Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches (Page 52)

Archives de Catégorie: Dimanches

IDOMINIKA YA 28 YO MU MWAKA (Umwâka A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (25, 6-10a)

Umukama azotegura inzimano kandi azohanagura amarira y’abantu bose

Kuri irya musi, Umukama Imana y’ingabo azotegurira ibihugu vyose, kuri uyu murambi, inzimano y’inyama zinuze, y’imivinyu iryoshe cane, inyama zinuze n’umuvinyu ukamuye neza. Uyu murambi azowukurako ivyambarwa vyo kugandara vyari bitwikiriye ibihugu vyose, n’impuzu yo gufuba abantu yari ipfutse intara zose iyo ziva zikagera.
Urupfu azorwirukana ubutakigaruka. Umukama azohanagura amarira y’abantu bose, yongere akure iceyi ku gihugu ciwe cateterewe, eka agikure kw’isi yose ; kuko Umukama yabivuze.

Kuri uyo musi, bazovuga bati : « Ng’iyo Imana yacu twari tuzeyeko urukiza, Umukama ni We Ntwari twishimiye ; turanezerewe kandi turahimbawe kuko yaturokoye !» Kuko ububasha bw’Umukama buri kuri uyu murambi.

IZABURI 22 (23), 1-3a. 3b-4. 5-6

Icit : Nzoba mu ngoro y’Umukama
         Imisi yose y’ubuzima bwanje.

Umukama ni We mwungere wanje,
Sinzokena ;
ni We amvyagiza
mu canya c’ubwatsi buremvye.
Iruhande y’amazi adasuma, ni ho azonshikana,
aremeshe umutima wanje ubudasiba.

Ni We anyoborera inzira nziza
Kubw’izina ryiwe.
Sinzogira ico ntinya
N’aho noca mu mwonga mu mwijima,
kuko uri kumwe nanje,
kuko inyobozo yawe impumuriza.

Untegurira ameza
Mu maso y’abansi ;
wansize amavuta ku mutwe,
igikombe canje kirasesekaye.

Eka mbere mu buzima bwanje
Namana impore n’ubuhirwe ;
Inzu yanje ni ingoro y’Umukama
Imisi yose y’ubuzima bwanje.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyafilipi (4, 12-14. 19-20)

Vyose ndabishobora muri Kristu ankomeza

Ncuti zanje,
Jewe ntibingora kwicisha bugufi canke kumererwa neza. Muri vyose na hose, narimenyereje guhaga no gusonza, kuba muri vyinshi no kuba mu bukene. Vyose ndabishobora muri Kristu ankomeza. Ariko rero, mwagize neza mu kuntabara mu marushwa yanje. Mu kubasubiriza mu nkōko, Imana yanje izobamara ubukene bwose ku ngero y’itunga ryayo, ibahe ititangiriye itama muri Kristu Yezu. Imana, Dawe wa twese, n’ininahazwe imyaka n’imyaka. Amen.

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.

Ese Imana Se w’Umukama wacu Yezu Kristu
Yomurikira amaso y’imishaha yacu,
kugira ngo turimbure ukwizigira yaduhamagariye twese uko kungana.

Alleluia.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (22, 1-14)

Igisomwa kigufi : 22, 1-10

Muri irya misi,
Yezu yishuye abakuru b’abasaserdoti n’abashingantahe b’igihugu mu kubacira uyu mugani ati : « Ubwami bw’ijuru busa n’umwami yariko araringaniza inzimano z’ubugeni bw’umuhungu wiwe. Araheza arungika abasuku biwe guhamagara abatumire ngo baze mu bugeni, na bo baranka kuza. Asubira gutuma abandi basuku ngo babwire nya batumire bati : ‘Naringanije inzimano, ibimasa n’ibindi bitungwa nabaze, vyose vyatunganye ; nimuze mu bugeni.’ Ariko baravyirengagiza barigira, uri uwugiye kwirabira itongo, uri uwugiye kwidandariza ; abandi na bo bafata ba basuku, barabakubita, barabica.

Nya mwami ngo avumve, arashavura, arungika ingabo ziwe guhonya bano bicanyi n’uguturira igisagara cabo. Hanyuma na ho abwira abasuku biwe ati : ‘Ivy’ubugeni biri mu buryo, ariko abari batumiwe ntibari babikwiye. Gende rero mu mahwane y’inzira, mubwire abo mubona bose baze mu bugeni.’ Nya basuku baca bihereza amayira, bakoranya abo bahasanze bose, ababi n’abeza ; inzu y’ubugeni iruzura.»

