Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) (Page 117)

Archives de Catégorie: Parole de Dieu (en Kirundi)

IVUKA RYA YOHANI BATISTA (24 RUHESHI)

La nativité de Jean Baptiste.

Ku mugoroba urongora uyo munsi mukuru

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya 1, 4-10

(Imbere y’uko usamwa mu nda y’uwakwibarutse, nari ndakuzi)

Mu gihe c’umwami Yosiyasi, Umukama yambwiye aya majambo ati : “Imbere y’uko usamwa mu mbanyi y’uwakwibarutse, nari ndakuzi ; utaranavuka, nakugeneye kuba umuhanuzi mu bihugu.”

Nanje ngira nti : “None ga Mukama Mana, ko ntazi kuvuga, nkiri umwana!”

Umukama asubizayo ati : “Nturuhe uvuga ngo uri umwana, genda ariho ku bo nkurungitseko, ubabwire ivyo ngutumye vyose. Ntubatinye, turi kumwe, ndaguhagarikiye ; ng’iryo ijambo ry’Umukama.”

N’uko rero ankora ku munwa, ati : “Aho rero ngushizemwo amajambo yanje. Menya ko uyu munsi ngushinze ibihugu n’intara z’abami, ngo urandure, usenyure, usambure, uheze wubake kandi uteragire.”

IZABURI 70 (71), 1-2. 3-4b. 5-6ab. 15ab

ICIT : Warantoye urantonesha ntaranavuka!

Mukama, ni Wewe mpungirako,

sinzokwigera nteterwa ;

unkize kubw’ubutungane bwawe, undokore,

ntega ugutwi kandi unkize.

 

Umbere ikinja ritayegayega,

umbere n’uruzitiro rutamenwa ;

wigishije inama yo kunkiza :

na none uri iknja, uri inkinzo yanje.

Mana yanje, n’unkure mu minwe y’umubisha.

 

Erega, Mukama, ni Wewe nizigiye,

ni Wewe nishimiye nkiri muto.

Nakwishimiye nkiri mu mbanyi ya mama,

warantoye, urantonesha ntaranavuka.

 

Mpoza mu kanwa ubutungane bwawe,

ku munsi wose mvuga ko uzi gukiza.

Ewe Mana yanje, wanyigishije nkiri muto,

gushika n’ubu mvuga ivyiza wagize.

 

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya mbere ry’Umutumwa Petero 1, 8-12

(Ubwo bukiriro abahanuzi bamye baburondera kandi bakabutohoza)

Ncuti zanje,

Uyo Yezu, muramukunda n’aho mutigeze mumubona, kandi n’ubu n’aho mutaramubona muramwemera, mukanezerwa akanyamuneza katavugwa kandi kuzuye ubuninahazwa, kuko muzi neza ko muzoshikira iherezo ry’ukwemera kwanyu, ari ryo bukiriro bw’imitima.

Ubwo bukiriro abahanuzi bamye baburondera kandi bakabutohoza, baraheza baratuburira ingabirano muzoshikirizwa. Bahora babitohoza ngo bamenye igihe n’ibimenyetso babwiwe na Mutima wa Kristu yari muri bo, aho yababurira amagorwa Kristu azobona n’ubuninahazwa buzoyakurikira.

Niho bahishurirwa ko bitazoshika bakiriho, ariko vyagenewe mwebwe. None ubutigu bwageze, kandi mubimenyeshejwe n’ababashikirije Inkuru Nziza bohejwe na Mutima Mweranda yarungitswe ava mw’ijuru.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya

Uwo yaje ameze nk’icabona kivugira Umuco, ngo ategurire Imana ingabo ziyinogeye.

Alleluya.

Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka 1, 5-17

(Umukenyezi wawe azokuvyarira umuhungu, uzomwita Yohani)

Ku ngoma ya Herodi umwami w’Ubuyudeha, hari umusaserdoti yitwa Zakariya, wo mu muryango wa Abiya, umukenyezi wiwe yamuka kuri Aroni yitwa Elizabeti. Bose bari intungane mu maso y’Imana, bari intahinyuka mu gukora amabwirizwa n’amategeko yose y’Umukama. Mugabo, nta kana bari bafise, kuko Elizabeti yari ingumba, kandi bompi bari bageze mu zabukuru.

