Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches (Page 47)
Archives de Catégorie: Dimanches
IDOMINIKA YA 5 YO MU MWAKA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca Yobi (7, 1-4. 6-7)
Igihe c’umuntu ari mu marushwa
Muri irya misi, Yobi yaravuze aya majambo ati :
« Mbega umuntu akiri kw’isi ntaba ari mu ntambara,
imisi yiwe na yo si nk’iy’umucangero ?
Nk’uko umushumba yipfuza igitutu,
umucangero na we akarereka impembo yiwe,
ni ko nagabiwe amezi y’amarushwa
nkamara amajoro y’umuruho. »
Iyo ndyamye, ndibwira nti :
« Buca ryari ngo mvyuke ? »
Ndara ndagaragurika
bukarinda buca.
Imisi yanje irihuta kuruta ico umujishi w’impuzu ajisha,
ishira ata mwizero.
Ibuka, se Mukama, ko ubuzima bwanje ari umuyaga gusa,
ijisho ryanje ntirigisubira kubona ivyiza ukundi gusha.
IZABURI 146 (147), 1-2. 3-4. 5-6
Icit. : Shemeza Umukama,
ni We akiza imitima ituntuye !
canke : Alleluia.
Shemeza Umukama,
birahimbaye kumuririmbira.
Vyinira Imana yacu,
biraryoshe kuyishimagiza.
Ni we akiza imitima ituntuye,
agakanda inguma zabo ;
ni We aharura igitigiri c’inyenyeri
imwe imwe akayita izina ryayo.
Umukama Mushoboravyose ni agahambaye,
ubwenge bwiwe ntibugira ingero.
Umukama ahagarikira abatobato,
inkozi z’ikibi na zo akazicinyiriza hasi.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (9, 16-19. 22-23)
Noba ndarwiciriye ntamenyesheje Inkuru Nziza
Ncuti zanje,
Ukumenyesha Inkuru Nziza si co kininahaza ; ni igikorwa ntegerezwa, kimfatira hose. Noba ndarwiciriye ntamenyesheje Inkuru Nziza ! Iyo mba ari je ubwanje nihaye ico gikorwa, nokuyemwo impembo. Ko ata mpembo mfise ni uko ari ibanga nashinzwe. None rero, impembo yanje ni iyihe ? Ni uko mu kwigisha mpeza nkigisha Inkuru Nziza ata co naka, kugira ngo ndeke gukoresha ivyo noshobora gukura kuri iyo Nkuru Nziza nyene. Egome, n’aho ndi uwidegemvya kuri bose, narigize umushumba wa bose, kugira ngo ndushirizeho kuronka benshi. Mu badakomeye, nabaye nk’uwudakomeye, kugira ngo ngarure abadakomeye ; kuri bose nigize vyose, kugira ngo mbashe gukiza bamwebamwe uko nshobora kwose. Ivyo vyose ndabikora ku bw’Inkuru Nziza, kugira ngo ntorane mu vyiza vyayo.
INKURU NZIZA
Alleluia, alleluia.
Kristu yarafashe ubumuga bwacu,
arigerekako indwara zacu.
Alleluia.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (1, 29-39)
Yarakiza abarwaye benshi bababaye kwinshi
Bavuye mw’isinagoga, Yezu ari kumwe na Yakobo na Yohani, barora kwa Simoni na Andreya. Inabukwe wa Simoni yari ku musego, arwaye inyonko. Buno nyene, baca baramuvugira. Na we aramwegera aramufata ukuboko aramuvyura. Nya nyonko ica irakira, mbere aja mu vyo kubazimana. Ku mugoroba, izuba rirenze, bamuzanira abarwaye bose n’abasazwa n’amashetani. Igisagara cose cari gikoraniye imbere y’inzu. Akiza abarwaye benshi bababaye kwinshi ; amashetani menshi na yo akayirukana, kandi ntiyayareka ngo avuge, kuko yari amuzi. Bukeye, Yezu ahengera umutwenzi utarakika, aravyuka, arasohoka, aja mu gahinga ahantu hiherereye, aba ari ho asengera. Simoni n’abo bari kumwe bamuja mu nyuma. Bamushikiriye bati : « Bose bariko barakurondera. » Na we ati : « Hogi tuje ahandi mu bindi bigwati, ndahigishe na ho, kuko ari co canzanye. » Aragenda rero yigisha mu masinagoga yo mu Bugalile bwose kandi yirukana amashetani.
