Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) (Page 101)
Archives de Catégorie: Parole de Dieu (en Kirundi)
IDOMINIKA YA 21 YO MU MWAKA (Umwâka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (22, 19-23)
Nzogushinga imfunguruzo z’inzu ya Dawidi
Ng’iri ijambo Umukama yashikirije Sobina, umukuru w’igisengero : « Ndagukuye mu gikorwa cawe, ndagukuye mu kibanza cawe. Uyu musi nyene, ndahamagara umusuku wanje Eliyakimi mwene Hilikiyasi. Ndamwambika umutamana wawe, ndamukenyeze umukanda wawe, ndamuhe ubukuru bwawe, aheze abe umuvyeyi w’abantu bose b’i Yeruzalemu n’abo mu muryango wa Yuda. Urufunguruzo rw’inzu ya Dawidi ndarushize ku bitugu vyiwe ; niyugurura, ntawuzokwugara, niyugara, ntawuzoshobora kwugurura. Ndamushinze ahantu hakomeye cane nk’umusumari, azobera umuryango wa se ingoma y’ubuninahazwa. »
IZABURI 137 (138), 1-2a. 2b-3. 6. 8bc
Icit : Urukundo rwawe, Mukama, rwamaho imyaka yose ;
ntuhebe rero ivyiza wama utugirira.
Ngira ngukengurukire n’umutima wanje wose
amajambo yanje yashitse mu nyumviro zawe ;
ngira nkuririmbire imbere y’Abamarayika,
nunamire ingoro yawe nyeranda.
Ndagukengurukiye kubera urukundo rwawe n’ukuri kwawe,
ivyo waturaganiye birarengeye ivyavuzwe kuri Wewe ;
aho nagutabaza, waranyumviye,
ngo ngire ubwoba, urabunkiza, ungira umutinyutsi.
Ego niko, kuva mw’ijuru Umukama abona abicisha bugufi,
Ariko abanyabwishime bo abamenyera kure.
Urukundo rwawe, Mukama, rwamaho imyaka yose ;
Ntuhebe rero ivyiza wama utugirira.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (11, 33-36)
Vyose biva kuri We, vyose bibeshwaho na We kandi vyose birora kuri We
Ese ingene itunga, ubwitonzi n’ubumenyi bw’Imana ari agatangaza ! Ese ingene ingingo zayo atawushobora kuzitohoza n’ingene inzira zayo atawushobora kuzitegera ! Ni nde yoba yaramenye iciyumviro c’Um’kama ? Canke ni nde yamubereye umuhanuzi ? Canke ni nde yoba yaramwitanze akamugabira ngo na We aze amusubize ? Vyose biva kuri We, vyose bibeshwaho na We kandi vyose birora kuri We : n’aninahazwe mu myaka yose ! Amen.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Uri Petero, no kuri iryo buye nzokwubakako Ekleziya yanje ;
n’ingabo za Shetani ntizizoyisenyura.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (16, 13-20)
Uri Petero, ndaguhaye imfunguruzo z’Ubwami bw’ijuru
Muri irya misi,
Yezu yari ashitse mu ntara ya Sezareya ya Filipo ; araheza abaza abigishwa biwe ati : « Mwumva Umwana w’umuntu bamuvugako iki ? »
Bamwishura bati : « Bamwe bagira ngo ni Yohani Batista, abandi Eliya, abandi ngo ni Yeremiya, abandi na bo ngo ni umuhanuzi mu bandi. » Yezu asubizayo ati : « Mweho mwiyumvira ko ndi nde? »
Simoni Petero yishura ati : « Uri Kristu, Umwana w’Imana nzima. »
Yezu na we ati : « Urahiriwe, Simoni mwene Yona, kuko atari wewe uvyibwiye, ubimenyeshejwe na Data ari mw’ijuru. Nanje, ndabikubariye, uri Petero, no kuri iryo buye nzokwubakako Ekleziya yanje ; n’ingabo za Shetani ntizizoyisenyura. Nzoguha imfunguruzo z’Ubwami bw’ijuru : ico uzoboha kw’isi cose kizoba kiboshwe no mw’ijuru, ico uzobohora kw’isi cose kizoba kibohowe no mw’ijuru. »
Agirako yihanikiriza abigishwa biwe ngo ntihagire uwo babwira ko ari We Kristu.
