Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches (Page 44)

Archives de Catégorie: Dimanches

IDOMINIKA YA 2 YA PASIKA (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (4, 32-35)

Abakristu ba mbere bari bahuje umutima n’umushaha

Abari bamaze kwemera bose bari bahuje umutima n’umushaha kandi muri bo nta wagira ngo ivyo atunze ni rwiwe, yamara vyari ivya bose. Ni uko rero abatumwa bari bafise ubukuru bwinshi mu gushingira intahe izuka ry’Umukama Yezu, kandi bagaterwa iteka ryinshi na bose. Vyongeye, muri bo nta n’umwe yari n’ico akenye. Harimwo abatunzi bafise imirima canke inzu, bakabigurisha hanyuma bakazana ivyavuye mu vyo baba bagurishije. Ivyo biguzi babishikiriza abatumwa, na bo bakabigaburira abari aho bose, umwumwe ivyo akaneye.

IZABURI 117 (118), 2-4. 16ab-18. 22-24

Icit. : Shemeza Umukama kuko ari mwiza,
          Kuko Ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose !

Canke : Alleluya.

Umuryango w’Israyeli n’uvuge uti :
ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose !
Umuryango wa Aroni n’uvuge uti :
ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose !
Abubaha Umukama bose nibavuge bati :
ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose !

Ukuboko kw’Umukama kwarakoze ibitangaza,
ukuboko kwiwe kwaratsinze.
Sinzopfa, nzohoraho,
kandi nzohayagiza ibikorwa vy’Umukama.
Umukama yarampanye bimwe bishemeye,
mugabo kizima atampereje urupfu.

Rya buye batora bagashibura,
ni ryo ryabaye iremezo.
Ivyo bitangaza twabonye
vyabonetse ku bw’Umukama.
Ng’uyu umusi Umukama yagize,
turanezerewe, turahimbawe.

IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere ry’Umutumwa Yohani (5, 1-6)

Uwemera yavutse ukundi ku bw’Imana

Bakunzi banje,
Uwemera wese yuko Yezu ari Kristu ni we yavyawe n’Imana ; kandi uwukunda wese Imana yo muvyeyi aba akunda kandi uwavyawe na Yo. Ng’iki ikitumenyesha yuko dukunda abana b’Imana : nitwakunda Imana tugakora amabwirizwa yayo. Nka ko nyene, ng’uru urukundo rw’Imana :  ni uko twozigama amabwirizwa yayo. Na yo amabwirizwa yayo ntaremereye, kuko icavyawe n’Imana cose gitsinda isi. Kandi iyo ntsinzi yatsinze isi ni ukwemera kwacu.
None uwutsinda isi ni nde, atari uwemera yuko Yezu ari Umwana w’Imana ? Uwo Yezu Kristu ni we yaje mu mazi no mu maraso. Si mu mazi yonyene, ariko ni mu mazi no mu maraso. Kandi Mutima ni we ashinga intahe kuko Mutima ari we Kuri.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati : « Ewe Toma, wemeye kuko umbonye.
Hahiriwe abazokwemera ataco barinze kubona. »
Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (20, 19-31)

