Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches (Page 66)

Archives de Catégorie: Dimanches

IDOMINIKA YA 13 YO MU MWAKA

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere c’Abami : 19, 16b. 19-21

Elize arahaguruka, akurikira Eliya

Muri irya misi, Umukama yabwiye umuhanuzi Eliya ati : “Urasiga amavuta Elize mwene Shafati, agusubirire mw’ibanga ry’ubuhanuzi.”

Avuye hano, asanga Elize ariko ararimisha inka mirongo ibiri na zine, na we azihagaze inyuma. Eliya amuca iruhande, amutererako umutamana wiwe. Elize aca asiga aho za nka, yiruka inyuma ya Eliya, amusaba ati : “Ndagusavye, nje gusezera data na mama, ndaheza ngaruke ngukurikire.”

Eliya amwishura ati : “Niwigire, ubonye hari ico nakugize!”

Elize aragenda, afata inka zibiri, arazibaga ; inyama azicaniriza ibiti vyari bifatanije nya nka, aragaburira abantu biwe barafungura. Hanyuma arahaguruka, akurikira Eliya, amubera umugendanyi.

IZABURI : 15 (16), 1. 2a. 5. 7-8. 9-10. 11

ICIT: Mukama, ni Wewe ntoranwa yanje.

N’unzigame, Mana yanje, kuko ari Wewe mahungiro yanje,

nabwiye Umukama nti : “Umukama ni Wewe.”

Mukama, ni Wewe ntoranwa yanje, ni Wewe ruhara rwanje,

ni Wewe natoranyeko iragi ryanje.

 

Mpezagira Umukama, We muhanuzi wanje,

Kandi mw’ijoro hari ico umutima umbarira.

Mpoza Umukama imbere yanje, kuri ico simpengeshanya,

kandi ko asanzwe ari iburyo bwanje sintirimuka.

 

Umutima wanje urahimbarwa, kandi umushaha wanje ukanezerwa,

umubiri wanje na wo ukaruhuka, ataco winona :

na none, ntiwondeka ngo mpfe rubi,

umugenzi wawe ngo aherere mu cobo.

 

Uzondangira inzira y’ubuzima,

imbere yawe agahimbare ni kose ;

iburyo bwawe akanyamuneza kazokwamaho imyaka yose.

 

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abagalati : 5, 1. 13-18

Mwahamagariwe kwidegemvya

Ncuti zanje,

Kristu yaturokoye ngo tube mu mwidegemvyo ; muragumye umutima rero kandi ntimusubire kwita mu bushumba.

Mweho, mwahamagariwe kwidegemvya : mugabo uwo mwidegemvyo ntimuwugire urwitwazo rwa kamere mbi yanyu, ariko urukundo nirubatume gufashanya. Ibiri mw’Ibwirizwa vyose birangukira kuri iri jambo rimwe : urakunda mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene. Mugabo nimwaryana mugashikurana, muragabe ntimumarane.

Ico ndababwiye ni iki : nimugenzwe na Mutima, niho mutazokurikiza ivyo kamere mbi yanyu yipfuza. Erega kamere mbi y’umuntu yipfuza ico umutima wanka, umutima na wo ukipfuza ico kamere y’umuntu yanka. Ivyo vyompi bikarwanira muri mwebwe, niho mubona mudakora ivyo mushaka. Mugabo, nimwaba muyoborwa na Mutima, ntimuzoganzwa n’Ibwirizwa.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.

Yaga, Mukama, kuko umusavyi wawe ariko arumviriza ;

Ni Wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera.

 

Alleluya.

 

Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka : 9, 51-62

Gukurikira Yezu mu nzira y’umusaraba

Umusi w’ugufatwa uhaye wegereza, Yezu agenda icese mu nzira irora i Yeruzalemu. Atuma integuza imbere yiwe ; na zo ziragenda, zija mu mihana y’Abanyasamariya kumuteguriza ; ariko ntibamwakira, kuko yaja i Yeruzalemu. Abigishwa biwe Yakobo na Yohani babibonye, baramubaza bati : “Mukama, ntiwoturekura tugahimiriza umuriro, ukabashungurukirako, ukabatikiza?” Arahindukira, arabakankamira ati : “Mwebwe mwaranyobeye : Umwana w’umuntu ntiyazanywe n’ugutikiza, yaje gukiza.”

