Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) (Page 112)
Archives de Catégorie: Parole de Dieu (en Kirundi)
2 MUNYONYO : UKWIBUKA ABAKRISTU BAPFUYE
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 25, 6a. 7-9
(Umukama azokwirukana urupfu ubutakigaruka)
Muri irya minsi, Umukama Imana y’ingabo azotegurira ibihugu vyose, kuri uyu murambi, inzimano y’inyama zinuze. Uyo murambi azowukurako umwambaro wo kugandara wari utwikiriye ibihugu vyose, n’impuzu y’ugufuba abantu yari ipfutse intara zose iyo ziva zikagera
Urupfu azorwirukana ubutkigaruka. Umukama azohanagura amarira y’abantu bose, yongere akure iceyi ku gihugu ciwe cateterewe, eka agikure kw’isi yose ; kuko Umukama yabivuze.
Kuri uyo munsi, bazovuga bati : « Ng’iyo Imana yacu, twari tuzeyeko urukiza ; Umukama ni We twari twishimiye ; turanezerewe kandi turahimbawe kuko yaturokoye. »
Izaburi 24, 6-7bc. 17-18
Icit : NI Wewe, Mukama, nerekezako umutima
Canke: Abakwizigiye, Mukama, ntaho bazomaramara.
Gira wibuke imbabazi zawe, Mukama,
wibuke n’urukundo rwawe, kuko ari ivya misi yose.
Nk’uko urukundo rwawe rwamaho,
n’abe ariko unyibuka, Mukama.
Remurura umushaha wanje wuzuye amaganya,
unkure mu marushwa ndimwo ;
raba umubabaro n’umuruho wanje,
unkize ibicumuro vyanje vyose.
Zigama umutima wanje, unkize ;
ni Wewe mpungiyeko, ntuntetereze.
Ubweranda n’ubutungane nibindokore,
kuko ari Wewe nizigiye.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ivyahishuriwe Umutumwa Yohani : 21, 1-5a. 6b-7
(Urupfu ntiruzoba rukiriho)
Hanyuma, jewe Yohani mbona ijuru rishasha n’isi nshasha, kuko ijuru rya mbere n’isi ya mbere vyari vyagiye, kandi ikiyaga nticari kikiriho.
Mbona kandi igisagara ceranda, Yeruzalemu nshasha, ndakibona kiriko kirururuka kiva mw’ijuru ku Mana ; cari citoye nk’umugeni yiteguriye umunega wiwe. Numva ijwi rerenga riva ku ntebe y’Imana, rivuga riti : « Ng’iyi ingoro y’Imana iri mu bantu ; izobana na bo, babe igisata cayo, na Yo Imana ibe hamwe na bo. Izohanagura amosozi mu maso yabo kandi urupfu ntiruzoba rukiriho : nta maruru, nta maborogo, nta magorwa azoba akiriho, kuko ivya mbere bizoba vyashize. »
Hanyuma Uwuvyagiye ku ntebe aravuga ati : « Raba, vyose ndabigize bishasha. Jewe ndi Alfa na Omega, itanguriro n’iherezo. Uwunyotewe, jewe nzomuha kunywa kw’isoko ry’amazi y’ubuzima ata kiguzi arinze gutanga. Uwatsinze aziragwa iryo ragi : nzomubera Imana, na we azombera umwana. »
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Imana yakunze isi gushika itange Umwana wayo w’ikinege, ngo uwumwemeye wese aronke ubuzima budahera.
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Mariko : 15, 33-39; 16, 1-6
(Igisomwa kigufi : 15, 33-39)
Yezu yongera gutura akamo, aracikana
Kw’isaha ya gatandatu, umukorane ukwira isi yose gushika kw’isaha y’icenda. Kw’isaha y’icenda, Yezu atura akamo ati : « Elai, Elai, lama sabaktani ? », ni ukuvuga ngo : « Mana yanje, Mana yanje, wampebeshejwe n’iki ? » Abari aho ngo bavyumve, bati : « Ng’uyu ariko aratabaza Eliya ! » Umwe muri bo yiruka gukoza mw’isiki ipampa, arishira kw’isunwa ry’umubingobingo, aramuhereza ngo anunuze, bavuga bati : « Reka turabe ko Eliya aza kumumanura ! » Yezu yongera gutura akamo, aracikana.
