Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches (Page 49)

Archives de Catégorie: Dimanches

IDOMINIKA YA 3 Y’UBUSHIKIRO (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu Gitabu c’Umuhanuzi Izaya (61, 1-2a. 10-11)
Umuzo w’Umukama utuzanira urweze

Umutima w’Umukama uri kuri jewe,
kuko Umukama yansize amavuta ;
yantumye kuburira Inkuru Nziza aboro,
kwunga imitima yavunitse,
kumenyesha ababoshwe ko babohowe,
n’imbohe ko zugururiwe,
no kumenyesha abantu umwaka mwiza w’Umukama.

Nzonezerwa cane mu Mukama,
umutima wanje uvugirize impundu Imana yanje :
kuko yanyambitse imyabaro y’urukiza,
akayorosa umutamana w’ubutungane,
nk’uko umugeni aberwa n’urugori,
kandi nk’uko umugeni asharizwa n’utugenegene twiwe.

Nk’uko isi ibaduka ibimera
N’indimo ikameza ivyayitewemwo,
uko ni ko Umukama azomeza ubutungane n’ishimwe
imbere y’amakungu yose.

URURIRIMBO : Luka 1, 46-48. 49-50. 53-54

Icit : Umutima wanje uzovugiriza impundu
         Imana yanje.

Umutima wanje uraninahaza Umukama,
umushaha wanje wahimbawe n’Imana Yo Mukiza wanje.

Kuko yibutse umuntu wiwe mutomuto,
kuva ubu abantu bose bazonyita muhirwe.

Kuko Rugiravyose yangiriye yangiriye ibitangaza :
izina ryiwe ni ryeranda.

Agirira ikigongwe abamwubaha bose,
abavyeyi n’abana.

Abashonje yarabahagije ivyiza,
abakungu na bo abarungika zirayoye.

Yarabungabunze Israeli umusavyi wiwe,
yibuka ikigongwe ciwe.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abanyatesalonika (5, 16-24)

Umwe wese, uko ari kwose, ubwenge, umutima n’umubiri,
niyityorore ku musi w’ukuza kw’Umukama

Ncuti zanje,
Nimwame muhimbawe, ntimuhengeshanye gusaba ; muri vyose na hose, nimwame mukenguruka, kuko ari co Imana ibashakako muri Kristu Yezu. Ntimuzimye Mutima, ntimukengere ivy’abahanuzi ; ariko nimwitegereze vyose, muheze iciza mukizigame ; nimwirinde icitwa ikibi cose.
Imana y’amahoro Yo nyene ubwayo n’ibagire beranda muri vyose ; umwe wese uko ari kwose, ubwenge, umutima n’umubiri, yizigame ku musi w’ukuza kw’Umukama wacu Yezu Kristu abe ata mahinyu agira. Uwabahamagaye ni Intatanamundagano, ni We rero azobibagirira.

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.
Umutima w’Umukama uri kuri jewe.
Ni We yantumye kumenyesha aboro Inkuru Nziza y’urukiza.
Alleluia.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Yohani (1, 6-8. 19-28)

Hagati yanyu, hari uwundi mutazi

Haza umuntu atumwe n’Imana, yitwa Yohani. Yaje ameze nk’icabona kivugira uwo muco, kugira ngo bose bemere kubera we. Si we yari umuco, mugabo yari icabona ca nya muco.
Ng’iyi ingingo Yohani yashinze, hamwe Abayahudi bamurungikira abasaserdoti n’abaleviti bavuye i Yeruzalemu ngo bamubaze bati : « Uri nde ? »
Na we abivuga uko biri ntiyabihakana, ababwira ukuri ati :
« Sindi Kristu. »

Baramubaza rero bati : « Bite ? Ubaye Eliya ? »
Ati : « Eka, sindi we. »
Bati : « Uri wa muhanuzi ? »
Abishura ati : « Oya. »
Na bo bamubwira bati : « None uri nde, tukaboneraho iryo tuja kwishura abadutumye ? None wewe wiyita nde ? »
Ati : « Jewe ndi rya jwi riterera akamo mu gahinga, kumwe umuhanuzi Izaya yabivuga ati : ‘Nimuringanize inzira y’Umukama.’ »
Abari batumwe bari abo mu Bafarizayo. Bongera rero kumubaza bati : « Ni kuki none ubatiza, utari Kristu, ntube Eliya, vyongeye ntube na wa muhanuzi ? »
Yohani arabishura ati : « Jewe mbatiza mu mazi, ariko hagati yanyu hari uwundi mutazi : ni we azoza ankurikira, sinkwiye n’uguhamburura imizana y’inkweto ziwe. »

Ivyo vyose vyabereye i Betaniya hakurya ya Yordani, aho Yohani yabatiriza.