IDOMINIKA YA 4 YO MU MWAKA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ukwibutsa Amategeko (18, 15-20)
Nzobarungikira umuhanuzi kandi nzoshira amajambo yanje mu kanwa kiwe
Muri irya misi, Musa yabariye ishengero ry’Abanyisrayeli ati : « Umukama Imana yanyu azobahagurukiriza umuhanuzi ameze nkanje, aca muri mwebwe, mu b’iwanyu nyene ; n’abe ari we muzokwumvira. Bizoba nk’uko mwabisavye Umukama, Imana yanyu kuri Horebi, kuri wa musi mwari mwakoraniyeho, aho mwavuga muti : “Ntidusubire kwumva ijwi ry’Umukama Imana yacu n’ukobona urya muriro uhambaye, twoye gupfa !” »
Umukama akambarira ati : « Ivyo bavuze babivuze ko. Nzobahagurukiriza umuhanuzi ava mu b’iwabo, ameze nkawe. Nzoshira amajambo yanje mu kanwa kiwe, na we azobabarira ivyo ndamutegereje vyose. Kandi uwutazokwumvira amajambo yanje n’uyo azovuga kw’izina ryanje, ni jewe nyene nzobimwibariza. Umuhanuzi na we niyubahuka kwigenera ijambo ntamutegereje kuvuga, akarivuga kw’izina ryanje canke akagira ico avuga kw’izina ry’izindi mana, uwo muhanuzi azopfa. »
IZABURI 94 (95), 1-2. 6-7. 8-9
Icit : Ese uyu musi mwokwumviriza ijwi ry’Umukama,
rivuga riti : « Ntimukomantaze imitima yanyu. »
Nimuze dutere impundu Umukama,
tumushemeze We tuzeyeko urukiza !
Ingo tuje mu nyonga ziwe tumukengurukire,
tumukomere amashi tumwigine !
shike, duce bugufi, dupfukame :
dusenge Umukama yaturemye.
Na none, ni We Mana yacu,
Natwe tukaba intara arongoye.
« Ntimukomantaze imitima yanyu nka kera i Meriba,
no kuri wa musi wo mu gahinga ka Masa,
hamwe ba sogokuruza banyu bangerageza bakancaca,
kandi bari bamaze kubona ibikorwa nakora. »
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (7, 32-35)
Uwutagira iyindi myitwarariko yitwararika ivy’Umukama
Ncuti zanje,
Ndipfuza ko mutogira imyitwarariko ya cane. Uwutagira umugore aritwararika iwy’Umukama n’ingene yonezereza Umukama ; uwufise umugore aritwararika ivy’isi n’ingene yonezereza umugore wiwe ; uwo akaba abangikanije. Na we umugore atagira umugabo, eka n’umwigeme nyene, aritwararika ivy’Umukama, kugira ngo abe mweranda ku mubiri no ku mutima. Uwufise umugabo na we aritwararika ivy’isi n’ingene yonezereza umugabo wiwe. Ivyo ndabibabwiye ngo bibabere vyo, sinabivuze ngo mbatege umutego, ariko nabivuze ngo muhimbarwe kandi ngo mwiyegurire Umukama mudafise imitima ibiri.
INKURU NZIZA
Alleluia, alleluia.
Igihugu cari cicaye mu mwijima cariboneye umuco w’agatangaza,
umuco warasiiye ku bari bicaye mu gihugu c’umuzimagiza n’urupfu.
