Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) (Page 103)

Archives de Catégorie: Parole de Dieu (en Kirundi)

24 RUHESHI : IVUKA RYA YOHANI BATISTA

Ku mugoroba urongora uyo munsi mukuru

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya 1, 4-10

(Imbere y’uko usamwa mu nda y’uwakwibarutse, nari ndakuzi)

Mu gihe c’umwami Yosiyasi, Umukama yambwiye aya majambo ati :
“Imbere y’uko usamwa mu mbanyi y’uwakwibarutse, nari ndakuzi ;
utaranavuka, nakugeneye kuba umuhanuzi mu bihugu.”
Nanje ngira nti : “None ga Mukama Mana, ko ntazi kuvuga, nkiri umwana!”
Umukama asubizayo ati : “Nturuhe uvuga ngo uri umwana,
genda ariho ku bo nkurungitseko, ubabwire ivyo ngutumye vyose.
Ntubatinye, turi kumwe, ndaguhagarikiye ; ng’iryo ijambo ry’Umukama.”
N’uko rero ankora ku munwa, ati : “Aho rero ngushizemwo amajambo yanje.
Menya ko uyu munsi ngushinze ibihugu n’intara z’abami,
ngo urandure, usenyure, usambure, uheze wubake kandi uteragire.”

IZABURI 70 (71), 1-2. 3-4b. 5-6ab. 15ab

ICIT : Warantoye urantonesha ntaranavuka!

Mukama, ni Wewe mpungirako,
sinzokwigera nteterwa ;
unkize kubw’ubutungane bwawe, undokore,
ntega ugutwi kandi unkize.

Umbere ikinja ritayegayega,
umbere n’uruzitiro rutamenwa ;
wigishije inama yo kunkiza :
na none uri ikinja, uri inkinzo yanje.
Mana yanje, n’unkure mu minwe y’umubisha.

Erega, Mukama, ni Wewe nizigiye,
ni Wewe nishimiye nkiri muto.
Nakwishimiye nkiri mu mbanyi ya mama,
warantoye, urantonesha ntaranavuka.

Mpoza mu kanwa ubutungane bwawe,
ku munsi wose mvuga ko uzi gukiza.
Ewe Mana yanje, wanyigishije nkiri muto,
gushika n’ubu mvuga ivyiza wagize.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya mbere ry’Umutumwa Petero 1, 8-12

(Ubwo bukiriro abahanuzi bamye baburondera kandi bakabutohoza)

Ncuti zanje,
Uyo Yezu, muramukunda n’aho mutigeze mumubona, kandi n’ubu n’aho mutaramubona muramwemera, mukanezerwa akanyamuneza katavugwa kandi kuzuye ubuninahazwa, kuko muzi neza ko muzoshikira iherezo ry’ukwemera kwanyu, ari ryo bukiriro bw’imitima. Ubwo bukiriro abahanuzi bamye baburondera kandi bakabutohoza, baraheza baratuburira ingabirano muzoshikirizwa. Bahora babitohoza ngo bamenye igihe n’ibimenyetso babwiwe na Mutima wa Kristu yari muri bo, aho yababurira amagorwa Kristu azobona n’ubuninahazwa buzoyakurikira.
Niho bahishurirwa ko bitazoshika bakiriho, ariko vyagenewe mwebwe. None ubutigu bwageze, kandi mubimenyeshejwe n’ababashikirije Inkuru Nziza bohejwe na Mutima Mweranda yarungitswe ava mw’ijuru.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya

Uwo yaje ameze nk’icabona kivugira Umuco, ngo ategurire Imana ingabo ziyinogeye.

Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka 1, 5-17

(Umukenyezi wawe azokuvyarira umuhungu, uzomwita Yohani)