IDOMINIKA YA 2 Y’UBUSHIKIRO (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (40, 1-5. 9-11)

Nimuharurire Umukama inzira

Humurize, humurize igihugu canje,
Nimusubirize umutima mu nda Abanyayeruzalemu.
Babwire muti : « Igikorwa canyu kirarangiye,
Igicumuro canyu carishuwe.
Umukama yarabahanye ikirenga kabiri ku bicumuro vyanyu. »
Ijwi risemerera riti :
« Nimuharurire Umukama inzira mu gahinga,
muharurire Imana yacu inzira igororotse mw’idonzi.
Umubande wose ufurirwe,
umusozi n’umutumba wose uringanizwe,
ahari imanga hose hongere hasaswe,
na ho ahaduga nk’uruti rw’icumu haringanizwe.
Ni ho ubuninahazwa bw’Umukama buzokwibonekeza,
kandi nta wuzosigara atabubonye,
kuko Umukama yarivumereye. »

Wewe uzaniye Siyoni inkuru nziza,
duga ku musozi muremure.
Wewe uzaniye Yeruzalemu inkuru nziza,
shira ijwi hejuru cane.
Tereza akamo, ntutinye.
Ubwire ibisagara vya Yuda uti :
« Ng’iyo Imana yanyu !
Ng’uyo Umukama Imana, azozanana n’ububasha,
ukuboko kwiwe kuzomugarurira vyose.
Raba, azoza azanye ivyo yatsindiye vyose
Kandi inkurikizi yiwe yitangiye imbere.
Azoragira ubusho bwiwe nk’umwungere,
azoterura imyagazi mu maboko,
ayitware ku gikiriza,
intama zonsa na zo azozibungabunga. »

IZABURI 84 (85), 9ab-10. 11-12. 13-14

Icit : Mukama, twereke urukundo udufitiye,
         uduhe urukiza rwawe.

Hinge numvirize ivyo Umukama agira avumere :
avumera amahoro y’igihugu ciwe ;
nangwa, abamwubaha bari hafi y’ugukira,
hanyuma ubuninahazwa bwiwe bube kw’isi yacu.

Urukundo n’agatima k’ibanga bigendane,
amahoro n’ubutungane bihane ikaze ;
umudahemuka azokwamuka kw’isi,
intungane imanuke iva mw’ijuru.

Umukama niyadukomorera ingabirano ziwe,
isi izoca irondoka ;
ubutungane buzomuja imbere,
amahoro yiwe amuherekeze.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya kabiri ry’Umutumwa Petero (3, 8-14)

Nimutegure inzira y’Umukama

Bakunzi banje,
Hari ikintu mudashobora kwibagira : ni uko mu maso y’Umukama umusi umwe umeze nk’imyaka igihumbi, imyaka igihumbi ikamera nk’umusi umwe. Umukama ntatevya isezerano ryiwe, nk’uko bamwe biyumvira yuko aritevya ; ariko arazi kubiyumanganya, ntashaka ko hagira n’umwe atikira, ashaka ko bose bohava bisubirako. Mugabo, umusi w’Umukama uzoza nk’igisuma, aho ikirere kizosanzara casirana, ibisate vyaco bigashongeshwa n’umuriro, isi na yo n’ibikorwa biri muri yo bigacika igitongorero.

None, ko ivyo vyose bizoshonga bityo, namwe mutegerezwa kwigenza rweranda mu bikorwa vy’ukuyobokera Imana no mu bisabisho, mu kurindira no mu guhahamira amaza y’Umusi w’Imana uzotuma ikirere gishongeshwa n’ugusha, ibisate vyaco bikayagishwa n’umuriro. Nka ko, ivyo turindiriye nk’uko Umukama yabituraganiye, ni rya juru rishasha na ya si nshasha bivyagiyemwo ubutungane.

Ni uko rero, bakunzi banje, umwanya mukibirindiriye, nimushishikare rwose kugira ngo abasange muri mu mahoro, mutagira agahonzi n’amahinyu.

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.

Nimutegure inzira y’Umukama, muringanize inzira ziwe ;
ni ho umuntu wese azobona urukiza rw’Imana.

Alleluia.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (1, 1-8)

Nimuringanize inzira z’Umukama

Intanguro y’Inkuru Nziza ya Yezu Kristu, Umwana w’Imana.
Nk’uko vyanditswe n’umuhanuzi Izaya ngo : « Raba ndungitse intumwa yanje imbere yawe, ngo ategure inzira yawe. Ijwi ry’uwuhogora mu gahinga riti : ‘Tegure inzira y’Umukama, ringanize inzira ziwe.’ »

Na we Yohani Batista yari mu gahinga, amanyesha ibatisimu y’ukwisubirako ngo ibicumuro birekurwe. Yirukirwa n’igihugu cose c’Ubuyudeha n’ababa i Yeruzalemu bose, bakemera ibicumuro vyabo kandi bakabatizwa na we mu mazi ya Yordani.

Yohani yari yambaye impuzu y’ubwoya bw’ingamiya, maze akayikenyeza umukanda w’urusâto, yari atunzwe n’ukurya inzige kumwe n’ubuki bwo mw’ishamba.

