Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Fêtes & Solennités (Page 29)
Archives de Catégorie: Fêtes & Solennités
1 Munyōnyó : UMUNSI MUKURU W’ABERANDA BOSE
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ivyahishuriwe Umutumwa Yohani (7, 2-4. 9-14)
Mbona haserutse isinzi ry’abantu batagira igitigiri bava mu mashinga yose,
mu bwoko bwose, mu ntara zose, bavuga indimi zose
Jewe Yohani, mbona uwundi mumarayika aduga ava mu buseruko afise ikimenyetso c’Imana Nzima ; arasemerera abamalayika bane bari barungitswe gusivya isi n’ikiyaga, ati : « Imbere y’uko musibanganya isi, ikiyaga n’ibiti, banza murindire, tubanze gushira ikimenyetso ku ruhanga rw’abasavyi b’Imana yacu. » Nca ndamenya igitigiri c’abashizweko ikimenyetso : ibihumbi ijana na mirongo ine na bine mu miryango yose y’abana b’Israeli.
Ivyo biheze, mbona haserutse isinzi ry’abantu batagira igitigiri bava mu mashinga yose, mu bwoko bwose, mu ntara zose, bavuga indimi zose, bahagaze imbere y’intebe y’Ubwami n’imbere y’Umwagazi, bambaye ikanzu zera, bafise n’ibisanda mu minwe. Bahurikira hamwe bati :
« Mana yacu uvyagiye ku ntebe, nawe mwagazi, ganza, sabwa ! »
Abamalayika bose rero bakikije ya ntebe, ba Batama na ba Bazima bane, bakubitira icarimwe ibipfukamiro hasi imbere y’intebe y’Ubwami, barunama ngo basenge Imana, bavuga bati :
« Amen ! Imana yacu n’ishemezwe, ikengurukwe, yubahwe, itsinde, yiganze mu myaka n’imyaka ! Amen ! »
Umwe muri ba Batama ambwira ati : « Abo bantu bambaye ikanzu zera ni bande ? Bavuye hehe ? » Nanje nishura nti : « Muhanyi, ni wewe wobimenya. » Ansubiza ati : « Abo ni abarokotse ya makuba, bamesuye ikanzu zabo bazeresha amaraso ya wa Mwagazi. »
IZABURI 23 (24), 1-2. 3-4. 5-6
Icit : Ng’uwo umuryango w’abarondera inyonga zawe, Mukama.
Isi ni iy’Umukama, kumwe n’ibiri kuri yo vyose,
intara n’ibihaba vyose ;
kuko ari We yayiteretse ku mayaga,
akayikomeza kuri yo.
Mbe bane, ni nde azokwirira ku murambi w’Umukama,
akaguma mu kibanza ciwe ceranda ?
Ni umuntu mweranda, w’iminwe idahumanye,
w’umutima udacambirwa ibintazi.
Ben’uyo muntu n’ahezagirwe n’Umukama,
asagirwe n’ubutungane bw’Imana yamukijije.
Ng’uwo umuryango w’abakurondera,
barondera inyonga zawe, Mukama.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya mbere ry’Umutumwa Yohani (3, 1-3)
Tuzobona Imana nk’uko iri
Bakunzi banje,
Itegereze namwe urwo Data yadukunze : We yadutoye tukitwa abana b’Imana, mbere turi bo vy’ukuri. Ni co gituma isi itatuzi, kuko na We itamumenye. Bakunzi banje : kuva ubu turi abana b’Imana, na co ico tuzoba ntikiramenyekana. Mugabo ico tuzi, ni uko muri ico gihe, aho Yezu azozira, tuzosa na We, kuko tuzomubona nk’uko ari. Na we uwo wese afise ako gatima k’ukumwizigira, ni mweranda nk’uko na We ari mweranda.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Umukama yavuze ati : « Nimuze mwebwe mwese murushe kandi muremerewe, nzobaruhurira. »
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (5, 1-12a)
Muranezerwa muhimbarwe, kuko impera yanyu izoba nini mw’ijuru
Yezu abonye ishengero rikoranye, aduga ku gasozi ; ngo amare kwicara, abigishwa biwe baramwegera. Araheza atangura kuvuga, abigisha muri aya majambo :
« Hahiriwe abari n’umutima ushima ubworo : kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo !
Hahiriwe abitonda : kuko bazotorana isi !
Hahiriwe abari mu marira : kuko bazohozwa !
Hahiriwe abashonje n’abanyotewe ubutungane : kuko bazoshira ipfa !
Hahiriwe abanyakigongwe : kuko na bo bazokigirirwa !
