Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Fêtes & Solennités (Page 34)

Archives de Catégorie: Fêtes & Solennités

IVUKA RYA YOHANI BATISTA (24 RUHESHI)

La nativité de Jean Baptiste.

Ku mugoroba urongora uyo munsi mukuru

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya 1, 4-10

(Imbere y’uko usamwa mu nda y’uwakwibarutse, nari ndakuzi)

Mu gihe c’umwami Yosiyasi, Umukama yambwiye aya majambo ati : “Imbere y’uko usamwa mu mbanyi y’uwakwibarutse, nari ndakuzi ; utaranavuka, nakugeneye kuba umuhanuzi mu bihugu.”

Nanje ngira nti : “None ga Mukama Mana, ko ntazi kuvuga, nkiri umwana!”

Umukama asubizayo ati : “Nturuhe uvuga ngo uri umwana, genda ariho ku bo nkurungitseko, ubabwire ivyo ngutumye vyose. Ntubatinye, turi kumwe, ndaguhagarikiye ; ng’iryo ijambo ry’Umukama.”

N’uko rero ankora ku munwa, ati : “Aho rero ngushizemwo amajambo yanje. Menya ko uyu munsi ngushinze ibihugu n’intara z’abami, ngo urandure, usenyure, usambure, uheze wubake kandi uteragire.”

IZABURI 70 (71), 1-2. 3-4b. 5-6ab. 15ab

ICIT : Warantoye urantonesha ntaranavuka!

Mukama, ni Wewe mpungirako,

sinzokwigera nteterwa ;

unkize kubw’ubutungane bwawe, undokore,

ntega ugutwi kandi unkize.

 

Umbere ikinja ritayegayega,

umbere n’uruzitiro rutamenwa ;

wigishije inama yo kunkiza :

na none uri iknja, uri inkinzo yanje.

Mana yanje, n’unkure mu minwe y’umubisha.

 

Erega, Mukama, ni Wewe nizigiye,

ni Wewe nishimiye nkiri muto.

Nakwishimiye nkiri mu mbanyi ya mama,

warantoye, urantonesha ntaranavuka.

 

Mpoza mu kanwa ubutungane bwawe,

ku munsi wose mvuga ko uzi gukiza.

Ewe Mana yanje, wanyigishije nkiri muto,

gushika n’ubu mvuga ivyiza wagize.

 

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya mbere ry’Umutumwa Petero 1, 8-12

(Ubwo bukiriro abahanuzi bamye baburondera kandi bakabutohoza)

Ncuti zanje,

Uyo Yezu, muramukunda n’aho mutigeze mumubona, kandi n’ubu n’aho mutaramubona muramwemera, mukanezerwa akanyamuneza katavugwa kandi kuzuye ubuninahazwa, kuko muzi neza ko muzoshikira iherezo ry’ukwemera kwanyu, ari ryo bukiriro bw’imitima.

Ubwo bukiriro abahanuzi bamye baburondera kandi bakabutohoza, baraheza baratuburira ingabirano muzoshikirizwa. Bahora babitohoza ngo bamenye igihe n’ibimenyetso babwiwe na Mutima wa Kristu yari muri bo, aho yababurira amagorwa Kristu azobona n’ubuninahazwa buzoyakurikira.

Niho bahishurirwa ko bitazoshika bakiriho, ariko vyagenewe mwebwe. None ubutigu bwageze, kandi mubimenyeshejwe n’ababashikirije Inkuru Nziza bohejwe na Mutima Mweranda yarungitswe ava mw’ijuru.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya

Uwo yaje ameze nk’icabona kivugira Umuco, ngo ategurire Imana ingabo ziyinogeye.

Alleluya.

Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka 1, 5-17

(Umukenyezi wawe azokuvyarira umuhungu, uzomwita Yohani)

Ku ngoma ya Herodi umwami w’Ubuyudeha, hari umusaserdoti yitwa Zakariya, wo mu muryango wa Abiya, umukenyezi wiwe yamuka kuri Aroni yitwa Elizabeti. Bose bari intungane mu maso y’Imana, bari intahinyuka mu gukora amabwirizwa n’amategeko yose y’Umukama. Mugabo, nta kana bari bafise, kuko Elizabeti yari ingumba, kandi bompi bari bageze mu zabukuru.