Imisi umunani iheze, Yezu araza

Ku mugoroba w’uyo musi ari wo mubarwa wa mbere mu ndwi, mu nzu yarimwo abigishwa, bari bakinze inzugi ku gutinya Abayuda. Niho rero Yezu yaza, ahagarara hagati muri bo, ababwira ati : «Nimugire amahoro ! » Avuze atyo, abereka ibiganza vyiwe n’urubavu rwiwe. Abigishwa babonye Umukama, barahimbarwa.
Yongera ababwira ati : « Nimugire amahoro ! Kumwe Data yantuma, nanje ni ko ndabatumye. » Ababwiye atyo, arabahuha ati : « Nimuronke Mutima Mweranda. Abo muzorekurira ibicumuro, bazoba babirekuriwe, abo muzobigumizako na bo, bizobagumako. »
Aho Yezu yaza, Toma, umwe wo muri ba bandi Icumi na babiri, ari we bita Didimo, ntiyari muri bo. Abandi bigishwa baguma bamubwira bati : « Twabonye Umukama », na we akabishura ati : « Ntiboneye mu biganza vyiwe intoboro za ya misumari, ngo nshire urutoke mu ntoboro za ya misumari n’ikiganza mu rubavu rwiwe, sinzokwigera nemera. »
St ThomasImisi umunani iheze, abigishwa basubira guteramira muri nya nzu, na Toma bari kumwe. Yezu aza inzugi zugaye, ahagarara hagati muri bo ati : « Nimugire amahoro ! » Hanyuma abwira Toma ati : « Shira urutoke rwawe ngaha. Ng’ibi ibiganza vyanje, zana ikiganza cawe ugishire mu rubavu rwanje, ureke rero kuba umuhakanyi, ariko uwemera. »
Toma amwishura ati : « Mukama wanje, Mana yanje ! » Yezu na We amusubiza ati : « Kubera ko wambonye wemeye. Hahiriwe abazokwemera batarinze kubona. »
Hari n’ibindi bimenyetso vyinshi bitanditswe muri iki gitabu Yezu yagiriye imbere y’abigishwa biwe. Ibi rero vyanditswe ngo mwemere ko Yezu ari Kristu Umwana w’Imana, kugira kandi ngo muvyemeye, muronke ubuzima kw’izina ryiwe.

Indwi Nyeranda: Imisa y’Ukubabara kw’Umukama (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (50, 4-7)

Abancira amate mu maso sinayabahishije, ariko ndazi ko ntazoteterwa

Christ-RoiUmukama Imana yanje yarampaye ururimi rw’umwigishwa, kugira ngo nshobore kuremesha uwaruhijwe. Uko bukeye niko ankebura, kugira ngo ndamutege ugutwi nk’uwigishwa.
Umukama yarazibuye amatwi yanje, nanje sinamwankiye, sinamuzibukiriye. Narateze ibitugu abankubita, abanshikura ubwanwa ndabatega imisaya, abankubita be n’abancira amate sinabahishije amaso.
Umukama Imana yanje arantabara, nico gituma ivyo bitutsi ataco bingira ; nico gituma mu maso nahakomeje hakadadarara nk’ibuye, ndazi ko ntazoteterwa.

IZABURI 21 (22), 8-9. 17-18a. 19-20. 23-24

Icit : Mana yanje, Mana yanje,
Wampebeshejwe n’iki ?

Abambona bose barantwenga,
Barampfunira, bakazunguza umutwe,
bati : « Hamwe yizera Imana, n’imukize !
ugasangwa ari yo mugenzi afise, nimurekure !»

Ibipfizi indiri birankikiza,
ibinyamaswa amahanga vyo mw’ishamba bikanca iruhande ;
vyamboshe amaguru n’amaboko :
noshobora n’uguharura amagufa yanje yose.

Baragabangana ivyambarwa vyanje,
bagapfindanira ku mutamana wanje.
Ariko Weho, Mukama, ntunje kure,
Wewe nzeyeko amagara, tebuka untabare.

Nzoheza nirahire izina ryawe mu muvukano,
nkuyage hagati y’ishengero.
Mwebwe mwubaha Imana, nimuyihaye,
muyishemeze mwese uko mungana !

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abanyafilipi (2, 6-11)

Yarigize ubusa, nico catumye Imana imushira hejuru ya vyose

Umukama Yezu,
Naho yamanye akamere k’Imana,
Ntiyigeze yishira hejuru ngo n’uko angana n’Imana ;
Ariko yigize ubusa mu gusangira akamere k’abasuku,
Mu kwigira umuntu asa n’abandi ;
Yigenjeje nk’umuntu asanzwe,
Arushirizaho mbere kwicisha bugufi,
Aragamburuka gushika yemere urupfu
Kandi urupfu rwo ku musaraba.

