Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) (Page 36)
Archives de Catégorie: Parole de Dieu (en Kirundi)
IDOMINIKA YA 22 YO MU MWAKA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ukwibutsa Amategeko (4, 1-2. 6-8)
Nimuzigame amahwirizwa y’Umukama
Muri irya minsi,
Musa yabariye ishengero ry’Abanyisrayeli ati : « None rero, yemwe Banyisrayeli, nimwumvirize amabwirizwa n’amateka ngira mbashikirize, muheze muyazigame ; niho muzobaho mukinjira mu gihugu Umukama Imana ya ba sogokuruza yabahaye, kikabegukira. Ntihagire ico mwongera canke musobanura mu vyo mbategetse ; amabwirizwa y’Umukama Imana yanyu araba ari yo masa mukurikiza nk’uko ndabibategetse. Ni uko rero, muze muyazigame, muyarangure, azobaronkera ubwitonzi n’ubwenge imbere y’ayandi makungu. Umusi bumvise ayo mabwirizwa yose, bazotangara bati : ‘Ni ukuri nta kindi gihugu gitunze abitonzi n’incabwenge nk’iki !’ Mbega, hari igihugu gifise imana iri hafi yaco nk’uko Umukama Imana yacu aba hafi yacu, iyo tumwambaje ? Canke, hari igibugu gifise amabwirizwa n’amateka atunganye nk’aya mbashikirije uyu musi ?»
IZABURI 14 (15) 2-3a, 3cd-4ab, 5
Icit. : Ni nde, Mukama, azokwinjira mu ngoro yawe ?
Hazoshika umweranda yigenza neza,
akora ibituuganye, (suite…)
IDOMINIKA YA 21 YO MU MWAKA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca Yozuwe (24, 1-2a. 15-17. 18b)
Tuzoba inzigamahanga z’Umukama, kuko ariwe Mana yacu
Muri irya misi,
Yozuwe yakoranirije imiryango yose y’Israyeli i Sikemu, ahamagaza abakurambere b’Israyeli, abakuru bayo, abacamanza bayo, be n’ababwiriza bayo ; bararenguka bahagarara imbere y’Imana. Yozuwe araheza abarira ishengero ryose ati : « Nimwabona bibabangamiye gukorera Umukama, uyu musi nimwitorere uwo muzokorera : hitemwo za mana ba sogokuruza bakorera hakurya ya rwa ruzi rwa Efurati, canke imana z’Abemori bene iki gihugu murimwo. Jewe n’abo mu rugo rwanje tuzokwama tugendanira Umukama.» Abantu baramwishura bati : « Twopfuma dupfa hako duheba Umukama ngo dukorere izindi mana ! Umukama Imana yacu ni we yadukuye mu gihugu ca Misiri, twe na ba sogokuruza, aho twari twagorewe mu buja ; ni we yakoze ibitangaza imbere yacu, ni we yadukingiye mu nzira yose twazananye no mu mahanga twaciyemwo. Na twebwe nyene, tuzogendanira Umukama, kuko ari we Mana yacu.»
IZABURI 33 (34) 2-3, 16-17, 18-19, 20-21, 22-23
Icit. : Umvirize, murabe,
ingene Umukama ari mwiza.
Nzoninahaza Umukama na ntaryo, (suite…)
Ku wa 15 Myāndagaro: Iyurizwa mw’ijuru rya Bikira Mariya.
Kuri uwo musi mukuru nyene
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ivyahishuriwe Umutumwa Yohani (11, 19a ; 12, 1-6a. 10ab)
Umukenyezi yitwikiriye izuba, munsi y’ibirenge vyiwe hari ukwezi
Muri ico gihe, ingoro y’Imana iruguruka mw’ijuru, n’isandugu ry’Isezerano ry’Umukama rigaseruka mu ngoro.
Mw’ijuru haboneka ikimenyetso c’agatangaza : Umukenyezi yitwikiriye izuba, munsi y’ibirenge vyiwe hari ukwezi kandi afise ku mutwe urugori rw’inyenyeri cumi na zibiri. Aribungenze kandi araboroga kubera ko yari ku mbanyi imubabaza cane. Hanyuma haboneka mw’ijuru ikindi kimenyetso : igisizimwe amahanga gitukura nk’umuriro, kikagira imitwe indwi n’amahembe cumi, umutwe wose wambaye urugori. Umurizo waco ukubura ica gatatu c’inyenyeri zo mu kirere uzikoragurira kw’isi. Nya gisizimwe gihagaze imbere y’uwo mukenyezi, ari ku mbanyi, kirindiriye ko ashikana ngo gice kirotsa umwana yibarutse. Noneho wa mukenyezi yibaruka umwana w’umuhungu, umwe azotwara amakungu yose, akayatwaza intahe ikomeye ; nya mwana baca bamujana iruhande y’Imana, hambavu y’intebe yayo ; na we nya mukenyezi ahungira mu gahinga, iyo Imana yamuteguriye ihungiro. Niho numva (suite…)






