Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Fêtes & Solennités (Page 32)
Archives de Catégorie: Fêtes & Solennités
Ku wa 2 RUHUHUMA: IHEREZA RY’UMUKAMA
IMISI MIKURU ISUBIRIRA UMUSI W’IMANA : Ihereza ry’Umukama.
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Malakiya : 3, 1-4
(Wa Mukama murondera, azoca yinjira mu ngoro yiwe)
Ng’iri iryo Umukama Imana yayaze : Nza kurungika intumwa yanje integurire inzira. Kandi wa Mukama murondera, ya ntumwa y’isezerano mwipfuza, azoca yinjira mu ngoro yiwe. Umukama nyen’ingabo agize ati : « Ng’uyo araje. » Mbega ninde azoshobora kurinda wa musi w’umuzo wiwe ? Ni nde azomukubita ijisho ntahundagare ? Akaze nk’umuriro wo mu ruganda, aza arusha vyose mu gukûra ibitosi. Azokwicara nk’umuzi ashusha agartyorora ivyuma, azokwuhagira abana ba Levi, abartyorore nk’inzahabu n’ifeza ; bazoheza babe intungane, bashikane bashimwe mu maso y’Umukama. Niho imperezwa ya Yuda n’iya Yeruzalemu zizohimbara Umukama, nka kumwe kwa kera, imisi ikiri imyero.
Izaburi 23 (24) 7. 8. 9. 10
Icit : Mukama nyen’ingabo, niwe Mwami w’inganji.
Mwa birimba, uguruke !
Nzugi zamaho, tamanzure :
Umwami w’inganji yinjire !
Uyo Mwami w’inganji ninde ?
Ni Umukama, Nyen’ububasha, ni intwari,
ni Umukama, ni intwari mu rugamba.
Mwa birimba, uguruke !
Nzugi zamaho, tamanzure :
Umwami w’inganji yinjire !
Uyo Mwami w’inganji no nde ?
Ni Umukama, Nyen’ingabo,
ni We Mwami w’inganji.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa ryandikiwe Abahebreyi : 2, 14-18
(Yashimye kwishushanya na benewabo muri vyose)
Abantu bafise kamere y’umubiri n’amaraso, ni co gituma Yezu yashatse kumera nka bo, kugira ngo mu rupfu rwiwe, agire ubusa uwari afise ububasha bw’urupfu, ariwe Shetani, yongere asubize iteka abo ubwoba bw’urupfu bwagumije mu buja mu buzima bwabo bwose.
Turabizi noneho, abamarayika si bo yaje gukiza, yazanywe na bene Ibrahimu. Kubera ico, yashimye kwishushanya na benewabo muri vyose, kugira ngo, mu vy’Imana abe Umusaserdoti mukuru yuzuye impuhwe kandi w’intatanamundagano, ashobora gukura ibicumuro vy’igihugu. None rero, ko yababaye gushika apfe akageragezwa, atidoga, arashobora kwunganira abaremerewe n’amagorwa.
INKURU NZIZA
Alleluia, alleluia.
Ng’uwo umuco uboneshereza intara zose !
Ng’iri ininahazwa ry’icibare ciwe Israeli !
Alleluia.
Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka : 2, 22-40
Igisomwa kigufi : 2, 22-32
(Amaso yanje yarihweje ubukiriro)
Babonye hageze ko Mariya aja gurtyororwa nk’uko itegeko rya Moshe ribivuga, abavyeyi ba Yezu bamujana i Yeruzalemu kumuhereza Umukama, nk’uko vyari vyanditswe mu mabwirizwa y’Umukama ngo umwana w’imfura wese azoherezwa Umukama ; kandi bari bajanywe n’uguhereza inkuka udukundye tubiri canke utunuma tubiri, nk’uko itegeko ry’Umukama ribivuga.
I Yeruzalemu na ho , hari hasanzwe umuntu yitwa Simeo. Uwo muntu yari intungane kandi yarakunda Imana ; yari yiteze uruhoza rw’Israeli, kandi Mutima Mweranda yari kumwe na we. Mutima Mweranda yari yaramumenyesheje ko atazopfa atarasanganira ya Ntumwa y’Umukama.
Niko kuza mu gisengero yohejwe na Mutima. Abavyeyi ba Yezu bagasangwa bazanye umwana Yezu ngo barangure imigenzo y’itegeko. Simeo aramwakira, ahezagira Imana ati :
« Noneho, Muhanyi, nk’uko wabivuze,
rengukisha umusavyi wawe mu mahoro ;
nkako, amaso yanje yihweje ubukiriro
wateguriye intara zose ;
wa muco uboneshereza intara z’abapagani,
rya ninahazwa ry’icibare cawe Israeli.»
Igisomwa kigufi giherera aha.
Se na nyina baratangazwa n’ivyo bamuvugako. Simeo aramuhezagira, araheza abwira Mariya nyina wa Yezu ati :«Ha! Uyu mwana, benshi mu Banyisraeli bazomwandurako urupfu ; kandi yongere abere urukiza benshi : azoba ikimenyetso bazohazanirako. Eka na wewe nyene, inkota izogusogota mu mushaha. Ivyiyumviro vya benshi bizoheza vyibonekeze.»