Uwo munsi rero, hari haramukiwe umusaserdoti wo mu muryango wiwe ; Zakariya aragenwa ngo arangure ibanga ry’ubusaserdoti mu ngoro y’Imana, aja kwosa isenga nk’uko bitegetswe. Ishengero ryose ryari rikikije hanze ryariko rirasenga mu gihe c’ukwosa isenga. Umumalayika w’Umukama rero aramubonekera, ahagaze iburyo bw’altari y’isenga. Zakariya ngo amubone, arajumarara, ubwoba buramutekera!

Nya mumalayika yamara amubwira ati : “Humura, warasavye urumvirwa : umukenyezi wawe azokwibarukira umuhungu, uzomwita Yohani. Azogutera ubuhirwe n’akanyamuneza, kandi ivuka ryiwe rizohimbara benshi. Nkako nyene, azoba mukuru imbere y’Imana. Nta citwa inzoga n’ikiboreza azogeza ku munwa, azokwuzuzwa Mutima Mweranda kuva akiri mu nda ya nyina, kandi azogarura Abanyisraeli benshi bayoboke Umukama Imana yabo. Ni we nyene azomuza imbere afise umutima n’ububasha vya Eliya, agarure abavyeyi berekeze umutima ku bana babo, ibigaba na vyo bigarure agatima, bikurikize ubwitonzi bw’intungane, ategurire artyo Umukama ingabo zimunogera.”

 

 

Kuri uwo munsi mukuru nyene :

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya 49, 1-6

(Ngiye kukugira umuco w’intara zose)

Mazinga, nimunyumvirize!

Mwebwe ba kavantara, nimutege amatwi!

Umukama yampamagaye nkiri mu mbanyi ya mama, ntaravuka yampamagaye mw’izina. Yampaye ururimi rukarishe nk’inkota, yampishije mu gitutu c’ukuboko kwiwe ; yarangize umwampi usongoye, yaranyegeje mu mutana wiwe.

Yambwiye ati : “Uri umusavyi wanje, muri wewe nzoronka ubuninahazwa.”

Nanje nibwiye nti : “Naruhiye ubusa, nakoreye nyaringa, navunye amaboko.”

Ariko rero, Umukama arabona ko ndi mu kuri, impera yanje iri mu minwe y’Imana yanje. Ubu hoho Umukama yaravuze, We yandemye mu nda ya mama, ngo ndamubere umusavyi, ndamugarukanire Yakobo, nshwabure Israeli.

Ego cane, ndi n’agaciro mu maso y’Umukama, Imana yanje ni Yo magara yanje. Yaravuze iti : “Kumbera umusavyi avyura imiryango ya Yakobo, akagarura bene Israeli barokotse, vyonyene ntibikwiye. Ndakugize umuco w’intara, kugira ngo urukiza rwanje rushike ku mpera z’isi.”

IZABURI 138 (139), 13-14ab. 14c-15

ICIT : Ndagukengurukiye, Mana yanje, kuko wangize agatangaza.

Mukama, uranyitegereza kandi uranzi,

ndicara ukabimenya, nahaguruka ukabimenya ;

akari mu mutima wanje ukamenya ukiri kure,

ngendagenda canke ndyamye, umpozako ijisho.

 

Ni Wewe wampaye amagara,

ni Wewe wandemye mu mbanyi ya mama ;

warangize agatangaza, ndabigukengurukiye :

ibikorwa vyawe ni agahore.

 

Na wo umutima wanje ni Wewe wowumenya neza,

umubiri wanje ntiwari uwuyobewe ;

aho wampingura nari mu ngoma yawe,

mu gihe nari nkiri utwondo tw’ivu.

 

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa 13, 22-26

(Kristu ataraza, Yohani ni we yamuteguriye inzira)

Umunsi umwe, mw’isinagoga ya Antiyokiya ya Pisidiya, Paulo yabariye Abayahudi ati : “Umukama yaritoreye Dawudi ngo amwimike, ni We yavuze muri aya majambo ngo : Naritoreye Dawudi mwene Yese, umuntu anshika ku mutima, azorangura ivyo nshaka vyose.

