati : « Mukama, wewe uzi akari mu mitima ya bose, twereke uwo watoye muri abo babiri, kugira ngo asubire mu kibanza c’ubwo busuku n’ubutumwa Yuda yataye, akagenda mu kibanza kimubereye. »
Baraheza batera ubufindo, bufindukura kuri Matiyasi, aca aja yiyongera kuri ba batumwa Icumi n’umwe.

IZABURI 102 (103), 1-2. 11-12. 19-20ab

Icit. : Umukama yashinze intebe yiwe mw’ijuru.

Canke : Alleluya.

Himbaza Umukama, mushaha wanje,
maze n’amagara yanje yose aninahaze Izina ryiwe ryeranda ;
himbaza Umukama, mushaha wanje
maze ntihagire ico wibagira mu vyiza vyiwe.

Nk’uko isi ataho ihwaniye n’ijuru,
ni ko n’urukundo rwiwe rurengeye abamwubaha ;
nk’uko ubuseruko buri kure y’uburengero,
ni ko adushira kure y’akabi kacu.

Umukama yashize intebe yiwe mw’ijuru,
ubwami bwiwe buganza vyose.
Nimuninahaze Umukama, mwa bamarayika biwe,
mwa ntwari ziwe zama ziteze ijambo ryiwe.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere ry’Umutumwa Yohani (4, 11-16)

Uwuguma mu rukundo aguma mu Mana, na Yo Imana ikamugumamwo

Bakunzi banje,
Ko Imana yadukunze ityo, natwe dutegerezwa gukundana. Nta wigeze yihweza Imana. Dukundanye, Imana iguma muri twebwe, urukundo rwayo muri twebwe, rukaba urukundo rubushitse. Ng’iki ikitumenyesha yuko tuguma muri yo na yo ikaguma muri twebwe : ni uko yaduhaye Mutima wayo. Natwe twarihweje, kandi turashinga intahe yuko Data yarungitse Umwana wiwe nk’Umukiza w’isi. Uwemera wese yuko Yezu ari Umwana w’Imana, Imana iguma muri we, na we akaguma mu Mana. Na twebwe twaramenye, kandi twaremeye urukundo Imana idufitiye kandi rutubamwo. Imana ni Rukundo ; uwuguma mu rukundo aguma mu Mana, na yo Imana ikaguma muri we.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
Umukama yavuze ati : « Sinzobasiga muri impfuvyi.
Ndagiye, mpeze ngaruke muri mwebwe, umutima wanyu wuzure akanyamuneza. »
Alleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (17, 11b-19)

Nibabe umwe nkatwe

Mu gihe yari mu kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se wiwe, Yezu yariko arasenga, ahanze ijuru, avuga ati : « Dawe mweranda, n’ugumye mw’izina ryawe abo wampaye, kugira ngo babe umwe nkatwe. Aho nari kumwe na bo, narabazigamye mw’izina ryawe. Abo wampaye narababungabunze, kandi nta n’umwe muri bo yatakaye, atari uwavukiye gutakara, kugira ngo Ivyanditswe biranguke. Yamara ndaje iwawe, kandi mvuga ntyo nkiri kw’isi, kugira ngo akanyamuneza kanje kabuzure. Narabashikirije ijambo ryawe, vyongeye isi yarabanse kuko batari abayo, nk’uko nanje ntari uw’isi. Sindagusavye ngo ubakure kw’isi, ariko ndagusavye ngo ubarinde akabi. Si ab’isi, nk’uko nanje ntari uw’isi. Bagire beranda mu kuri, kuko ijambo ryawe ari iry’ukuri. Nk’uko wantumye kw’isi, ni ko nanje nabatumye kw’isi. Kandi narakwituye ku bwabo, ngo na bo bakwiture mu kuri. »