Hariho umuhanuzikazi yitwa Anna, umukobwa wa Fanuweli, wo mu muryango wa Azeri. Yari ashaje cane. Yari yapfakaye amaze imyaka indwi abana n’umugabo wiwe ; muri ico gihe yari ashikiriye imyaka mirongo umunani n’ine. Ntiyari akiva mu gisengero, yama aninahaza Imana ijoro n’umutaga mu kwisonzesha no mu gusenga. Muri ico kiringo nyene, ni ho yahezagira Imana, amenyesha uwo mwana abari biteze ko Yeruzalemu irokoka. Ngo baheze kurangura ivyari vyategetswe n’Umukama, basubira mu Bugalile, mu gisagara cabo Nazareti. Ni uko rero umwana arakura, arakomera, aratera imbere mu bwitonzi ; inema y’Imana bari kumwe.
IDOMINIKA YA 34 YO MU MWAKA.
UMUSI MUKURU WA KRISTU MWAMI
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri ca Samuweli : 5, 1-3
(Basīga Dawudi ngo abe umwami w’Israeli)
LE ROI DAVID ; Salon : Chambre de Louis XIV, Appartement du roi Emplacement : paroi ; (Photo credit: Wikipedia)
Umusi umwe, imiryango yose y’Israeli yaroye i Hebroni kwa Dawudi, imubarira iti : « Raba, twe na wewe dusangiye amaraso ! Na kera nyene, Sauli akiri ku ngoma, ni wewe wajana inteko z’Abanyisraeli ; kandi ni wewe Umukama yabwiye ati : ‘Uzoba umwungere w’Israeli, igihugu canje, kandi uzoba umukuru w’Israeli. » Uko ni ko abashingantahe bose b’Israeli bashengereye umwami i Hebroni ; ni uko rero bagiriranira amasezerano imbere y’Umukama i Hebroni nyene. Baraheza baramusīga amavuta ngo bamwimike ngo abe umwami w’Israeli.
Izaburi 121 (122), 1-2. 4-5
Icit : Ingo, tudugane akanyamuneza mu ngoro y’Umukama.
Ese akanyamuneza narimwo aho bambwira,
bati : « Tuje mu ngoro y’Umukama ! »
Ubu noneho, turiko turashika
Mu birimba vyawe, Yeruzalemu.
Ni ho ibisata vy’Israeli biduga,
ari vyo bisata vy’Umukama.
Ni ho Israeli yashinzwe ibanga
Ry’ugushemeza izina ry’Umukama,
kuko ari ho havyagiye ubutungane,
hakaba inzu ya Dawudi.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abakolosi : 1, 12-20
(Imana yadushize mu Bwami bw’Umwana wayo ikunda cane)
Ncuti zanje,
Nimukengurukire Imana Data, Yo yaduhaye amagara y’ugusangira mu muco iragi ry’aberanda.
Ni Yo yadukuye mu muzimagiza, idushira mu Bwami bw’Umwana wayo ikunda cane, We twaronsemwo urukiza n’ikigongwe c’ibicumuro.
Ni We gashusho k’Imana itaboneka,
Ni We yaboneye izuba zina kiremwa cose,
Kuko muri We ari ho vyose vyaremewe,
ivy’ijuru n’ivyo kw’isi, ibiboneka n’ibitaboneka,
yaba Abashingwantebe canke ingabo
canke Inkomezi canke Intwaza z’ijuru :
vyose ni We yabiremye kandi ni We maherezo ya vyose.
Yamye ariho vyose bitarahaba kandi vyose bibeshwaho muri We.
Ni We kandi Mutwe w’Umubiri wiwe ari wo Ekleziya.
Ni We vyose vyamukako, ni We mfura y’abapfuye,
Kugira ngo abe uwa mbere muri vyose,
kuko Imana yashimye ko umusesekara wayo wose
uvyagira muri Kristu,
igashima ko kubwiwe vyose bisubira kwuzura na Yo,
ari ivyo kw’isi, ari ivyo mw’ijuru,
igihe yazana amahoro kubw’amaraso yasheshe ku musaraba.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Iragahezagirwa ingoma ya sokuru wacu Dawudi,
ari yo ngoma y’ibihe bishasha !
N’ahezagirwe uwuje kw’izina ry’Umukama !
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka : 23, 35-43
(Umwami yihebeye igihugu ciwe)
Bamaze kubamba Yezu, igihugu cari aho kirorera, abakuru na bo baramutwengera mw’ijigo, bati : « Yakijije abandi, niyikize we nyene, niyaba ari Kristu w’Imana, Intore yayo ! » Abasirikare baramutwenga na bo nyene, baregera ngo bamuhereze isiki, bamubarira bati : « Niwaba uri umwami w’abayahudi, niwikize wewe nyene!» Hejuru yiwe kandi hari urwandiko ngo : « Uyu ni umwami w’Abayahudi. »
Umwe muri nya babisha bari babambanywe na we aramutuka ati : « Mbega, uri Kristu ? Niwikize wewe nyene, udukize natwe ! » Ariko, aramwishura amukankamira, ati : « Ntumenya kwubaha Imana, wewe upfuye rumwe na we ! Tweho tuzize ikiri ukuri, tuzize ico twakoze ; ariko uyu we, nta kibi namba yakoze. » Araheza abarira Yezu ati : « Yezu, uranyibuka aho uzogira mu Bwami bwawe ! » Yezu aramwishura ati : « Ndakubariye ivy’ukuri : uyu munsi tuza kuba turi kumwe mw’Iparadizo ! »







