Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Fêtes & Solennités (Page 27)
Archives de Catégorie: Fêtes & Solennités
UMUSI MUKURU WA ASENSIYO (Umwâka B)
Iyo badashimye gukoresha igisomwa ca kabiri co mu mwaka A, baca bakoresha ico twanditse aha. Ibindi bisomwa vyose biri aha vyagenewe umwaka B.
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (1, 1-11)
Abatumwa babona Yezu ariko arurira mw’ijuru
Tehofilo we, igitabu ca mbere nanditse, cari cerekeye ivyo Yezu yatanguye gukora n’ukwigisha vyose gushika umusi yurira mw’ijuru, ahejeje gusigarana amategeko ba batumwa yari yitoreye ku bwa Mutima Mweranda. Aho amariye kubabara, abo batumwa ni bo yasubiye kubonekera, abereka ibimenyetso vyinshi vy’ukubamenyesha ko ari muzima, amara imisi mirongo ine ababonekera yongera abayagira ivy’Ubwami bw’Imana. Ahengereye bariko barasangira na we, abategeka kuguma i Yeruzalemu, ngo barorerereho wa muhango wa Data ati :
« Nari nababwiye nti : Yohani yabatirisha amazi, mu misi iza kuza, mwebwe muzobatizwa muri Mutima Mweranda. »
Abari bahakoraniye barahava bamubaza bati : « Mbega Mukama, ubu ni ho ugira ngo ubogore ingoma y’Israyeli ? » Abishura ati : « Ivy’ukumenya igihe n’isango Data yigeneye we nyen ubwiwe, si ivyanyu. Ariko muzoronka ubukomezi Mutima Mweranda azobazanira, muheze rero muje kumbera ivyabona i Yeruzalemu no mu Buyuda bwose no muri Samariya, mugarukire iyo isi igarukira. »
Ahejeje kuvuga ivyo, babona ariko araduga, hanyuma igicu kiramupfuka, ntibaba bakimubona. Bakiri aho bahanze ijuru, Yezu na we ariko araduga, baza babona abantu babiri bambaye ivyambarwa vyera, bababwira bati : « Mbega banyagalile, ni iki ko muhagaze murangamira hejuru ? Uwo Yezu mubonye ava hagati yanyu akwurira mw’ijuru, uko agiye ni ko azogaruka. »
IZABURI 46 (47), 2-3. 6-7. 8-9
Icit : Imana iraduze hagati y’abayivugiriza impundu,
Umukama araduze hagati y’abamuvugiriza inzamba.
Canke : Aleluya.
Ntara zose iyo muva mukagera, nimukome amashi,
muvugirize impundu Imana mu kanyamuneza kamuje.
Kuko ari Yo Mukama, Rudasumbwa, Muterakoba,
Mwami w’agakura aganza isi yose.
Imana iraduze hagati y’abayivugiriza impundu,
Umukama araduze hagati y’abamuvugiriza inzamba.
Curarangira Imana yacu, curaranga,
curarangira umwami wacu,curaranga !
Kuko Imana ari Yo mwami w’isi yose :
nimuyiririmbire ururirimbo rw’akayazwe !
Imana yarironkeye ubwami mu mahanga yose,
ngo yongere ivyagire ku ntebe yayo nyeranda.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyefezi (4, 1-13)
Igisomwa kigufi : 4, 1-7. 11-13
Ku rugero rw’igihagararo kizima c’umusesekara wa Kristu
Ncuti zanje,
Ndabinginga jewe imbohe ku bw’Umukama, ngo mwigenze nk’uko bikwiranye n’itorwa mwatorewe, mu kwicisha bugufi no mu kugenza buhoro muri vyose, mu kwiyumanganya, mukagiriranira imbabazi zivuye ku rukundo, mugashishikara kuzigama ubumwe bw’umutima mubwungisha amahoro.
Hariho Umubiri umwe n’Umutima umwe, nk’uko kandi ivyo muhamagariwe kwizera ari bimwe. Hariho Umukama umwe, ukwemera kumwe n’ibatisimu imwe. Hariho Imana imwe ari yo Se wa bose, isumba vyose, igenza bose kandi iri muri bose. Ariko rero, umwumwe muri twebwe yarahawe ingabirano nk’uko Kristu yaturimbanije ingabirano ziwe.
(Igisomwa kigufi kiba kirahagarariye aha)
Ni co gituma bavuga bati : « Yaraduze hejuru ajanye imbohe, abantu na bo abahunda ingabirano. » Iryo jambo ngo yaraduze, ni ukuvuga iki, ndetse ko ari uko yabanje kumanuka hepfo mu ntara zo kw’isi ? Uwamanutse ni we nyene yaduze hejuru y’amajuru yose, kugira ngo anengesereze vyose.