Hahiriwe abari n’umutima mwiza : kuko bazobona Imana !
Hahiriwe abaremesha amahoro : kuko bazokwitwa abana b’Imana !
Hahiriwe abahamwa bahorwa ubutungane : kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo !
Muzoba muhiriwe nibabatuka, bakabaremera amabi yose kubwanje : muranezerwa muhimbarwe, kuko impera yanyu izoba nini mw’ijuru ! »
Ku wa 15 Myāndagaro : IYURIZWA MW’IJURU RYA BIKIRA MARIYA
Ku mugoroba urōngôra uwo musi
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere c’ivy’Ingoma (15, 3-4. 15-16 ; 16, 1-2)
Binjiza isandugu ry’Imana, barishira hagati y’ihema Dawudi yari yararishingiye
Dawudi amaze kwimikwa, yakoranije Abanyisraeli bose i Yeruzalemu kugira ngo baje kudugana isandugu ry’Umukama, barishire mu kibanza bariteguriye. Dawudi arakoranya abuzukuruza ba Aroni aribo basaserdoti, be n’abuzukuruza ba Levi. Bashitseyo, Bene Levi barerura iryo sandugu ry’Imana, bashira iminiho yaryo ku bitugu, nk’uko Musa yari yabitegetse, bivuye kw’ijambo ry’Umukama. Maze, dawudu abarira abakuru ba Bene Levi gutora abaririmvyi mu b’iwabo, ngo bazane amakembe, inanga n’ingoma, babivuze baririmbana akanyamuneza. Nuko rero, binjiza iryo sandugu ry’Imana, barishira hagati y’ihema Dawudi yari yararishingiye. Baraheza bahereza imbere y’Imana imbagwa n’inkuka z’ukuzisangirirako. Nuko rero, amaze guhereza iyo mbagwa n’izo nkuka, Dawudi arahezagira ishengero kw’izina ry’Umukama.
IZABURI 131 (132), 9-10. 13-14
Icit : Haguruka, Mukama, uze mu buruhukiro bwawe,
Wewe ubwawe n”isandugu ry”ububasha bwawe !
Abasaserdoti bawe nibikwize ubutungane,
nayo abantu bawe nibishongorane akanyamuneza !
kubwa Dawudi, umusavyi wawe,
ntiwanke uwo wimitse.
Erega Umukama ni We yitoreye Siyoni,
ni ho yagomba ngo bahamwubakire ingoro :
« Aho ni ho ngiye kuvyagira imyaka yose,
ni ho nzoba kuko nahagomwe.»
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abakorenti (15, 54b-57)
Imana yaduhaye intsinzi kubwa Yezu Kristu
Ncuti zanje,
Ku munsi w’imperuka, igishobora gutituka muri twebwe kizohinduka ikidatituka, icagenewe gupfa kizogabana ukuramba imyaka yose. Ni ho rya jambo ryanditswe mu Bitabu Vyeranda rizotaha ngo :
« Urupfu rwamizwe n’intsinzi.
Wa rupfu we, intsinzi yawe iri hehe ?
Wa rupfu we, umugera wawe wuzuye ubumara uri hehe ?»
Umugera w’urupfu ni igicumuro, igicumuro gikomezwa n’ibwirizwa. None rero, nidukengurukire Imana, Yo iduha intsinzi kubwa Yezu Kristu Umukama wacu.
INKURU NZIZA
Alleluia, alleluia.
Hahiriwe abumviriza Ijambo ry’Imana, kandi bakarirangura.
Alleluia, alleluia.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (11, 27-28)
Umunsi umwe,
Yezu yariko arayagira ishengero ry’abantu, hanyuma umugore ava muri nya shengero, atereza akamo hejuru ati : « Irahiriwe imbanyi y’uwakwibungenze, eka arahiriwe n’amabere wonse !» Yezu aramwishura ati : « Hahiriwe nyabuna abumviriza Ijambo ry’Imana kandi bakarirangura ! »
UMUSI MUKURU W’UMUSHAHA WA YEZU
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ukwibutsa Amategeko : 7, 6-11
Umukama yabatoye kubera urukundo abafitiye.
Muri irya misi, Moshe yabwiye Abanyisraeli ati : « Uri igihugu cahezagiwe n’Umukama Imana yawe : ni Wewe Umukama Imana yawe yatoye mu ntara zose zo kw’isi ngo ube icibare ciwe. Igituma Umukama yabatoye akabitwararika, si ukubera ko igitigiri canyu casumba ic’abandi bose, mbere ni mwe bake kw’isi yose. Yabatoye riho kubera urukundo abafitiye kandi kugira ngo agumye isezerano yasezeranye na ba Sokuru banyu ; nico gituma Umukama yaramvuye ukuboko kwiwe rubasha vyose akabakiza ubuja, akabakura mu minwe ya Faraoni, umwami wa Misiri.