Ni co catumye Imana imushira hejuru ya vyose,
Ikamugabira Izina rirengeye amazina yose,
Kugira ngo kw’izina rya Yezu, bose bakubite ibipfukamiro
Mw’ijuru, kw’isi no mu kuzimu kw’inyenga,
Kandi ururimi rwose ruyage ko Yezu Kristu ari Umukama,
Ngo Imana Se ininahazwe.

INKURU NZIZA

Urakaninahazwa kandi uragashemezwa, Mukama Yezu.

Kubwacu twese, Yezu Kristu yarigize umugamburutsi
Gushika yemere urupfu, kandi urupfu rwo ku musaraba.
Ni co catumye Imana imushira hejuru ya vyose,
ikamugabira Izina rirengeye amazina yose.

Urakaninahazwa kandi uragashemezwa, Mukama Yezu.

Mu kubabara kw’Umukama kwanditswe na Matayo, barashobora kubisoma ari batatu : Umusomyi (S), Abantu (Ab) na Yezu (Y), Umusomyi agasoma inyigano, Abantu bagasoma amajambo yavuzwe n’abantu nyene, Umusaserdoti canke (Y) agasoma amajambo yavuzwe n’Umukama.

Ukubabara kw’Umukama wacu Yezu Kristu nk’uko kwashikirijwe na Mariko (14, 1-15, 47)

Igisomwa kigufi : 15, 1-39

Abansi ba Yezu baja inama yo kumwica

S : Hari hasigaye imisi ibiri hakaba Pasika,
maze abaherezankuka bakuru n’abanditsi
barondera uburyo bw’ugufata Yezu ku rwenge
ngo baheze bamwice.
Bavugana bati :
Ab : « Yamara ntitubigire ku musi mukuru,
kuko igihugu cogarariza. »

Mu nzu ya Simoni, umugore amusiga amavuta

S : Ico kivi, Yezu yari i Betaniya kwa Simoni umunyamibembe,
maze mu gihe bari ku meza, haza umugore
azanye agacupa k’utuvuta tumota neza kandi tw’ikiguzi kinini,
araheza arumūra kano gacupa, tutuvuta atumusiga ku mutwe.
Bamwebamwe bagira umwikomo, bati :
Ab : « Ayo mavuta yononewe iki ?
bari gushobora kuyagurisha amafeza amajana atatu,
maze bakayafashisha aboro ! »
S : Barahava baramuryagagura.
Yamara Yezu ati :
Y : « Mureke ! Mumusindirira iki ?
Angiriye igikorwa ciza.
Kuko muzokwamana aboro na ntaryo
Kandi nimwabishaka, muzobagirira neza ;
ariko jewe ntimuzomporana.
Yagize uko ashobora :
yabaye arasiga hakiri kare umubiri wanje,
ngo amenyeshe ko nzohambwa.
Ni ivy’ukuri, ndabibabariye,
aho hose bazokwigisha Inkuru Nziza
– kw’isi yose –
Bazokwama bibuka ico ahejeje kugira. »

Yuda agura Yezu

S : Na we Yuda Iskariyoti,
Umwe wo muri bamwe cumin a babiri,
Aja ku baherezankuka bakuru kugira ngo amubahe.
Na bo baramwumviriza n’akanyamuneza,
Batako bemera kuzomuha amafaranga.
Yama arondera rero uburyo bwo kumutanga.

