Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches (Page 43)

Archives de Catégorie: Dimanches

IDOMINIKA YA 5 YA PASIKA (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (9, 26-31)

Pawulo aba icabona ca Kristu nk’Abatumwa

Amaze guhinduka, Pawulo agenda i Yeruzalemu ; akama ashaka kumenyana n’abigishwa, mugabo bose bakamutinya kuko batari bwemere ko yabaye umwigishwa. Baranaba araheza amujana kumwereka abatumwa, arababwira ukuntu Sawuli yabonye Umukama mu nzira, n’ukuntu yigishije izina rya Yezu i Damasi, ata makenga. Kuva ico gihe Sawuli yagendana n’abatumwa i Yeruzalemu, yigisha izina rya Yezu ata makenga. Ni ho yaganira n’Abagereki bari i Yeruzalemu abahaririza, mugabo bashaka kumwica. Abagenzi biwe babimenye, bamujana i Sezareya baca bamurungika i Tarsi. Ekleziya yari itekanye hose mu Buyuda, mu Bugalile no muri Samariya, irakura igenzwa n’icubahiro ifitiye Umukama, kandi yari yuzuye uruhoza rwa Mutima Mweranda.

IZABURI 21 (22), 26b-27. 28. 30. 31-32

Icit : Ndagushemeza, Mukama, hagati y’ikoraniro.
Canke : Alleluya.

Nzorangura indagano zanje imbere y’abamwubaha,
aboro bazorya bahage ;
abarondera Umukama bazomuyaga :
« Ganza, sabwa mu myaka yose ! »

Intara zose zizokwikugura Umukama, zimugarukeko,
imiryango yose y’ibihugu izomupfukamira.
Abagaba isi na bo nyene bazomupfukamira,
Imana izopfukamirwa n’abakuru n’abato.

Umuryango wanje uzoyiyagira urwaruka,
uzoyaga ubutungane bwiwe,
ubumenyeshe intara zo hanyuma uti :
« Raba ivyiza Umukama yagize. »

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere ry’Umutumwa Yohani (3, 18-24)

Nidukundane mu bikorwa no mu kuri

Bane banje,
Ntidukundane mu majambo no ku rurimi, ariko nidukundane mu bikorwa no mu kuri. Ng’iki ikizotumenyesha ko turi ab’ukuri, tukarimbura umutima wacu imbere yayo. Umutima wacu niwatwagiriza ni uko Imana iruta umutima wacu kandi ikamenya vyose. Bakunzi banje, umutima wacu n’utatwagiriza, turizerana umwidegemvyo imbere y’Imana, kandi ico dusaba cose turagihabwa na yo, kuko tuzigama amabwirizwa yayo tugakora ibiyinezereza mu maso yayo. Kandi ng’iri ibwirizwa ryayo : ni uko twokemera izina ry’Umwana wayo Yezu Kristu, kandi tugakundana nk’uko yabiduhayeko ibwirizwa. Uwuzigama amabwirizwa yayo aguma mu Mana, Imana ikaguma muri we ; kandi ikitumenyesha ko iguma muri twebwe ni wa Mutima Imana yaduhaye.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
Umukama yavuze ati : « Nimugume muri jewe,
nk’uko nanje nguma muri mwebwe.
Uwugumye muri jewe ni we yama vyinshi. »
Alleluia.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (15, 1-8)

Uwuri muri jewe nanje nkaba muri we ni we yama vyinshi

Mu gihe yari mu kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se wiwe, Yezu yabariye abigishwa biwe ati : « Jewe ndi umuzabibu nyawo, na we Data ni nyenumuzabibu. Ishami ryose riri muri jewe ritama, ararica, nayo ishami ryose ryama ararituturira kugira ngo ryame ukuruta. Muramaze gutyororwa kubera ijambo nababwiye. Nimugume muri jewe, nanje nzoguma muri mwebwe. Kurya ishami ritama ritagumye ku muzabibu, ni ko namwe mudashobora kwama mutagumye muri jewe. Jewe ndi umuzabibu, namwe muri amashami, uwugumye muri jewe, nanje nkamugumamwo, ni we yama vyinshi, kuko tutari kumwe ataco mwokwishoboza. Uwutagumye muri jewe atabwa hanze nk’ishami, akuma ; na yo amashami yumye, barayaca bakayata mu muriro, agasha. Nimwaguma muri jewe na yo amajambo yanje akaguma muri mwebwe, muzosaba ico mushaka mukironke. Ikininahaza Dawe ni uko mwokwama vyinshi ; ni ho rero muzoba abigishwa banje. »