Nk’uko yari yarabiraganye, mu ruvyaro rwiwe ni ho Imana yatoye Yezu, ngo abe Umukiza w’Israeli. Ataraza, Yohani ni we yamuteguriye inzira, mu kwigisha igihugu cose c’Israeli ibatisimu y’ukwigaya.

Igihe yari mu kurangura ivyo yatumwe, Yohani yavuze ati : Jewe sindi uwo mwiyumvira, haza kuza uwo ntakwiye guhambururira imizana y’inkweto.

Bana ba mama, mwebwe bana bo mu muryango wa Ibrahimu namwe mwubaha Imana, ni mwebwe iryo jambo ry’ubukiriro ryarungikiwe.”

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya

None rero, mwana, uzokwitwa umuhanuzi w’Uwo mw’ijuru, kuko uzoja imbere y’Umukama, umutegurire amayira.

Alleluya.

Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka 1, 57-66.80

(Yohani, ni ryo zina ryiwe)

Elizabeti ageze kuvyara, yibarutse umwana w’umuhungu. Ababanyi n’incuti ngo bumve ingene Umukama yamugiriye ikigongwe, baranezerwa hamwe na we.

Ku munsi ugira umunani, baraza kugenyera umwana, kandi bashaka kumwita Zakariya, izina rya se. Nyina yamara arababwira ati : “Haba namba : azokwitwa Yohani.” Baramubwira bati : “Ko ata n’umwe mu muryango yitwa iryo zina !” Bayira rero amaboko se, bamubaza uko ashaka ko bomwita. Na we abaka akabaho, yandika ati : “Yohani, ni ryo zina ryiwe.” Bose baratangara.

Buno nyene umunwa wiwe uruguruka, ururimi ruragoboroka, aravuga aninahaza Imana. Ababanyi bose bagira ubwoba, iyo nkuru ica ikwira mu misozi yose y’Ubuyudeha. Abavyumvise bose babishingura mu muzirikanyi, bavuga bati : “Mbega uyu mwana azovamwo iki ?”Nkako rero, Umukama yari yamushizeko iminwe.

Nya mwana na we arakura, akurana ubwenge, hanyuma yibera mu gahinga gushika umunsi w’imenyekana ryiwe imbere y’Israeli.

IDOMINIKA YA 12 YO MU MWAKA

Croix de Pennavern.JPG

Croix de Pennavern.JPG (Photo credit: Wikipedia)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Zakariya (12, 10-11. 13, 1)

(Bazokwihweza uwo basogose)

Ng’iri ijambo Umukama avumereye :

Abo mu muryango wa Dawudi n’abo muri Yeruzalemu nzobaronsa umutima mwiza. Bazoheza bihweze uwo basogose ; bazomuririra nk’abaririra umwana w’ikinege, babogoza nk’abaririra umwana w’imfura. Muri ico gihe, i Yeruzalemu hazokwaduka induru n’iminiho, nka kumwe yari i Hadadi-Rimoni, mu kiyaya ca Megido. Kuri urya munsi, isoko ry’mazi rizodudubiriza abo mu muryango wa Dawudi n’abo muri Yeruzalemu, ngo ribakize igicumuro cose n’iceyi cose.

IZABURI 62(63), 2abcd. 2e-4. 5-6. 8-9

ICIT : Umutima wanje urakunyotewe, Mukama, Mana mfise.

Mana, ni Wewe Mana yanje,

Mpora ndondera kuva mu gitondo ca kare ;

umutima wanje urakunyotewe.

Nanje ndakwipfuza,

muri iyi si yase imigaga itagira n’ikinyotera.

 

Niko, narakubonye mu ngoro yawe,

ndihweza ububasha n’ubuninahazwa bwawe ;

niho urukundo rwawe rwandutira amagara,

ngashobora kugushimagiza!

 

Niko, nzoguma nguhezagira umwanya nkiriho,

nzokwayira iminwe izina ryawe ;

niho nzohimba nk’uwagaburiwe imisoso n’ibinure,

nzoguhaya mpimbarwe n’ukuguhoza mu kanwa.

 

Nkako, waje kuntabara :

nanje nakuvugirije impundu ndi mu mutamana wawe!

Umutima wanje wose uraguhurumbira,

ukuryo kwawe ni kwo kunshigikiye.