Uwo munsi rero, hari haramukiwe umusaserdoti wo mu muryango wiwe ; Zakariya aragenwa ngo arangure ibanga ry’ubusaserdoti mu ngoro y’Imana, aja kwosa isenga nk’uko bitegetswe. Ishengero ryose ryari rikikije hanze ryariko rirasenga mu gihe c’ukwosa isenga. Umumalayika w’Umukama rero aramubonekera, ahagaze iburyo bw’altari y’isenga. Zakariya ngo amubone, arajumarara, ubwoba buramutekera!

Nya mumalayika yamara amubwira ati : “Humura, warasavye urumvirwa : umukenyezi wawe azokwibarukira umuhungu, uzomwita Yohani. Azogutera ubuhirwe n’akanyamuneza, kandi ivuka ryiwe rizohimbara benshi. Nkako nyene, azoba mukuru imbere y’Imana. Nta citwa inzoga n’ikiboreza azogeza ku munwa, azokwuzuzwa Mutima Mweranda kuva akiri mu nda ya nyina, kandi azogarura Abanyisraeli benshi bayoboke Umukama Imana yabo. Ni we nyene azomuza imbere afise umutima n’ububasha vya Eliya, agarure abavyeyi berekeze umutima ku bana babo, ibigaba na vyo bigarure agatima, bikurikize ubwitonzi bw’intungane, ategurire artyo Umukama ingabo zimunogera.”

 

 

Kuri uwo munsi mukuru nyene :

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya 49, 1-6

(Ngiye kukugira umuco w’intara zose)

Mazinga, nimunyumvirize!

Mwebwe ba kavantara, nimutege amatwi!

Umukama yampamagaye nkiri mu mbanyi ya mama, ntaravuka yampamagaye mw’izina. Yampaye ururimi rukarishe nk’inkota, yampishije mu gitutu c’ukuboko kwiwe ; yarangize umwampi usongoye, yaranyegeje mu mutana wiwe.

Yambwiye ati : “Uri umusavyi wanje, muri wewe nzoronka ubuninahazwa.”

Nanje nibwiye nti : “Naruhiye ubusa, nakoreye nyaringa, navunye amaboko.”

Ariko rero, Umukama arabona ko ndi mu kuri, impera yanje iri mu minwe y’Imana yanje. Ubu hoho Umukama yaravuze, We yandemye mu nda ya mama, ngo ndamubere umusavyi, ndamugarukanire Yakobo, nshwabure Israeli.

Ego cane, ndi n’agaciro mu maso y’Umukama, Imana yanje ni Yo magara yanje. Yaravuze iti : “Kumbera umusavyi avyura imiryango ya Yakobo, akagarura bene Israeli barokotse, vyonyene ntibikwiye. Ndakugize umuco w’intara, kugira ngo urukiza rwanje rushike ku mpera z’isi.”

IZABURI 138 (139), 13-14ab. 14c-15

ICIT : Ndagukengurukiye, Mana yanje, kuko wangize agatangaza.

Mukama, uranyitegereza kandi uranzi,

ndicara ukabimenya, nahaguruka ukabimenya ;

akari mu mutima wanje ukamenya ukiri kure,

ngendagenda canke ndyamye, umpozako ijisho.

 

Ni Wewe wampaye amagara,

ni Wewe wandemye mu mbanyi ya mama ;

warangize agatangaza, ndabigukengurukiye :

ibikorwa vyawe ni agahore.

 

Na wo umutima wanje ni Wewe wowumenya neza,

umubiri wanje ntiwari uwuyobewe ;

aho wampingura nari mu ngoma yawe,

mu gihe nari nkiri utwondo tw’ivu.

