Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) (Page 30)

Archives de Catégorie: Parole de Dieu (en Kirundi)

8 KIGARAMA : ISAMWA ATA GICUMURO RYA BIKIRA MARIYA

IGISOMWA CA MBERE

 Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko (3, 9-15. 20)

Nzobankanisha, wewe n’umugore, abawe n’abiwe bazozirana

Chute EdenUmugabo amaze kurya kuri ca giti, Umukama Mana yaciye amuhamagara ati : « Mbega, uri hehe ? » Umugabo na we aramwishura ati : « Numvise ishwashwa ryawe mu ndimo, nca ngira ubwoba kuko ndi gusa, ni ko kwinyegeza. » Na We asubizayo ati : « Ni nde yakubwiye ko uri gusa ? Woba wariye ivyamwa vy’igiti nari nakubujije kurya ? » Wa mugabo yishura ati : « Ni wa mugore wampa yanzaniye ivyamwa vyaco, nanje ndarya. » Umukama abwira umugore ati : « Wagize ibiki ? » Umugore na we aramwishura ati : « Ni inzoka yampenze ndarya. »

Umukama abwira rero inzoka ati : « Ko warikoze, uragacibwa mu bindi bikoko vyose, ibitobito n’ibiba mw’ishamba. Uzogenda urikwega hasi, kandi indya yawe ni ivu gushika gupfa kwawe. Nzobankanisha, wewe n’umugore, abawe n’abiwe bazozirana. Azoguhonyora ku mutwe, (suite…)

IDOMINIKA YA 2 Y’UBUSHIKIRO (Umwâka C)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Baruki (5, 1-9)

Urugendo rugenda rugana Yeruzalemu nshasha

Yeruzalemu, kura ivyambarwa vy’umubabaro n’amarushwa,
ikwize ubuninahazwa bw’Imana ubutakikuvako ;
ambara umutamana w’ubutungane bw’Imana,
itwikire urugori rw’ubuninahazwa bw’Uwamaho.
Nka ko, Imana ishaka kuratira abari munsi y’ijuru ubutore bwawe,
kandi Imana izokwama igutazira iti :
« Mahoro ahagaze ku butungane,
Buninahazwa bwuzuye ubweranda.»
Yeruzalemu, haguruka uje ahakirurutse, (suite…)

IGIHE C’UBUSHIKIRO: IDOMINIKA YA 1 Y’UBUSHIKIRO (Umwâka C)

couronne_avent_m0IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya (33, 14-16)

Imburizi y’Umucunguzi

Ng’iri iriyazwe n’Umukama :
Igihe kiregereje c’aho nzorangura ijambo naraganiye umuryango wa Israyeli n’uwa Yuda. Muri iyo misi, nzotera mu nda ya Dawudi akabuto k’ubutungane kazovyagiza ingingo n’ubutungane mu ntara. Muri iyo misi, igisata ca Yuda kizorokoka, Yeruzalemu na yo igume mu mutekano ; ng’iri izina bazoyitazira : «Imana-Butungane-bwacu ».

IZABURI 24 (25) 4b-5b, 8-9, 10.14

Icit. : Ni Wewe, Mukama,
nerekezako umushaha.

Ntabara, Mukama, undangire inzira y’iwawe,
uranyigisha inzira zawe.
Urantumbereza ukuri, uranyigisha,
ni Wewe Mana izonkiza. (suite…)