(Igisomwa kigufi kibandaniriza aha)
Ni we kandi yahaye bamwe kuba abatumwa, abandi abahanuzi, abandi abakwiza Inkuru Nziza, abandi abungere n’abigisha, kugira ngo aberanda babone gutunganirwa mu gikorwa c’ugukoreranira mu kwubaka umubiri wa Kristu gushika aho twese hamwe tuzoshikira ubumwe bw’ukwemera n’ubw’ukumenya Umwana w’Imana, tugashikira wa muntu abushitse, ku rugero rw’igihagararo kizima c’umusesekara wa Kristu.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati :
« Gende, mwigishe abantu bose !
Nanje ndi kumwe namwe ubutakibavirira, gushika ku muhero w’isi. »
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (16, 15-20)
Umukama yurira mw’ijuru kandi yicara iburyo bw’Imana
Amaze kuzuka, Yezu yabariye bamwe cumi n’umwe ati : « Kwire isi yose, mushikirize Inkuru Nziza ikiremwa cose. Uwuzokwemera akabatizwa azorokoka, uwutazokwemera azocibwa. Ibimenyetso bizoranga abazoba bemeye ni vyo vy’ibi : kw’izina ryanje, bazokwirukana amashetani, bavuge indimi nshasha, bafate inzoka mu minwe, kandi nibanywa uburozi bwica, nta co buzobagira. Bazogaranzurira ibiganza ku barwaye, na bo bace bakira. » Umukama Yezu ahejeje kubabwira ivyo, ajanwa mw’ijuru, yicara iburyo bw’Imana. Na bo bagenda kwigisha hose, Umukama akorana na bo, iryo bigisha akarigaragariza mu bimenyetso vyariherekeza.
25 NDAMUKIZA : MARIKO MWERANDA, UMWANDITSI W’INKURU NZIZA
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere ry’Umutumwa Petero (5, 5b-14)
Ncuti zanje,
Nimwikenyeze mwese ukwifata ruto ngo mukorerane, kuko Imana irwanya abishima igaha ubutore abifata ruto. Nimwicishe bugufi munsi y’ububasha bw’ikiganza c’Imana, kugira ngo ibatere iteka igihe kigeze, muyiture imitwarariko yanyu yose, kuko ibafise ku mutima. Nimwigerere, nimwame mugavye : wa mwansi wanyu ari we shetani yama yiyerereza nk’intambwe iroha, irondera uwo yorotsa. Mumurwanye mugumije umutima mu kwemera, muzi neza yuko benewanyu bose iyo bava bakagera bagowe ayo mugowe. Na yo Imana nyenubutore bwose, Yo yabahamagariye ubuninahazwa bwayo bawaho muri Kristu, mumaze kubabara gatoyi, izoheza ibanogerereze Yo nyene ubwayo, ibasubirize umutima mu nda, ibaremeshe, ibakomeze. N’ihorane ubuninahazwa n’inganji imyaka n’imyaka. Amen.
Utwo tujambo natwandikishije Silivano mwenewacu akwiye kwemerwa uko niyumvira, kugira ngo ndabahanure, nkabigisha ko bwa butore bw’Imana murimwo ari bwo bw’ukuri. Ekleziya y’i Babiloni irabatasha be n’umwananje Mariko. Muramukanye namwe nyene mu kurwana mu nda nk’aberanda.
Muhorane amahoro mwese musanzwe muri Kristu.
IZABURI 88 (89) 2-3, 6-7, 16-17
Icit. : Urukundo rwawe, Mukama,
ndaruririmba ubudahengeshanya.
Urukundo rwawe, Mukama, ndaruririmba ubudahengeshanya,
inzaruka zose nzozomenyesha ko uzira guhemuka.
Erega navuze nti : «Urukundo rwawe ruravyagiye ubutakihava,
ukudahemuka kwawe na kwo kurashizwe mw’ijuru.
Ijuru riragukengurukira, Mukama kubera ivyiza wakoze,
riraguhaya mw’ikoraniro ry’aberanda kubera ingingo yawe izira guhemuka.
Mu bari mw’ijuru ni nde yokwigereranya n’Umukama,
mu bana b’Imana, ni nde yogira ngo angana n’Umukama?
Barahiriwe abantu bazi gutera impundu Umukama,
abazoza gukubita ibipfukamiro imbere y’inyonga zawe zikayangana ;
izina ryawe ribatera akanyamuneza igihe cose,
ubutungane bwawe bukarushirizaho kubahimbara.
INKURU NZIZA
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yanditswe na Mariko (16, 15-20)
Amaze kuzuka, Yezu yabariye bamwe Cumi n’umwe ati : «Kwire isi yose, mushikirize Inkuru nziza ikiremwa cose. Uwuzokwemera akabatizwa azorokoka, uwutazokwemera azocibwa. Ibitangaro bizokorwa n’abazoba bemeye ni vyo vy’ibi : bazokwirukana amashetani, bavuge izindi ndimi kw’izina ryanje ; bazofata mu minwe, banywe uburozi bwica ntihagire ico bubagira, nibagaranzurira ibiganza ku barwaye, bano bazokira.»






