Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) (Page 27)
Archives de Catégorie: Parole de Dieu (en Kirundi)
IDOMINIKA YA 4 YO MU MWAKA (Umwâka C)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya (1, 4-5. 17-19)
Nakugeneye kuba umuhanuzi mu bihugu
Mu gihe c’umwami Yoziyasi, Umukama yambwiye aya majambo, ati : « Imbere y’uko usamwa mu nda y’uwakwibarutse, nari ndakuzi ; utaranavuka, nakugeneye kuba umuhanuzi mu bihugu. Kenyera rero zigume ; va hasi uje kubashikiriza ivyo jewe ubwanje nzogutegeka. Ntugire ubwoba imbere yabo, ahandi ho nzogutera ubwoba imbere yabo. Jewe nyene, imbere y’iki gihugu, uyu musi, ndagushinze nk’igisagara gikomeye, nk’inkingi y’icuma, nk’urugo rw’ifeza : abami ba Yuda, abategetsi, abaherezankuka n’igihugu cose bazokurwanya, ariko ntibazoshobora kugutsinda, kuko ndi kumwe nawe nkaba umuvunyi wawe. »
Iryo ni ijambo ry’Umukama.
IZABURI 70 (71) 1-2, 3-4a, 5-6ab, 15ab.17
Icit. : Mpoza mu kanwa urukiza rwawe, Mukama.
Mukama, ni Wewe mpungirako,
sinzokwigera uteterwa ;
unkize ku bw’ubutungane bwawe,
ntega ugutwi, kandi unkize.
Umbere ikinja ritayegayega,
umbere n’uruzitiro rutamenwa ;
wigiriye inama yo kunkiza :
na none uri ikinja, uri inkinzo yanje.
Mana yanje, n’unkure mu minwe y’umubisha.
Erega, Mukama, ni Wewe nizigiye,
ni Wewe nishimiye kuva nkiri muto. (suite…)
IDOMINIKA YA 3 YO MU MWAKA (Umwâka C)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca Nehemiya (8, 2-4a.5-6.8-10)
Ishengero ry’Imana ritegera ijambo ryiwe
Umusi umwe, umuherezankuka Esidarasi yazanye igitabu c’amabwirizwa imbere y’ishengero, ryarimwo abagabo, abagore n’abana bari bamaze guca ubwenge. Hari ku mubarwa wa mbere w’ukwezi kw’indwi. Esidarasi aja ku nama, asomera ca gitabu imbere y’urugi rw’amazi, kuva bugica gushika ku mashōka, imbere y’abagabo, abagore n’abana bamaze guca ubwenge bose ; abantu bose baramutega amatwi, barumviriza ivyo asoma muri ca gitabu c’amabwirizwa. Umwanditsi Esidarasi yari ahagaze ahakirurutse hateguriwe urwo rubanza. Araheza arugurura igitabu bose babona, kuko yari ahantu hakirurutse.
Ahejeje kucugurura, abantu bose barahaguruka. Esidarasi aca arahezagira Umukama, Imana nkuru, abantu bose bashira amaboko hejuru bishura bati : « Amen ! Amen ! » Hanyuma baca barunama bakubita ibipfukamiro hasi basenga Umukama. Esidarasi arasoma igitabu c’amabwirizwa y’Imana, Abalevi bakayabasigurira ; abantu na bo baca barategera ivyo basomye.
Umutware Nehemiya, na Esidarasi umwanditsi akongera akaba umuherezankuka, (suite…)
TIMOTE NA TITO BERANDA, Abepiskopi. Abo bibuka.
Ivyo dusoma mw’Ikete rya 2 Umutumwa Pawulo yandikiye Timote (2, 1-8)
Jewe Pawulo umutumwa wa Kristu Yezu ku bw’ugushaka kw’Imana, ngo menyeshe umuhango w’ubuzima buri muri Kristu Yezu, ndakwandikiye Timote, mwana nkunda, ndakwipfurije umugisha, ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data no kuri Kristu Yezu Umukama wacu.
Ndakengurukira Imana, yo nkorera kumwe kwa ba sokuru, umutima utagira agatosi, igihe nama ndakwibuka ijoro n’umutaga mu bisabisho vyanje. Iyo nibutse amosozi yawe, ndicwa n’inkumbu z’ugusubira kukubona kugira ngo nuzure akanyamuneza. Nama nibuka kwa kwemera kwawe kutagira amahinyu, kumwe kwabanje gutsimbatara muri nyogokuru Loyisi no muri nyoko wawe Ewunike, kumwe nyene nzi ata gukekereza yuko kuri no muri wewe.
Ni co gituma nguhanuye gukabura ya ngabirano Imana yaguha (suite…)