Impuzu yo mu gisengero yicamwo kubiri kuva ruguru gushika hepfo. Intwazangabo yari imbere yiwe, ngo ibone ingene acikanye, iti : « Ni ivy’ukuri, uyu muntu yari umwana w’Imana ! »
(Igisomwa kigufi giherera aha)
Isabato ihavuye, Mariya Madalena na Mariya nyina wa Yakobo na Salome bagura ibimoga neza, bajana gusiga ikiziga ca Yezu. Ku musi ukurikira isabato, bazinduka mu gitondo kare bashika ku ruhafu izuba rirashe.
Barabazanya rero bati : « Mbega, uwuza kudutembagariza rya buye ryugaye uruhafu, tuza kumukura hehe ? » Ngo barabe, babona rya buye ryatembagariye iruhande, na ryo ryari amahanga. Binjniye mu ruhafu, babona umusore yicaye ku ruhande rw’iburyo yambaye ikanzu yera ; ubwoba buca burabatekera.
Na we ati : « Ntimutinye ! Yezu w’i Nazareti murondera, umwe babamba, urya yazutse, ntakiri ngaha. Ehe raba aho bari bamubitse. »
II
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi : 3, 1-9
(Igisomwa kigufi : 3, 1-6. 9)
(Imana yabakirije yompi nk’ishikanwa bayihereje)
Imitima y’aberanda iri mu maboko y’Imana, kandi nta n’amabi y’urupfu azoyikakaza.
Ibiburabwenge bigira ngo bari bapfuye, urupfu rwabo rumera nk’akamaramaza ; aho bashengereye, vyagize ngo ni hera-ndahevye, kira noneho bībereye mu mahoro.
N’aho mu maso y’abantu bafise amahano, bamye bizigira ko batazopfa akagirire ; baruhijwe na buhoro, kuko bazoronka ivyiza vyinshi.
Kuko, Imana yabagerageje, isanga barayibereye ; yarabagerageje nk’umuhoro mu ruganda, ibakiriza yompi nk’ishikanwa bayihereje.
Igisomwa kigufi kirahagarara aha
Umunsi azobagendera, bazosayangana, bākâke nk’amasase mu muyange. Bazoshinga intahe mu mashinga, bagabe ibihugu, Umukama ahangame muri bo imyaka yose.
Igisomwa kigufi kibandaniriza aha
Abashize umwizero wabo mu Mukama bazotegera ukuri, abari intahemuka bazokwamana na We mu rukundo, kuko abo yitoreye batewe iteka n’ikigongwe.
Izaburi 26 (27), 1. 4. 7. 8b. 9a. 13-14
Icit : Umukama ni We rumuri rwanje, ni We bukiriro bwanje.
Canke : Ndavyemeye, nzobona Umukama agira neza kuri iyi si y’abazima.
Umukama ni We rumuri rwanje, ni We bukiriro bwanje
Notinya nde wundi ?
Umukama ni We nkingi y’ubuzima bwanje,
ni nde yompindisha agashitsi ?
Hari ikintu nsaba Umukama,
ndagicambirwa ;
ni ukuba mu ngoro y’Umukama,
imisi yose y’ubuzima bwanje,
ngo mpimbarwe n’uko Umukama ari mwiza,
nkaguma mu ngoro yiwe.
Mukama, ndagutabaza, unyumvire ;
Ngirira ikigongwe, unyishure !
Inyonga zawe, Mukama, ni zo ndondera ;
ntizinje kure !
Ndavyemeye, nzobona Umukama agira neza
Kuri iyi si y’abazima.
Izigire Umukama, mugumye umutima, ntimuhugumbwe,
nimwitege Umukama.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani : 8, 31b-35. 37-39
(Ni nde azodukura ku rukundo rwa Kristu?)
Ncuti zanje,
Ko Imana isanzwe iturwanira, ni nde yoturwanya ? Ko itimanye Umwana wayo bwite, ariko ko yamuduhebeye twese, icoyitesha noneho kutugabira ibisigaye vyose kuri uno Mwana, ni iki ? Ni nde aokwagiriza abatowe n’Imana ? Mbega, Imana si Yo ibagira intungane ? Ni nde azobacira urwo gutsindwa ? Mbega, ni Yezu Kristu, kandi ari We yapfuye agaheza akazuka, akaba kandi ari We yicaye iburyo bw’Imana akatwambariza ?
