Évangéliser les aréopages contemporains

Archives de Catégorie: Fêtes

UMUSI MUKURU W’UMURYANGO MWERANDA (Umwaka B)

presentation-of-jesus-at-the-temple-7669(Iyo habuze umusi w’Imana mu misi umunani ikurikira Noheli, bagira uwo musi mukuru kw’igenekerezo rya 30 Kigarama, kandi, imbere y’Inkuru Nziza, batora igisomwa kimwe gusa muri vya bisomwa bibiri vyabigenewe.
Mu guhimbaza uwo musi mukuru, iyo babishatse mu mwaka B, igisomwa ca mbere n’ica kabiri biba ibi bikurikira:

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko (15, 1-6 ; 21, 1-3)

Uwuzova mu bura bwawe ni we azotorana ivyawe

Hanyuma y’ivyo, Umukama yabonekeye Abramu, amubwira ati: «Ntutinye, Abramu, jewe ndi inkinzo yawe; impera uzoronka ni nyinshi cane.» Abramu amwishura ati: «Mukama Mana, uzompa iki? Ko ngiye gupfa ata kana nsize kandi uwuzotorana ivyanje ari Eliyezeri w’i Damasi?» Abramu avuga ati: «Erega nta ruvyaro wampaye kandi uwuzotorana ivyanje ni umwe wo mu rugo rwanje.» Araheza Umukama aramuvumerera iri jambo ngo: «Uwo si we azotorana ivyawe, ariko umwe ava mu bura bwawe ni we azobitorana.»

Hanyuma, Umukama amujana hanze, amubwira ati: «Tereza amaso kw’ijuru, uheze uharure zirya nyenyeri niwaba ubishobora.» Yongera ati: «Uruvyaro rwawe (suite…)

Relevez-vous, n’ayez pas peur des difficultés. Ayez confiance en Jésus et marchez.

En ce dimanche de la transfiguration du Seigneur, comme Pierre, Jacques et Jean, nous sommes nous aussi invités à gravir le Thabor avec Jésus. Il se révèle à nous comme Fils de Dieu et sa Transfiguration annonce notre appel à partager sa même condition dans la gloire. De par notre foi et notre baptême, nous sommes devenus fils dans le Fils. Les textes d’aujourd’hui (suite…)

Ku wa 25 Nzero: UGUHINDUKA KWA PAWULO MWERANDA. Umusi Mukuru

IGISOMWA CA MBERE
 
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (9, 1-20)
 
conversion-st-paulMuri irya misi,

Sawuli yahora ahama abigishwa b’Umukama abipfuriza urupfu, agenda ku muherezankuka mukuru, amwaka amakete ngo ashobore kuja mu masinagoga y’i Damasi kugira ngo niyabona abantu bakurikira inzira ya Yezu, abagabo n’abagore, abafate abajane i Yeruzalemu baboshwe. Ageze mu nzira ari mu gushikira i Damasi, buno nyene umuco uvuye mw’ijuru uramuhwikira. Agwa hasi, yumva ijwi rimubarira riti : « Sawuli, Sawuli, umpamira iki ? » Arishura ati : : « Uri nde, ga Mukama ? » Umukama ati : « Ndi Yezu uriko urahama. Va hasi, ugende mu gisagara, ni ho bazokubwira ico ubwirizwa gukora. » Abantu bari bamuherekeje baca barahagarara, ubwoba bwabatekeye, batamariwe kuko bumva ijwi ata muntu babona. Sawuli ava hasi, ariko n’aho yakanura ntaco yabona, bamufata ukuboko bamujana i Damasi. Amaraho gatatu ata co abona, ata co anywa, ata co arya.

 

Ico gihe, i Damasi hariho umwigishwa yitwa Hananiya. Umukama aramubonekera amubwira ati : «Hananiya!» Na we yishura ati : «Ndi hano, Mukama.» Umukama amubwira ati : «Va hasi, ugende kw’ibarabara rigororotse, urondere mu nzu ya Yuda umuntu yitwa Sawuli w’i Tarsi, ariko arasenga.» Kandi Sawuli abona mu ndoto umuntu yitwa Hananiya yinjira akamugaranzurirako iminwe ngo abone. Hananiya arishura ati : «Mukama, numvise bavuga ko uyo muntu yagiriye nabi abatagatifu bawe i Yeruzalemu. Kandi ngaha afise ubukuru yahawe n’abaherezankuka bakuru ngo abohe abasenga bose.» Umukama nawe ati : «N’ugende, kuko uyo muntu ari intumwa nitoreye ngo imenyeshe izina ryanje abanyamahanga, abami n’abana b’Israyeli. Kandi nzomwereka amagorwa azobona kubera izina ryanje.»

Hananiya aragenda, ashitse mu nzu, agaranzurira iminwe kuri Sawuli avuga ati : «Sawuli, mwenewacu, Umukama Yezu, umwe yakubonekera mu nzira, aho waza, yandungitse ngo ubone kandi uhabwe Mutima Mweranda.» Buno nyene homoroka utuntu ku maso yiwe, aca arabona. Ava hasi, amaze kurya arakomera.

 

Sawuli amara imisi hamwe n’abigishwa bari i Damasi, aca atangura kwigisha ivya Yezu, ko ari we Mwana w’Imana. Abamwumva bose baratangara bavuga bati: «Uwo si umwe yahora agenza abatabaza iryo zina rya Yezu i Yeruzalemu? Ntiyazanywe ngaha n’ukubaboha ngo abajane imbere y’abaherezankuka bakuru?» 22 Mugabo Sawuli arushirizaho gukomera, agahinyuza Abayuda b’i Damasi abereka ko Yezu ari we Kristu.
 
IZABURl 116 (117) 1-2
 
Icit. : Kwire isi yose,
          mushikirize Inkuru nziza ikiremwa cose.
 
Ntara zose, nimuninahaze Umukama !

Bihugu vyose, nimumushemeze !

 

Kuko ubuntu bwiwe bwabaye akayazwe mu bantu,
none na ryo iteka ryiwe ryamaho imyaka yose.

INKURU NZIZA
 
Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati :
« Ni je nabatoye

Nabashinze ngo mugende mwame ivyamwa, kandi ivyamwa bihoraho »

Aleluya.
 
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (16, 15-20)
 
Amaze kuzuka, Yezu yabariye bamwe cumi n’umwe ati : « Kwire isi yose, mushikirize Inkuru Nziza ikiremwa cose. Uwuzokwemera akabatizwa azorokoka, uwutazokwemera azocibwa. Ibimenyetso bizoranga abazoba bemeye ni vyo vy’ibi : kw’izina ryanje, bazokwirukana amashetani, bavuge indimi nshasha, bafate inzoka mu minwe, kandi nibanywa uburozi bwica, nta co buzobagira. Bazogaranzurira ibiganza ku barwaye, na bo bace bakira. »