 

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abagalati (3, 26-29)

(Ko mwabatijwe muri Kristu, mwambaye Kristu)

Ncuti zanje,

Mwese muri abana b’Imana kubera ukwemera mufise muri Kristu Yezu. Mwese, ko mwabatijwe muri Kristu , mwambaye Kristu ; nta Muyahudi canke Umugreki, nta mushumba canke uwidegemvya, nta mugabo canke umugore bakiriho, kuko mwese muri umwe muri Kristu Yezu. Nimwaba muri aba-Kristu, muri uruvyaro rwa Ibrahimu, n’umuhango Imana yamwemereye nimwe mwawurazwe.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya

Umukama yavuze ati : “Intama zanje zirumviriza ijwi ryanje, kandi ndazizi na zo zikankurikira.”

Alleluya.

Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka (9, 18-24)

(Petero yerekana ukwemera kwiwe)

Umunsi umwe, Yezu yariko arasengera ahiherereye, abigishwa biwe na bo bari kumwe. Araheza arababaza ati : “Mwumva abantu bavuga ngo ndi nde ?” Baramwishura bati : “Bamwe bavuga ngo uri Yohani Batista, abandi ngo uri Eliya, abandi ngo uri umuhanuzi yazutse muri bamwe ba kera.” Yezu araheza arababaza ati : “Mweho, muvuga ngo ndi nde ?” Petero, aba ari we avuga, yishura ati : “Uri Kristu w’Imana.”

Araheza arabihanikiriza ashimitse ngo ntihagire uwo babibwira, ati : “Umwana w’umuntu abwirizwa kubabara menshi, agacibwa n’abashingantahe n’abasaserdoti n’abanditsi, akicwa, hanyuma akazuka ku munsi ugira gatatu.”

Hanyuma bose ababwira ati : “Uwushaka kungendanira niyihebe we nyene, yikorere umusaraba wiwe w’iminsi yose, ankwirikire. Nkako, uwuzoshaka kurokora ubuzima bwiwe azobubura, na we uwuzobuheba kubwanje azoburokora.”

 

IDOMINIKA YA 11 YO MU MWAKA C

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri ca Samuweli 12, 7-10.13

(Dawudi agaya igicumuro ciwe Imana ikamugirira ikigongwe)

Dawudi amaze gucumura, Umukama yamutumyeko umuhanuzi Natani. Ashitseyo, aramubarira ati : “Ng’iri iriyazwe n’Umukama Imana y’Israeli : naragusize amavuta, nkugira umwami w’Israeli, naragukijije Sauli, ingabo z’umwansi wawe narazigutsindiye, (abagore ba shobuja narabaguhaye), naraguhaye ingoma ya Israeli n’iya Yuda. Ni vyaba bidakwiye nzokwongera ibindi. None ni kuki wakengereye Umukama ugakora ibimushavuza? Warakubise Uriya wo mu bahititi, araryama, umugandaguza inkota y’Abamoniti, umugore wiwe na we uramwitwarira. None rero, inkota ntizova mu muryango wawe, kuko wankengereye ugatwara muka Uriya, Umuhititi, ukamugira umugore wawe.”

Dawudi araheza abwira Natani ati : “Nacumuye ku Mukama!”

Natani aramwishura ati : “Noneho Umukama arakurekuriye igicumuro cawe, ntuzopfa.”

 

IZABURI 31 (32), 1-2.5.7.11

ICIT : Undekurire, Mukama, ikibi nakoze.

Hahiriwe uwarekuriwe igicumuro,

uwakize akabi kiwe;

hahiriwe urya Umukama ataco yagiriza.

 

Navuze nti : “Ngiye gutumbera Umukama,

nirege ibicumuro nakoze.”

Nawe, Mukama, warandekuriye ikibi nakoze.

 

Ni Wewe mahungiro yanje,

urankiza amarushwa;

wongere unkikize impundu z’uko ndokotse.

 

Nezerwa, himbarwa n’Umukama,

mwa bantu b’intungane;

mutambe, mutarike,

mwebwe mufise umutima ugororotse.

 

 

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abagalati 2, 16. 19-21.