Abigishwa bategura Pasika

Umusi wa mbere w’imisi mikuru y’imikate itambiye,
ni ho babaga umwagazi wa Pasika ;
abigishwa babarira Yezu bati :

Ab : « Ugomba ko tuja kugutegurira Pasika hehe ? »
S : Arungika rero babiri mu bigishwa biwe, ababwira ati :
Y : « Nimugende mu gisagara.
Muraza guhura n’umuntu yikoreye umubindi w’amazi,
muraheze mumukurikire.
Aho aza kwinjira, mubwire nyenurugo muti :
‘Umukama avuze ngo :
Inzu yanje nza gufunguriramwo Pasika
Kumwe n’abigishwa banje, iri hehe ?’
Hanyuma we nyene aza kubereka hejuru kw’igorofa,
icumba giteguye kirimwo n’imisego ;
habe ari ho rero mudutegurira. »
S : Abigishwa barakozako, bagenda mu gisagara,
basanga ibintu bimeze uko Yezu yababariye,
maze bategura Pasika.

Yezu amenyesha uwuza kumugurisha

S : Bugorovye, arashika kumwe na bamwe cumi na babiri.
Hanyuma, igihe bari ku meza bariko barafungura, Yezu ati :
Y : « Ni ivy’ukuri ndababariye,
umwe muri mwebwe aza kungurisha,
kandi ni uwuriko arasangira nanje ! »
S : Biraheza bibatera umwikomo mwinshi,
batangura n’ukumubaza, umwe umwe ngo :
Ab : « Ubwo ntiyoba ari jewe ?»
S : Arabishura ati :
Y : « Ni umwe muri mwebwe cumin a babiri,
Uwukora ku nkōko imwe nanje.
Umwana w’umuntu, ni ukuri, arigiriye
Nk’uko vyanditswe kuri we ;
Yamara aragowe uwo muntu
Aza kugurisha Umwana w’umuntu !
Vyomubereye vyo iyo apfuma areka kuvuka ! »

Yezu agira Ukaristiya

S : Igihe bariko barafungura,
yakira umukate arawuhezagira,
arawumanyura, arawubaha, yongera ati :
Y : « Akire : iki ni umubiri wanje. »
S : Hanyuma yakiriye igikombe,
arakenguruka kandi arayibahereza,
bayinywako bose.
Araheza ababwira ati :
Y : « Iki ni amaraso yanje,
Amaraso y’Isezerano aza guseseka ku bwa benshi.
Ni ivy’ukuri, ndababariye,
Singisubira kunywa ikinyobwa c’umuzabibu,
Gushika umusi nzosubira kukinywera
Mu Bwami bw’Imana. »

Yezu amenyesha ko Petero aza kumwihakana

S : Bahejeje kuririmba amazaburi, baja ku Gasozi k’imizeti.
Yezu rero ababwira ati :
Y : « Muza gutsitara mwese ;
Kukaba nka ko handitswe ngo :
‘Nzokubita umwungere, intama zisanzare’.
Ariko rero maze kuzuka
Nzobatanga mu Bugalile. »
S : Petero aramwishura ati :
Ab : « N’aho bose botsindwa, jewe haba namba. »
S : Yezu aramwishura ati :
Y : « Ni ivy’ukuri, ndabikubariye,
wewe, uyu musi muri iri joro nyene,
isake itarabika kabiri,
uzoba umaze kunyihakana gatatu. »
S : Petero na we arumumya avuga ati :
Ab : « N’iyo noba uwupfa tukajana,
sinokwihakana namba. »
S : Bose kandi bavuga batyo.

