Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) (Page 46)

Archives de Catégorie: Parole de Dieu (en Kirundi)

IDOMINIKA YA 27 YO MU MWAKA (Umwaka A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu Gitabu c’Umuhanuzi Izaya (5, 1-7)
Umurima w’Umukama Nyeningabo ni wa muryango w’Israeli

Hinge ndongorore agahogo ndirimbire umukunzi wanje
Akaririmbo k’urukundo afitiye umuzabibu wiwe.
Umukunzi wanje yari afise umurima w’imizabibu
Mu kabande kamera cane.
Nya murima arawurima, awukuramwo amabuye,
awuteramwo umivyaro y’ibiti vyizavyiza vy’imizabibu.
Hagati yawo, ahubaka umunara,
iruhande ahimba urugarama.

Yari yiteze gusoroma imiabibu nyayo,
ariko uwo muzabibu wamye ibiturumbwe.
None bantu b’i Yeruzalemu n’abo muri Yuda, (suite…)

IDOMINIKA YA 26 YO MU MWAKA (Umwâka A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeli (18, 25-28)

Imana iratwakura ngo idukebure

Ng’iri iriyazwe n’Umukama: Mwebwe muhora muvuga muti: «Umukama agira ibitumvikana.» Tega amatwi, muryango w’Israyeli: Mbe ingiro yanje ni yo igoramye? Ubwo si mwe mwigenza ukutari ko? Iyo intungane ihevye ubutungane igakora nabi, hanyuma igapfa kubera ico, iba ipfuye izira iyo nabi. Umuyobe na we, iyo ahevye ibicumuro vyiwe, agakurirkiza ukuri n’ubutungane, akwiye kubaho. Nkako, kubera ko yemeye guheba ibicumuro vyiwe vyose yakoze, akwiye kubaho, ntazopfa.

IZABURI 24 (25) 4-5b, 6-7, 8-9

Icit.: Ibuka, Mukama, urukundo rwawe.

Ntabara, Mukama, undangire inzira y’iwawe,
uranyigisha inzira zawe. Urantumbereza ukuri,
uranyigisha, ni Wewe Mana izonkiza.

Gira wibuke imbabazi zawe, Mukama, (suite…)

Relevez-vous, n’ayez pas peur des difficultés. Ayez confiance en Jésus et marchez.

En ce dimanche de la transfiguration du Seigneur, comme Pierre, Jacques et Jean, nous sommes nous aussi invités à gravir le Thabor avec Jésus. Il se révèle à nous comme Fils de Dieu et sa Transfiguration annonce notre appel à partager sa même condition dans la gloire. De par notre foi et notre baptême, nous sommes devenus fils dans le Fils. Les textes d’aujourd’hui (suite…)