 

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa 13, 22-26

(Kristu ataraza, Yohani ni we yamuteguriye inzira)

Umunsi umwe, mw’isinagoga ya Antiyokiya ya Pisidiya, Paulo yabariye Abayahudi ati : “Umukama yaritoreye Dawudi ngo amwimike, ni We yavuze muri aya majambo ngo : Naritoreye Dawudi mwene Yese, umuntu anshika ku mutima, azorangura ivyo nshaka vyose.

Nk’uko yari yarabiraganye, mu ruvyaro rwiwe ni ho Imana yatoye Yezu, ngo abe Umukiza w’Israeli. Ataraza, Yohani ni we yamuteguriye inzira, mu kwigisha igihugu cose c’Israeli ibatisimu y’ukwigaya.

Igihe yari mu kurangura ivyo yatumwe, Yohani yavuze ati : Jewe sindi uwo mwiyumvira, haza kuza uwo ntakwiye guhambururira imizana y’inkweto.

Bana ba mama, mwebwe bana bo mu muryango wa Ibrahimu namwe mwubaha Imana, ni mwebwe iryo jambo ry’ubukiriro ryarungikiwe.”

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya

None rero, mwana, uzokwitwa umuhanuzi w’Uwo mw’ijuru, kuko uzoja imbere y’Umukama, umutegurire amayira.

Alleluya.

Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka 1, 57-66.80

(Yohani, ni ryo zina ryiwe)

Elizabeti ageze kuvyara, yibarutse umwana w’umuhungu. Ababanyi n’incuti ngo bumve ingene Umukama yamugiriye ikigongwe, baranezerwa hamwe na we.

Ku munsi ugira umunani, baraza kugenyera umwana, kandi bashaka kumwita Zakariya, izina rya se. Nyina yamara arababwira ati : “Haba namba : azokwitwa Yohani.” Baramubwira bati : “Ko ata n’umwe mu muryango yitwa iryo zina !” Bayira rero amaboko se, bamubaza uko ashaka ko bomwita. Na we abaka akabaho, yandika ati : “Yohani, ni ryo zina ryiwe.” Bose baratangara.

Buno nyene umunwa wiwe uruguruka, ururimi ruragoboroka, aravuga aninahaza Imana. Ababanyi bose bagira ubwoba, iyo nkuru ica ikwira mu misozi yose y’Ubuyudeha. Abavyumvise bose babishingura mu muzirikanyi, bavuga bati : “Mbega uyu mwana azovamwo iki ?”Nkako rero, Umukama yari yamushizeko iminwe.

Nya mwana na we arakura, akurana ubwenge, hanyuma yibera mu gahinga gushika umunsi w’imenyekana ryiwe imbere y’Israeli.

UMUSI MUKURU W’ISAKRAMENTU RYERANDA

@font-face { font-family: « Arial »; }@font-face { font-family: « Arial »; }@font-face { font-family: « Calibri »; }p.MsoNormal, li.MsoNormal, div.MsoNormal { margin: 0cm 0cm 8pt; line-height: 107%; font-size: 11pt; font-family: Calibri; }p.MsoFootnoteText, li.MsoFootnoteText, div.MsoFootnoteText { margin: 0cm 0cm 0.0001pt; font-size: 10pt; font-family: Calibri; }span.MsoFootnoteReference { vertical-align: super; }p.MsoNoSpacing, li.MsoNoSpacing, div.MsoNoSpacing { margin: 0cm 0cm 0.0001pt; font-size: 11pt; font-family: Calibri; }span.NotedebasdepageCar { }.MsoChpDefault { font-size: 11pt; font-family: Calibri; }.MsoPapDefault { margin-bottom: 8pt; line-height: 107%; }div.WordSection1 { page: WordSection1; }

IGISOMWA CA MBERE

 

Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko 14, 18-20

 

(Melkisedeki yashikaniye Imana umukate n’umuvinyu)

 

Mu gihe Ibrahimu yava kurwanya ba bami bane, Melkisedeki, umwami wa Shalemi, yazanye umukate n’umuvinyu, abishikanira Imana, kuko yari umusaserdoti w’Imana idasumbwa. Mu gukeza Ibrahimu, Melkisedekki yavuze ati : “Abrami, uragahezagirwa n’Imana idasumbwa, yo yaremye ijuru n’isi. Imana yaguhaye gutsinda abansi na yo nyene iragahezagirwa.” Niho rero Ibrahimu yaca aha Melkisedeki imperezwa mu vyo yatabarukanye.