Ku ngoma ya Herodi umwami w’Ubuyudeha, hari umusaserdoti yitwa Zakariya, wo mu muryango wa Abiya, umukenyezi wiwe yamuka kuri Aroni yitwa Elizabeti. Bose bari intungane mu maso y’Imana, bari intahinyuka mu gukora amabwirizwa n’amategeko yose y’Umukama. Mugabo, nta kana bari bafise, kuko Elizabeti yari ingumba, kandi bompi bari bageze mu zabukuru.
Uwo munsi rero, hari haramukiwe umusaserdoti wo mu muryango wiwe ; Zakariya aragenwa ngo arangure ibanga ry’ubusaserdoti mu ngoro y’Imana, aja kwosa isenga nk’uko bitegetswe. Ishengero ryose ryari rikikije hanze ryariko rirasenga mu gihe c’ukwosa isenga. Umumalayika w’Umukama rero aramubonekera, ahagaze iburyo bw’altari y’isenga. Zakariya ngo amubone, arajumarara, ubwoba buramutekera!
Nya mumalayika yamara amubwira ati : “Humura, warasavye urumvirwa : umukenyezi wawe azokwibarukira umuhungu, uzomwita Yohani. Azogutera ubuhirwe n’akanyamuneza, kandi ivuka ryiwe rizohimbara benshi. Nkako nyene, azoba mukuru imbere y’Imana. Nta citwa inzoga n’ikiboreza azogeza ku munwa, azokwuzuzwa Mutima Mweranda kuva akiri mu nda ya nyina, kandi azogarura Abanyisraeli benshi bayoboke Umukama Imana yabo. Ni we nyene azomuza imbere afise umutima n’ububasha vya Eliya, agarure abavyeyi berekeze umutima ku bana babo, ibigaba na vyo bigarure agatima, bikurikize ubwitonzi bw’intungane, ategurire artyo Umukama ingabo zimunogera.”

UMUSI MUKURU W’UBUTATU BWERANDA

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka : 34, 4b-6.8-9

 (Umukama, Imana yuzuye imbabazi n’ubuntu)

Ijambo ry'Imana
Ijambo ry’Imana

Muri irya misi, Moshe yazindutse kare mu gatondo, aduga ku musozi wa Sinayi, nk’uko Umukama yari yamutegetse, atwaye vya bisate bibiri vy’amabuye. Umukama amanuka muri ca gicu, ahagararana na we aho hantu ; Moshe araheza yambaza izina ry’Umukama. Umukama aca imbere yiwe, aravumera ati : « Ndi Umukama, ndi Umukama, ndi Imana yuzuye imbabazi n’ubuntu, sinkaza ishavu, ndi ikigongwe cinshi, nzira guhemuka. »

Ako kanya, Moshe aca akubita ibipfukamiro hasi, arasenga. Hanyuma avuga ati : « Mukama, niwaba unkunda, ndagusavye utuje imbere. Ndazi, Mukama, ko iki gihugu gifise umutima ugumye nk’ibuye ; ariko, turekurire ibicumuro vyacu n’ubugaba bwacu, tugire ba samuragwa bawe. »

URURIRIMBO : Dn 3, 52-56

Icit : Uragahezagirwa kandi uragashemezwa imyaka yose !

Uragahezagirwa, Mukama, Mana y’abasokuru
Icit : Uragahezagirwa kandi uragashemezwa imyaka yose !

Izina ryawe rininahaye kandi ryeranda nirihezagirwe,
Icit : Uragahezagirwa kandi uragashemezwa imyaka yose !

Uragahezagirwa mu ngoro nyeranda y’ubuninahazwa bwawe,
Icit : Uragahezagirwa kandi uragashemezwa imyaka yose !

Uragahezagirwa ku ntebe y’ubwami bwawe,
Icit : Uragahezagirwa kandi uragashemezwa imyaka yose !

Uragahezagirwa, Wewe,
Icit : Uragahezagirwa kandi uragashemezwa imyaka yose !

Wewe uhangamye hejuru y’abamarayika,
Icit : Uragahezagirwa kandi uragashemezwa imyaka yose !

Uragahezagirwa mu kirere co mw’ijuru,
Icit : Uragahezagirwa kandi uragashemezwa imyaka yose !

IGISOMWA CA KABIRI

(Muragahorana inema ya Yezu Kristu,
urukundo rw’Imana
n’ingabirano ya Mutima Mweranda)

Ncuti zanje
Nimunezerwe, murondere ubweranda, muremeshanye ; muhuze imitima, mwamane amahoro : niho Imana y’urukundo n’amahoro izobana namwe. Nimuramukanye namwe mu kugwana mu nda nk’aberanda. Aberanda bose barabatasha. Muragahorana mwese inema y’Umukama Yezu Kristu, urukundo rw’Imana, mwuzure na Mutima Mweranda !

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
Haninahazwe Data na Mwana na Mutima Mweranda !
Haninahazwe Uwuriho, Uwamyeho n’Uwugira ngo aze !
Alleluya, alleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Yohani : 3, 16-18

(Imana yarungitse Umwana wayo ngo akize isi)

Imana yarakunze isi gushika itange Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo uwumwemeye wese ntapfe, aronke riho ubuzima budahera. Erega, Imana ntiyatumye Umwana wayo gucira isi urubanza, ariko yamurungitse ngo akize isi. Uwumwemera nta ntahe imuvugirako, uwutemera we, yararemetswe intahe, kuko yanse kwemera izina ry’Umwana w’ikinege w’Imana.