Igisomwa kigufi giherera aha

« Umwami rero yinjiye kuraba abazimanwa, arabukwa uwutambaye ivyambarwa vy’ubugeni, amubwira ati : ‘Mbega mugenzi, winjiye ngaha ute utambaye ivyambarwa bikwiye ubugeni ?’ Uno na we aranuma. Nya mwami abwira abasuku biwe ati : ‘Nimumubohe amaboko n’amaguru, mumute hanze mu mwijima, iyo aja kuririra akomanya amenyo.’ Kukaba nka ko rero, hahamagarwa benshi hagashimwa bake. »

IDOMINIKA YA 25 YO MU MWAKA (Umwâka A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (55, 6-9)

Ivyiyumviro vyanje si vyo rwanyu

Rondera Umukama igihe agishaka kuboneka,
mwambaze igihe akiri hafi.
Umubisha n’ahebe amayira yiwe,
umunyakabi n’ahindure ivyiyumviro vyiwe.
N’agaruke ku Mukama, na We azoheza amugirire ikigongwe ;
n’agaruke ku Mana yacu, na Yo iri n’imbabazi nyinshi.
Umukama yavuze ati :
« Ivyiyumviro vyanje ntibisa n’ivyanyu,
amayira yanje si yo yanyu.
Nk’uko ijuru rirengeye isi,
Niko amayira yanje arengeye ayanyu,
Ivyiyumviro vyanje bigasumba ivyanyu. »

IZABURI 144 (145), 2-3. 8-9. 17-18

Icit : Umukama yama hafi y’abamusaba

Nshaka kukuninahaza imisi yose,
Izina ryawe ntirizomva mu kanwa ;
Cane cane Umukama ni mukuru, arabikwiye,
ubukuru bwiwe ntibugira ingero.

Umukama ni Nyenimpuhwe n’ikigongwe,
ntakaza ishavu, yuzuye urukundo ;
Umukama agirira ineza bose,
agirira imbabazi ivyo yaremye vyose.

Umukama aratunganye mu vyivyumviro vyiwe vyose,
ni urukundo mu bikorwa vyiwe vyose ;
ntiyimira abamwitura,
yama hafi y’abamusaba mu kuri.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abanyafilipi (1, 20c-24. 27a)

Ubuzima bwanje ni Kristu

Ncuti zanje,
N’aho noba ndi muzima canke n’aho noba napfuye, Kristu azokwama aninahazwa mu mubiri wanje. Kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu, n’ugupfa kwombera akunguko. Ariko, ubuzima bwanje hano kw’isi bumpa uburyo bwo kugira ibikorwa vy’akamaro, none sinzi ico notora. Muri ivyo bibiri, numva mburaniwe : mu gihe kimwe nipfuza gutaha ngo mbane na Kristu, kuko ari ho vyoba vyo gusumba ; mu kindi gihe, nkabona ko kuguma hano kw’isi ari co cihutirwa kubera mwebwe. Mweho, nimwigenze nk’uko bibereye Inkuru Nziza ya Kristu.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.

Utwugururire umutima, Mukama,
dushobore kwumviriza amajambo y’Umwana wawe.
 

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (20, 1-16a)

None, undaba ribi kuko ngize neza ?

Muri irya misi,
Yezu yaciriye abigishwa biwe uyu mugani ati : « Ubwami bw’ijuru busa na nyenurugo yazindutse umutwenzi kurondera abamukorera mu murima w’imizabibu ; bemeranya idenariyo rimwe ku musi, aca abarungika m mizabibu yiwe. Ngo ahengere nko kw’isaha ya gatatu, akubitira kw’irembo, abona abandi bicaye ku nama ataco bakora ; araheza ababwira ati : ‘Namwe nimugende mu mizabibu yanje, ndabahemba impembo ibakwiye.’ Na bo baca barajayo. Ngo ahengere nko kw’isaha ya gatandatu no kw’isaha y’icenda, asubira gukubitira kw’irembo, agira nka kumwe kwa kare. Ngo ahengere nko kw’isaha y’icumi na rimwe, asubira kw’irembo, ahasanga abandi bibereye aho. Araheza ababwira ati : ‘Ni kuki mwiriwe muhagaze ataco mukora ?’ Bamwishura bati : ‘Ni uko twabuze uwutujana kumukorera.’ Na we ababwira ati : ‘Nimugende na mwebwe mu mizabibu yanje.

Bugorovye, nyenimizabibu abwira umubwiriza wiwe ati : ‘Gotora abakozi ubagerere, utangurire ku baherutse, uhereze ku baje ubwa mbere.’ Abo kw’isaha y’icumi na rimwe baje, umwe umwe bamuhereza idenariyo. Bamwe b’ubwa mbere na bo, bagira ngo baza kubarusha ; ariko na bo nyene, umwe umwe aronka idenariyo rimwe. Baryakira batonganya senaka bati : ‘Abo baje ubwa nyuma, ubagereranije natwe twishwe n’izuba, n’intuguta na bo bakoze isaha imwe !’ Na we rero abwira umwe muri bo ati : ‘Mbega, mugenzi, nakurenganije nte ? Ntitwari twemeranije idenariyo rimwe ? Fata rero ivyawe, ugende. Ni je nashatse kugerera uwaje ubwa nyuma nk’uko nakugereye nawe ; none hari ikimbuza kugenza ivyanje nk’uko ndabishaka ? Uheze undabe ribi kuko ngize neza ?’