 

IZABURI 109 (110), 1.2.3.4

 

Icit: Uzokwama uri umusaserdoti w’intahava, nk’umwami Melkisedeki.

 

Umukama yabariye Umukama wanje, ati :

“Niwicare iburyo bwanje,

gushika aho nzogira abansi bawe irambirizo.”

 

Uwuhangamye muri Siyoni

Azokwiza ubwami bwawe :

ganza no ku bansi bawe.

 

Wavukanye ingoma ku misozi myeranda,

umutwenzi utarakika narakwibarutse.

Umukama yarabiraganye kandi ntazokwisubirako,

ati : “Uzokwama uri Umusaserdoti w’intanyiganyiga,

nk’umwami Melkisedeki.”

 

 

IGISOMWA CA KABIRI

 

Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abakorenti 11, 23-26.

 

(Igihe cose uzofungura uwo mukate mukanywa ico gikombe, muzomenyesha urupfu rw’Umukama)

 

Ncuti zanje,

Jewe Paulo narashikirijwe n’Umukama ico nabashikirije namwe: Umukama wacu, muri rya joro yafatwa, yakiriye umukate, amaze gukenguruka, arawumanyura, yongera avuga ati : “Iki ni umubiri wanje uza gutangwa kubwanyu. Ivyo murabigire munyibuka.”

Bamaze gufungura, afata igikombe, avuga ati : “Iki gikombe ni Isezerano rishasha ry’amaraso yanje. Igihe cose muzokinywa, murabigire munyibuka.”

Koko ni ivy’ukuri, igihe cose muba muriko murafungura uwo mukate, mukanywa ico gikombe, muba muriko muramenyesha urupfu rw’Umukama gushika aho azogarukira.

 

URURIRIMBO RUKURIKIRA[1]

 

Siyoni we, shimagiza Umukiza wawe,

Shimagiza Umuyobozi n’Umwungere wawe,

Umuririmbire, umuvyinire.

 

Nk’uko ubishobora, n’abe ariko ubigerageza :

Kuko arengeye amashemezo yose,

Ntuzokwigera ushobora kumushemeza uko bikwiye.

 

Icatuzindukanye uyu musi

Uwo dushaka kuririmbira,

Ni wa mukate muzima kandi utanga ubuzima.

 

Ni wo nyene benewabo cumi na babiri bihereje

Hamwe bazimanwa inzimano nyeranda,

nk’uko dusanzwe tubizi.

 

Aho rero, impundu n’isamirane,

inzamba nizasirane,

twuzure agahimbare.

 

Kuko turamutse twibuka uyu musi w’akaroruhore,

aho izo mfingurwa twihereza

zarenguka ubwa mbere

 

Kuri ayo meza y’Umwami mushasha,

ni ho Pasika y’Isezerano rishasha

yasubirira iya kera.

 

Ivya kera birabishije bishasha,

icijiji kibisa ikiri ukuri,

ahari ijoro hasubiye umurango.

 

Ivyo Kristu yagize kuwa kane mweranda,

yabwirije abiwe kuzokwama babigira

bamwibuka.

 

Nk’uko twavyigishijwe n’iryo tegeko ryeranda,

duhora duhindura umukate n’umuvinyu

mu nkuka y’ubukiriro.

 

Ico abakristu bemera,

ni uko umukate uhinduka Umubiri w’Umukama,

umuvinyu na wo ugahinduka Amaraso yiwe.

 

Ico ubwenge budashobora gutegera n’amaso ntakibone,

ukwemera kuragishingira intahe,

n’aho bidahwanye n’uko ibintu vyari bisanzwe.

