Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) (Page 45)
Archives de Catégorie: Parole de Dieu (en Kirundi)
IDOMINIKA YA 33 YO MU MWAKA -Umwaka A
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Imigani (31, 10-13. 19-20. 30-31)
Umukenyezi yitonda aba ari n’agaciro
Ni nde azoronka umukenyezi atagira akanenge? Ibimuciye biruta na kure ibiciye intabonwa nziza cane. Umunega wiwe yama amwishimiye, amuzeyeko ivyiza vyinshi. Imisi yose babana, ni we gahimbare kiwe, nta magorwa azomutera. Arajisha, agatāka, eka arabangutse mu bikorwa. Yamana inyuzi mu ntoke, intoke ziwe ziraberereye. Aboro abakiriza yompi, agatabara abakene.
Ugushaza kurahenda, ubutore bw’umubiri na bwo nta co bumaze, ariko umukenyezi akwiye gushemezwa, ni urya yubaha Umukama. Muramuronsa igice c’ivyo yakoreye, ibikorwa vyiwe na vyo bimurange mu marembo y’igisagara.
IZABURI 127 (128) 1-2, 3, 4-5
Icit.: Hahiriwe umuntu wese yubaha Umukama.
Hahiriwe umuntu wese yubaha Umukama,
akagendera mu nzira yiwe! (suite…)
Le bonheur, le Ciel, c’est Dieu lui-même au milieu de son peuple et en ses témoins : les saints. Amen. Gloire et louange à Dieu.
La Toussaint atteste qu’à la fin de notre existence terrestre la vie n’est pas détruite : elle est transformée. Tous nous sommes appelés à ressusciter un jour avec le Christ, à être associés à sa gloire éternelle, à son bonheur sans fin. « Ce que nous serons ne paraît pas encore clairement ; mais nous le savons : lorsque le Fils de Dieu paraîtra, nous serons semblables à lui parce que nous le verrons tel qu’il est ». Avec tous les saints, c’est-à-dire tous ceux qui, d’une manière ou d’une autre, ont accepté de se laisser saisir et transformer par l’amour rédempteur, nous exulterons devant la face de Dieu : « … de toutes nations, races, peuples et langues. Ils se tenaient debout devant le Trône et devant l’Agneau, en vêtements blancs, avec des palmes à la main. Et ils proclamaient d’une voix forte : “Le salut est donné par notre Dieu, lui qui siège sur le Trône, et par l’Agneau !” ».
Ainsi, les lectures de ce jour nous parlent de cette réalité que nous célébrons. L’Apocalypse, en un langage imagé, nous présente l’impressionnant cortège des élus, mêlant aux 12 tribus d’Israël une foule innombrable venue de tous les horizons. Qui sont-ils ? Le visionnaire y répond : « ils viennent de la grande épreuve », faisant allusion des grandes persécutions qui se sont abattues sur les premiers chrétiens des Eglises de l’Asie Mineure, sous le règne de l’Empereur Domitien, vers l’an 95 après Jésus-Christ. Le livre veut répondre donc à une question angoissante de ce temps, question (suite…)
IDOMINIKA YA 29 YO MU MWAKA (Umwaka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (45, 1. 4-6)
Ubukuru bwose buri mu minwe y’Imana
Ng’iri ijambo Umukama yashikirije umwami Sirusi, yari yitoreye, akamufata ukuboko kw’ukuryo, ngo agende guhonya intara, anyage abami bo kw’isi, asambure amarembo y’ibisagara, inzugi ntizibe zicugarwa.
«Naguhamagaye mw’izina kubera umusavyi wanje Yakobo,
kubera Israyeli nitoreye,
ndagutera iteka n’aho utari unzi.
Ni jewe Mukama kandi nta wundi,
nta yindi Mana iriho atari jewe.
N’aho utari unzi, narakurungitse mu rugamba,
kugira ngo kuva mu buseruko gushika mu burengero,
bamenye ko vyose ari ubusa, ndetse jewe.»
IZABURI 95 (96) 1. 3, 4-5, 7-8, 9-10a
Icit.: Hereza Umukama ikaze n’iteka.
Vyinire Umukama akavyino gashasha, (suite…)






