Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Fêtes & Solennités (Page 14)

Archives de Catégorie: Fêtes & Solennités

UMUSI MUKURU W’ISAKRAMENTU RYERANDA

IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ukwibutsa Amategeko (8, 2-3. 14b-16a)

(Yaraguhembuje imfungurwa utari bwabone
Kandi ba sogokuruza bawe batari bwafungure)

Muri irya misi, Musa yabwiye umuryango w’Israeli ati : « Israeli we, urame wibuka rwa rugendo Umukama Imana yawe yakugirishije mu gahinga imyaka mirongo ine yose, kugira ngo agucishe bugufi, akugerageze, amenye akari mu mutima wawe, kugira ngo arabe ko uzokwumvira amabwirizwa yiwe canke ko uzomugambararira. Yaragucishije bugufi, akwumvisha inzara, aguhembuza mana utari bwabone kandi na ba sogokuruza bawe batari bwafungure, kugira ngo akwereke ko umuntu adatungwa n’indya gusa, ariko abeshwaho kandi n’ijambo ryose rivuye mu kanwa k’Imana.

Ntuze wigere wibagira ko Umukama Imana yawe ari We yagukuye mu gihugu ca Misiri, (suite…)

UMUSI MUKURU WA PENTEKOTI

Ku musi mukuru wa Pentekoti

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (2, 1-11)

Bose buzura Mutima Mweranda

Esprit-SaintUmusi wa Pentekoti wasanze abatumwa bose bakoraniye hamwe. Niho hwavyuka intureka iva mw’ijuru imeze nk’umuyaga w’igihuhusi, wuzura inzu barimwo hadaciye n’akanya. Babona haserutse imbeya zimeze nk’indimi z’umuriro, ziricagagura zija guhagarara ku mutwe w’umwe wese mu bari aho. Bose rero buzura Mutima Mweranda, batangura kuvuga izindi ndimi ku rugero Mutima Mweranda abahaye kuzivuga.

I Yeruzalemn na ho, hari hagerereyemwo abantu bubaha Imana, bari bavuye mu ntara zose ziri munsi y’ijuru. Aho bumviye intureka, abantu bose barashwabaduka bumiwe bwumirwe, kuko umwe wese yumva abatumwa bavuga ururimi rw’iwabo. Bagwa mu gahundwe, baraheza bagira bati : « Aba bantu bavuga, si ab’i Bugalile ? Bigenze bite (suite…)

UMUSI MUKURU WA PENTEKOTI: Ku mugórōba urōngôra Pentekoti.

Umwaka A, B na C (ibisomwa ntibihinduka)

IGISOMWA CA MBERE

Igisomwa ca mbere, bagitora mu bisomwa bine bikurikira :

Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko : 11, 1-9

BabbelAho hantu bahita Babeli, kuko ariho Umukama yayoberanirije ururimi rwabo

Muri ico gihe, abantu bose bavuga ururimi rumwe, bagakoresha amajambo amwe. Ni uko : bariko barimuka bagana i Burasirazuba, babona ikiyaga mu gihugu c’i Shinari : bagereraho. Baraheza barvugana bati : « Ngo tubumbe amatafari, tuyaturire neza. » Bakoresha amatafari ha gukoresha amabuye, na kaburimbi mu kibanza c’ubudongo. Bavugana bati : « Ngo twiyubakire igisagara (suite…)