IDOMINIKA YA 17 YO MWAKA (Umwâka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere c’Abami (3, 5. 7-12)
Warisabiye umutima w’ubwitonzi
Umusi umwe, Salomo yari i Gabaoni, Umukama araheza aramubonekera mu ndoto, ati : « Nsaba ico noguha. » Salomo aramwishura ati : « Mukama, Mana yanje, jewe umusavyi wawe, ni Wewe wanyyimitse, nsubira ku ngoma ya Dawidi, umuvyeyi wanje ; none numva nkiri muto cane, sinzi gutegeka. Raba, umusavyi wawe ari hagati y’igihugu witoreye, igihugu amahanga ata n’umwe yoshobora n’uguharura ngo amenye abantu bari muri co uko bangana. None rero, tabaza umusavyi wawe umutima w’ubwitonzi, kugira ngo ashobore gutandukanya neza akabi n’akeza ; ahandi ho iki gihugu cawe kingana gutyo, ni nde yoshobora kugitwara ? »
Umukama aranezerwa n’ico gisabisho ca Salomo, amwishura ati : « Kubera ko wansavye ivyo, utansavye kuramba canke itunga ryinshi canke kumara abansi bawe, ariko wisabiye ubwenge n’ubwitonzi, jewe ndakugabiye ico wansavye : ndaguhaye umutima w’ubwitonzi ata n’umwe arigera aronka, kandi ata n’umwe azosubira kuronka. »
IZABURI 118 (119), 57. 72. 76-77. 127-128. 129-130
Icit : Ukuntu nkunda amabwirizwa yawe, Mukama !
Uruhara natoye, Mukama,
ni urw’ukugumya amategeko yawe.
Ijambo riva mu kanwa kawe rindutira
Amafeza n’inzahabu ibihumbi.
Ntabara, umpoze n’urukundo rwawe,
nk’uko wabiraganiye umusavyi wawe.
Ngirira imbabazi umpangaze,
kuko amabwirizwa yawe ampimbara.
Nico gituma nkunda amabwirizwa yawe
Kurusha n’inzahabu ityoroye.
Nico gituma ngendera ku mabwirizwa yawe,
nkanka ikinyoma cose.
Amategeko yawe ni akaroruhore,
Nico gituma umutima wanje uyazigama.
Ijambo ryawe riraboneshereza abatobato,
rikabaha ubwenge.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (8, 28-30)
Imana yatugeneye kugira agashusho k’Umwana wayo
Ncuti zanje,
Turazi neza ko Imana ifasha abayikunda, abo yitoreye nk’uko yabitegekanije, ikabagirira ivyiza. Abo yashimye kuva na kera, yarabageneye kuzofata agashusho k’Umwana wayo, kugira ngo uno Mwana abe imfura y’abavukanyi benshi cane. Abo yigeneye, ni bo kandi yatoye ; abo yatoye, ni bo kandi yagize intungane ; abo yagize intungane, ni bo kandi yaninahaje.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Uragahezagirwa, Mana Data, Mukama w’ijuru n’isi,
kuko wamenyesheje abatobato amabanga y’Ubwami bwawe.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (13, 44-52)
igisomwa kigufi : 13, 44-46
Ashora ivyo atunze vyose, ngo yigurire nya murima
Muri irya misi,
Yezu yaciriye iyi migani ishengero ry’abantu, ati : « Ubwami bw’ijuru busa n’itunga ryari rinyegeje mu murima ; hanyuma umugabo araryitorera, ararinyegeza. Aca ajana akanyamuneza kenshi, aja gushora ivyo atunze vyose ngo yigurire nya murima. Kandi Ubwami bw’ijuru busa n’umucuruzi yironderera intabonwa. Asanga intabonwa itari bwaboneke, aja gushora ivyo atunze vyose ngo ayigurire.
Igisomwa kigufi giherera aha
Kandi Ubwami bw’ijuru busa n’urusenga baterera mu kiyaga, hanyuma rugafata ifi z’ubwoko bwinshi. Rumaze kwuzura, abarovyi bakarukwegera ku nkombe, bakicara bagasobanura ifi nzizanziza bakabika, imbimbi na zo bakazita.
Ni uko bizomera ku muhero w’isi ; abamarayika bazoza basobanure ababi n’abeza, ababi batabwe mu nyenga y’umuririro, baharirire kandi baharyanishirize insya z’amenyo. Murumvise ivyo vyose ? » Baramwishura bati : « Turavyumvise. » Asubizayo ati : « Nico gituma umwigisha wese yigishijwe ibiraba Ubwami bw’ijuru ameze nka senaka mu rugo asobanura mw’itunga ryiwe ibintu bishasha n’ivya kera. »
IDOMINIKA YA 15 (Umwâka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (55, 10-11)
Imvura irarondora isi
Ng’iri iryavuzwe n’Umukama :
Nka kurya imvura n’ikime bigwa biva kw’ijuru ntibisubireyo bitavomeye isi ngo biyirondore, ibiterwa bikamera, umubivyi akaronka imbuto n’imfungurwa, niko n’ijambo rivuye mu kanwa kanje ritangarukako ritagize akamaro, ritaranguye ico nshaka, ridakoze ico naritumye.
IZABURI 64 (65), 10abcd. 10e-11. 12-13. 14
Icit : Imbuto zimwe zigwa mu busize bwinjiye, zirarondoka.
Uragendera isi ukayivubira,
ukongera ukayitungisha cane ;
inzizi z’Imana zuzuye amazi,
ni Wewe utanga amasaka.