Yezu agira amaganya i Getsemani

S : Bashika ahantu hitwa Getsemani.
Yezu rero abarira abigishwa biwe ati :
Y : « Nimube muricaye ngaha, umwanya nza kuba ndiko ndasenga. »
S : Ajana Petero, Yakobo na Yohani,
araheza atangura kugira ubwoba n’ukwuzura amaganya.
Araheza arababarira ati :
Y : « Numva ndi n’amaganya mu mutima nk’uwugira apfe.
Nimugume ngaha, kandi muterame. »
S : Yigiye imbere imbere gatoyi, yubarara hasi,
atakamba ngo uyo musi wigireyo nivyaba bishoboka.
Ni ko kuvuga ati :
Y : « Aba, Dawe ! Nta kikunanira,
Nyigizayo ico gikombe,
Ariko ntibibe nk’uko jewe nshaka,
Nibibe nk’uko wewe ubishaka ! »
S : Arahaguruka asanga basinziriye.
Abarira Petero ati :
Y : « Simoni we, urasinziriye ?
Ntiwarushe uterama n’isaha n’imwe ?
Nimube maso kandi musabe,
mwoye gutsindwa n’inyosha mbi.
Umutima ni ko uri n’ingoga,
ariko umubiri wo ni ntamagara. »
S : Hanyuma asubira kandi kugenda,
arasaba avuga kwa kundi nyene.
Agarutse, asanga kandi basinziriye,
amaso yabo yari yaremerewe n’itiro.
Ntibari bakimenya n’iryo bamwishura.
Agarutse ubugira gatatu, arababarira ati :
Y : « Noneho, nimwisinzirire, muruhuke.
Akaba kabaye, harageze :
Umwana w’umuntu agira ngo atabwe
Mu minwe y’abayobe.
Nimuhaguruke ! Tugende !
Ehe uwungurisha ari hafi. »

Yezu afatwa

S : Akiriko aravuga ayo majambo,
Yuda, umwe muri bamwe cumi na babiri, arashika,
ari kumwe n’igitero c’abantu bitwaje inkota n’amahiri,
barungitswe n’abaherezankuka bakuru, abanditsi
hamwe n’abakurambere.
Nyene kumugurisha yari yari yabahaye ikimenyetso avuga ati :
Ab : « Uwo nza gusoma, ari bube ari we ;
muramufate, mumujane mumwitondeye. »
S : Ngo abe agishika, yegera Yezu, ati :
Ab : « Muhanyi ! »
S : Aramusoma.
Bamugwako rero baramufata.
Umwe mu bari aho asokorora inkota yiwe,
ayikubita umusuku w’umuherezankuka mukuru,
amuca ugutwi.
Araheza Yezu ababarira ati :
Y : « Mbe ndi igisuma,
Mu ko muzana inkota n’amahiri ngo mumfate ?
Imisi yose tzahorana nigoshiriza mu gisengero,
ariko ntimwamfashe.
Yamara ni ko, iryanditswe niritahe. »
S : Bose rero bamusiga hano, barahunga.
Umusore yari amukurikiye yambaye impuzu ihwahutse nsa ;
baramufata, na we abasigarana ya mpuzu, ahunga uko yamye.

Yezu acirirwa urubanza kwa Kayifa

Baraheza bajana Yezu ku muherezankuka mukuru,
hanyuma abaherezankuka bakuru bose, abakurambere hamwe n’abanditsi
barakorana.
Petero yari yamukurikiye agendera kure,
ashika imbere mu rugo rw’umuherezankuka mukuru,
yicarana n’abasuku, yota umuriro.
Abaherezankuka bakuru n’abagize inama nkuru y’igihugu bose rero
Baja mu vyo kurondera ico bokwagiriza yezu ngo bamwicishe,
barakibura.
Benshi ni ko, baramuremera,
ariko habura uwovuga kumwe n’uwundi.
Barateba bamwebamwe bava hasi, bamuremera, bati :
Ab : « Twaramwumvise avuga ngo : Nzosambura iyi sengero
Yubatswe n’abantu,
mpeze mu misis itatu nubake iyindi
itazoba yubatswe n’abantu. »
S : Ariko no kuri iryo ntibashira hamwe.
Umuherezankuka mukuru rero ava hasi mu nama hagati,
abaza Yezu ati :
Ab : « Ntaco wishuye ? Ivyo bakwagiriza ni ibiki ? »
S : Yezu na we arinumira, ntihagira ico yishura.
Umuherezankuka mukuru aramusubira ati :
Ab : « Uri Kristu, Umwana w’Uwuhezagiye ? »
S : Yezu aramwishura ati :
Y : « Ndi we.
Bitayeko muzobona Umwana w’umuntu
Yicaye iburyo bw’Umushoboravyose,
Mumubone agaruka mu bicu vy’ijuru. »
S : Ni ho rero umuherezankuka mukuru yaca yitaburirako ivyambarwa, ati :
Ab : « Turacaronderera iki abagirizi ?
Muriyumviye ingene atutse Imana :
Ku bwanyu, bite none ? »
S : Bose bashing ko ari uwo gupfa.
Bamwe rero batangura kumucirako amate,
kumukubita mu misaya bamupfutse mu maso
kandi bavuga bati :
Ab : « Pfindura ! »
S : N’abasuku baramukubita inshi.

