Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Fêtes & Solennités (Page 21)

Archives de Catégorie: Fêtes & Solennités

Ku wa 4 Gitugutu : Fransisko Mweranda w’i Asizi, Umuvunyi w’Ubutaliyano. Umusi Mukuru

Igisomwa ca mbere
Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyagalati (6, 14-18)

franc%cc%a7ois-dassiseNcuti zanje,
Jeho, icompa ntihagire ikindi kininahaza, ndetse umusaraba w’Umukama wacu Yezu Kristu, watumye ivy’isi bimbambirwa nanje nkabibambirwa. Nanone, ukugenyerwa canke ukutagenyerwa, nta kamaro, igishemeye ni ukuba ikiremwa gishasha. Abazokurikira iryo tegeko bose, ndabipfurije amahoro n’ukugirirwa ubuntu, ndavyipfurije kandi Israyeli y’Imana. Kuva ubu ntihagire uwucirirwa arangora, kuko ntwara mu mubiri wanje inkovu za Yezu. Benewacu, nimwamane mu mutima wanyu umugisha w’Umukama wacu Yezu Kristu. Amen!

Izabuli 16 (15)
Icitabirizo 
: Umukama ni we ntoranwa yanje.

Uranzigama Mana, kuko ari wewe mpungirako.
Nabwiye Imana nti: «Uri Umukama wanje,
Umukama ni we cibare natoranye, ni we gikombe canje;
ni wewe ushigikiye umugabane wanje. (suite…)

Ku wa 24 Myandagaro: Bartolomeo Mweranda, Umutumwa. (Umusi Mukuru).

IGISOMWA CA MBERE.
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ivyahishuriwe Umutumwa Yohani. (21, 9b-14)

Saint BarthelemyHanyuma haza umwe muri ba bamarayika indwi bari bafise vya bikombe indwi vyuzuye amashano y’imperuka, aranganiriza ambwira ati: «Ingo ino nkwereke umugeni, wa mugore w’Umwagazi.» Araheza mu vyiyumviro aranjana ku musozi munini kandi muremure, anyereka igisagara ceranda ca Yeruzalemu kimanuka kiva mw’ijuru kwa Mana. Carakayangana n’ubuninahazwa bw’Imana. Umwakaka waco wasa n’uw’ibuye ry’akabuyenge ry’igiciro ntangere, nk’akabuyenge gaca ibibatsi kitwa iyasipi. Cari gifise urugo runini kandi rurerure, cari gifise inzugi icumi na zibiri, iruhande y’izo nzugi hakaba abamarayika icumi na babiri n’amazina yanditseko ari yo mazina icumi n’abiri y’imiryango y’Israyeli. Mu buseruko inzugi zitatu, mu buraruko inzugi zitatu, mu bumanuko inzugi zitatu no mu burengero inzugi zitatu.  Urugo rw’igisagara rwari rufise amashimikiro icumi n’abiri no kuri ya mashimikiro icumi n’abiri hariko amazina icumi n’abiri y’abatumwa b’Umwagazi

IZABULI 144 (145), 10-12,12-13ab;17-18

Icitabirizo
Aberanda bawe Mukama, ni bayage ubuninahazwa bw’inganji yawe

Ivyo waremye vyose, Mukama, bizogushimagiza,
abayoboke bawe na bo bazoguhezagira.
Bazorata iteka ry’ubwami bwawe,
bayage ububasha bwawe.

Kugira ngo bamenyeshe abana b’abantu ibikorwa vyawe vy’agatangaza,
n’iteka rininahaye ry’ubwami bwawe.
Ubwami bwawe ni ubwami bw’intahava,
inganji yawe izoganza uko imvyaro zizogenda zirakurikirana.

Umukama ni intungane mu nzira ziwe zose,
akoresha ubuntu mu bikorwa vyiwe vyose.
Umukama yama hafi y’abamutabaza bose,
abamutabaza bose mu kuri

INKURU NZIZA

Alleluya, Alleluya
Mwigisha, uri Umwana w’Imana, uri Umwami w’Israyeli!
Alleluya.

Inkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (1,45-51)

Muri irya misi, Filipo ahura na Natanayeli, amubwira ati: «Uwo Musa yanditse avuga mw’Itegeko, n’Abahanuzi nyene bakamuvuga, twamubonye. Ni Yezu, mwene Yozefu, w’i Nazareti.»  Natanayeli na we aramwishura ati: «Hari iciza cova i Nazareti?» Filipo aramwishura ati: «Ingo, wirabire!» Yezu abona Natanayeli aje amugana, amubwira ati: «Ng’uwu Umunyisrayeli w’ukuri, azira ikinyoma.» Natanayeli aramubaza ati: «Wamenyeye hehe?» Yezu amwishura ati: «Aho wari munsi y’umutenahi, Filipo ataranaguhamagara, nakubonye.» Natanayeli aca amubwira ati: «Mwigisha, uri Umwana w’Imana, uri Umwami w’Israyeli!» Yezu asubizayo, amubwira ati: «Wemejwe n’uko nkubwiye nti: “Nakubonye munsi y’umutenahi!” Hinge uzobona ibiruta ivyo.»  Arongera amubwira ati: «Ni ukuri, ni ukuri ndabibabwiye, muzobona ijuru ryuguruwe n’abamarayika b’Imana burira bongera bamanuka aho Umwana w’umuntu ari.»

Ku wa 10 Myandagaro: Lawurenti Mweranda, Umudiyakoni yapfiriye Umukama. (Umusi Mukuru)

Ivyo dusoma mw’Ikete rya 2 Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti ( 2 Kor 9, 6-10)

SAINT-LAURENTNcuti zanje,
Bitegere namwe, uwubiba bike azokwimbura bike, uwubiba vyinshi azokwimbura vyinshi. Umwe wese natange ico yiyumviriye mu mutima, ntabitangane amarira canke agahato, kuko Imana ikunda utangana akamwemwe. Erega Imana ishobora kubahunda ivyiza vyinshi, mukamana imisi yose muri vyose ivyo mukeneye vyose, maze mugasagarara mu bikorwa vyiza vyose,  nk’uko vyanditse ngo: «Yatanze atitangiriye itama, aha aboro, ubutungane bwiwe bwamaho imyaka yose.»  Uwutabaza umubivyi imbuto n’umukate wo gufungura azobatabaza namwe imbuto agireko ayisesekaze, kandi azogwiza ivyavuye ku butungane bwanyu.

IZABULI : Ubuhirwe bw’intungane 111 (112)
Icitabirizo: Harahiriwe umuntu yubaha Umukama

Hahiriwe umuntu yubaha Umukama, (suite…)