Idominika y’7 ya Pāsíka (Umwâka A)

IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa : 1, 12-14

(Bose bari n’umutima umwe mu gushishikara gusenga)

Yezu amaze kwurira mw’ijuru, abatumwa baciye bagaruka i Yeruzalemu bavuye ku gasozi ka Oliveti kari hafi ya Yeruzalemu. Bashitseyo, baca burira mu cumba cο hejuru aho bari basembereye. Hari Petero na Yohani, Yakobo na Andreya, Filipo na Toma, Bartolomeo na Matayo, Yakobo mwene Alfei, Simoni Umuzelote na Yuda mwene Yakobo. Bose bari n’umutima umwe mu gushishikara gusenga, hamwe n’abakenyezi nka Mariya nyina wa Yezu na benewabo.

IZABURI 26 (27), 1. 4. 7-8a

Icit : Ndavyemeye, nzobona Umukama agira neza
          Kuri iyi si y’abazima.

Canke : Alleluya.

Umukama ni We rumuri rwanje, ni We bukiriro bwanje,
notinya nde wundi ?
Umukama ni We nkingi y’ubuzima bwanje,
ni nde yompindisha agashitsi ?

Hari ikintu nsaba Umukama,
ndagicambirwa ;
ni ukuba mu ngoro y’Umukama,
imisi yose y’ubuzima bwanje.

Mukama, ndagutabaza, n’unyumvire :
ngirira ikigongwe, unyishure !
Sinibagiye ko wavuze uti :
« Rondera inyonga zanje. »

IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere ry’Umutumwa Petero : 4, 13-16

(Nimwaba mutukwa kw’izina rya Kristu, murahiriwe)

Ncuti zanje,
Nezerewe kuko musangiye na Kristu amakuba yababaye, kugira ngo umusi ubuninahazwa bwiwe buzokwibonekeza muze munezerwe muhimbarwe. Nimwaba mutukwa kw’izina rya Kristu, murahiriwe, kuko Mutima w’ubuninahazwa ariwe Mutima w’Imana muri kumwe.
Ntihagire n’umwe muri mwebwe abona amagorwa kuko ari umwicanyi canke igisuma canke inkozi y’ikibi canke abeshera abandi ; ariko, niyaba agorwa kuko ari umukristu, ntibimutere isoni, n’aninahaze riho Imana kuko yitwa iryo zina.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
Umukama yavuze ati : « Sinzobasiga muri impfuvyi ;
ndagiye, mpeze nze ngaruke muri mwebwe,
umutima wanyu wuzure akanyamuneza. »
Alleluya, alleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Yohani : 17, 1-11a

(Dawe, ninahaza Umwana wawe)

Mu gihe yari mu kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se wiwe,
Yezu yariko arasenga ahanze ijuru, avuga ati : « Dawe, ubutigu burageze : ninahaza Umwana wawe, Umwana wawe na we abone kukuninahaza yongere ahe ubuzima budahera abo wamuhaye bose kubera ububasha wamuhaye ku citwa ikiremwa cose. Ubuzima budahera na bwo, ni ukukumenya Wewe Mana rudende y’ukuri n’uwo watumye Yezu Kristu.

Narakuninahaje kw’isi, nararanguye ibikorwa wanshinze gukora. None, Dawe, n’uninahaze hafi yawe, umpe bwa buninahazwa nari mfise hafi yawe isi itararemwa.
Naramenyesheje izina ryawe abantu wampaye, wabakuye mu bandi. Bari abawe, urabampa, kandi barazigamye ijambo ryawe.

Ubu barazi ko ico wampaye cose cavuye kuri Wewe ; kuko amajambo wampaye nayabashikirije, na bo barayakira, baramenya vy’ukuri ko namuka kuri Wewe bongera baramenya ko ari Wewe wantumye.

Ni bo nsabira, sinsabira isi, nsabira abo wampaye, kuko ari abawe. Erega, ivyanje vyose ni ivyawe kandi ivyawe vyose ni ivyanje ; muri bo rero ndaninahajwe. Sinkiri kw’isi, yamara bo bari kw’isi ; nanje nje iwawe.»