Baca baja mu yindi mihana.

Bakiri mu nzira, sinzi umuntu agize ati : “Nzogukurikira aho uzoja hose.”

Yezu amwishura ati : “Imbwebwe zirafise uburumba zitahamwo, inyoni zo mu kirere zikagira ivyari ; ariko Umwana w’umuntu we ntagira n’aho akika umusaya.”

Hanyuma sinzi uwo yabariye ati : “Nkurikira.”

Uri uwundi ati : “Mukama, ndagusavye mbanze kuja guhamba dawe.”

Yezu na we aramwishura ati : “Reka abapfa bahambe abapfu babo ; nawe fashako wigishe Ubwami bw’Imana.”

Haza uwundi amubwira ati : “Nzogukurikira, Mukama ; ndagusavye gusa gusiga nsezeye ab’imuhira.”

Yezu aramwishura ati : “Uwufashe isuka yari agiye gukora agasubira inyuma gufufura, uyo ntakwiranye n’Ubwami bw’Imana.”

IDOMINIKA YA 12 YO MU MWAKA

Croix de Pennavern.JPG

Croix de Pennavern.JPG (Photo credit: Wikipedia)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Zakariya (12, 10-11. 13, 1)

(Bazokwihweza uwo basogose)

Ng’iri ijambo Umukama avumereye :

Abo mu muryango wa Dawudi n’abo muri Yeruzalemu nzobaronsa umutima mwiza. Bazoheza bihweze uwo basogose ; bazomuririra nk’abaririra umwana w’ikinege, babogoza nk’abaririra umwana w’imfura. Muri ico gihe, i Yeruzalemu hazokwaduka induru n’iminiho, nka kumwe yari i Hadadi-Rimoni, mu kiyaya ca Megido. Kuri urya munsi, isoko ry’mazi rizodudubiriza abo mu muryango wa Dawudi n’abo muri Yeruzalemu, ngo ribakize igicumuro cose n’iceyi cose.

IZABURI 62(63), 2abcd. 2e-4. 5-6. 8-9

ICIT : Umutima wanje urakunyotewe, Mukama, Mana mfise.

Mana, ni Wewe Mana yanje,

Mpora ndondera kuva mu gitondo ca kare ;

umutima wanje urakunyotewe.

Nanje ndakwipfuza,

muri iyi si yase imigaga itagira n’ikinyotera.

 

Niko, narakubonye mu ngoro yawe,

ndihweza ububasha n’ubuninahazwa bwawe ;

niho urukundo rwawe rwandutira amagara,

ngashobora kugushimagiza!

 

Niko, nzoguma nguhezagira umwanya nkiriho,

nzokwayira iminwe izina ryawe ;

niho nzohimba nk’uwagaburiwe imisoso n’ibinure,

nzoguhaya mpimbarwe n’ukuguhoza mu kanwa.

 

Nkako, waje kuntabara :

nanje nakuvugirije impundu ndi mu mutamana wawe!

Umutima wanje wose uraguhurumbira,

ukuryo kwawe ni kwo kunshigikiye.

 

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abagalati (3, 26-29)

(Ko mwabatijwe muri Kristu, mwambaye Kristu)

Ncuti zanje,

Mwese muri abana b’Imana kubera ukwemera mufise muri Kristu Yezu. Mwese, ko mwabatijwe muri Kristu , mwambaye Kristu ; nta Muyahudi canke Umugreki, nta mushumba canke uwidegemvya, nta mugabo canke umugore bakiriho, kuko mwese muri umwe muri Kristu Yezu. Nimwaba muri aba-Kristu, muri uruvyaro rwa Ibrahimu, n’umuhango Imana yamwemereye nimwe mwawurazwe.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya

Umukama yavuze ati : “Intama zanje zirumviriza ijwi ryanje, kandi ndazizi na zo zikankurikira.”