Ni nde azodukura ku rukundo rwa Kristu ? Mbe, ni amarushwa canke ni amaganya, ni uruhamo canke ni inzara, ni ukubura ico twambara canke ni amakuba canke ni inkota ? Nkako handitswe ngo : « Twirirwa turicwa bakaduhōra, noneho twari tumeze nk’intama z’imbarwa. »
Ariko muri vyose, turatsinda kubera uwadukunze. Egome ndavyemeye ntakekereza : nta rupfu, nta buzima, nta n’abamarayika canke intwaramiheto zo mw’ijuru, nta n’ibiriho canke ibizoza, nta n’ibifise ububasha canke ibiri mu kirere canke ibiri mu kuzimu, nta n’ikiremwa na kimwe kizoshobora kudukura ku rukundo rw’Imana rwamenyeshejwe muri Kristu Yezu Umukama wacu.
INKURU NZIZA
Alleluia, alleluia.
Nitwaba twapfanye na Kristu, tuzorambana na We ; nitwaba twasangiye amagorwa hamwe, tuzosangira n’ubwami.
Alleluia.
Ivyo dusoma mu Njiri Nyeranda yanditswe na Luka : 24, 13-35
(igisomwa kigufi : 24, 13-16. 28-35)
None ntikwari ko ngo Kristu arinde ayo magorwa yose, kugira ngo ashikire ubuninahazwa bwiwe ?
Ku musi ugira gatatu kuva aho Yezu apfiriye, abigishwa babiri baja mu gisagara citwa Emausi : kuva i Yeruzalemu ni urugendo rw’isaha zibiri ; bagenda baraganira ivyari vyabaye vyose. Barabiganira kandi bakabiharira ; Yezu na We arabegera ngo bafatanye akayira ; ariko amaso yabo ntiyashobora kumumenya.
Arababaza ati : « Ivyo mugenda muratoshanya ni ibiki ? » Barahagarara bijiriwe. Umwe muri bo yitwa Kreofasi, aramwishura ati : « Ni wewe musa uciye i Yeruzalemu utazi ivyabaye muri iyi misi ? » Na We ati : « Vy’ibiki ?» Bati : « Ivya Yezu w’i Nazareti : Yari umuhanuzi w’agakura mu mvugo no mu ngiro imbere y’Imana n’imbere y’abantu : abakuru b’abasaserdoti n’abashingantahe bacu baramuguze, bamucira urwo gupfa, bagirako bamubamba ku musaraba ; ariko tweho twari twizigiye ko ari We yari gucungura Israeli ! None bukeye gatatu ivyo bintu bibaye !
Hari abagore bamwe mu bacu bahoze ku ruhafu kare baje kudutera ubwoba : ntibabonye ikiziga ciwe, yamara baje kutubwira ko babonye abamarayika bababariye ko ari muzima. Bamwe mu bagenzi bacu na bo bagiye ku ruhafu, basanga bimeze nk’uko abagore babivuze, ariko We ntibamubonye. »
Yezu rero arababwira ati : « Mwa biburabwenge mwe, nta mutima mugira ngo mwemere ivyo abahanuzi bavuze ! None, nti kwari ko ngo Kristu arinde ayo magorwa yose, kugira ngo ashikire ubuninahazwa bwiwe ? » Ahera rero kuri Moshe, ahetura abahanuzi bose, abasigurira ivyanditswe mu Bitabu bimwerekeye.
Begereye umuhana bajamwo, Yezu amera nk’uwubandanya. Ariko baramwinginga bashimitse bati : « Ingo tugumane ngaha, burije n’izuba ryarenze. » Araheza arabakurikira.
Avyagiye ku meza hamwe na bo, yakira umukate, arawuhezagira, arawumanyura, arawubahereza. Amaso yabo aca arakanura, baramumenya, yamara buno nyene aca aranyika. Baraheza baravugana bati : « Erega ni ho umutima wacu wari wuzuye urweze aho twafatanya akayira atubwira ivyanditswe mu Bitabu Bitagatifu !»
Muri ino saha nyene, barahaguruka, basubira i Yeruzalemu, basanga bamwe cumi n’umwe bakoranye, n’abandi bagenzi babo bari kumwe. Bariko baravuga ngo : « Ni ivy’ukuri, Umukama yazutse, yabonekeye Simoni. » Na bo babaganirira ivyo babonye mu nzira n’ingene bamumenye aho yamanyura umukate.