 

Muri ivyo bishusho bidasa,

ari ibimenyetso gusa atari ivyo bimenyesha,

hihishijemwo amabanga y’agatangaza y’Umukama.

 

Umubiri wiwe ni imfungurwa, amaraso yiwe ni inyobwa,

ariko ntikibuza Kristu kuba wese

mu bishusho vyompi.

 

Mu kumwakira, ntibamumanyura,

ntibamuvungura, ntibamugabura;

bamwakira wese uko ari.

 

Umwe amuronka uko ashaka,

igihumbi ni kwa kundi,

yamara ntibamumara.

 

Abeza baramuronka, ababi bakamuronka :

ariko ivyo bahakura ntibisa,

ni ubuzima canke urupfu.

 

Bibera urupfu ababi, bikabera ubuzima abeza;

raba nawe ingene mz’isangira rimwe

havuyemwo amaherezo atandukanye.

 

Iyo Ihostiya imanyuwe,

ntugire ukwemera guke,

aba wese mu kimanyu

nko muri Hostiya yose.

 

Ntibamumanyura namba,

hamanyuka ibishusho gusa;

na we akaguma kwa kundi,

uko angina n’uko asa.

 

(Igisomwa kigufi gitangurira aha)

 

Ng’uwo umukate w’abamalayika,

Wabaye imfungurwa y’abakiri ku rugendo;

Ni ukuri, ni umukate ubereye abana,

Atari uwo guterera intozo.

 

Ng’ibi ivyamuranze kera :

ugutangako inkuka Izahaki,

Umwagazi wa Pasika,

na mana y’abasokuru.

 

Mwungere mwiza, mukate w’ukuri,

Wewe Yezu, tugirire ikigongwe;

n’uduhembure, n’uduhangaze,

maze uduhe kubona ivyiza

mu ntara y’abazima.

 

Wewe uzi vyose ugashobora vyose,

wewe uhembura abaraririye gupfa,

n’uduhe kuba abanywanyi bawe mw’ijuru,

ba samuragwa n’ababanyi

bazokwamana n’aberanda bawe.

 

Amen. Alleluya.

 

INKURU NZIZA

 

Alleluya, alleluya

 

Umukama yavuze ati : “Jewe ndi wa mukate muzima wavuye mw’ijuru. Uwuriye uwo mukate azokwamaho imyaka yose.”

 

Alleluya.

 

Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditswe na Luka 9, 11b-17.

 

(Umukama agaburira ishengero ryiwe)

 

Umusi umwe,

Yezu yariko araganirira ishengero ivy’Ubwami bw’Imana, abarwaye barimwo akabakiza. Ngo buze gutangura kugoroba, bamwe cumi na babiri baramwegera, bati : “Erega, gira ubarungike bisuhure, baje gusaba indaro baje n’ukurondera ico bararira mu mihana no mu bigwati vya hafi ; urabona aha turi mu gahinga.”

Yezu na we arababarira ati : “Nimubagaburire namwe!”

Na bo bati : “Imikate dufise ntirenga itanu n’ifi zibiri… Ubona twebwe twoja gusumira iryo shengero ryose?” Na bo abari aho bari abagabo nk’ibihumbi bitanu.

Yezu abwira abigishwa biwe ati : “Bicarike ku migwi ya mirongo itan’itanu.”

Ivyo batumwe barabigira, bose baricara. Hanyuma Yezu yakira ya mikate itanu na za fi zibiri, arangamira mw’ijuru, arabihezagira, arabimanyura abihereza abigishwa biwe ngo babigaburire ishengero. Bararya barahaga; imisigazwa na yo barayitororokanya : buzuza ibikemanyi cumi na bibiri.


[1] Bakoresha urwo ruririmbo babonye bibereye, bakarukoresha rwose canke bagatangurira kuri aya majambo : « Ng’uwo umukate w’abamalayika ».

UMUSI MUKURU W’UBUTATU BWERANDA.