Alleluya.

Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka (9, 18-24)

(Petero yerekana ukwemera kwiwe)

Umunsi umwe, Yezu yariko arasengera ahiherereye, abigishwa biwe na bo bari kumwe. Araheza arababaza ati : “Mwumva abantu bavuga ngo ndi nde ?” Baramwishura bati : “Bamwe bavuga ngo uri Yohani Batista, abandi ngo uri Eliya, abandi ngo uri umuhanuzi yazutse muri bamwe ba kera.” Yezu araheza arababaza ati : “Mweho, muvuga ngo ndi nde ?” Petero, aba ari we avuga, yishura ati : “Uri Kristu w’Imana.”

Araheza arabihanikiriza ashimitse ngo ntihagire uwo babibwira, ati : “Umwana w’umuntu abwirizwa kubabara menshi, agacibwa n’abashingantahe n’abasaserdoti n’abanditsi, akicwa, hanyuma akazuka ku munsi ugira gatatu.”

Hanyuma bose ababwira ati : “Uwushaka kungendanira niyihebe we nyene, yikorere umusaraba wiwe w’iminsi yose, ankwirikire. Nkako, uwuzoshaka kurokora ubuzima bwiwe azobubura, na we uwuzobuheba kubwanje azoburokora.”

 

IDOMINIKA YA 11 YO MU MWAKA C

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri ca Samuweli 12, 7-10.13

(Dawudi agaya igicumuro ciwe Imana ikamugirira ikigongwe)

Dawudi amaze gucumura, Umukama yamutumyeko umuhanuzi Natani. Ashitseyo, aramubarira ati : “Ng’iri iriyazwe n’Umukama Imana y’Israeli : naragusize amavuta, nkugira umwami w’Israeli, naragukijije Sauli, ingabo z’umwansi wawe narazigutsindiye, (abagore ba shobuja narabaguhaye), naraguhaye ingoma ya Israeli n’iya Yuda. Ni vyaba bidakwiye nzokwongera ibindi. None ni kuki wakengereye Umukama ugakora ibimushavuza? Warakubise Uriya wo mu bahititi, araryama, umugandaguza inkota y’Abamoniti, umugore wiwe na we uramwitwarira. None rero, inkota ntizova mu muryango wawe, kuko wankengereye ugatwara muka Uriya, Umuhititi, ukamugira umugore wawe.”

Dawudi araheza abwira Natani ati : “Nacumuye ku Mukama!”

Natani aramwishura ati : “Noneho Umukama arakurekuriye igicumuro cawe, ntuzopfa.”

 

IZABURI 31 (32), 1-2.5.7.11

ICIT : Undekurire, Mukama, ikibi nakoze.

Hahiriwe uwarekuriwe igicumuro,

uwakize akabi kiwe;

hahiriwe urya Umukama ataco yagiriza.

 

Navuze nti : “Ngiye gutumbera Umukama,

nirege ibicumuro nakoze.”

Nawe, Mukama, warandekuriye ikibi nakoze.

 

Ni Wewe mahungiro yanje,

urankiza amarushwa;

wongere unkikize impundu z’uko ndokotse.

 

Nezerwa, himbarwa n’Umukama,

mwa bantu b’intungane;

mutambe, mutarike,

mwebwe mufise umutima ugororotse.

 

 

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abagalati 2, 16. 19-21.

(Ukwemera Kristu nikwo kwadukijije)

Ncuti zanje,

Kuko tuzi ko umuntu ataba intungane kubera ibikorwa vy’Ibwirizwa ry’Abayahudi, ariko amuba kubera ukwemera Yezu Kristu, natwe twaremeye Kristu Yezu, kugira ngo tube intungane kubera ko twemera Kristu, atari kubera ibikorwa vy’Ibwirizwa. Na kare, Ibwirizwa ni ryo ryantumye guheba Imigenzo y’Abayahudi, ngo mbe muzima mu Mana.