Alleluia.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (1, 21-28)
Yezu yigisha nk’uwufise ubukuru bw’uwubikwiye
Yezu yari kumwe n’abigishwa biwe i Kafaranawumi. Kw’isabato ikurikira, Yezu yinjira mw’isinagoga arigisha. Abantu rero batangara butangare n’ivyo yigisha, kuko yigisha nk’uwubikwiye, atari nk’abanditsi. Hagasangwa mw’isinagoga hari umuntu yiziziwe n’igishetani. Kirahogora giti : « Mbega dupfa iki ga Yezu w’i Nazareti ? Ubwo wazanywe n’ukutumara ? Erega ndakuzi, uri Umweranda w’Imana. » Yezu aragikankamira ati : « Numa kandi va muri uyo muntu ! » Nya gishetani kiramujegeza, gica kimuvamwo kiboroga. Bose rero bahinda agashitsi, bituma mbere babazanya bati : « Mbega ivyo ni ibiki ? Ng’iyi rero inyigisho nshasha, ihagaze ku bukuru ! N’amashetani ari amashetani aramugamburukira ! » Ubwo nyene, aca aba rurangiranwa irya n’ino mu micungararo yose y’Ubugalile.
IDOMINIKA YA 3 YO MU MWAKA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yonasi (3, 1-5. 10)
Abantu b’I Niniva baciye bihanura
Muri irya misi, Umukama yabariye Yonasi ati : « Haguruka, ugende mu gisagara gikuru, ubashikirize ijambo ryanje. » Yonasi arahaguruka aja i Niniva nk’uko Umukama yabivuze. Niniva cari igisagara kinini cane : kugira ngo umuntu akirengane, yakimaramwo imisi itatu agenda. Yonasi arinjira mùmu gisagara, amara umusi wose agitemberamwo. Yasemerera avuga ati : « Hasigaye imisi mirongo ine Niniva kigasenyurwa ! » Abantu bo muri Niniva na bo baca bemera Imana, bashinga itegeko ryo kwisonzesha, bambara amagunira bose, kuva ku bakuru gushika ku bato. Imana ngo ibone ivyo bagize ngo bahebe imigenzo yabo mibi, irisubirako, amahano yari yabaraganiye ntiyayarungika.
IZABURI 24 (25), 4bc-5ab. 6-7bc. 8-9
Icit. : N’undangire inzira yawe, Mukama.
Ntabara, Mukama, undangire inzira y’iwawe,
uranyigisha inzira zawe.
Urantumbereza ukuri, uranyigisha,
ni Wewe Mana izonkiza.
Gira wibuke imbabazi zawe, Mukama,
wibuke n’urukundo rwawe, kuko ari ivya misi yose.
Nk’uko urukundo rwawe rwamaho,
n’ube ari ko unyibuka, Mukama.
Ese ubutungane n’urukundo vy’Umukama !
Umukama yama agarura abazimiye.
Abatobato akabatumbereza ubutungane,
abicisha bugufi akabigisha inzira yiwe.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (7, 29-31)
Ivyo kw’isi bihinda bihera, ntitwirengagize Umukama
Ncuti zanje,
ng’ibi ivyo mbabwira : igihe ni kigufi. Hasigaye rero ko abafise umugore bomera nk’abatamufise, ko abari mu marira bomera nk’abatari muri yo, ko abanezerewe bomera nk’abatanezerewe, ko abadandaza bomera nk’abazokwakwa utwabo, ko abakoresha ivy’isi bomera nk’abatabikoresha nka cane. Erega, ivyo kw’isi bihinda bihera.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Ubwami bw’Imana buri hafi ;
igarure kandi mwemere Inkuru Nziza.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (1, 14-20)
Igarure kandi mwemere Inkuru Nziza
Yohani Batista amaze gufatwa, Yezu aza i Bugalile yigisha Inkuru Nziza y’Imana, ati : « Umusi washitse kandi Ubwami bw’Imana buri hafi ; igarure kandi mwemere Inkuru Nziza. »
Umusi umwe, Yezu yajanye inkengera y’ikiyaga c’Ubugalile, abona Simoni na mwenewabo Andreya, batera urusenga mu kiyaga : nka ko rero bari abarovyi. Yezu rero arababarira ati : « Nimunkurikire, nzobagira abarovyi b’abantu. » Buno nyene bata hano insenga, baramukurikira. Ateye imbere gatoyi, abona Y akobo mwene Zebede na Yohani mwenewabo. Na bo nyene bari mu bwato bariko barasana insenga zabo. Buno nyene arabahamagara. Baca basiga se wabo Zebede mu bwato, we n’abamukorera, baramukurikira.






