Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Fêtes & Solennités » Solennités (Page 6)
Archives de Catégorie: Solennités
Ku wā 1 Munyōnyó: Umusi Mukuru w’Aberanda bose.
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ivyahishuriwe Umutumwa Yohani (7, 2-4. 9-14)
(Mbona haserutse isinzi ry’abantu batagira igitigiri bava mu mashinga yose, mu bwoko bwose, mu ntara zose, bavuga indimi zose)
Jewe Yohani, mbona uwundi mumarayika aduga ava mu buseruko afise ikimenyetso c’Imana Nzima ; arasemerera abamalayika bane bari barungitswe gusivya isi n’ikiyaga, ati : « Imbere y’uko musibanganya isi, ikiyaga n’ibiti, banza murindire, tubanze gushira ikimenyetso ku ruhanga rw’abasavyi b’Imana yacu. » Nca ndamenya igitigiri c’abashizweko ikimenyetso : ibihumbi ijana na mirongo ine na bine mu miryango yose y’abana b’Israeli.
Ivyo biheze, mbona haserutse isinzi ry’abantu batagira igitigiri bava mu mashinga yose, mu bwoko bwose, mu ntara zose, bavuga indimi zose, bahagaze imbere y’intebe y’Ubwami n’imbere y’Umwagazi, bambaye ikanzu zera, bafise n’ibisanda mu minwe. Bahurikira hamwe bati :« Mana yacu uvyagiye ku ntebe, nawe mwagazi, ganza, sabwa ! »
Abamalayika bose rero bakikije ya ntebe, ba Batama na ba Bazima bane, bakubitira icarimwe ibipfukamiro hasi imbere y’intebe y’Ubwami, barunama ngo basenge Imana, bavuga bati :« Amen ! Imana yacu n’ishemezwe, ikengurukwe, yubahwe, itsinde, yiganze mu myaka n’imyaka ! Amen ! » (suite…)
Ku wa 15 Myāndagaro: Iyurizwa mw’ijuru rya Bikira Mariya.
Kuri uwo musi mukuru nyene
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ivyahishuriwe Umutumwa Yohani (11, 19a ; 12, 1-6a. 10ab)
Umukenyezi yitwikiriye izuba, munsi y’ibirenge vyiwe hari ukwezi
Muri ico gihe, ingoro y’Imana iruguruka mw’ijuru, n’isandugu ry’Isezerano ry’Umukama rigaseruka mu ngoro.
Mw’ijuru haboneka ikimenyetso c’agatangaza : Umukenyezi yitwikiriye izuba, munsi y’ibirenge vyiwe hari ukwezi kandi afise ku mutwe urugori rw’inyenyeri cumi na zibiri. Aribungenze kandi araboroga kubera ko yari ku mbanyi imubabaza cane. Hanyuma haboneka mw’ijuru ikindi kimenyetso : igisizimwe amahanga gitukura nk’umuriro, kikagira imitwe indwi n’amahembe cumi, umutwe wose wambaye urugori. Umurizo waco ukubura ica gatatu c’inyenyeri zo mu kirere uzikoragurira kw’isi. Nya gisizimwe gihagaze imbere y’uwo mukenyezi, ari ku mbanyi, kirindiriye ko ashikana ngo gice kirotsa umwana yibarutse. Noneho wa mukenyezi yibaruka umwana w’umuhungu, umwe azotwara amakungu yose, akayatwaza intahe ikomeye ; nya mwana baca bamujana iruhande y’Imana, hambavu y’intebe yayo ; na we nya mukenyezi ahungira mu gahinga, iyo Imana yamuteguriye ihungiro. Niho numva (suite…)
15 MYANDAGARO : Iyurizwa mw’ijuru rya Bikira Mariya.
Ku mugoroba urōngôra uwo musi
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere c’ivy’Ingoma (15, 3-4. 15-16 ; 16, 1-2)
Binjiza isandugu ry’Imana, barishira hagati y’ihema Dawudi yari yararishingiye
Dawudi amaze kwimikwa, yakoranije Abanyisraeli bose i Yeruzalemu kugira ngo baje kudugana isandugu ry’Umukama, barishire mu kibanza bariteguriye. Dawudi arakoranya abuzukuruza ba
Aroni aribo basaserdoti, be n’abuzukuruza ba Levi. Bashitseyo, Bene Levi barerura iryo sandugu ry’Imana, bashira iminiho yaryo ku bitugu, nk’uko Musa yari yabitegetse, bivuye kw’ijambo ry’Umukama. Maze, dawudu abarira abakuru ba Bene Levi gutora abaririmvyi mu b’iwabo, ngo bazane amakembe, inanga n’ingoma, babivuze baririmbana akanyamuneza. Nuko rero, binjiza iryo sandugu ry’Imana, barishira hagati y’ihema Dawudi yari yararishingiye. Baraheza bahereza imbere y’Imana imbagwa n’inkuka z’ukuzisangirirako. Nuko rero, amaze guhereza iyo mbagwa n’izo nkuka, Dawudi arahezagira ishengero kw’izina ry’Umukama.
Izaburi 131 (132), 9-10. 13-14
Icit : Haguruka, Mukama, uze mu buruhukiro bwawe,
Wewe ubwawe n”isandugu ry”ububasha bwawe !
Abasaserdoti bawe nibikwize ubutungane, (suite…)