Nabambanywe na Kristu : ninaba ndi muzima, sije ndi muzima, ni Kristu ari muzima muri jewe. Ivyo nkora ubu nkiri mu kamere y’umuntu, ndabikora mu kwemera Umwana w’Imana yankunze akanyigura. Simpfisha ubusa ingabirano y’Imana, kuko ni bwaba ubutungane bwavuye kw’Ibwirizwa, Kristu azoba yapfiriye ubusa.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.

Imana yaradukunze, irarungika Umwana wayo kuba iciru c’ibicumuro vyacu.

Alleluya.

Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditswe na Luka 7, 36-8,3.

Umunsi umwe, umwe mu Bafarizayo yari yatumiye Yezu ngo amuzimane; Yezu rero arinjra mu nzu iwe, araheza aricara ngo afungure. Haza umugore yigenza nabi muri ico gisagara ; yari yamenye ko Yezu yatumiwe mu nzu y’Umufarizayo, araheza azana agacupa k’ibimoga neza, aja inyuma yiwe hafi y’ibirenge vyiwe, ararira amutonyangiriza amosozi ku birenge, abihanaguza imishatsi yo ku mutwe wiwe, aja arabisoma kandi abisiga ibimoga neza.

Wa Mufarizayo yamutumiye abibonye, yibwira ati : “Iyo uyu muntu aba yari umuhanuzi, yari kumenya uyu mugore amukorako uwo ari we n’ingene agenze, ko ari umunyabicumuro.”

Yezu na we amubwira ati : “Simoni, hari ico ngomba kukubaza.”

Na we ati : “Yaga, Mukama.”

Yezu aramwishura ati : “Habaye umuntu yari afise abamufitiye imyenda babiri : umwe yari amufitiye amadenariyo amajana atanu, uwundi mirog’itanu. Babuze ico bishura, abarekurira bompi. None, muri bompi, uwuzomukunda kuruta uwundi, ni nde?”

Simoni aramubwira ati : “Ngira ngo ni uwarekuriwe umwenda munini.”

Yezu aramubwira ati : “Waharashe !”

Ahindukiye araba wa mugore, abwira Simoni ati : “Uyu mugore uramubona ? Ninjiye mu nzu yawe, ntiwansuka amazi ku birenge ; ariko we, kuva aho yinjiriye, yabibombekesheje amosozi yiwe, abihanaguza imishatsi yiwe. Ntiwansomye ; ariko we, kuva aho yinjiriye, ntiyigeze ahengeshanya gusoma ibirenge vyanje. Umutwe wanje ntiwawusize ; ariko we, ibirenge vyanje yabisize ibimoga neza. Ni co gituma ndabikubwiye, ibicumuro vyiwe vyinshi biragiriwe ikigongwe, kuko yerekanye urukundo rwinshi ; ariko uwo barekuriye bike, yerekana urukundo ruke. »

Araheza abwira wa mugore ati : “Ibicumuro vyawe biragiriwe ikigongwe.”

Abo bari kumwe ku meza batangura kwibwira bati : “Uyu muntu arekura ibicumuro ni umuntu nyabaki ?”

Yezu rero abwira nya mugore ati : “Ukwemera kwawe kwagukijije, genda amahoro.”

(Igisomwa kigufi giherera ngaha)

Hanyuma rero, Yezu agenda mu bisagara no mu mihana, amenyesha Inkuru Nziza y’Ubwami bw’Imana. Bamwe cumi na babiri bari kumwe ; n’abagore bamwe yari yakuyemwo imitima mibi akabakiza n’ubundi bumuga, bari inyuma yiwe : Mariya ari we Magdalena (yari yakuyemwo amashetani indwi), Yohana umugore w’icariho ca Herodi, Suzana n’abandi bagore benshi bama babafashisha ivyabo.