III
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi : 4, 7-15
(Ubuzima butagira agatosi ni bwo butāma nyakuri)
Umuntu w’intungane n’aho yopfa atarashika mu zabukuru, azoronka itekane. Erega, iteka ry’umutama ntiriva ku kuramba, kandi ntirigendana n’imyaka myinshi amaze ; nkako, ubwenge ntiburinda imvi, ubuzima butagira agatosi ni bwo butāma nyakuri.
Umuntu w’intungane arahimbara Imana, na Yo ikamukunda, vyongeye, ku kubera ko yabana n’abacumuzi, yaramubakuyemwo. Yaramubakuyemwo ngo ububisha ntibutosekaze ubwenge bwiwe, kandi ngo ubwiyorobetsi ntibuzimize umutima wiwe ; nkako, impengamiro z’akabi zititura umutima ushaka ineza, umwina wa cane na wo ukonona umutima mwiza.
Uwabaye intungane mu myaka mikeyi ameze nk’uwaramvye mu myaka myinshi. Umutima wiwe warahimbaye Umukama, ni co gituma yihutiye kumukura mu nkozi z’ikibi.
Abantu barabibona ntibategere : ntibashobora no kwiyumvira ko abatoni b’Umukama baronka inema n’ikigongwe, aberanda biwe ko ari bo akingira.
Izaburi 129 (130), 1-2. 3-4. 5-6a. 6b-7. 8
Icit : Ndagutakambiye, Mukama, ndi mu nyenga !
Canke : Ndizeye Umukama, ijambo ryiwe ni ryo nizigiye.
Ndagutakambiye, Mukama, ndi mu nyenga,
Mukama, ndagutabaza, nyumvira :
n’untege amatwi,
igisabisho canje kibashe kugushikira.
Mbega, Mukama, niwaraba akabi kacu,
ni nde azorokoka ?
Ariko ikigongwe kiva iwawe,
nico gituma bakwubaha kandi bakwizera.
Umutima wanje uriteze Umukama,
ijambo ryiwe ni ryo nizeye ;
umutima wanje uriteze Umukama
ugasumvya abateramyi biteze umutwenzi.
Umuteramyi niyitege umutwenzi,
Israeli na yo niyitege Umukama !
Kuko urukiza ruva ku Mukama,
benshi bakaba ari ho bakirira rwose.
Ni We azobohora Israeli,
akayikiza ibicumuro vyayo vyose.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abanyatesalonika : 4, 13-18
(Tuzokwamana n’Umukama mu myaka yose)
Ntidushaka, benewacu, ko muyoberwa ivyerekeye abahisi bacu ; ntimwicwe n’intuntu nk’abandi batagira ukwizigira. Uko twemera ko Yezu yapfuye hanyuma akazuka, ni ko twemera ko abasinziriye muri Kristu, Imana izobashikana iwayo.
Ng’iki rero ico dushaka kubabwira kw’izina ry’Umukama : twebwe bazima, twebwe tuzoba tukiriho mu gihe c’amaza y’Umukama, ntituzotanga abazoba basinziriye ; kuko ijwi ry’umumarayika mukuru n’inzamba y’Imana bimaze gutanga ikimenyetso, Umukama We nyen azomanuka ava mw’ijuru, abapfuye muri Kristu batange abandi kuzuka ; hanyuma, twebwe bazima, twebwe tuzoba tukiriho, tuzokoranirizwa hamwe na bo, tujanwe mu bicu gusanganira Umukama mu kirere ; hanyuma twamane n’Umukama mu myaka yose. Ni uko rero, nimuhumurizanye muri ayo majambo.
INKURU NZIZA
Alleluia, alleluia.
Umukama yavuze ati : « Jewe ndi izuka n’ubuzima, uwunyemera ntazokwigera apfa. »
Alleluia.
Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Yohani : 11, 17-27
(Igisomwa kigufi : 11, 21-27)
(Jewe ndi izuka n’ubuzima)
Yezu ngo ashike i Betaniya, asanga Lazaro amaze iminsi ine mu cobo. Betaniya yari hafi ya Yeruzalemu, hari nk’istadi cumi na zitanu. Abayahudi benshi bari baje kuraba Marita na Mariya ngo babahoze kubera urupfu rwa musaza wabo. Aho Marita yumviye ko Yezu ashitse, yaciye aja kumusanganira ; Mariya na we asigara mu nzu yicaye.