 

 

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Imigani 8, 22-31.

(Ubwitonzi bwamye mu Mukama na kera na rindi)

Umve ingene Ubwitonzi bwivuga amazina:

Umukama yandemye kuva mu matangura,

ata kintu na kimwe kirabaho.

Naremwe kuva kera hose,

ibintu bigitangura, isi itarabaho.

Aho navuka, nta nyenga zari bwabeho,

nta masoko y’amazi yariho.

Navutse imisozi itarashingwa,

udutumba tutaratutuza.

Navutse isi n’imirambi atarabirema,

ata n’udutete tw’ivu turabaho.

Aho yaringaniza ijuru,

aho yaca imbibe z’inyenga, narabona.

Aho ibicu vyatangura kureremba iyo hejuru,

aho yegeranya amazi akayaha amasoko,

aho yazigira ibiyaga ku nkombe zavyo,

agashinga itegeko ry’uko amazi atazorenga inzo mbibe,

aho yatera inkingi isi,

naramufasha meze nk’umuhinga.

Imisi yose nari impande yiwe mvuna isambwe,

isi nkayimara nigina,

ngahimbawa n’kubana n’abana b’abantu.

 

IZABURI 8, 4-5. 6-7. 8-9

 

Icit. Ewe Mukama Mana yacu,

        izina ryawe ni agahambaye

        kw’isi yose iyo iva ikagera!

 

Canke: Alleluya.

 

Mbe bane, uwitegereje ijuru waremye,

akabona ukwezi n’inyenyeri wamanitseyo,

umuntu we abaye iki ngo umwibuke,

canke umwana w’umuntu ngo umugendere?

 

Hari hasigaye gato ukamuringaniza n’Imana,

umutera iteka, umutera ishaza;

wamuhaye kuganza ivyo waremye,

ushira vyose munsi y’ibirenge vyiwe.

 

Vyose, si intama, si impfizi,

mbere n’inyamaswa zo mw’ishamba,

si inyoni zo mu kirere, si ifi zo mu kiyaga,

n’ivyoga vyose amazi yo mu kiyaga.

 

IGISOMWA CA KABIRI

 

Ivyo dusoma mw’ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani 5, 1-5

 

(Muri Mutima tuhabanye amahoro y’Imana kubwa Kristu)

 

Ncuti zanje,

None rero ko ukwemera kwatugize intungane, turafise amahoro ku Mana kubw’Umukama wacu Yezu Kristu. Ni we yaduhaye ukwemera kudushikiriza rya soko ry’urukundo ridutembamwo; maze turahimbawe kuko twizigiye ubuninahazwa bw’Imana.

None rero si ivyo bisa: turahimbawe no mu bitugora, tuzi neza ko ibitugora bizana ubwiyumanganyi, ubwiyumanganyi na bwo bukazana ukurinda, ukurinda kukadufasha kwizera. Na wo uwo mwizero ntutetereza, kuko Mutima Mweranda twahawe yashize mu mitima yacu urukundo rw’Imana.

 

INKURU NZIZA

 

Alleluya, alleluya.

 

Haninahazwe Data na Mwana na Mutima Mweranda!

Haninahazwe Uwuriho, Uwamyeho n’Uwugira ngw’aze!

 

Alleluya.

 

Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditswe na Yohani 16, 12-15.

 

(Mutima Mweranda atuyoborera mu kinyegezwa c’Imana)

 

Mu gihe yari mu kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se wiwe, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: “Ndacari n’ibindi vyinshi nobabwiye, ariko ubu ntimwoshobora kuvyakira. Aho Mutima nyakuri azozira, azobahishuka ukuri kwose; nkako ntazovuga ivyiwe, azobabwira ivyo azoba yumvise, agireko ababarire ibizoza. Aho nyene ni jewe azoninahaza, kuko azobabwira ivyo akuye iwanje. Ivyo Data afise vyose ni ivyanje; ni co gituma nababwiye nti: ivyo azoba akuye iwanje ni vyo azobamenyesha.”