Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) (Page 52)

Archives de Catégorie: Parole de Dieu (en Kirundi)

Ku wa 5 Mweranda: gushemeza urupfu rw’Umukama

 

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 52, 13-53, 12

(Ibicumuro vyacu ni vyo vyatumye asogotwa)

Umusuku wanje azotera imbere,
ashimagizwe, abe indanga y’agatangaza !
nk’uko isinzi ry’abantu bǎmubonye bakagwa mu gahundwe,
kuko yari yayoberanye mu maso,
atǎri agisa n’umuntu,
niko azotangaza n’amakungu :
imbere yiwe abami ntibazokura ururimi mu kanwa, (suite…)

Indwi Nyērānda: ku musi wa gatanu

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (52, 13-53, 12)

Ibicumuro vyacu ni vyo vyatumye asogotwa

Umusuku wanje azotera imbere,
ashimagizwe, abe indanga y’agatangaza!
nk’uko isinzi ry’abantu bǎmubonye bakagwa mu gahundwe,
kuko yari yayoberanye mu maso,
atǎri agisa n’umuntu,
ni ko azotangaza n’amakungu:
imbere yiwe abami ntibazokura ururimi mu kanwa,
kuko bazoba babonye ibitaraboneka,
bagatamarira ikitari bwavugwe kw’isi.

Ni nde yokwemera ivyo twumvise bavuga? (suite…)

Ku wa 4 Mweranda. Ku mugoroba.

IMISA YO KU MUGOROBA ARI YO IY’AMABANGA Y’UKARISTIYA

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka (12, 1-8. 11-14)

Amategeko yerekeye imfungurwa ya Pasika

JeudiSaintMuri irya misi, Umukama yabwiye Musa na mwenewabo Aroni, bakiri mu gihugu ca Misiri, ati: «Uku kwezi murakugira ukwa mbere mu yandi yose, kuraba ari kwo kuzotangura umwaka. Murabwira ishengero ry’Israyeli ko ku musi w’icumi w’uku kwezi umuryango wose, urugo rwose ruzobaga umwagazi. Umuryango uzoba urimwo bake, uzoheza uje hamwe n’ababanyi, umwagazi bawugabangane n’abazoba bari aho bose. Uzoba umwagazi utagira akanenge, w’agasuguru, kamaze umwaka umwe gusa. Muzobaga umwagazi w’intama canke agahúshi k’impene. Muzowuzigama gushika ku musi wa cumi na kane w’uku kwezi.  Aho ishengero ryose ry’Israyeli rigera, muzowubaga izuba rirenze. Bazofata amaraso (suite…)