Igisomwa kigufi gitangurira aha
Marita rero abwira Yezu ati : « Mukama, iyo uba ngaha, musazanje ntiyari gupfa. Yamara rero n’ubu ndazi ko ico uza gusaba Imana cose ikiguha. » Yezu aramwishura ati : « Musazawe azozuka. »
Marita aramwishura ati : « Ego ndabizi ko azozuka mw’izuka ry”umusi w’imperuka. » Yezu aramwishura ati : « Jewe ndi izuka n’ubuzima ; uwunyemeye wese n’aho yoba yapfuye, azoba muzima. Vyongeye, umuntu wese abahó kubwanje, akongera akanyemera, ntazokwigera apfa. Uremeye ivyo ? » Amwishura ati : « Ego Mukama, ndemeye ko uri Kristu, Umwana w’Imana, umwe ategerezwa kuza kw’isi. »
NG’IBI IBINDI BISOMWA VYAGENEWE IMISA Z’ABAPFUYE :
Igisomwa ca mbere co mu Bwuzure bwa kera
2 Mac 12, 43-46
Job 19, 1. 23-27a
Sag 3, 1-9
Sag 4, 7-15
Is 25, 6a. 7-9
Lam 3, 17-26
Dan 12, 1-3
Igisomwa ca mbere co mu Bwuzure Bushasha (mu gihe ca Pasika)
Ac 10, 34-43
Ap 14, 13
Ap 20, 1-21, 1
Ap 21, 1-5a. 6b-7
Izaburi
22, 1. 3. 4. 5. 6.
24, 6-7bc. 17-18. 20-21
26, 1. 4. 7. 8b. 9a. 13-14
41, 2. 3. 5bcd ; 42, 3. 4. 5
62, 2. 3-4. 5-6. 8-9
102, 8. 10. 13-14. 15-16. 17-18
114, 5. 6 ; 115, 10-11. 15-16ac
121, 1-2. 4-5. 6-7. 8-9.
129, 1-2. 3-4. 5-6°. 6b-7. 8
142, 1-2. 5-6. 7ab. 8ab. 10
Igisomwa ca kabiri co mu Bwuzure Bushasha
Rm 5, 5-11
Rm 5, 17-21
Rm 6, 3-9
Rm 8, 14-23
Rm 8, 31b-35. 37-39
Rm 14, 7-9. 10c-12
1 Co 15, 20-24a. 25-28
1 Co 15, 51-57
2 Co 4, 14-5,1
2 Co 5, 1. 6-10
Phi 3, 20-21
1 Th 4, 13-18
2 Tm 2, 8-13
1 Jn 3, 1-2
1 Jn 3, 14-16
Inkuru Nziza
Mt 5, 1-12a
Mt 11, 25-30
Mt 25, 1-13
Mt 25, 31-46
Mc 15, 33-39
Mc 15, 33-39 ; 16, 1-6
Lc 7, 1-11
Lc 12, 35-40
Lc 23, 33. 39-43
Lc 23, 44-46. 50. 52-53 ; 24, 1-6a
Lc 23, 44-46. 50. 52-53
Lc 24, 13-25 (13-16. 28-35)
Jn 5, 24-29
Jn 6, 37-40
Jn 6, 51-58
Jn 11, 17-27
Jn 11, 21-27
Jn 11, 32-45
Jn 12, 23-28
Jn 12, 23-26
Jn 14, 1-6
Jn 17, 24-26
Jn 19, 17-18. 25-39
1 MUNYONYO : UMUNSI MUKURU W’ABERANDA BOSE
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ivyahishuriwe Umutumwa Yohani : 7, 2-4. 9-14
(Mbona haserutse isinzi ry’abantu batagira igitigiri bava mu mashinga yose, mu bwoko bwose, mu ntara zose, bavuga indimi zose)
Jewe Yohani, mbona uwundi mumarayika aduga ava mu buseruko afise ikimenyetso c’Imana Nzima ; arasemerera abamalayika bane bari barungitswe gusivya isi n’ikiyaga, ati : « Imbere y’uko musibanganya isi, ikiyaga n’ibiti, banza murindire, tubanze gushira ikimenyetso ku ruhanga rw’abasavyi b’Imana yacu. » Nca ndamenya igitigiri c’abashizweko ikimenyetso : ibihumbi ijana na mirongo ine na bine mu miryango yose y’abana b’Israeli.