Kandi yigisha ati : « Uwuje mu nyuma zanje arandusha ububasha, mbere sinkwiye n’ugupfundurura imizana y’inkweto ziwe. Jewe, nababatije mu mazi gusa, ariko We, azobabatiza muri Mutima Mweranda.»

IDOMINIKA YA 1 Y’UBUSHIKIRO (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (63, 16b-17. 19b ; 64, 2b-7)

Hamagara Umukama amanuke aze kudukiza

Mukama, ni Wewe uri Dawe,
umucunguzi wacu, ni ryo zina ryawe kuva na kera hose.
Ewe Mukama, ni iki kigutuma uduhisha inzira zawe,
ugakomantaza imitima yacu ntitukwubahe ?
Garukira abasavyi bawe
N’imiryango y’iragi ryawe.
Icompa ugastura ijuru ukamanuka,
imisozi igahinda agashitsi imbere yawe !

Waramanutse,
imisozi na yo igahinda agashitsi imbere yawe.
Kuva kera hose ntaho abantu bigeze bumva,
ntaho amatwi yigeze yumva,
ntaho amaso yigeze abona
iyindi mana igira ico imariye abayizeye
atari Wewe.
Uhora usanganira abakorana akanyamuneza ivy’ubutungane,
n’abagendera mu nzira zawe bakwibuka.
Ariko waragize ishavu kuko twacumuye,
Tukaguhemukira kuva kera.
Mugabo rero, tuzobona gukira.
Twese twarabaye nk’abahumanye,
Ubutungane bwacu bwose bukamera nk’impuzu yatyoye ;
Twese twarakambiranye nk’ikibabi,
Ibicumuro vyacu bikadutwara nk’umuyaga.

Nta n’umwe yambaza izina ryawe,
Nta waruka akwihekako ;
Kuko waduhishije inyonga zawe,
Ukadutana ibicumuro vyacu.
Ariko noneho, Mukama, uri Dawe ;
turi ibumba, nawe uri umubumvyi ;
twese turi igikorwa iminwe yawe yikoreye.

IZABURI 79 (80), 2ac. 3b. 15-16. 18-19

Icit : Tugarure, Mukama, tugaranzurireko inyonga zawe,
         Tuzoca turokoka.

Wewe Mwungere w’Israeli, ntega ugutwi,
Wewe Mwungere utuyobora, niwimenyeshe ;
Vyura ubugabo bwawe,
Uze kuturokora.

Mukama, Mana y’ijuru n’isi, n’ugaruke :
N’urabire mw’ijuru, wihweze :
N’ugarukire uwo muzabibu
Wabaditse n’ukuryo kwawe guhambaye.

Tunga umuntu wishiriye iburyo,
Umwana w’umuntu agukeshako ubukomezi bwiwe ;
Ntaho tuzosubira kukuvirira :
Dusubize amagara, tubone kwambaza izina ryawe!

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abakorenti (1, 3-9)

Turiteze ukumenyekana kw’Umukama wacu Yezu Kristu

Ncuti zanje,
Turabipfurije inema n’amahoro akomoka ku Mana, Dawe wa twese, no ku Mukama wacu Yezu Kristu. Simpengeshanya gukengurukira Imana ku bwanyu kubera inema y’Imana mwagabiwe muri Kristu Yezu, kuko muri We mwabaye abatunzi muri vyose, mu matungo yose y’ijambo n’ay’ubumenyi, ku ngero intahe mushingira Kristu ishemeye muri mwebwe.

Ni co gituma ata ngabirano n’imwe mubuze, mu gihe mwiteze ukumenyekana kw’Umukama wacu Yezu Kristu. Ni We kandi azoguma abakomeza gushika ku mpera, kugira ngo ntihagire ico bazobagiriza ku musi w’Umukama wacu Yezu Kristu.
Imana ni Rudatanamundagano, Yo yabahamagariye kwunga ubumwe n’Umwana wayo Yezu Kristu, Umukama wacu.

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.

Twereke, Mukama, ikigongwe cawe,
Uheze udutabaze urukiza rwawe.

Alleluia.

Ivyo dusoma mu NkAVENTuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (13, 33-37)

Murabe maso kuko mutazi aho nyenurugo azotahukira

Muri irya misi,
Yezu yabwiye abigishwa biwe ati : « Nimugabe, mube maso, kuko mutazi aho uwo musi uzoshikira. Ni nk’umuntu yamaze urubanza : mu kuva i muhira, agashikiriza vyose abantu biwe, agasiga asinze umwe umwe igikorwa ciwe, uwugarira na we akamwihanikiriza ashimitse ngo abe maso. Murabe maso rero kuko mutazi aho nyenurugo azotahukira, ko ari ku mugoroba canke mu gicugu canke mu nkokó canke mu gitondo. Yohava abashikira giturumbuka agasanga musinziriye. Ivyo ndababariye, ndabibwiye bose : Murabe maso ! »