Petero yihakana Yezu gatatu

Ubona ko Petero yari yicaye hepfo mu rugo,
haza umwe mu ncoreke z’umuherezankuka mukuru.
Abonye Petero ariko arota, aramwitegereza ati :
Ab : « Na wewe nyene wari kumwe na Yezu w’i Nazareti. »
S : Na we arabihakana ati :
Ab : « Sinzi, sintegera ivyo uvuga. »
S : Arasohoka, aja hanze ; inkoko irabika.
Ya ncoreke ngo ibone Petero, isubira kubwira abari aho iti :
Ab : « Uyu ni uwo muri bo ! »
S : Yongera guhakana.
Haciye akanya gatoyi,
Abari bahagaze aho na bo babwira Petero bati :
Ab : « Ni ivy’ukuri uri uwo muri bo,
nka ko uri Umunyagalile. »
S : Na we rero agiye mu vyo kwisiba n’ukurahira, ngo :
Ab : « Uyo muntu muvuga sindamuzi. »
S : Ubwo nyene inkoko ica iraheta.
Petero rero yibuka iryo Yezu yari yamubwiye ati :
‘Inkoko itarabika kabiri, uzoba umaze kunyihakana gatatu ;’
Aca araturikisha ararira.

Igisomwa kigufi gitangurira aha

Urubanza rwa Yezu kwa Pilato

Bukeye mu gitondo,
abaherezankuka bakuru, abakurambere,
abanditsi, eka n’abagize inama nkuru y’igihugu bose, bagira inama.
Hanyuma baboshe Yezu, baramujana kwa Pilato.
Pilato aramubaza ati :
Ab : « Wewe uri umwami w’Abayuda ? »
S : Yezu aramwishura ati :
Y : « Ni wewe ubuvuze. »
S : Abaherezankuka bakuru baguma bamwagiriza vyinshi.
Pilato yongera kumubaza ati :
Ab : « Nta co wishura ? Ehe ivyo bakwagiriza uko bingana ! »
S : Yamara Yezu ntihagira ico aba acishura,
biranatangaza cane Pilato.
Agasangwa Pilato uko umusi mukuru ushitse,
yama abarekurira imbohe,
uwo ishengero risabiye ikigongwe.
Hari uwitwa Baraba, aboshwe hamwe n’abari bagumutse,
bica umuntu muri uwo mugumuko.
Ishengero ryari riduze,
rija mu vyo kwaka Pilato ico yabamenyereje.
Pilato arabishura ati :
Ab : « Mushaka ko ndababohorera umwami w’Abayuda ? »
S : Yari azi ko abaherezankuka bakuru
Bari bamushengeje kubera ishari.
Abaherezankuka bakuru bosha ishengero
Ngo abohore Baraba.
Pilato yongera kubabwira ati :
Ab : « None uyu muntu mwita umwami w’Abayuda
Mushaka ndamugire gute ? »
S : Bo yamara bongera kuvuza induru ngo :
Ab : « Mubambe ! »
S : Pilato arongera ati :
Ab : « Ikibi yakoze ni nyabaki ? »
S : Barushirizaho induru, ngo :
Ab : « Mubambe ! »
S : Pilato, ashaka ko ishengero rishirwa,
Ababohorera Baraba ;
Na Yezu abanje kumukubitisha,
Aramutanga ngo bamubambe.