(Ukwemera Kristu nikwo kwadukijije)

Ncuti zanje,

Kuko tuzi ko umuntu ataba intungane kubera ibikorwa vy’Ibwirizwa ry’Abayahudi, ariko amuba kubera ukwemera Yezu Kristu, natwe twaremeye Kristu Yezu, kugira ngo tube intungane kubera ko twemera Kristu, atari kubera ibikorwa vy’Ibwirizwa. Na kare, Ibwirizwa ni ryo ryantumye guheba Imigenzo y’Abayahudi, ngo mbe muzima mu Mana.

Nabambanywe na Kristu : ninaba ndi muzima, sije ndi muzima, ni Kristu ari muzima muri jewe. Ivyo nkora ubu nkiri mu kamere y’umuntu, ndabikora mu kwemera Umwana w’Imana yankunze akanyigura. Simpfisha ubusa ingabirano y’Imana, kuko ni bwaba ubutungane bwavuye kw’Ibwirizwa, Kristu azoba yapfiriye ubusa.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.

Imana yaradukunze, irarungika Umwana wayo kuba iciru c’ibicumuro vyacu.

Alleluya.

Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditswe na Luka 7, 36-8,3.

Umunsi umwe, umwe mu Bafarizayo yari yatumiye Yezu ngo amuzimane; Yezu rero arinjra mu nzu iwe, araheza aricara ngo afungure. Haza umugore yigenza nabi muri ico gisagara ; yari yamenye ko Yezu yatumiwe mu nzu y’Umufarizayo, araheza azana agacupa k’ibimoga neza, aja inyuma yiwe hafi y’ibirenge vyiwe, ararira amutonyangiriza amosozi ku birenge, abihanaguza imishatsi yo ku mutwe wiwe, aja arabisoma kandi abisiga ibimoga neza.

Wa Mufarizayo yamutumiye abibonye, yibwira ati : “Iyo uyu muntu aba yari umuhanuzi, yari kumenya uyu mugore amukorako uwo ari we n’ingene agenze, ko ari umunyabicumuro.”

Yezu na we amubwira ati : “Simoni, hari ico ngomba kukubaza.”

Na we ati : “Yaga, Mukama.”

Yezu aramwishura ati : “Habaye umuntu yari afise abamufitiye imyenda babiri : umwe yari amufitiye amadenariyo amajana atanu, uwundi mirog’itanu. Babuze ico bishura, abarekurira bompi. None, muri bompi, uwuzomukunda kuruta uwundi, ni nde?”

Simoni aramubwira ati : “Ngira ngo ni uwarekuriwe umwenda munini.”

Yezu aramubwira ati : “Waharashe !”

Ahindukiye araba wa mugore, abwira Simoni ati : “Uyu mugore uramubona ? Ninjiye mu nzu yawe, ntiwansuka amazi ku birenge ; ariko we, kuva aho yinjiriye, yabibombekesheje amosozi yiwe, abihanaguza imishatsi yiwe. Ntiwansomye ; ariko we, kuva aho yinjiriye, ntiyigeze ahengeshanya gusoma ibirenge vyanje. Umutwe wanje ntiwawusize ; ariko we, ibirenge vyanje yabisize ibimoga neza. Ni co gituma ndabikubwiye, ibicumuro vyiwe vyinshi biragiriwe ikigongwe, kuko yerekanye urukundo rwinshi ; ariko uwo barekuriye bike, yerekana urukundo ruke. »

Araheza abwira wa mugore ati : “Ibicumuro vyawe biragiriwe ikigongwe.”

Abo bari kumwe ku meza batangura kwibwira bati : “Uyu muntu arekura ibicumuro ni umuntu nyabaki ?”

Yezu rero abwira nya mugore ati : “Ukwemera kwawe kwagukijije, genda amahoro.”

(Igisomwa kigufi giherera ngaha)

Hanyuma rero, Yezu agenda mu bisagara no mu mihana, amenyesha Inkuru Nziza y’Ubwami bw’Imana. Bamwe cumi na babiri bari kumwe ; n’abagore bamwe yari yakuyemwo imitima mibi akabakiza n’ubundi bumuga, bari inyuma yiwe : Mariya ari we Magdalena (yari yakuyemwo amashetani indwi), Yohana umugore w’icariho ca Herodi, Suzana n’abandi bagore benshi bama babafashisha ivyabo.