Ivyo biheze, mbona haserutse isinzi ry’abantu batagira igitigiri bava mu mashinga yose, mu bwoko bwose, mu ntara zose, bavuga indimi zose, bahagaze imbere y’intebe y’Ubwami n’imbere y’Umwagazi, bambaye ikanzu zera, bafise n’ibisanda mu minwe. Bahurikira hamwe bati :
« Mana yacu uvyagiye ku ntebe, nawe mwagazi, ganza, sabwa ! »
Abamalayika bose rero bakikije ya ntebe, ba Batama na ba Bazima bane, bakubitira icarimwe ibipfukamiro hasi imbere y’intebe y’Ubwami, barunama ngo basenge Imana, bavuga bati :
« Amen ! Imana yacu n’ishemezwe, ikengurukwe, yubahwe, itsinde, yiganze mu myaka n’imyaka ! Amen ! »
Umwe muri ba Batama ambwira ati : « Abo bantu bambaye ikanzu zera ni bande ? Bavuye hehe ? » Nanje nishura nti : « Muhanyi, ni wewe wobimenya. » Ansubiza ati : « Abo ni abarokotse ya makuba, bamesuye ikanzu zabo bazeresha amaraso ya wa Mwagazi. »
Izaburi 23 (24), 1-2. 3-4. 5-6
Icit : Ng’uwo umuryango w’abarondera inyonga zawe, Mukama.
Isi ni iy’Umukama, kumwe n’ibiri kuri yo vyose,
intara n’ibihaba vyose ;
kuko ari We yayiteretse ku mayaga,
akayikomeza kuri yo.
Mbe bane, ni nde azokwirira ku murambi w’Umukama,
akaguma mu kibanza ciwe ceranda ?
Ni umuntu mweranda, w’iminwe idahumanye,
w’umutima udacambirwa ibintazi.
Ben’uyo muntu n’ahezagirwe n’Umukama,
asagirwe n’ubutungane bw’Imana yamukijije.
Ng’uwo umuryango w’abakurondera,
barondera inyonga zawe, Mukama.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya mbere ry’Umutumwa Yohani : 3, 1-3
(Tuzobona Imana nk’uko iri)
Bakunzi banje,
Itegereze namwe urwo Data yadukunze : We yadutoye tukitwa abana b’Imana, mbere turi bo vy’ukuri. Ni co gituma isi itatuzi, kuko na We itamumenye. Bakunzi banje : kuva ubu turi abana b’Imana, na co ico tuzoba ntikiramenyekana. Mugabo ico tuzi, ni uko muri ico gihe, aho Yezu azozira, tuzosa na We, kuko tuzomubona nk’uko ari. Na we uwo wese afise ako gatima k’ukumwizigira, ni mweranda nk’uko na We ari mweranda.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Umukama yavuze ati : « Nimuze mwebwe mwese murushe kandi muremerewe, nzobaruhurira. »
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Matayo : 5, 1-12°
(b>Muranezerwa muhimbarwe, kuko impera yanyu izoba nini mw’ijuru)
Yezu abonye ishengero rikoranye, aduga ku gasozi ; ngo amare kwicara, abigishwa biwe baramwegera. Araheza atangura kuvuga, abigisha muri aya majambo :
«Hahiriwe abari n’umutima ushima ubworo : kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo !
Hahiriwe abitonda : kuko bazotorana isi !
Hahiriwe abari mu marira : kuko bazohozwa !
Hahiriwe abashonje n’abanyotewe ubutungane : kuko bazoshira ipfa !
Hahiriwe abanyakigongwe : kuko na bo bazokigirirwa !
Hahiriwe abari n’umutima mwiza : kuko bazobona Imana !
Hahiriwe abaremesha amahoro : kuko bazokwitwa abana b’Imana !
Hahiriwe abahamwa bahorwa ubutungane : kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo !
Muzoba muhiriwe nibabatuka, bakabaremera amabi yose kubwanje : muranezerwa muhimbarwe, kuko impera yanyu izoba nini mw’ijuru ! »
IDOMINIKA YA 30 YO MU MWAKA
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi : Sir 35, 15b-17. 20-22
(Imana ntiyirengagiza igisabisho c’umukene)
Umukama ni umucamanza atagira nkunzi.
Ntatoranya, arumviriza riho uwugowe amwambaza. Ntakengera igisabisho c’impfuvyi, n’iminiho y’umupfakazi.
Uwukorera Imana n’umutima wiwe wose, Imana iramwakiriza yompi, igisabisho ciwe kigashika mw’ijuru.
Igisabisho c’umworo kiramena ibicu ; ntashobora guhozwa igihe atararonka ico asaba.
Azohozako gushika Uwo mw’ijuru amurabe ryiza, aburanire intungane, azicire urutunganye.
Izaburi 33 (34), 2-3. 17-18. 19-23
Icit : Umurushwa aratabaza Umukama, akamwumvira.
Nzoninahaza Umukama na ntaryo,
nzomuhaya ntahengeshanya.
Nanje nyene nzoninahazwa n’Umukama,
abantu batobato nibumve, bahimbarwe.
Umukama aserukira gutikiza inkozi z’ikibi,
ntizibe zikirangwa kw’isi.
Barasaba Umukama akabumvira,
akabakiza umwitwarariko wabo wose.
Umukama yama yiyegereza imitima ituntuye,
akaremesha abajonjogoye.
Umukama azocungura abasavyi biwe,
nta wumuhungirako azopfa yishuye.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya kabiri Umutumwa Paulo yandikiye Timote : 4, 6-8. 16-18
(Shira ku muzirikanyi ijambo ry’Umukama)
Mwananje nkunda cane,
Jeho ndiko nditangako inkuka kandi igihe canje c’ukwigira kirashitse. Nararwanye rugabo, nararangije urugendo, narazigamye ukwemera. Ibisigaye ni ukuronka rwa rugori rw’ubutungane Umukama, We Mucamanza w’intungane azompereza kuri urya musi, kandi ntazoruhereza jewe jenyene, azoruhereza n’abo bose bazoba baroreranye urukundo iseruka ryiwe.
Aho natangura kuja kwiburanira, nta n’umwe yamfashije, ariko bose barampevye. Ese Imana itobobahora ! Umukama ni We yampagarikiye akandemesha, kugira ngo ijambo ryiwe rimenyeshwe nanje bimwe bishemeye kandi rishikire abapagani bose.
Nanje naravuye mu menyo y’intambwe ; Umukama azonkiza icitwa akabi cose kandi azondonsa ubwami bwiwe bwo mw’ijuru. Ni We akwiye ubuninahazwa imyaka yose. Amen.
The Pharisee and the Publican (Le pharisien et le publicain) by James Tissot, 1886-94, Opaque watercolor over graphite on gray wove paper, Brooklyn Museum (Photo credit: Wikipedia)
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Imana ni Yo yatumye abantu b’isi buzura na Yo muri Kristu, ikongera ikadushiramwo ijambo ry”ubwo bwuzure.
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka : 18, 9-14
(Umutozakori ni we yatashe agabanye)
Umunsi umwe, Yezu yaciriye uyu mugani bamwe bagira ngo ni bo beranda bagakengera abandi, ati : « Abantu babiri baraduze mw’isengero gusenga : umwe akaba ni Umufarizayo, uwundi na we Umutozakori.
Nya Mufarizayo, umutwe aranega, ku mutima asenga, agira ati : ‘Mana yanje, ndagushimiye, kuko ntameze nk’abandi, bo bariba, bakarenganya abandi, bagasambana, kandi simeze nk’urya Mutozakori ; nisonzesha kabiri mu ndwi, ngatanga imperezwa y’ivyo ntunze vyose.’
Wa Mutozakori na we, aguma kure, ntiyubahuka n’uguhanga ijuru, mugabo yikubita ku gikiriza, avuga ati : ‘Mana yanje, ngirira ikigongwe, jewe munyabicumuro.’
Ndabibabwiye : uyu ni we yatashe agabanye, na we umwe wa mbere, haba namba. Kukaba nkako, umuntu yihaya azoteterezwa, na we uwicisha bugufi azoshemezwa. »