Yezu akubitwa

Abasirikare bajana Yezu imbere mu kirimba,
Bakoranya rero umugwi wose w’abasirikare,
Bamwambika igihuzu gitukura,
Bajisha urugori rw’amahwa, bararumwambika.
Baja mu vyo kumuramutsa, ngo :
Ab : « Mwaramutse, mwami w’Abayuda ! »
S : bakaza rero baramukubita ku mutwe n’umubingobingo,
Kandi bamucirako amate,
Bongera bapfukama imbere yiwe.
Bamaze kumutyekeza batyo,
bamwambura ca gihuzu gitukura, bamwambika impuzu ziwe.
Hanyuma bamujana kumubamba.

Yezu abambwa ku musaraba

Bahura n’umuntu yihhitira, yitwa Simoni w’i Sireni,
se wa Alesandro na Rufosi, yari avuye mu mirima,
baramugobera ngo atware umusaraba wa Yezu.
Bajana Yezu ahantu hitwa Gologota,
ni ukuvuga ikibanza c’agahanga.
Bamuha umuvinyu uvanze n’imira,
ariko Yezu yanka kuwunywa.
Baraheza baramubamba, bongera bagabangana ivyambarwa vyiwe,
batera ubupfindo ngo barabe ivyokwegukira umwumwe.
Aho bamubamba, hari kw’isaha ya gatatu.
Urwandiko rwerekana ico azize rwari rwanditswe ngo :
« Umwami w’Abayuda. »
Bamubambana n’ibisuma bibiri,
kimwe iburyo, ikindi ibubamfu.
Abahita baramutuka, bakazunguza umutwe, bati :
Ab : « Ehe ! Wewe usambura isengero,
ugashaka kuyubaka mu misi itatu,
ikize ga wewe nyene, wikure ku musaraba ! »
S : Anbaherezankuka bakuru n’abanditsi
Baramutwenga na bo bati :
Ab : « Yakijije abandi, none na we biranse ko yikiza !
Kristu, umwami w’Israyeli,
Ubu niyikure ku musaraba,
Tubibone duheze twemere ! »
S : Bamwe bari babambanywe na we
Na bo nyene baramutuka.

Yezu apafa ku musaraba

Kw’isaha ya gatandatu,
Umukorane ukwira igihugu cose gushika kw’isaha y’icenda.
Kw’isaha y’icenda, Yezu ashira ijwi hejuru ati :
Y : « Elohi, Elohi, lema sabaktani »,
S : ni ukuvuga ngo :
Y : « Mana yanje, Mana yanje, wampebeshejwe n’iki ? »
S : Abari aho ngo bavyumve, bati :
Ab : « Ng’uwo ariko aratabaza Eliya ! »
S : Umwe muri bo yiruka gukoza mw’isiki ipampa,
Arishira kw’isunwe ry’umubingobingo,
Aramuhereza ngo anunuze, avuga ati :
Ab : « Reka turabe ko Eliya aza kumumanura ! »
S : Yezu asubira gushira ijwi hejuru, aca aracikana.

Aha barapfukama, bakavuga igisabisho gitoyi banumye.

Umukingo w’impuzu wari mw’isengero wicamwo kubiri
Kuva ruguru gushika epfo.
Intwazangabo yari imbere yiwe
Ngo ibone ingene acikanye, iti :
Ab : « Ni ivy’ukuri, uwu muntu yari Umwana w’Imana ! »

Igisomwa kigufi giherera aha

Hari n’abagore barabira kure ;
muri bo hari Mariya Madalena,
Mariya nyina wa Yakobo mutoyi, na Yoze, na Salome,
bahora bamugendanira, bakamukenurira akiri mu Bugalile,
n’abandi benshi kandi bari baduganye na we i Yeruzalemu.

