Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches (Page 55)
Archives de Catégorie: Dimanches
IDOMINIKA YA 17 YO MWAKA (Umwâka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere c’Abami (3, 5. 7-12)
Warisabiye umutima w’ubwitonzi
Umusi umwe, Salomo yari i Gabaoni, Umukama araheza aramubonekera mu ndoto, ati : « Nsaba ico noguha. » Salomo aramwishura ati : « Mukama, Mana yanje, jewe umusavyi wawe, ni Wewe wanyyimitse, nsubira ku ngoma ya Dawidi, umuvyeyi wanje ; none numva nkiri muto cane, sinzi gutegeka. Raba, umusavyi wawe ari hagati y’igihugu witoreye, igihugu amahanga ata n’umwe yoshobora n’uguharura ngo amenye abantu bari muri co uko bangana. None rero, tabaza umusavyi wawe umutima w’ubwitonzi, kugira ngo ashobore gutandukanya neza akabi n’akeza ; ahandi ho iki gihugu cawe kingana gutyo, ni nde yoshobora kugitwara ? »
Umukama aranezerwa n’ico gisabisho ca Salomo, amwishura ati : « Kubera ko wansavye ivyo, utansavye kuramba canke itunga ryinshi canke kumara abansi bawe, ariko wisabiye ubwenge n’ubwitonzi, jewe ndakugabiye ico wansavye : ndaguhaye umutima w’ubwitonzi ata n’umwe arigera aronka, kandi ata n’umwe azosubira kuronka. »
IZABURI 118 (119), 57. 72. 76-77. 127-128. 129-130
Icit : Ukuntu nkunda amabwirizwa yawe, Mukama !
Uruhara natoye, Mukama,
ni urw’ukugumya amategeko yawe.
Ijambo riva mu kanwa kawe rindutira
Amafeza n’inzahabu ibihumbi.
Ntabara, umpoze n’urukundo rwawe,
nk’uko wabiraganiye umusavyi wawe.
Ngirira imbabazi umpangaze,
kuko amabwirizwa yawe ampimbara.
Nico gituma nkunda amabwirizwa yawe
Kurusha n’inzahabu ityoroye.
Nico gituma ngendera ku mabwirizwa yawe,
nkanka ikinyoma cose.
Amategeko yawe ni akaroruhore,
Nico gituma umutima wanje uyazigama.
Ijambo ryawe riraboneshereza abatobato,
rikabaha ubwenge.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (8, 28-30)
Imana yatugeneye kugira agashusho k’Umwana wayo
Ncuti zanje,
Turazi neza ko Imana ifasha abayikunda, abo yitoreye nk’uko yabitegekanije, ikabagirira ivyiza. Abo yashimye kuva na kera, yarabageneye kuzofata agashusho k’Umwana wayo, kugira ngo uno Mwana abe imfura y’abavukanyi benshi cane. Abo yigeneye, ni bo kandi yatoye ; abo yatoye, ni bo kandi yagize intungane ; abo yagize intungane, ni bo kandi yaninahaje.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Uragahezagirwa, Mana Data, Mukama w’ijuru n’isi,
kuko wamenyesheje abatobato amabanga y’Ubwami bwawe.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (13, 44-52)
igisomwa kigufi : 13, 44-46
Ashora ivyo atunze vyose, ngo yigurire nya murima
Muri irya misi,
Yezu yaciriye iyi migani ishengero ry’abantu, ati : « Ubwami bw’ijuru busa n’itunga ryari rinyegeje mu murima ; hanyuma umugabo araryitorera, ararinyegeza. Aca ajana akanyamuneza kenshi, aja gushora ivyo atunze vyose ngo yigurire nya murima. Kandi Ubwami bw’ijuru busa n’umucuruzi yironderera intabonwa. Asanga intabonwa itari bwaboneke, aja gushora ivyo atunze vyose ngo ayigurire.
Igisomwa kigufi giherera aha
Kandi Ubwami bw’ijuru busa n’urusenga baterera mu kiyaga, hanyuma rugafata ifi z’ubwoko bwinshi. Rumaze kwuzura, abarovyi bakarukwegera ku nkombe, bakicara bagasobanura ifi nzizanziza bakabika, imbimbi na zo bakazita.
Ni uko bizomera ku muhero w’isi ; abamarayika bazoza basobanure ababi n’abeza, ababi batabwe mu nyenga y’umuririro, baharirire kandi baharyanishirize insya z’amenyo. Murumvise ivyo vyose ? » Baramwishura bati : « Turavyumvise. » Asubizayo ati : « Nico gituma umwigisha wese yigishijwe ibiraba Ubwami bw’ijuru ameze nka senaka mu rugo asobanura mw’itunga ryiwe ibintu bishasha n’ivya kera. »
IDOMINIKA YA 15 (Umwâka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (55, 10-11)
Imvura irarondora isi
Ng’iri iryavuzwe n’Umukama :
Nka kurya imvura n’ikime bigwa biva kw’ijuru ntibisubireyo bitavomeye isi ngo biyirondore, ibiterwa bikamera, umubivyi akaronka imbuto n’imfungurwa, niko n’ijambo rivuye mu kanwa kanje ritangarukako ritagize akamaro, ritaranguye ico nshaka, ridakoze ico naritumye.