Uraheza rero utegere ko Umukama Imana yawe ari We Mana y’ukuri, Imana idatana mu ndagano, idaturgana kw’ijambo, abayikunda bagakurikiza n’amabwirizwa yayo ikabagumiriza urukundo rwayo gushika ku ruvyaro rw’igihumbi; abayanka na bo ikabahana kuno nyene. Abayanka ntibagera umutwe, kandi ibaha igihano kibakwiye. Uragumya rero amateka, amabwirizwa n’imigenzo yose ndagushikirije uyu musi, kugira ngo uyarangure. »
IZABURI 102 (103) 1-2. 3-4. 9-7. 8. 10
Icit : Urukundo Umukama afitiye abamwubaha
Rwamaho imyaka yose.
Himbaza se mushaha wanje Umukama,
maze n’amagara yanje yose aninahaze Izina ryiwe ryeranda ;
himbaza se mushaha wanje Umukama,
maze ntihagire ico wibagira mu vyiza vyiwe.
Ni We akurekurira ibicumuro vyawe vyose,
ni We agukiza indwara zose ;
i We akugarurira ku cobo,
ni We atuma uhagatirwa n’urukundo n’igishika.
Umukama akorana ubutungane,
Akaburanira impahazwa ;
ni We yamenyesheje Moshe amabanga yiwe,
akereka abana b’Israeli ivyiza vy’agatangaza yakoze.
Umukama ni We Nyen’imbabazi n’ikigongwe,
ntakaza ishavu, yuzuye urukundo ;
uko ducumura, siko aduhana,
uko tumutuka, siko adusubiza.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere ry’Umutumwa Yohani : 4, 7-16
Imana yaradukunze.
Bakunzi banje, nidukundane, kuko urukundo ruva ku Mana. Kandi uwukundana wese yavyawe n’Imana, kandi arazi Imana. Uwudakundana ntiyamenye Imana, kuko Imana ari Rukundo.
Ng’iki icatumenyesheje urukundo rw’Imana muri twebwe : ni uko Imana yarungitse Umwana wayo w’ikinege kw’isi, kugira ngo tube bazima kubwiwe. Ng’iki ikigira urukundo : ni uko atari twebwe twakunze Imana, ariko ni uko ari Yo yadukunze, ikarungika Umwana wayo kw’isi kuba iciru c’ibicumuro vyacu.
Bakunzi banje, ko Imana yadukunze ityo, natwe turategerezwa gukundana. Ntawigeze yihweza Imana ; ariko dukundanye, Imana iratugumamwo, n’urukundo rwayo rukaba rurangukiye muri twebwe. Ng’iki ikitumenyesha yuko tuguma muri Yo, na Yo ikatugumamwo : ni uko yadusangije Mutima wayo. Natwe twarihweje kandi turemeza yuko Data yarungitse Umwana wiwe kuba Umukiza w’isi.
Uwo wese yemera yuko Yezu ari we Mwana w’Imana, Imana iramugumamwo, na we akaguma mu Mana. Natwe, twaramenye kandi twaremeye urukundo Imana idufitiye, ko ruba muri twebwe. Imana ni Yo Rukundo : uwuguma mu rukundo aguma mu Mana, na Yo Imana ikamugumamwo.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Umukama yavuze ati : « Nimwemere inganji yanje,
mukunde n’ivyo nigisha,
kuko nitonda kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima. »
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo : 11, 25-30
Ndi uwitonda kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima.
Muri irya misi, Yezu yavuze aya majambo ati : « Dawe, Mukama w’ijuru n’isi, ndagushemeza kuko wahishije ivyo bintu abanyabwenge n’abahinga, ukabimenyesha ibitazi. Niko, Dawe, kuko ariko wabishatse.
Dawe yarampaye ibintu vyose, kandi nta n’umwe amenya Mwana atari Se, kandi ntawumenya Se atari Mwana, be n’uwo Mwana azoba yamumenyesheje.
Nimuze mwebwe mwese murushe kandi muremerewe, nzobaruhurira. Nimwemere inganji yanje, mukunde n’ivyo ndabigisha, kuko nitonda kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima ; niho muzoronka akoyoko k’imitima yanyu. Ni ivy’ukuri, inganji yanje ntiremereye, na vyo ivyo nzobashinga ntibizobavuna. »