Yezu ahambwa

Bumaze kugoroba,
– ubona ko wari umusi w’umwiteguro, nka ko bwaca ari isabato, –
Haza Yozefu w’i Arimateya,
umushingantahe yamenyekana w’Inama nkuru,
yari yiteze na we nyene Ubwami bw’Imana ;
arubahuka aja gusaba Pilato ikiziga ca Yezu.
Pilato atangazwa n’uko Yezu yoba amaze gupfa ;
Yakura ya ntwazangabo ayibaza ko amaze gucikana.
Intwazangabo ibimubwiye, Pilato aha ikiziga Yozefu.
Yozefu agura impuzu year, akura ikiziga ku musaraba,
Agitekera muri nya mpuzu,
Akiryamika mu ruhafu bari bimvye mu gitandara c’ibuye,
Hanyuma ahindira ibuye ku muryango w’uruhafu.
Ariko, Mariya Madalena na Mariya nyina wa Yoze,
baritegereza aho bamubitse.

INDWI NYERANDA: Ukwinjira kw’Umukama i Yeruzalemu

Ivyo basoma mu mwaka «A» twaravynditse mu gihimba cagenewe umwaka «A» nyene. Aha tugira tuhandike ivyagenewe umwaka «B». iyi Nkuru Nziza tugira ngo dutangurireko, murazi ko ari iyisomwa imbere y’Ukwinjira mw’isengero.

INKURU NZIZA

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (11, 1-10)

Aragahezagirwa uwuje kw’izina ry’Umukama

RameauxImisi mikeyi imbere y’umusi mukuru wa Pasika, Yezu n’abigishwa biwe bari begereye Yeruzalemu, hafi ya Betifage na Betaniya, amaja ku Gasozi k’Imizeti. Yezu arungika babiri bo mu bigishwa biwe, ababwira ati : « Nimugende mu kigwati kiri aho imbere yanyu, mupfa kuhagera, muhasanga indogobwe ikiri nto, iziritse, ata muntu n’umwe arigera agenderako. Muyiziture, muyinzanire. Na ho nihagira uwubabaza ati : « Muyiziturira iki ? », muramwishura muti : « Umukama ni we ayikeneye, kandi ntateba kuyibarungikira aho nyene. »

Baragenda rero, basanga indogobwe iziritse iruhande y’urugi, hanze ku kayira, barayizitura. Hanyuma bamwe mu bari aho bababwira bati : « Muzituriye iki iyo ndogobwe ? » Babishura uko Yezu yari yavuze, na bo barabareka barayizitura. Bazanira rero nya ndogobwe Yezu, bayisasako imitamana yabo, Yezu na we ayicarako. Ni uko rero, abantu benshi basasa imitamana yabo mu nzira, abandi na bo basezera mu nzira bakoresheje amashami baca mu mirima. Abari imbere n’abari inyuma barahanirana bati : « Hozana ! Aragahezagirwa uwuje kw’izina ry’Umukama ! Iragahezagirwa ingoma ya sogokuru Dawudi ishitse ! Hozana no mw’ijuru ry’intashikirwa ! »

CANKE

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (12, 12-16)

Imisi mikeyi imbere y’umusi mukuru wa Pasika, ishengero ryinshi cane ry’abari baje ku misi mikuru, ryumvise ko Yezu yaje i Yeruzalemu, rifata udushami tw’ibisanda, rirashwabaduka ngo rimusanganire, riza rirasemerera riti : « Hozana ! N’ahezagirwe uwuje kw’izina ry’Umukama, ari we Mwami w’Israyeli ! »

Yezu na we aronse umukurira w’indogobwe, arawicarako, nk’uko vyanditswe ngo :
« Ntutinye, mwigeme wa Siyoni,
ng’uwo umwami wawe araje
yicaye ku mukurira w’indogobwe. »
Abigishwa biwe ntibashoka babitegera, yamara aho Yezu amariye kuninahazwa, baributse ko vyari vyaranditswe, kandi ko ari vyo bamugiriye.