Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Fêtes & Solennités (Page 17)
Archives de Catégorie: Fêtes & Solennités
Ku wa 19 Ntwarante: Yozefu Mweranda, Umukunzi wa Bikira Mariya.
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri ca Samuweli (7, 4-5a. 12-14a. 16)
Umukama Imana azomuha ingoma ya se wiwe Dawudi
Muri iryo joro nyene, ijambo ry’Umukama rishikirizwa Natani, riti : « Genda ubwire umusavyi wanje Dawudi uti : Niwamara kumara urw’abagabo, ukaja gusanga ba sogokuru bawe bahise, nzobungabunga akaryango k’uruvyaro rwawe, nongere nkomeze ingoma yarwo. Uwuzoba yamuka kuri wewe, ni we azokwubakira izina ryanje ingoro, nanje ndamukomereze imisi yose intebe y’ubwami bwiwe. Nzomubera se, na we ambere ikibondo. Umuryango wawe n’ubwami bwawe bizoramba mu maso yanje na ntaryo ; intebe yawe izohangama gushika no ku nyoni y’ici. »
Izaburi 88 (89), 2-3. 4-5. 27. 29
Icit : Umuryango wiwe uzokwamaho imyaka yose.
Urukundo rwawe, Mukama, ndaruririmba ubudahengeshanya,
inzaruka zose nzozimenyesha ko uzira guhemuka.
Erega navuze nti : « Urukundo rwawe ruravyagiye ubutakihava ;
mw’ijuru niho washinze ingingo yawe izira guhemuka. »
« Twagize ubumwe twe n’uwo nitoreye, (suite…)
Ku wa 25 Nzero: UGUHINDUKA KWA PAWULO MWERANDA. Umusi Mukuru
Sawuli yahora ahama abigishwa b’Umukama abipfuriza urupfu, agenda ku muherezankuka mukuru, amwaka amakete ngo ashobore kuja mu masinagoga y’i Damasi kugira ngo niyabona abantu bakurikira inzira ya Yezu, abagabo n’abagore, abafate abajane i Yeruzalemu baboshwe. Ageze mu nzira ari mu gushikira i Damasi, buno nyene umuco uvuye mw’ijuru uramuhwikira. Agwa hasi, yumva ijwi rimubarira riti : « Sawuli, Sawuli, umpamira iki ? » Arishura ati : : « Uri nde, ga Mukama ? » Umukama ati : « Ndi Yezu uriko urahama. Va hasi, ugende mu gisagara, ni ho bazokubwira ico ubwirizwa gukora. » Abantu bari bamuherekeje baca barahagarara, ubwoba bwabatekeye, batamariwe kuko bumva ijwi ata muntu babona. Sawuli ava hasi, ariko n’aho yakanura ntaco yabona, bamufata ukuboko bamujana i Damasi. Amaraho gatatu ata co abona, ata co anywa, ata co arya.
Hananiya aragenda, ashitse mu nzu, agaranzurira iminwe kuri Sawuli avuga ati : «Sawuli, mwenewacu, Umukama Yezu, umwe yakubonekera mu nzira, aho waza, yandungitse ngo ubone kandi uhabwe Mutima Mweranda.» Buno nyene homoroka utuntu ku maso yiwe, aca arabona. Ava hasi, amaze kurya arakomera.
Bihugu vyose, nimumushemeze !
Nabashinze ngo mugende mwame ivyamwa, kandi ivyamwa bihoraho »
EPIFANIYA Y’UMUKAMA
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (60, 1-6)
Ubuninahazwa bw’Umukama bwagusaze wese
Yeruzalemu we, haguruka, tamanzura : umuco wawe waserutse,
ubuninahazwa bw’Umukama bwagusaze.
Nayo umwijima watwikiriye isi,
umuzimiza wazimije igihugu ;
ariko weho Umukama yakugarukiye,
ubuninahazwa bwiwe buhagaze hejuru yawe.
Intara ziza zigana umuco wawe,
abami na bo birukira izuba rirasiye iwawe.
Tereza amaso irya n’ino urabe :
bose bakoranye kandi baje iwawe ; (suite…)