IDOMINIKA YA 4 YA PASIKA :Yezu, Umwungere mwiza. (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (4, 8-12)

Nta wundi muntu n’umwe ashobora kudukiza

Muri irya misi, Petero yuzuye Mutima Mweranda avuga ati : « Batware b’igihugu namwe bakurambere, ko uyu musi mutubazagiza kubera iciza twagiriye umuntu w’ikimuga, mukatubaza ico twamukirishije, nimuze mwabimenya mwese n’igihugu c’Israyeli cumve koi co kimuga cakijijwe n’izina ry’Umukama wacu Yezu Kristu Umunyanazareti, umwe mwebwe nyene mwabamba, Imana ikamuzura akava mu bapfuye. Iryo Zina, ni ryo ryakijije uwo muntu ahagaze imbere yanyu. Yezu ni we rya buye, mwebwe abubatsi mwataye, ryabaye ishimikiro ry’imfuruka. Nta handi hari ubukiriro atari muri we, nkako, munsi y’ijuru, nta rindi zina abantu bahawe ryagenewe kudukiza. »

IZABURI 117 (118), 1. 8-9. 21-23. 26. 28cd. 29

Icit. : Ibuye abubatsi bari bataye
         Imana yarigize iry’ishimikiro.

Canke : Alleluya.

Shemeza Umukama, kuko ari mwiza,
Kuko Ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose !
Hako wishimira abantu,
Worondera amahungiro ku Mukama ;
Hako wishimira beningoma,
Worondera amahungiro ku Mana.

Ndagushemeza kuko wanyumviye,
ukambera Umukiza.
Rya buye batora bagashibura,
ni ryo ryabaye iremezo :
ivyo bitangaza twabonye
vyabonetse ku bw’Umukama.

Aragahezagirwa
Uwuje kw’izina ry’Umukama !
Ni Wewe Mana yanje, nzogushemeza :
ngushimagize, Mana yanje !
Shemeza Umukama, kuko ari mwiza,
kuko ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose !

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere ry’Umutumwa Yohani (3, 1-2)

Tuzomubona nk’uko ari

Bakunzi banje,
Nimurabe urukundo Data yadukunze uko rungana tukitwa abana b’Imana, kandi turi bo. Igituma isi itatuzi, ni uko na we itamumenye. Bakunzi banje, n’ubu turi abana b’Imana, ariko ico tuzoba ntikiraboneka. Ico tuzi, ni uko aho kizobonekera, tuzosa na we, kuko tuzomubona uko ari.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
Umukama yavuze ati : « Jewe ndi wa Mwungere mwiza :
ndazi intama zanje, na zo ziranzi. »
Alleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (10, 11-18)

Umwungere mwiza yigura intama ziwe

Muri irya misi, Yezu yavuze ati : « Jewe ndi wa Mwungere mwiza. Umwungere mwiza yigura intama ziwe. Umucangero atari umwungere kandi atari we nyenintama, abona imfyisi ije, akazita aho, agahunga, nya mfyisi na yo ikazitwara kandi ikazishwiragiza. Ubwo rero, ahunga kuko ari umucangero atababaye izo ntama. Jewe ndi wa Mwungere mwiza, ndazi intama zanje na zo nya ntama zikamenya, nk’uko Data anzi nanje nkamumenya. Kandi ndigura intama zanje. Ndafise n’izindi ntama zitari muri uru rugo, na zo nyene mbwirizwa kuzizana zizokwumve ijwi ryanje kandi hazobe ubusho bumwe n’umwungere umwe. Ico Data ankundira ni uko ntanga ubuzima bwanje kugira ngo nze ndabusubireko. Nta wubunyaka, ni jewe nyene ubwanje ndabutanga. Ndi n’ububasha bwo kubutanga n’ubwo kubusubirako. Ni ryo bwirizwa nahawe na Data. »

IDOMINIKA YA 3 YA PASIKA (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (3, 13-15. 17-19)