IZABURI 64 (65), 10abcd. 10e-11. 12-13. 14
Icit : Imbuto zimwe zigwa mu busize bwinjiye, zirarondoka.
Uragendera isi ukayivubira,
ukongera ukayitungisha cane ;
inzizi z’Imana zuzuye amazi,
ni Wewe utanga amasaka.
Uko niko utunganya isi,
mu kuvubira imigāga yayo, mu kumenagura ibinonko ;
urabicucagira akavura nyako,
ugahezagira n’ibiyimezeko.
Umureko uwusagira ivyiza vyawe,
ku burari bwawe handagaye umugisha :
inyovu zirayagayaga,
imitumba na yo irigina.
Ku mitumba huzuye ubusho,
imibande yuzuye ingano.
Vyose vyigina mu kanyamuneza.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (8, 18-23)
Ibiremwa vyose vyiteze umusi ubuninahazwa bw’abana b’Imana buzohishurwa
Ncuti zanje,
Ku bwanje amagorwa yo ngaha kw’isi ntaho ahuriye n’ubuninahazwa twizigiye. Erega, ibiremwa vyose biriteze umusi ubuninahazwa bw’abana b’Imana buzohishurwa. Niko, isi yarabaye umuja w’ibitagira mvūrá, ariko ntiyavyishakiye, vyagizwe n’uwabiyisutsemwo. Ariko ubu irizigiye kuzokizwa ubwo buja bw’akabi, ishike mu buninahazwa bw’abana b’Imana ata nkomanzi.
Erega turazi neza ko gshika ubu isi yose yiganyira nk’umuvyeyi ari ku mbanyi. Kandi ga, si yo gusa, na twebwe nyene, n’aho tumaze kuronka ingabirano za mbere za Mutima Mweranda, turaciganyira mu mutima, twiteze ko umubiri wacu urokoka.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Imbuto ni ijambo ry’Imana, umubivyi na we ni Kristu.
Uwumwemera wese azoramba mu myaka yose.
Alleluya, alleluya
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (13, 1-23)
Igisomwa kigufi : 13, 1-9
Ubwami bw’ijuru busa n’umubivyi
Muri irya misi,
Yezu yavuye mu nzu aja kwicara ku nkombe y’ikiyaga ; abantu benshi bakoranira iruhande yiwe, araheza aja mu bwato, ishengero na ryo riguma ku nkombe. Hanyuma abwira abantu vyyinshi mu migani ati : « Hari umubivyi yitoye aja kubiba. Ariko arabiba, imbuto zimwe zigwa mu nzira, haza inyoni zirazinobagura. Izindi zigwa mu mabuye hatagira ivu rikwiye, zica zimera ningoga kuko zitarir zashitse mw’ivu ; izuba ngo ryake, rica riraziturira, kuko zitari zifise imizi, zica ziruma. Izindi mbuto zigwa mu mahwa ; ngo zimare gukura, arazizinga. Izindi zigwa mw’ivu ryiza ; zirarondoka, imwe yigira ijana, iyindi mirongo itandatu, iyindi mirongo itatu. Uwufise amatwi niyumve. »
Igisomwa kigufi giherera aha
Abatumwa begereye Yezu baramubaza bati : « Mbe igituma usigura mu migani ni iki ? » Arabasubiza ati : « Mweho mwarahawe kumenya amabanga y’Ubwami bw’ijuru, ariko bo iryo teka ntiibaritewe. Uwuri n’ico afise, bazomwongerereza atunge, na we uwutaco afise, bazomwaka n’utwo yahorana. Nico gituma ndabigisha mu migani, kuko bakanura ntibabone, bakumva ntibategere.
Ijambo Umuhanuzi Izaya yavuze ryabatahiye, ngo : ‘Muzokwumva n’amatwi yanyu ariko ntimuzotegera, muzorabisha amaso yanyu ariko ntaco muzobona ; kuko umutima w’ico gihugu wabaye ibuye : amatwi yabo bakayazibira, kugira ngo ntibaboneshe amaso yabo, ntibumvishe amatwi yabo, ntibategere mu muzirikanyi wabo, ntibahinduke ngo ndabakize.’
Amaso yanyu arahiriwe kuko abona, n’amatwi yanyu kuko yumva. Kuko ni ukuri ndababariye : abahanuzi n’abantu b’intungane benshi baripfuje kubona ico mubona ariko ntibakibonye, kwumva ico mwumva ariko ntibacumvise.