Uko ni ko abanyuma bazoba abambere, abambere na bo bakaba abanyuma. »

IDOMINIKA YA 20 YO MU MWAKA (Umwâka A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (56, 1. 6-7)

Abana ba kavantara nzobajana ku murambi mweranda wanje

Ng’iri iriyazwe n’Umukama : Kurikiza ukuri, ukore ubutungane, kuko urukiza rwanje ruri hafi y’gushika, kandi ubutungane bwanje nuri hafi y’ukwiserura.
N’abana b’akavantara bêmeye gukurikira Umukama ngo bamukorere, bagakunda izina ryiwe, bakamubera abasavyi, ntibakengera umusi w’isabato, kandi bakagumya inanga ry’isezerano ryanje, abo nzobajana iwanje ku murambi mweranda. Nzobanezereza mu ngoro yanje nyeranda, inkuka zabo n’imbagwa zabo nzozakiriza yompi kuri altari yanje, kuko ingoro yanje izokwitwa « Ingoro abantu bose basengeramwo. »

IZABURI 66 (67), 2-3.5.6-8
Icit : Intara nizimenye yuko uri Imana, nizivyemere zose hamwe
Canke: Alleluya

Imana n’itugirire imbabazi, n’iduhezagire!
Inyonga zawe nizituboneshereze,
inzira yawe na yo n’imenyekane kw’isi,
intara zose nizimenye ko uri Umukiza.

Intara nizivyine zihimbarwe,
kuko uca urubanza rutunganye kw’isi;
uratwara ibihugu mu butungane,
ukayobora neza intara zo kw’isi yose.

Intara nizemere yuko uri Imana,
nizivyemere zose hamwe!
Imana n’ihezagirwe yongere isengwe
Kuva iyo isi iva ikagera.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (11, 13-15. 29-32)

Imana iratanga ikongera ikitorera

Ncuti zanje,
ndabibabariye mwebwe, mwa banyamahanga : ndi umutumwa ku banyamahanga, ndatera iteka ibanga nashinzwe ; ivyo vyose ndabigira ngo kumbure ab’iwacu bavyure umwikomo, mbone gukiza bamwe muri bo. None, ko aho bigirijweyo ariho isi yaciye isubira kwuzura n’Imana, umusi bazogarukira ho hazoba iki ? Nta kindi atari izuka mu bapfuye !
Na none, Imana iratanga ikongera ikitorera, ntisubiza inka mw’igabiro. Nk’uko na mwebwe kera mwari mwaragambarariye Imana, none ubu mwagiriwe ikigongwe kubera ubugambarazi bwabo, niko na bo nyene ubu bagambarariye Imana kubera ikigongwe mwagiriwe, kugirango na bo nyene ubu bakigiriwe. Imana yarugaranye abantu bose mu bugambarazi, kugira ngo ishobore kubagirira ikigongwe bose.

IKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
Yezu yariko arigisha Inkuru Nziza y’Ubwami,
kandi agakiza n’ubumuga n’indwara zose z’igihugu.
Alleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (15, 21-28)

Ewe wa mukenyezi, ukwemera kwawe ni kunini

Umusi umwe,
Yezu yari agiye amarora i Tiri na Sidoni. Hanyuma haza umukenyezi w’i Kanahani avuye muri ico gihugu, ashira ijwi hejuru avuga ati : « Ngirira ikigongwe, Mukama, Mwana wa Dawidi, akigeme kanje shetani yakishe. » Yezu ntihagira ico amwishura. Abigishwa biwe bamwegereye baramusaba bati : « Mwirukane adukure induru inyuma. » Yezu asubizayo ati : « Nta bandi banzanye atari intama z’Israeli zatakaye. » Nya mukenyezi amwegereye, aramupfukamira, avuga ati : « Ntabara se Mukama. » Yezu aramwishura ati : « Ntibikwiye ko umukate w’abana wohabwa utubunda. » Nya mukenyezi asubizayo ati : « Ni ivy’ukuri, Mukama ; ariko, utubunda turarya utuvunguka dukorotse tuva ku meza ya ba shebuja. » Yezu amwishura ati : « Ewe wa mukenyezi, ukwemera kwawe ni kunini ! Nibikubere rero nk’uko wipfuza. » Kuri iyo saha nyene, wa mwigeme wiwe aca arakira.