Nyenubuzima mwari mwishe, Imana yaramusubije muzima

Muri irya misi,
Petero abarira ishengero ati : « Imana ya Aburahamu, Izahaki na Yakobo, Imana ya ba sokuru, ni yo yaninahaje umusuku wayo Yezu, umwe mwahereza Pilato, mukamwihakana imbere yiwe, mukagirako mukamugobera ngo amwice, yagomba kumurekura. Mweho, mwarihakanye Intungane, Umweranda, musabira ikigongwe umwicanyi. Mwari mwishe Soko ry’ubuzima, ariko Imana yaramusubije muzima, natwe tukabibera ivyabona. None rero, benewacu, ndazi yuko mwagize ivyo mwe n’abakuru banyu, ku kuyoberwa. Ariko, uko ni ko Imana yaranguye ivyavuzwe n’abahanuzi bose, ko Kristu azobabara. Nimwigaye rero muhinduke, ngo mukire ibicumuro vyanyu. »

IZABURI 4, 2. 4. 7. 9

Icit. : Inyonga zawe, Mukama, nizitumurikire !

Canke : Alleluia.

Iyo ndagutakambiye uranyumviriza,
Mana Wewe butungane bwanje !
Mu marushwa uranduhura,
ngirira imbabazi, wumvirize igisabisho canje !

Nimubimenye :
Umukama yitoreye umutoni wiwe ;
Umukama aranyumvira
Iyo ndamutakambiye.

Tweho, Mukama,
inyonga zawe nizitumurikire !
ni Wewe wujuje akanyamuneza umutima wacu.

Ko ndi mu mahoro,
ndaryama ngasinzira ;
kuko ari Wewe, Mukama,
untungira mu mutekano.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’ikete rya mbere ry’Umutumwa Yohani (2, 1-5a)

Ni We Ciru c’ibicumuro vyacu, si ic’ivyacu gusa, ni ic’ivy’isi yose

Bane banje, ndabandikiye ivyo kugira ngo ntimucumure. Kandi nihagira uwucumura, dufise Umuburanyi kwa Data, ni Yezu Kristu, we ntungane. Kandi ni We Ciru c’ibicumuro vyacu, mugabo si ic’ivyacu gusa, ariko ni ic’isi yose. Kandi ng’iki ikizomenyesha ko tumuzi : ni uko twozigama amabwirizwa yiwe. Uwuvuga ati : « Ndamuzi », hanyuma ntazigame amabwirizwa yiwe, ni umubeshi kandi ukuri ntikuri muri we. Ariko uwuzigama ijambo ryiwe, ni ivy’ukuri, muri we ni ho urukundo rw’Imana ruba urukundo rubushitse.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
Mukama Yezu,
nutwumvishe ivyanditswe mu bitabu vyeranda,
umutima wacu wuzure urukundo, niwatuganiriza.
Alleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (24, 35-48)

Vyari vyanditswe ngo Kristu azobabara, aheze yizure mu bapfuye ku musi ugira gatatu

St ThomasKuri uyo musi, abigishwa bavuye i Emawusi bariko baraganirira bamwe cumi n’umwe ivyo babonye mu nzira n’ukuntu bamumenye aho yamanyura umukate. Bakiriko baravugana batyo, Yezu araza ahagarara hagati yabo, ababwira ati : « Nimugire amahoro ! » Ubwoba burabatekera, bagira ngo babona icijiji. Arababaza ati : « Ni igiki mutinya ? Kandi mwibaza iki mu mitima yanyu ? Nimurabe ibiganza n’ibirenge vyanje, ntimukekereze, ni jewe ! Nimunkorakore mwitegereze kuko icijiji ntikigira umubiri, ntikigira amagufa nk’uko mubona ndabifise. » Akivuga ivyo, abereka ibiganza n’ibirenge vyiwe. Ntibari bwemere kuko bari banezerewe, kandi bari batamariwe. Arababaza ati : « Nta twokurya mufise ? » Bamuhereza akamanyu k’ifi yokeje. Aragafata arya bose babona. Ababwira rero ati : « Ivyo ni vyo nahora ndababwira tukiri kumwe, hamwe nababwira ivyari vyanditse vyose kuri jewe mw’Itegeko rya Musa, mu Bahanuzi no mu Mazaburi, ko bizoranguka. » Hanyuma abaha ubwenge ngo bashobore gutegera Ivyanditse, ababwira ati : « Vyari vyanditse ko Kristu yari kubabara, agaheza akizura akava mu bapfuye amaze gatatu mu kuzimu, kandi ngo kw’izina ryiwe ukwisubirako n’ikigongwe c’ibicumuro bizokwigishwe mu makungu yose, mbere bitangurire i Yeruzalemu. Kandi ni mwebwe muri ivyabona. »