Mweho rero, umve ico umugani w’umubivyi uvuga. Iyo umuntu yumvise ijambo ry’Ubwami ntaritegere, Umwansi araza agaca arikura mu mutima wiwe : uwo muntu ni we yabibwe ku nzira. Uwabibwe ku mabuye na we, ni uwumva Ijambo agaca aryakirana akanyamuneza ; mugabo nta mizi rifise, rimara akanya gusa : haza amarushwa canke ikindi kiza gihama Ijambo, agaca aheba. Iyabibwe mu mahwa, ni umuntu yumvise ijambo, mugabo ivyiyumviro vy’isi n’itunga bigaca birizinga, ntiryame. Iyabibwe mw’ivu ryiza, ni uwumva Ijambo akaritegera neza ; uwo ni we yama imbuto, imwe ikagira ijana, iyindi mirongo itandatu, iyindi na yo mirongo itatu. »
IDOMINIKA YA 14 YO MU MWAKA A
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Zakariya (9, 9-10)
Ng’uyo umwami wawe araje iwawe, aje yicishije bugufi
Ng’iri iriyazwe n’Umukama :
Tamba utarike, mwigeme wa Siyoni !
Nezerwa uhimbarwe, mwigeme w’I Yeruzalemu !
Ng’uyo umwami wawe araje,
Ni intungane kandi ni intwari,
aje yicishije bugufi agendera ku ndogobwe,
ku ndogobwe ikiri ntoyi
Azokura ibitwazi vyo muri Efraimi,
be n’amafarasi yo muri Yeruzalemu ;
azovunagura umuheto w’indwano,
azokwiza amahoro mu makungu.
Inganji yiwe izova ku kiyaga ishike ku kindi,
Izoshemezwa kuva ku Ruzi gushika ku mpera y’isi.
IZABURI 144 (145), 1-2. 8-9. 10-11. 13cd-14
Icit : Nzohezagira izina ryawe imisi yose,
Mwami wanje, Mana mfise.
Canke : Alleluya.
Hinge nkuninahaze, Mwami wanje, Mana mfise,
Mpezagire izina ryawe imisi yose ntahengeshanya.
Eka nshaka kukuninahaza imisi yose,
Izina ryawe ntirizomva mu kanwa.
Umukama ni Nyen’impuhwe n’ikigongwe,
Ntakaza ishavu, akomeza urukundo ;
Umukama agirira ineza bose,
Agirira imbabazi ivyo yaremye vyose.
Ivyo waremye, Mukama, nibigushemeze,
abakunzi bawe nibaguhezagire !
Nibayage ubuninahazwa bw’ubwami bwawe,
Nibigâne hose ubutwari bwawe !
Umukama ni imvugakuri mu majambo yiwe,
ni urukundo mu bikorwa vyiwe vyose ;
araramira abashaka kugwa bose,
akagorora abagoramye bose.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (8, 9. 11-13)
Mutima wa Kristu ari muri twebwe, kandi azotuzura
Ncuti zanje,
Mweho, ntimukigenzwa n’umubiri, ariko mugenzwa na Mutima, kuko Mutima w’Imana abavyagiyemwo.
Umuntu atagira Mutima wa Kristu, si uw’Imana. Vyongeye, Mutima w’Uwazuye Yezu mu bapfuye, niyaba yarabagerereyemwo, Uwazuye Kristu mu bapfuye azoha ubuzima imibiri yanyu yiziziwe n’urupfu, mu kubagabira Mutima wiwe avyagiye muri mwebwe.
None rero, benewacu, umweranda dufise ntitumufitiye kamere y’umuntu idutegereza kwigenza nk’uko ibishaka. Nimwaba mwigenza nk’uko iyo kamere ibishaka, muzopfa ; ariko Mutima mwaronse niyaba abafasha kwiyonkora ibikorwa vy”umubiri, muzoramba.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Uragahezagirwa, Mana Data, Mukama w’ijuru n’isi,
kuko wamenyesheje abatobato amabanga y’Ubwami bwawe.
Alleluya, alleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (11, 25-30)
Ndi uwitonda kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima
Muri irya misi, Yezu yavuze aya majambo ati : « Dawe, Mukama w’ijuru n’isi, ndagushemeza kuko wahishije ivyo bintu abanyabwenge n’abahinga, ukabimenyesha ibitazi. Niko, Dawe, kuko ariko wabishatse.
Dawe yarampaye ibintu vyose, kandi nta n’umwe amenya Mwana atari Se, kandi ntawumenya Se atari Mwana, be n’uwo Mwana azoba yamumenyesheje.
Nimuze mwebwe mwese murushe kandi muremerewe, nzobaruhurira. Nimwemere inganji yanje, mukunde n’ivyo ndabigisha, kuko nitonda kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima ; niho muzoronka akoyoko k’imitima yanyu. Ni ivy’ukuri, inganji yanje ntiremereye, na vyo ivyo nzobashinga ntibizobavuna. »