Uko niko utunganya isi,
mu kuvubira imigāga yayo, mu kumenagura ibinonko ;
urabicucagira akavura nyako,
ugahezagira n’ibiyimezeko.
Umureko uwusagira ivyiza vyawe,
ku burari bwawe handagaye umugisha :
inyovu zirayagayaga,
imitumba na yo irigina.
Ku mitumba huzuye ubusho,
imibande yuzuye ingano.
Vyose vyigina mu kanyamuneza.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (8, 18-23)
Ibiremwa vyose vyiteze umusi ubuninahazwa bw’abana b’Imana buzohishurwa
Ncuti zanje,
Ku bwanje amagorwa yo ngaha kw’isi ntaho ahuriye n’ubuninahazwa twizigiye. Erega, ibiremwa vyose biriteze umusi ubuninahazwa bw’abana b’Imana buzohishurwa. Niko, isi yarabaye umuja w’ibitagira mvūrá, ariko ntiyavyishakiye, vyagizwe n’uwabiyisutsemwo. Ariko ubu irizigiye kuzokizwa ubwo buja bw’akabi, ishike mu buninahazwa bw’abana b’Imana ata nkomanzi.
Erega turazi neza ko gshika ubu isi yose yiganyira nk’umuvyeyi ari ku mbanyi. Kandi ga, si yo gusa, na twebwe nyene, n’aho tumaze kuronka ingabirano za mbere za Mutima Mweranda, turaciganyira mu mutima, twiteze ko umubiri wacu urokoka.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Imbuto ni ijambo ry’Imana, umubivyi na we ni Kristu.
Uwumwemera wese azoramba mu myaka yose.
Alleluya, alleluya
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (13, 1-23)
Igisomwa kigufi : 13, 1-9
Ubwami bw’ijuru busa n’umubivyi
Muri irya misi,
Yezu yavuye mu nzu aja kwicara ku nkombe y’ikiyaga ; abantu benshi bakoranira iruhande yiwe, araheza aja mu bwato, ishengero na ryo riguma ku nkombe. Hanyuma abwira abantu vyyinshi mu migani ati : « Hari umubivyi yitoye aja kubiba. Ariko arabiba, imbuto zimwe zigwa mu nzira, haza inyoni zirazinobagura. Izindi zigwa mu mabuye hatagira ivu rikwiye, zica zimera ningoga kuko zitarir zashitse mw’ivu ; izuba ngo ryake, rica riraziturira, kuko zitari zifise imizi, zica ziruma. Izindi mbuto zigwa mu mahwa ; ngo zimare gukura, arazizinga. Izindi zigwa mw’ivu ryiza ; zirarondoka, imwe yigira ijana, iyindi mirongo itandatu, iyindi mirongo itatu. Uwufise amatwi niyumve. »
Igisomwa kigufi giherera aha
Abatumwa begereye Yezu baramubaza bati : « Mbe igituma usigura mu migani ni iki ? » Arabasubiza ati : « Mweho mwarahawe kumenya amabanga y’Ubwami bw’ijuru, ariko bo iryo teka ntiibaritewe. Uwuri n’ico afise, bazomwongerereza atunge, na we uwutaco afise, bazomwaka n’utwo yahorana. Nico gituma ndabigisha mu migani, kuko bakanura ntibabone, bakumva ntibategere.
Ijambo Umuhanuzi Izaya yavuze ryabatahiye, ngo : ‘Muzokwumva n’amatwi yanyu ariko ntimuzotegera, muzorabisha amaso yanyu ariko ntaco muzobona ; kuko umutima w’ico gihugu wabaye ibuye : amatwi yabo bakayazibira, kugira ngo ntibaboneshe amaso yabo, ntibumvishe amatwi yabo, ntibategere mu muzirikanyi wabo, ntibahinduke ngo ndabakize.’
Amaso yanyu arahiriwe kuko abona, n’amatwi yanyu kuko yumva. Kuko ni ukuri ndababariye : abahanuzi n’abantu b’intungane benshi baripfuje kubona ico mubona ariko ntibakibonye, kwumva ico mwumva ariko ntibacumvise.
Mweho rero, umve ico umugani w’umubivyi uvuga. Iyo umuntu yumvise ijambo ry’Ubwami ntaritegere, Umwansi araza agaca arikura mu mutima wiwe : uwo muntu ni we yabibwe ku nzira. Uwabibwe ku mabuye na we, ni uwumva Ijambo agaca aryakirana akanyamuneza ; mugabo nta mizi rifise, rimara akanya gusa : haza amarushwa canke ikindi kiza gihama Ijambo, agaca aheba. Iyabibwe mu mahwa, ni umuntu yumvise ijambo, mugabo ivyiyumviro vy’isi n’itunga bigaca birizinga, ntiryame. Iyabibwe mw’ivu ryiza, ni uwumva Ijambo akaritegera neza ; uwo ni we yama imbuto, imwe ikagira ijana, iyindi mirongo itandatu, iyindi na yo mirongo itatu. »






