Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Fêtes & Solennités (Page 23)
Archives de Catégorie: Fêtes & Solennités
KU WA 24 RUHESHI : IVUKA RYA YOHANI BATISTA
KU MUGOROBA URONGORA UYO MUNSI MUKURU
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya (1, 4-10)
Imbere y’uko usamwa mu nda y’uwakwibarutse, nari ndakuzi
Mu gihe c’umwami Yosiyasi, Umukama yambwiye aya majambo ati : “Imbere y’uko usamwa mu mbanyi y’uwakwibarutse, nari ndakuzi ; utaranavuka, nakugeneye kuba umuhanuzi mu bihugu.”Nanje ngira nti : “None ga Mukama Mana, ko ntazi kuvuga, nkiri umwana!”
Umukama asubizayo ati : “Nturuhe uvuga ngo uri umwana, genda ariho ku bo nkurungitseko, ubabwire ivyo ngutumye vyose. Ntubatinye, turi kumwe, ndaguhagarikiye ; ng’iryo ijambo ry’Umukama.”
N’uko rero ankora ku munwa, ati : “Aho rero ngushizemwo amajambo yanje. Menya ko uyu munsi ngushinze ibihugu n’intara z’abami, ngo urandure, usenyure, usambure, uheze wubake kandi uteragire.”
IZABURI 70 (71) 1-2, 3-4b, 5-6ab, 15ab
Icit : Warantoye urantonesha ntaranavuka!
Mukama, ni Wewe mpungirako,
sinzokwigera nteterwa ; (suite…)
UMUSI MUKURU W’UMUSHAHA MWERANDA WA YEZU (Umwaka C)
Igisomwa ca mbere.
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeli (34, 11-16)
Urukundo Umukama afitiye ubusho bwiwe
Ng’iri iryo Umukama Imana yavumereye :
Noneho, jewe ubwanje ndigiriye kurondera intama zanje,
ndazibungabunge.
Nk’uko umwungere abungabunga ubusho bw’intama ziwe
zashwiragiye,ni ko nzobungabunga intama zanje
ndazikure aho hose zashiragiye ku musi w’igipfungu.
Nzozishwabura ndazikure mu ntara zahoramwo,
nzozikoranya, ndazikure mu mahanga,
ndazigarukane imuhira ; nzoziragira ku misozi y’Israyeli,
mu bibara no ku misozi miremire iremvye y’Israyeli.
Ni ho zizovyagira mu bwatsi butotahaye,
zirishe ubwatsi buremvye ku misozi y’Israyeli.
Ni jewe ubwanje nzoragira intama zanje, ni jewe nzozicûra :
uko ni ko Umukama Imana avuze.
Nzorondera iyatakaye, ngarukane iyazimiye ;
nzosomora iyakomeretse, mvure iyirwaye ;
iyivyibushe igakomera na yo nzoyihozako ijisho,
ndayiragire mu butungane.
IZABURI 22 (23) 1-3a, 3b-4, 5, 6
Icit : Umukama ni We mwungere wanje, nta co nokena
Umukama ni We mwungere wanje,
Sinzokena ; ni We amvyagiza
mu canya c’ubwatsi buremvye.
Iruhande y’amazi adasuma, ni ho azonshikana,
aremeshe umutima wanje ubudasiba.
Ni We anyoborera inzira nziza
ku bw’izina ryiwe.
Sinzogira ico ntinya
n’aho noca mu mwonga mu mwijima,
kuko uri kumwe nanje,
kuko inyobozo yawe impumuriza.
Untegurira ameza mu maso y’abansi ;
wansize amavuta ku mutwe,
igikombe canje kirasesekaye.
Eka mbere mu buzima bwanje
namana impore n’ubuhirwe ;
inzu yanje ni ingoro y’Umukama
imisi yose y’ubuzima bwanje.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyaroma (5, 5b-11)
Ikimenyesha c’uko Imana yadukunze ni uko Kristu yadupfiriye
Ncuti zanje, Urukundo rw’Imana rurasasagaye mu mitima yacu kubera Mutima Mweranda twahawe. Igihe twari ba ntamagara, ubutigu bugeze, ni ho yapfiriye abanyakabi. Burya umuntu w’intungane, biragora kumupfira, umuntu w’inda nziza na we, kumbure hari uwokwubahuka kumupfira ! Ariko, icerekana urukundo Imana idukunda, ni uko Kristu yadupfiriye tukiri abanyabicumuro. Noneho, ko twabaye intungane mu maraso yiwe, n’ubu azorushiriza kudukiza ishavu ry’Imana. Mu gihe twari abansi, ko urupfu rw’Umwana w’Imana rwatwuzurije n’Imana, ubu noneho tumaze kwuzura na yo, ubuzima bwiwe buzorushiriza kudukiza. Si ivyo bisa : turishimagiza mu Mana ku bw’Umukama wacu Yezu Kristu, We yatwuzurije n’Imana.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati : «Nimwemere inganji yanje,
mukunde n’ivyo nigisha, kuko ndi uwitonda
kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima.»
Canke :
Umukama yavuze ati : «Jewe ndi wa Mwungere mwiza,
ndazi intama zanje, na zo zikamenya.»
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (15, 3-7)
Nimumfashe kunezerwa, natoye ya ntama yanje yari yatakaye
Umusi umwe, Yezu yaciriye uyu mugani abigishwa biwe ati : «Muri mwebwe, uwogira intungwa ijana agaheza agatakaza imwe, ntiyorekera mu gahinga zimwe mirongo icenda n’icenda zasigara, akaja kurondera imwe yatakara gushika ayitore ? Ayitoye, araheza akayiterera ku bitugu yigina, yashika imuhira agahamagara abagenzi n’ababanyi, ati : “Nimuze tunezerwe, natoye ya ntungwa yanje yari yatakaye!” Nanje ndababariye : Umusi umunyakabi yigaye, no mw’ijuru hazoba akanyamuneza karuta agaterwa n’aberanda mirongo icenda n’icenda ata kabi biyagiriza.»
UMUSI MUKURU W’ISAKRAMENTU RYERANDA (Umwaka C)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko (14, 18-20)
Melkisedeki yashikaniye Imana umukate n’umuvinyu
Mu gihe Ibrahimu yava kurwanya ba bami bane, Melkisedeki, umwami wa Shalemi, yazanye umukate n’umuvinyu, abishikanira Imana, kuko yari umusaserdoti w’Imana idasumbwa. Mu gukeza Ibrahimu, Melkisedekki yavuze ati : “Abrami, uragahezagirwa n’Imana idasumbwa, yo yaremye ijuru n’isi. Imana yaguhaye gutsinda abansi na yo nyene iragahezagirwa.” Niho rero Ibrahimu yaca aha Melkisedeki imperezwa mu vyo yatabarukanye.
IZABURI 109 (110), 1.2.3.4
Icit: Uzokwama uri umusaserdoti w’intahava, nk’umwami Melkisedeki.
Umukama yabariye Umukama wanje, ati :
“Niwicare iburyo bwanje,
gushika aho nzogira abansi bawe irambirizo.”
Uwuhangamye muri Siyoni (suite…)






